Ururirimbo rwa 120
Guma ushikamye nka Rusi
1. Nawom’asavye Rus’agende
Nah’intuntu yiw’ari ndende.
Rusi kugenda n’umugani
Kukw’akunda cane Nawomi.
2. ‘Oya sinzigera nguheba,
Je nah’unyinginga ntivyoba.
Ah’uzoja cank’uzorara
Ni ho nzoja, ndare, nkundira.
3. ‘Ihanga ryanyu ribe rwanje
Imana yawe ib’iyanje.
Iman’ibimpanire jewe
Ngiz’ikintandukanya nawe.
4. ’Rukundo, ’kwizera vya Rusi
N’akarorero mur’iyi si.
Ese na twebwe twomwigana;
Twame tuyoboker’Imana.