Ururirimbo rwa 218
Kumwe nanje mw’Iparadizo
1. Ku wumanitswe ku giti
Yezu yasezerany’ati:
‘Tuzobana mw’iparadi’.
Na twe ejo bundi
Turiteze kandi
Izuka; turizigira
Ko Ya urupf’azomira.
Ukuri yarahishuye,
Twarabitahuye,
Ko yatwikundiye.
2. ’Shengero ryinshi ryiteze
Paradizo igir’ize;
Ubwoba ntibazogira.
N’ukuri twizera
Bib’liy’ihishura.
Yehov’ingo tumwiture;
We gusa tumukorere.
Twame tumushemagiza
N’akanyamuneza,
Tutihindukiza.
3. Izindi ntama banesha
Bazoronka ya si nshasha.
Abo ubu baramenye
Ivyo yahinguye
Kandi bihambaye!
Bamamaza kw’isi yose;
’Munezer’ukaba wose.
Ivyo na vyo bizotuma
Baronk’ubuzima,
Ya ntazobubima.