‘Guma Unkurikira’
“Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.”—1 PETERO 2:21.
1, 2. Ni kubera iki akarorero katagira agahaze ka Yezu bwa mwigisha katari hejuru cane ku buryo tutoshobora kukigana?
YEZU KIRISITU ni we yari Umwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose kw’isi. Vyongeye, nta gasembwa yari afise, ntiyigeze acumura mu buzima bwiwe bwose yamaze ari umuntu. (1 Petero 2:22) Ariko none, ivyo vyoba bisobanura ko akarorero Yezu yatanze bwa mwigisha kari hejuru cane ku buryo twebwe abantu b’abanyagasembwa tutoshobora kukigana? Habe namba.
2 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, inyigisho ya Yezu yari ishingiye ku rukundo. Kandi urukundo ni ikintu twese dushobora gutsimbataza. Ijambo ry’Imana akenshi riduhimiriza gukura no kwongereza urukundo dukunda abandi. (Ab’i Filipi 1:9; Ab’i Kolosayi 3:14) Yehova ntiyigera asaba ibiremwa vyiwe ivyo bidashobora gukora. Nkako, kubera yuko “Imana ar’urukundo” kandi ikaba yaturemye mw’ishusho yayo, turashobora kuvuga yuko yaturemye kugira ngo tugaragaze urukundo. (1 Yohana 4:8; Itanguriro 1:27) Gutyo, igihe dusoma amajambo y’intumwa Petero yanditse mu canditswe cacu c’ishimikiro, turashobora kugira ico dukoze dufise icizigiro. Turashobora kugera ikirenge mu ca Kirisitu. Nkako, turashobora kugamburuka ibwirizwa Yezu ubwiwe yatanze rivuga riti: ‘Guma unkurikira.’ (Luka 9:23) Nimuze turimbure ukuntu dushobora kwigana urukundo Kirisitu yagaragaje, ubwa mbere ku kuri yigisha, ubwa kabiri ku bantu yigisha.
Dutsimbataze Ugukunda Ukuri Twamenye
3. Ni kubera iki abantu bamwebamwe basanga bigoye kwiga, ariko ni inkeburo iyihe dusanga mu Migani 2:1-5?
3 Kugira ngo dukunde ukuri twigisha abandi, dutegerezwa ubwacu gukunda kukwiga. Mw’isi yo muri kino gihe, ugukunda kwiga ntivyama nantaryo biza mu buryo bworoshe. Ibintu nk’ukutiga neza be n’utumenyero tubi twatsimbataye mu bakiri bato bituma abenshi badakunda ivyo kwiga. Ariko rero, ni nkenerwa ko twigira kuri Yehova. Mu Migani 2:1-5 havuga hati: “Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, ukabīka amabgirizwa yanje muri wewe, bigatuma utega ugutwi ubgenge, ugashira umutima ku gutahura; mbere ni wahamagara ubgenge, ugashira ijwi hejuru uririra ugutahura; ni waburondera nk’ifeza, ukabusesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe; ni ho uzotahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana.”
4. Bisigura iki “[gu]shira” umutima ku kintu, kandi ni ukubona ibintu ukuhe kuzodufasha kubigira?
4 Urabona ko kuva ku murongo wa 1 gushika ku wa 4 tuguma duhimirizwa kugira akigoro atari gusa ako “[k]wemera” no “[ku]bīka,” ariko kandi ko ‘kuguma turondera’ no ‘kuguma dusesangura.’ Ni igiki none kizotuvyurira umutima wo gukora ivyo vyose? Emwe, raba iyi mvugo ngo “ugashira umutima ku gutahura.” Igitabu kimwe kivuga yuko iyo nkeburo “idakwegera ivyiyumviro gusa; isaba kugira inyifato kanaka yo mu muzirikanyi: kuba umuntu yakira inyigisho abishashaye.” None ni igiki gishobora gutuma twuguruka mu bwenge kandi tukipfuza kumenya ivyo Yehova atwigisha? Ni uburyo tubona ibintu. Dukeneye kubona “ukumenya Imana” nk’“ifeza” tukakubona kandi nk’“izahabu zanyegejwe.”
5, 6. (a) Ni ibiki bishobora gushika haciye igihe, kandi ivyo dushobora kubikinga gute? (b) Ni kubera iki dukwiye kuguma twongerereza ubutunzi bw’ubumenyi twaronse muri Bibiliya?
