Tubandanye gukomezanya
1 Umwe wese mu bagize umugwi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero arashobora kugira uruhara ruhambaye mu bijanye n’ugukura mu vy’impwemu kw’abo bari kumwe mu mugwi. Twese turipfuza kugamburuka rya tegeko ryo mu Vyanditswe ridusaba ‘kuvyuriranira ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, na canecane uko umuhero wegereza’.—Heb. 10:24, 25.
2 Dusahirizanye: Twese turashobora gusahiriza kugira ngo mu nyigisho y’igitabu harangwe igishika n’ubugenzi. Iyo umwe wese muri twebwe yitwararitse abo bari kumwe mu mugwi, biratuma abagize uwo mugwi biyegerezanya. Mu B’i Galatiya 6:10, dusabwa “[kugirira] bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera”. Nk’akarorero, iyo hari abo mu nyigisho y’igitabu barwaye bigatuma bataza ku makoraniro, woba ubibona? Kumbure woshobora kubakura kuri telefone canke kubagendera. Igihe mu mugwi w’inyigisho y’igitabu harangwa agatima nk’ako, biratuma abavukanyi barushiriza kwiyegerezanya.
3 Hoba hari abakeneye kuremeshwa bivuye ku mikazo bahangana ku musi ku musi, ku mabanga bajejwe mu muryango canke ku zindi ngorane? Wokora iki kugira ubafashe? Nugire akigoro kadasanzwe ko kuganira n’abandi ku makoraniro, uretse ukubaramutsa gusa. Hari abosa n’abafise amasoni yamara bakaba barondera uwo bayaga kandi bakaba boryoherwa tubayagishije (wt rup. 149-150). Intumwa Paulo yaremesheje abakirisu ‘kuremesha abarandutse imitima, kuramira abanyantegenke no kwihanganira bose’ (1 Tes. 5:14). Niba hari uwurwaye canke uwudendebutse, urazi ukuntu bihumuriza igihe abagenzi bamugendeye canke bakamubaza ko hari ico bomufasha! Akenshi, umurwayi aba akeneye gusa kumenya ko hari uwumubabaye.
4 Twipfuza kandi gushigikira indinganizo zijanye n’umurimo wo mu ndimiro. Dukwiye kugerageza gukorana n’abo turi kumwe mu mugwi batandukanye (2 Kor. 6:11-13; 12:15). Hari igihe bishika umucungezi w’inyigisho y’igitabu akadusaba gusahiriza umuntu kanaka. Tuvyakira gute? Umugwi w’inyigisho y’igitabu urakomera cane igihe abamamaji n’abatsimvyi bakorana mu mice itandukanye y’igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa.
5 Akarorero wewe ubwawe utanga: Hariho ubundi buryo ushobora kugira ico ufashije ku bijanye n’inyigisho y’igitabu. Akarorero keza utanga karahambaye. Nk’akarorero, mu gihe wambaye nk’uko wokwambara ugiye kw’ikoraniro rinaka ribera ku Ngoro y’Ubwami, uba werekanye ko wubaha inyigisho y’igitabu. Uba uhaye akarorero ngirakamaro aboba bafise akamenyero ko gupfa uko bambaye. Woba ufise akamenyero ko gushika ku gihe kugira ngo ntuhungabanye iryo koraniro?
6 Inyigisho y’igitabu y’ishengero ni intunganyo iranga urukundo Yehova yashizeho ikwiriye ko tuyishigikira bimwe bishitse (Yes. 40:11). Ni ahantu dushobora gusahirizwa umwumwe ukwiwe tukongera tugaterera umuganda mu vy’ukuruhurira abandi mu vy’impwemu. Nimuze twese ‘tugume duhumurizanya twongera dukomezanya’, mu gushigikira bimwe bishitse iyo ndinganizo.—1 Tes. 5:11, NW.