ICIGWA CA 3
Kwatura Ata Mahinyu
SI ABAKIRISU bose bămaze imyaka ku ntebe y’ishure. N’intumwa Petero na Yohani nyene badondowe nk’abantu “batari barize bakaba n’abantu basanzwe.” (Ivyak. 4:13, NW) Naho ari ukwo, birahambaye ko wirinda gutitura inshikirizo yawe y’ukuri kwa Bibiliya bivuye ku kwatura nabinabi.
Ibintu vyo Kurimbura. Nta cegeranyo na kimwe kiriho c’amategeko y’ivy’ukwatura gikora ku ndimi zose. Indimi nyinshi zandikwa hakoreshejwe indome zisanzwe. Turetse iharifu y’Ikilatini, hariho iharifu y’Icarabu, iy’Igiheburayo, iy’Igisirilike, n’iy’Ikigiriki. Mu gishingo c’iharifu yinaka, Igishinwa candikwa gikoresha indome zishobora kuba zigizwe n’ibintu bitari bike. Izo ndome mu bisanzwe ziba zisigariye ijambo canke igihimba c’ijambo. Naho indimi z’Ikiyapani n’Igikoreya zikura indome zazo mu Gishinwa, nya ndome zishobora gukoreshwa kugira zisigarire amajwi atandukanye cane kandi zigashobora kuba zidasangiye insobanuro.
Mu ndimi zikoresha indome zisanzwe, kwatura neza bisaba gukoresha ijwi ryo, ku rudome rwose canke ku mperekeranya zose. Igihe mwene urwo rurimi rukurikiza amategeko adahinduka, nk’uko biri ku Kigiriki, ku Gisipanyoli no ku Kizulu, ntibigora cane. Ariko rero, akosho k’indimi z’inyamahanga ku rurimi runaka gashobora gutuma haba ukwatura kugaragaza inkomoko ya nya majambo. Bica bituma urudome runaka canke umugwi munaka w’indome bishobora kwaturwa mu buryo burenze bumwe, canke rimwe na rimwe ntivyaturwe na gato. Ushobora gukenera gufata ku mutwe mwene ayo majambo maze ukayakoresha kenshi mu vyo uvuga. Mu Gishinwa, kugira umuntu yature mu buryo bubereye bisaba gufata ku mutwe indome ibihumbi. Mu ndimi zimwezimwe insobanuro y’ijambo irahinduka iyo ijwi rivuzwe ukundi. Iyo umuntu atitwararitse uwo muce w’ururimi bishobora gutuma hashikirizwa ivyiyumviro bitari vyo.
Nimba amajambo y’ururimi agizwe n’indadi, birahambaye ko hashimikwa canecane ku ndadi yo. Indimi nyinshi zikora mwene gutyo usanga zifise uburyo busanzwe bukurikizwa bw’ugushimika mu kuvuga. Aho bitameze gutyo, akamenyetso k’ahashimikwako karashobora kuba mu bigize ijambo. Ako karafasha kugira ngo ijambo ryaturwe mu buryo busa n’ubworoshe. Ariko rero, nimba ritama risomwa gutyo, ingorane irarushiriza kwongerekana. Kugira ngo ivyo ubitunganye, bisaba ugufata ku mutwe cane.
Mu ndimi zimwezimwe, utwatuzo ni ikintu nyamukuru co kurimbura. Muri utwo harimwo utumenyetso twerekanwa hejuru y’indome zimwezimwe zivuga, nk’izi: è, é, ô, ō, ŭ, ö, ë, ä. Utwatuzo dushobora kwandikwa, canke umusomyi akitegwako kudukoresha mu kuvuga yishimikije amakuru akikije nya jambo. Muri ubu buryo bugira kabiri, bisa n’uko kwitegura bizokenerwa igihe ushinzwe gusomera abantu.
Ku bijanye n’ukwatura, hariho imitego imwimwe yo kwirinda. Kurondera kubivuga neza kurenza urugero bica vyerekana ko atariko usanzwe, canke mbere ko ari akigano. Ni na kwo vyovugwa ku kwatura kuba kutagikoreshwa. Ico bizokora kuzoba gusa ugukwegera ivyiyumviro vy’abantu ku mushikirizansiguro. Ku rundi ruhande, ni vyiza kwirinda ukundi kurenza urugero, mu kuvuga no mu kwatura uko ubibonye. Bimwebimwe muri ivyo bintu biramaze kuvugwa musi y’agatwe kavuga ngo “Kuvuga Amajambo mu Buryo Butomoye.”
Ukwaturwa kw’amajambo y’ururimi kwemerwa gushobora kuba gutandukanye mu bihugu no mu mihingo y’igihugu kimwe. Umuntu ava mu kindi gihugu ashobora kuvuga ururimi rw’iwanyu afise inyaturo imuranga. Inyizamvugo zishobora gutondeka inyaturo zemerwa zirenga imwe kw’ijambo rinaka. Canecane mu gihe umuntu vyoba bitămukundiye kwiga amashure menshi, canke ururimi avuga ubu rukaba atari urwa kavukire, azohungukira cane mu kwumviriza yitonze abavuga neza ururimi rw’aho hantu hanyuma inyaturo yiwe ayifatire ku yabo. Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, dushaka kuvuga mu buryo butera iteka ubutumwa twamamaza kandi buzotahurwa ningoga n’abantu bo mu karere iwacu.
Mu mvugo ya misi yose, birarushiriza kuba vyiza gukoresha amajambo umenyereye neza. Mu bisanzwe kwatura ntibizoba ingorane mu kuyaga gusanzwe. Ariko rero, igihe usoma n’ijwi ryumvikana, ushobora guhura n’amajambo udakoresha mu mvugo ya misi yose. Bisubiye Ivyabona vya Yehova bari n’ibintu vyinshi basoma n’ijwi ryumvikana. Turasomera Bibiliya abantu igihe dushinga intahe kuri bo. Hari abavukanyi bamwebamwe basabwa gusoma ingingo mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi canke ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Birahambaye ko dusoma ata makosa kandi ntidutiture ubutumwa mu kwatura nabi amajambo.
Woba uhora usanga hari amajambo y’uruharo muri Bibiliya agoye kwatura? Mu Kirundi, amazina y’uruharo asomwa nk’uko ayandi majambo yose asomwa.
Uburyo bwo Kuryohora. Abenshi mu bafise ingorane y’ukwatura usanga batanabizi. Nimba umucungezi wawe w’ishure akweretse imice y’ukwatura kwawe ikeneye ko uyitwararika, nubikenguruke n’umutima mwiza. None umaze kumenya iyo ngorane, woryohora gute?
Ubwa mbere na mbere, igihe ufise ikigabu co gusoma n’ijwi ryumvikana, nufate umwanya wo kuraba mu nyizamvugo. Nurabe amajambo utazi. Nimba utamenyereye gukoresha inyizamvugo, nurabe ku mpapuro zitangura kugira bagusigurire utumenyetso dukoreshwa, canke nimba bikenewe usabe umuntu abigusigurire. Inyizamvugo izokwereka aho ukwiye canecane gushimika mw’ijambo rigizwe n’indadi zirenga imwe, be n’aho woshimika buhorobuhoro mw’ijambo rirerire. Izokwereka amajwi akoreshwa ku ndome zivuga zo mw’ijambo rinaka. Rimwe na rimwe usanga ijambo rishobora kwaturwa mu buryo burenze bumwe, bivanye n’aho rikoreshejwe. Ijambo uraba ryose ryaba irihe, nurivuge n’ijwi ryumvikana incuro nka zingahe imbere y’uko uzinga iyo nyizamvugo.
Uburyo bugira kabiri ushobora kuryohoramwo ukwatura ni mu gusoma hari uwundi muntu akwumviriza, akaba ari umuntu yatura neza amajambo, ukamusaba gukosora amakosa ugira.
Uburyo bugira gatatu bwo kuryohora inyaturo ni mu kwumviriza neza abashikirizansiguro babishoboye. Nimba amakaseti yo kwumviriza ya Bibiliya Traduction du monde nouveau canke y’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! aboneka, nuyakoreshe neza. Uko wumviriza, nugenekereze amajambo yaturwa mu buryo butandukanye n’uko woyatura. Nuyandike hanyuma uyimenyereze. Mu nyuma, imvugo yawe izosigara itagiramwo amahinyu y’inyaturo, kandi ivyo bizoyiryohora cane.