5 Kuronka ukubona ibintu nk’ukwo, ntibigoye. Nk’akarorero, “ukumenya Imana” waronse gushobora kuba kurimwo ukuri kw’uko Yehova afise umugambi w’uko abantu b’abizerwa babaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi. (Zaburi 37:28, 29) Igihe wamenya ukwo kuri ari bwo bwa mbere, birashoboka ko wakubona nk’ubutunzi nyakuri, ikintu wamenye kikuzuza mu muzirikanyi wawe no mu mutima wawe icizigiro n’umunezero. Tuvuge iki ubu? Uko igihe cagiye kirahaca, ugukenguruka ubutunzi bwawe kwoba kwagiye kurayama? Nugerageze rero gukora ibintu bibiri. Ubwa mbere, nusubire uvyure ugukenguruka kwawe, ni ukuvuga ukabure umuzirikanyi wawe ubudahorereza ku bijanye n’igituma uha agaciro ukuri kwose Yehova yakwigishije, mbere n’ukwo haciye imyaka myinshi wize.
6 Ubwa kabiri, nugume wongerereza ubutunzi bwawe. Nakare, hamwe vyoshika ukimba urondera ibuye ry’agaciro, mbega woca gusa urishira mu mupfuko maze ukigira unezerewe? Canke wokwimba kugira urabe niba hoba hariyo ayandi? Ijambo ry’Imana ryuzuyemwo amabuye y’agaciro be n’ibintu bidaharurika vy’agaciro vyerekeye ukuri. Naho woba wararonse ayangana iki, urashobora kuronka n’ayandi. (Abaroma 11:33) Uko wiga ikintu gishasha cerekeye ukuri, niwibaze uti: ‘Ni igiki gituma nya kintu kiba ubutunzi? Coba gituma ndushiriza gutahura kamere ya Yehova canke imigambi yiwe? Coba kindonsa ubuyobozi ngirakimazi bunaka bushobora kumfasha kugera ikirenge mu ca Yezu?’ Kuzirikana ku bibazo nk’ivyo bizogufasha gutsimbataza ugukunda ukuri Yehova yakwigishije.
Tugaragaze ko Dukunda Ukuri Twigisha
7, 8. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora kwereka abandi ko dukunda ukuri twize muri Bibiliya? Tanga akarorero.
7 Igihe twigisha abandi, dushobora gute kugaragaza ko dukunda ukuri twize mw’Ijambo ry’Imana? Mu gukurikira akarorero ka Yezu, turiheka cane kuri Bibiliya mu kwamamaza no mu kwigisha kwacu. Mu bihe vya vuba, abasavyi b’Imana hirya no hino kw’isi bararemeshejwe kurushiriza gukoresha Bibiliya mu busuku bwabo barangura ku mugaragaro. Uko ushira mu ngiro iyo nama ugirwa, nurondere uburyo bwo kureka ngo uwo usanze ku muhana amenye yuko ubwawe uha agaciro ivyo uriko uramubwira bivuye muri Bibiliya.—Matayo 13:52.
8 Nk’akarorero, mu kiringo cakurikiye ca gitero ca bagaterabwoba caba mu mwaka uheze mu Gisagara ca New York, umuvukanyikazi mukirisu umwe yariko asomera Zaburi 46:1, 11 abantu bahura ari mu busuku bwiwe. Ubwa mbere, yarabaza abantu ukuntu bariko bavyifatamwo inyuma y’aho habereye ivyago. Yarumviriza yitonze ivyo bishura, akavyemera, maze agaca avuga ati: “Noshobora kubasomera icanditswe canyiruye vy’ukuri muri iki gihe kigoye?” Ni bake cane banse, kandi havuyemwo ibiganiro vyinshi vyiza. Mu kuganiriza abakiri bato, nya muvukanyikazi nyene akenshi avuga ati: “Ubu maze imyaka 50 nigisha Bibiliya. Kandi murazi? Sinigeze mbona ingorane n’imwe iki gitabu kidashobora gufasha gutorera umuti.” Mu gukoresha ugushikirana n’abantu kutarimwo uburyarya kandi kurangwa ubushwashwanutsi, turabereka yuko duha agaciro kandi ko dukunda ivyo twize mw’Ijambo ry’Imana.—Zaburi 119:97, 105.
