ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 4 rup. 93-rup. 96 ing. 3
  • Kuvuga Worohewe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuvuga Worohewe
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kumera Uko Usanzwe Umeze
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gutegura Ibigabu Umunyeshure Ahabwa mw’Ishure
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ugushimika Kugira ngo Ushire Ivyiyumviro Ahabona
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kuvuga Amajambo mu Buryo Butomoye
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 4 rup. 93-rup. 96 ing. 3

ICIGWA CA 4

Kuvuga Worohewe

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nusome wongere uvuge mu buryo amajambo yawe n’ivyiyumviro vyawe vyizana ata ngorane. Igihe umuntu avuga yorohewe, ikiganiro ntikigenda kiracikagurika canke ngo cikwege busiba, bisubiye ntihaza haraba ugutsitagurika mu majambo canke ugukabakaba mu kurondera ivyiyumviro.

Ni Kuki Bihambaye?

Iyo umushikirizansiguro abuze ukworoherwa mu kuvuga, imizirikanyi y’abumviriza ishobora kuyerera; harashobora no gusohorwa ivyiyumviro bitari vyo. Ibivugwa bishobora kuburamwo ugushwirura.

IGIHE usoma n’ijwi ryumvikana, woba uhora uza uratsitagurika mu majambo amwamwe? Canke igihe ugiye guhagarara imbere y’abumviriza ngo ushikirize insiguro, woba uhora usanga kenshi usa n’uwukabakaba kugira ngo uronke amajambo? Nimba ari ukwo, ushobora kuba ufise ingorane y’ukworoherwa mu kuvuga. Umuntu yorohewe mu kuvuga arasoma kandi akavuga mu buryo amajambo n’ivyiyumviro vyizana ata ngorane, bikumvikana ko uwo muntu bitamugoye. Ivyo ntibisigura yuko umwanya wose aguma ariko aravuga, ko avuga anyaraguritsa, canke yuko avuga ata kwiyumvira. Ikiganiro ciwe usanga kiryoshe kandi cuzuye ubuntu. Ukworoherwa mu kuvuga biritwararikwa cane mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.

Hariho ibintu bitandukanye bishobora gutuma hataba ukworoherwa mu kuvuga. Woba ukeneye kwitwararika bimwe bidasanzwe ico ari co cose mu bikurikira? (1) Igihe usomera abandi, ukuba utamenyereye amajambo amwamwe birashobora gutuma udidinganya. (2) Kugira uturuhuko dutoduto henshi ukarenza bishobora gutuma ikiganiro ushikiriza gicikagurika. (3) Ukutitegura na kwo nyene gushobora gutuma haba iyo ngorane. (4) Mu kuvugira imbere y’umugwi w’abantu, ikintu gikunda gutuma umuntu atoroherwa mu kuvuga ni ukudashira urutonde mu mayagwa mu buryo bwumvikana. (5) Ukuba umuntu azi amajambo make biratuma adidinganya igihe akabakaba arondera amajambo abereye. (6) Iyo umuntu ashimika ku majambo menshi akarenza, ukworoherwa kurashobora gutiturwa. (7) Ukuba umuntu atazi amategeko y’indimburo na vyo nyene birashobora kwongereza iyo ngorane.

Nimba ubuze ukworoherwa mu kuvuga, abumviriza mu Ngoro y’Ubwami ntibazoca bagenda, ariko imizirikanyi yabo ishobora kuyerera. Ico bizovamwo, vyinshi mu vyo uvuga bishobora gupfa ubusa.

Ku rundi ruhande, utegerezwa kuba maso kugira ngo imvugo yo gushimika kandi yoroheje ntibe ari yo yiganza, kumbure igatuma abumviriza batiyumva neza. Nimba biturutse ku budasa bw’imico kama uburyo ushikiriza insiguro abantu bakabubona nk’ukwiyemera canke nk’aho utavuga ibivuye ku mutima, ivyo bizokwica intumbero yawe. Birahambaye kuba intumwa Paulo, naho yari aciye uruma mu vyo kuvuga neza, yaje ku Banyakorinto ‘afise intege nke, ari n’ubwoba, ahinda agashitsi kenshi’ ku buryo atokwikwegeyeko ivyiyumviro vy’abantu atari ngombwa.—1 Kor. 2:3.

Imigenzo yo Kwirinda. Abantu benshi igihe bariko baravuga, barafise akantu k’akamenyero ko kuza barinjizamwo utujambo nka “eee.” Abandi na bo kenshi batanguza iciyumviro n’utujambo “mbo,” “urabona,” “koko.” Kumbure ntuzi incuro ukoresha mwene utwo tujambo. Woshobora kugerageza kugira umwimenyerezo aho umuntu munaka akwumviriza hanyuma agaca asubiramwo utwo tujambo igihe cose utuvuze. Woshobora gutangara.

Abantu bamwebamwe barasoma kandi bakavuga baza barasubira inyuma. Ni ukuvuga, baratangura iryungane hanyuma bakaricira hagati maze bagasubiramwo n’imiburiburi igihimba c’ivyo bamaze kuvuga.

