ICIGWA CA 2
Kuvuga Amajambo mu Buryo Butomoye
KUGIRA ngo uyage mu buryo kirumara, utegerezwa kuvuga utomora. Ico ushaka kuvuga gishobora kuba gishimishije, mbere gihambaye, mugabo kizotakaza vyinshi amajambo yawe nutayavuga mu buryo butahurika.
Abantu ntibavyurirwa ingiro n’imvugo badatahura vy’ukuri. Naho nyene umuntu yoba afise ijwi rikomeye kandi bagashobora kumwumva ata ngorane, mu gihe amajambo yiwe agenda aramirwa, ntazosunikira abandi ku kugira ico bakoze. Biba nk’aho yoba ariko avuga mu rurimi runyamahanga, rutumvikana ku wumviriza. (Yer. 5:15) Bibiliya itwibutsa iti: “Inzamba yovuga ijwi ritamenyekana, ni nde yokwitegura gutabara? Namwe n’uko, ururimi rwanyu ni rutavuga ibimenyekana, bazomenya bate ivyo muvuga? Kuko muzoba muvuga ibitwarwa n’umuyaga.”—1 Kor. 14:8, 9.
Ni Igiki Gituma Imvugo Itamenyekana? Gishobora kuba ukudateranura akanwa bihagije. Imitsi idadaraye yo mu mibangabanga be n’iminwa ikoma bigoranye bishobora kuniga imvugo.
Kuvuga ningoga na ningoga na vyo nyene bishobora gutuma imvugo igora gutegera. Ivyo bimera nk’ukuvuza ikaseti iriko insiguro uyihutisha kuruta uko yagenewe gutembera. Amajambo aravugwa, ariko vyinshi mu vyo wari kwumva biratakara.
Hamwehamwe, imvugo itamenyekana irava ku bumuga umuntu afise mu bihimba vy’umubiri bimufasha kuvuga. Mugabo n’abategerezwa guhangana na mwene iyo ngorane barashobora gukora ibitari bike kugira ngo barushirize kuryohora bakurikije inama zitangwa muri iki cigwa.
Ariko rero, kenshi imvugo itamenyekana iva ku kumira amajambo, kugenda umuntu arayafatanganya mu buryo butuma agora itahura. Ingorane ishobora kuba irimwo ugusimbasimba indadi canke indome zihambaye, canke kutavuga ijambo ngo uriheze. Igihe umuntu aza arafatanganya amajambo ntatobore mu kuvuga, abamwumviriza bashobora gusama ivyiyumviro bimwebimwe n’ibice bimwebimwe vy’iryungane, mugabo rero ku bindi na ho bakabwirizwa gutomboza. Uca wumva rero ko iyo umuntu atavuga yatura neza bitobura gutuma inyigisho yiwe itagira ikintu kinini ishikako.
Uburyo bwo Kuvuga Utomora. Rumwe mu mpfunguzo zituma uvuga amajambo mu buryo butomoye, ni ugutahura ibigize amajambo yo mu rurimi rw’iwanyu. Mu ndimi nyinshi, amajambo aba agizwe n’indadi. Indadi zigizwe n’indome zibiri canke zirenga, nya ndome zikavugirwa rimwe. Mu ndimi mwene izo, indadi imwe yose mu bisanzwe ikwiye kwumvikana igihe uvuga, naho nyene zose utozishimikako ku rugero rumwe. Nimba ushaka kuryohora imvugo yawe, genda buhorobuhoro hanyuma ukore uko ushoboye kugira ngo utobore indadi imwimwe yose. Mu ntango ivyo bishobora kwumvikana nk’ibitomoye kurenza urugero, mugabo uko wimenyereza, bukebuke uzoza uragaruka ku kuvuga worohewe. Kugira ngo woroherwe mu kuvuga, nta nkeka uzobwirizwa gusoma igitigiri kanaka c’amajambo ujaniranya, ariko ivyo birakwiye ko umuntu avyirinda mu gihe wosanga uhakwa gutakaza insobanuro ya nya majambo.
Akajambo k’ukugabisha: Kugira ngo utsimbataze ukuvuga watura, ushobora kwimenyereza kuvuga no gusoma mu buryo butomoye guherezako. Mugabo ntureke ngo ivyo bibe bwo buryo usigara uvuga. Vyohava vyumvikana ko bwahindutse kandi ntibimere nk’uko usanzwe uvuga.
Nimba imvugo yawe yumvikanye ko isa n’iyinigwa, niwige kwunamuka, maze urusakanwa urukure ku gikiriza. Igihe usoma muri Bibiliya, nugumize igitabu haruguru bihagije ku buryo igihe ukuye ijisho ku bakwumviriza ukarigarukana muri Bibiliya bigusaba gusa ugukubitizayo ijisho gatoyi. Ivyo bizotuma amajambo yawe asohoka ata kiyatangira.
Kureka guhagarika umutima na vyo nyene birashobora kuryohora imvugo yawe. Birazwi neza yuko kutagira umutima mu nda bibonekera mu maso canke mu guhema bishobora kwonona uburyo uvuga. Mwene uwo munangiro uratangira uguhūza gukwiye kuba hagati y’umuzirikanyi wawe, ibihimba bigufasha kuvuga, hamwe n’ugucungera uguhēma, ico kikaba ari ikintu gikwiye kwizana.
Imitsi yo mu mibangabanga irakeneye kuba yorohewe kugira ngo ikurikire ata ngorane ubuyobozi butangwa n’ubwonko. Iminwa itegerezwa na yo nyene kworoherwa. Ibwirizwa kuba yiteguye kwaguka no kwipfunya ningoga kugira ngo unonosore amajwi menshi akomoka mu kanwa no mu muhogo. Mu gihe imibangabanga be n’iminwa bidadaraye, umunwa ntuzokwuguruka neza, kandi ijwi rizohadikirizwa kugira rice mu menyo. Ivyo bizotuma imvugo ivutagurika, inigwa, ntiyumvikane. Ariko rero ukuruhura imibangabanga n’iminwa ntibisigura gucika ikinebwe mu buryo uvuga. Ivyo bikeneye kurimbanywa n’akamenyero k’ugusohora ijwi kugira ngo iyatura ribe iritomoye.
Mu gusuzuma uko ivyawe vyifashe, ushobora gusanga wofashwa no gusoma n’ijwi ryumvikana. Niwitegereze witonze ukuntu ukoresha vya bihimba bitangaje bigufasha kuvuga. Woba uteranura akanwa kawe bihagije kugira ngo amajwi ashobore gusohoka ata kiyatangira? Utegerezwa kwibuka yuko ururimi atari co gihimba kigufasha kuvuga conyene, naho ruri mu bikora cane kuruta ibindi. Izosi, imibangabanga y’epfo, iminwa, imitsi yo mu maso hamwe n’iyo mu muhogo vyose birarangura uruhara. Uko uvuga, woba usa n’uwubigira mu maso hawe hadakoma? Nimba ari ukwo, vyoshoboka rwose yuko imvugo yawe iba iyitamenyekana.
Nimba hariho iradiyo ya kaseti, niwifate amajwi igihe uriko uravuga mu buryo busanzwe, nk’uko wovuga ubwira umuntu igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro. Niwifate amajwi mu minuta nk’ingahe uvuga nk’uwuyaga. Kwumviriza ivyo wafashe biragufasha gutora aho hose ugira ingorane mu vy’ugushobora gutomora amajambo amwamwe. Nube maso ku kumira amajambo, ku kuyaniga no ku kuyafatanganya, hanyuma ugerageze kumenya ikibituma. Mu bisanzwe aho ugoyagoya harashobora kugororwa mu gutunganya ibintu vyavuzwe aho haruguru.
Woba utoroherwa mu kuvuga? Niwimenyereze guteranura umunwa kandi gatoyi kuruta uko wahora, hanyuma ugerageze kwatura uvyitondeye cane. Niwuzuze amahaha yawe igihe uhumeka, hanyuma uvuge witonze. Kugira ivyo kwarashoboje abenshi batoroherwa mu kuvuga baravuga mu buryo butomoye bimwe birushirije. Nimba uvuga ubureve, nukwege ururimi ruve ku menyo y’imbere igihe watura amajwi s na z mu majambo. Naho ingorane yawe yoba idaheze yose, ntiwihebure. Niwibuke yuko Yehova yatoye Musa, umuntu ashobora kuba atoroherwa mu kuvuga, ngo ashikirize ubutumwa buhambaye abantu ba Isirayeli na Farawo wo mu Misiri. (Kuv. 4:10-12) Nimba ubigomba, na wewe azogukoresha, kandi azohezagira ubusuku bwawe buroranirwe.