9, 10. Ni kubera iki bihambaye gukoresha Bibiliya igihe twishura ibibazo vyerekeye ivyo twemera?
9 Igihe abantu batubajije ibibazo vyerekeye ivyo twemera, tuba turonse akaryo keza ko kwerekana yuko dukunda Ijambo ry’Imana. Mu gukurikira akarorero ka Yezu, ntidushingira gusa inyishu dutanga ku vyiyumviro vyacu bwite. (Imigani 3:5, 6) Ahubwo, turakoresha Bibiliya mu kwishura. Woba utinya yuko umuntu yohava abaza ikibazo udashobora kwishura? Rimbura intambwe zibiri ngirakimazi ushobora gutera.
10 Nugire ukwo ushoboye kwose kugira ugume witeguye. Intumwa Petero yanditse ati: “Mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya.” (1 Petero 3:15) Woba witeguye kurwanirira ivyo wemera? Nk’akarorero, niba hari umuntu agomba kumenya igituma utaja mu migenzo imwimwe idashingiye ku vyanditswe, ntupfe gusa kuvuga ngo: “Idini ryanje rirabibuza.” Inyishu nk’iyo yotanga iciyumviro c’uko ureka abandi bakaba ari bo bagufatira ingingo, kandi ko utegerezwa rero kuba uri uwo mu kadumbi k’idini. Vyoba vyiza uvuze yuko “Ijambo ry’Imana Bibiliya ribibuza,” canke uti “ntivyoshimisha Imana yanje.” Nutange rero insobanuro zumvikana z’igituma utayijamwo.—Abaroma 12:1.
11. Ni igikoresho ikihe co kugira ubushakashatsi gishobora kudufasha kuba abiteguriye kwishura ibibazo vyerekeye ukuri kw’Ijambo ry’Imana?
11 Niba wiyumvamwo ko utiteguye, kubera iki utomara umwanya kanaka wiga igitabu Comment raisonner à partir des Écritures nimba coba kiboneka mu rurimi rwawe?a Nurobanure ibiganiro bikeyi abantu boshobora kuvyura, maze ufate ku mutwe ivyiyumviro bimwebimwe vyo mu Vyanditswe. Uragumiza hafi igitabu cawe Comment raisonner be na Bibiliya yawe aho wovyakira ningoga. Ntugonanwe kubikoresha vyompi, ubwire uwo muntu yuko ufise ibikoresho vyo kugira ubushakashatsi ukunda gukoresha kugira bigufashe kuronka inyishu Bibiliya itanga ku bibazo.
12. Twokwishura gute niba tutazi inyishu y’ikibazo gishingiye kuri Bibilya?
12 Ntuhagarike umutima bitari bikwiye. Nta muntu n’umwe w’umunyagasembwa afise inyishu zose. Ku bw’ivyo, igihe ubajijwe ikibazo gishingiye kuri Bibiliya udashobora kwishura, ushobora kwama wishura muri ubu buryo: “Urakoze kubona uvyuye ikibazo nk’ico gishimishije. Mvugishije ukuri, nta nyishu nzi, ariko ndazi neza ko Bibiliya yishura ico kintu. Ndakunda kugira ubushakashatsi muri Bibiliya, gutyo nzogira ubushakashatsi ku kibazo cawe hanyuma ngaruke ndakuzaniye inyishu.” Ubwo buryo bwo kuyaga butomoye kandi buranga ukwifata ruto burashobora gucira inzira ibindi biganiro.—Imigani 11:2.
Ugukunda Abantu Twigisha
13. Ni kubera iki dukwiye kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza ku bijanye n’abantu tubwira ubutumwa?
13 Yezu yaragaragarije urukundo abantu yigisha. Dushobora gute kumwigana muri ivyo? Ntidukwiye kwigera dutsimbataza agatima ka sindabibazwa ku vyerekeye abantu badukikuje. Ikizwi coco, “[i]ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” iriko yegereza bimwe bitari bwabeho, kandi benshi mu bantu amamiliyoni bazosangangurwa. (Ivyahishuriwe 16:14; Yeremiya 25:33) Yamara, ntituzi abazorusimba n’abatazorusimba. Urwo rubanza ruzocibwa muri kazoza, rukazocibwa n’umwe Yehova yagena, