“Mwame mwiteguye”
1 Mu buhanuzi buhambaye bwa Yezu bwerekeye insozero y’uru runkwekwe rw’ibintu, yaragabishije ku vyerekeye ugutwarwa n’imyitwarariko isanzwe yo mu buzima (Mat. 24:36-39; Luka 21:34, 35). Kubera ko amarushwa ahambaye ashobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose, birahambaye cane ko twumvira ingabisho Yezu yatanze igira iti: “Mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye” (Mat. 24:44). Ni igiki gishobora kudufasha muri ivyo?
2 Kurwanya imyitwarariko be n’ibisamaza: Umwe mu mitego igeramira ivy’impwemu dutegerezwa kwirinda ni “umwitwaririko w’ivy’ubu bu[zima]” (Luka 21:34). Mu bihugu bimwebimwe, ubukene, ukubura akazi be n’ubuzima bugoye bituma kuronka ivya nkenerwa mu buzima bitoroha. Mu bindi bihugu na ho, kuronka amatungo y’umubiri usanga ari ikintu gisanzwe. Nimba ibintu vy’umubiri bitanguye kuturaza ishinga mu buryo burenze urugero, twoshobora gusanga twaretse kwitwararika ivy’Ubwami (Mat. 6:19-24, 31-33). Amakoraniro ya gikirisu aradufasha kuguma twitwararika ivy’Ubwami. Kwitaba amakoraniro yose ryoba ari ryo hangiro ryawe?—Heb. 10:24, 25.
3 Isi ya kino gihe yuzuyemwo ibisamaza bishobora kudutwara umwanya w’agaciro bitagoranye. Gukoresha orodinateri birashobora kuba umutego mu gihe umuntu amara umwanya munini akoresha bwa buhinga bwa Internet, asoma yongera arungika amakete kuri orodinateri (E-mail), canke akina udukino two kuri orodinateri. Turashobora gutakaza umwanya utagira uko ungana turaba televiziyo, amasenema, dukora udukorwa two kwiruhura, dusoma ibitabu vyo mw’isi, tuja mu vy’inkino, bigatuma tutakigira umwanya uhagije be n’ingoga zikwiye vyo kwitwararika ibintu vy’impwemu. Naho ukwisamaza n’ukwiruhura bishobora gutuma turuhuka mu kanya gatoyi, kwiyigisha Bibiliya be no kuyiga mu muryango bivamwo ivyiza vyamaho (1 Tim. 4:7, 8). Woba ucungura umwanya wo kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana ku musi ku musi?—Ef. 5:15-17.
4 Ese ukuntu dushobora kuba abantu bakenguruka kubona ishirahamwe rya Yehova ryaratunganije porogarama yo kwigishwa mu vy’impwemu kugira ngo ridufashe ‘kuzoshobora guhunga ibintu vyose bigira bibeho, ngo duhagarare imbere y’Umwana w’umuntu’ (Luka 21:36)! Nimuze twungukire bimwe bishitse kuri izo ntunganyo kandi ‘twame twiteguye’ kugira ngo ukwizera kwacu kuze kube “ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo”.—1 Pet. 1:7.