Abandi na bo bavuga banyaraguritsa cane, mugabo bagatangurana iciyumviro hanyuma maze bagejeje iryungane hagati bagatandukira ikindi kintu. Naho amajambo aba yizana ata guhata, ukuza urata utora mu vyiyumviro biratitura ukworoherwa.

Uburyo bwo Kuryohora. Nimba ingorane yawe ari uko kenshi ukabakaba kugira ngo uronke ijambo ribereye, ukeneye kugira akigoro gakomeye kugira ngo wongereze amajambo ngengarurimi yawe. Nuze urafata nka nkama bimwe bidasanzwe amajambo uba utamenyereye yo mu Munara w’Inderetsi, muri Réveillez-vous!, hamwe no mu bindi bisohokayandikiro ushobora kuba uriko urasoma. Nurabe ayo majambo mu nyizamvugo, urabe ingene yaturwa hamwe n’insiguro yayo, hanyuma ayo majambo uyongere ku majambo ngengarurimi yawe. Nimba ata nyizamvugo woronka, nusabe umuntu avuga neza urwo rurimi agufashe.

Kugira akamenyero ko gusoma n’ijwi ryumvikana udahorereza, bizogufasha kurushiriza kuryohora ugusoma kwawe. Nufate nka nkama amajambo agoye, hanyuma uyavuge incuro nka zingahe.

Kugira ngo usome worohewe, birakenewe ko utahura ukuntu amajambo akorana mu ryungane. Mu bisanzwe amajambo akeneye gusomwa ari akagwi kugira ngo ushikirize iciyumviro kiriko kiraserurwa n’umwanditsi. Nufate nka nkama bimwe bidasanzwe imigwimigwi amajambo akoreshejwemwo. Nuyashireko akamenyetso nimba ivyo vyogufasha. Intumbero yawe si ugupfa gusoma amajambo neza, ahubwo kandi ni ugushikiriza ivyiyumviro mu buryo butomoye. Umaze gusuzuma iryungane rimwe, nubandanirize ku rindi gushika umaze gutohoza ingingo yose uko ingana. Numenye ingene iciyumviro kigenda. Maze niwimenyereze gusoma n’ijwi ryumvikana. Nusome nya ngingo incuro nyinshi gushika ushobore kubigira udatsitagurika, utaza uraruhuka hagati y’amajambo. Nuce ugenda ku ngingo zikurikira.

Ubukurikira, niwongereze ingendo yawe y’ugusoma. Nimba wategereye ukuntu amajambo yo mu ryungane akorana, uzoshobora kubonera amajambo menshi icarimwe no guca ubona ibikurikira. Ivyo bizofasha cane kugira ugusoma kwawe kube kirumara.

Kwama wimenyereza gusoma ibintu ari ho ukibikubita ijisho birashobora kuba umwimenyerezo ngirakamaro. Nk’akarorero, utarinze kwitegura imbere y’igihe, nusome igisomwa c’umusi hamwe n’insasanuro zaco n’ijwi ryumvikana; nuze urabigira udahorereza. Numenyere kuza urareka ijisho ryawe ribone amajambo mu migwimigwi iserura ivyiyumviro vyuzuye aho kubona gusa ijambo rimwerimwe.

Mu kiyago, ukworoherwa mu kuvuga bisaba ko wiyumvira imbere yo kuvuga. Ivyo nubigire umugenzo mu bikorwa vyawe vya misi yose. Nutoranye ivyiyumviro ushaka gushikiriza be n’urutonde uzobivugamwo; maze tangura kuvuga. Ntiwihutagize. Niwihatire guserura iciyumviro cuzuye ata guhagarara canke guhindagura ivyiyumviro utaraheza kubishikiriza. Ushobora gusanga ari ngirakamaro gukoresha amungane magufimagufi, yoroheje.

Amajambo akwiye kuza nk’uko usanzwe uvuga nimba uzi neza ivyo ushaka kuvuga. Muri rusangi, si ngombwa ngo urobanure amajambo uja gukoresha. Mu vy’ukuri, ku bw’ukwimenyereza, birarushiriza kuba vyiza uravye neza gusa ko iciyumviro cose gitomoye mu muzirikanyi wawe hanyuma ukiyumvira amajambo uko ugenda uravuga. Ivyo ubigize kandi ukagumiza umuzirikanyi ku ciyumviro aho kuwugumiza ku majambo uriko uravuga, amajambo asa n’ayazoza arizana, kandi ivyiyumviro vyawe uzobiserura nk’uko nyene uvyiyumvamwo. Mugabo utanguye kuza uriyumvira amajambo aho kwiyumvira ivyiyumviro, insiguro yawe ishobora kuza iracikagurika. Ugiye urimenyereza, urashobora kuroranirwa mu vyo gutsimbataza ukworoherwa, iyo ikaba ari kamere ihambaye mu vy’ukuvuga no gusoma neza.

Igihe Musa yashingwa guserukira Yehova kuri rya hanga rya Isirayeli n’imbere ya Farawo wo mu Misiri, yiyumvisemwo yuko atavyo yari ashoboye. Kubera iki? Ntiyoroherwa mu kuvuga; ashobora kuba yari afise ubumuga bw’ukuvuga. (Kuv. 4:10; 6:12) Musa yarisiguye ngo Imana imubabarire, mugabo ntiyigeze ivyemera. Yehova yarungitse Aroni ngo bajane abe umuvugizi, mugabo yaranafashije Musa kuvuga. Musa yaravuga atabwira umwumwe gusa be n’imigwi mitomito y’abantu, ahubwo anabwira ihanga ryose uko ringana. Ivyo yarabigize akatari gake, kandi bikagenda neza. (Gus. 1:1-3; 5:1; 29:2; 31:1, 2, 30; 33:1) Mu gihe uranguye uruhara rwawe ubishizeko umutima wongera wizigira Yehova, na wewe urashobora gukoresha imvugo yawe mu gutera iteka Imana.

GUTUNGANYA INGORANE Y’UGUCAGAGURA

Hari ibintu vyinshi bishobora gutuma umuntu avuga acagagura. Umuti ufasha abantu bamwe ushobora kudakora cokimwe ku bandi. Mugabo kugira ngo wironkere umunezero uva ku kuroranirwa, birahambaye ko uguma ugerageza.

Mbega ugutanga insasanuro kw’ikoraniro kwoba kugutera ubwoba canke kukaguhagarika amaraso? Nusenge Yehova agufashe. (Flp. 4:6, 7) Nushimikire ivyiyumviro vyawe ku gutera iteka Yehova no ku gufasha abandi. Ntiwitege ko iyo ngorane yozimangana buhere, ahubwo witegereze ukuntu ufashwa kugira ngo uyitunganye. Uko wibonera umuhezagiro wa Yehova hamwe n’indemesho iva ku bavukanyi bawe, uzoshima kurushirizaho.

Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi riraguha akaryo ko guca uruma mu vy’ukuvugira imbere y’umugwi w’abantu. Ushobora gutangazwa n’ukuntu ubigira neza imbere y’umugwi mutoyi ugushigikiye kandi ugushakira ukuroranirwa. Ivyo birashobora kugufasha kuronka ukwizigira kugira ngo uzoshobore kuvuga igihe ibintu bimeze ukundi.

Nimba ugiye gutanga insiguro, niwitegure neza. Niwinjire wese mu vyo ushikiriza. Nuvuge ufise inyiyumvo zibereye. Nimba utanguye gucagagura igihe uriko uravuga, uko bishoboka kwose, nuce ugumiza hamwe ijwi ryawe kandi ugumize umutima mu nda. Niworohereze imitsi y’imibangabanga yawe. Koresha amungane magufimagufi. Nugabanye rwose ikoreshwa rya twa gatangazi nka “Hmm” na “eee.”

Bamaze kugenekereza amajambo yateye ingorane muri kahise, bamwe mu bafise ingorane y’ugucagagura baririnda nya majambo, mu gishingo cayo bagakoresha amajambo asangiye na yo insiguro. Abandi bashima kugenekereza amajwi y’imvugo abatera ingorane kuruta ayandi, hanyuma bakayimenyereza incuro n’izindi.

Nimba ucagagura igihe uri mu kiyago, nturambirwe mu kigoro ugira ko kuganira n’abandi. Hari aho woshima kuremesha nya muntu wundi ngo abe ari we avuga gushika ushoboye kubandanya. Nimba bikenewe, niwandike gusa akajambo canke wereke nya muntu ikintu canditswe.

UBURYO BWO KUBISHIKAKO

  • Igihe usoma ibinyamakuru canke ibitabu, za urashira utumenyetso ku majambo mashasha, wongere urondere kumenya ico neza na neza asigura, hanyuma uyakoreshe.

  • Niwimenyereze gusoma n’ijwi ryumvikana n’imiburiburi iminuta iva kuri itanu gushika kuri cumi ku musi.

  • Nutegure unoganza ibigabu washinzwe vyo gusoma. Nufate nka nkama imigwi y’amajambo iserura ivyiyumviro. Numenye neza uburyo iciyumviro kigenda.

  • Mu kuyaga kwa misi yose, niwige kuza urabanza kwiyumvira ubone guca uvuga amungane akwiye, utaza urayacagagura.

UMWIMENYEREZO: Niwihweze witonze Abacamanza 7:1-25, utohoza ingingo imwimwe. Raba neza ko utahura ivyo havuga. Ukoresheje inyizamvugo, nurabe amajambo utazi. Nuvuge izina ryose ry’uruharo n’ijwi ryumvikana. Nuheze usome ingingo n’ijwi ryumvikana; niwitwararike kubigira ata makosa. Wumvise nya ngingo ikunyuze, nuje ku yikurikira, gutyo gutyo. Maze nusome ikigabane cose uko kingana. Nugisubiremwo, ubu hoho unyarutsa gatoyi. Gisubiremwo rindi rimwe, ugenda unyarutsa kuruta ubuheruka, ku bihimba bibereye, mugabo ntunyarutse cane ku buryo utsitara.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika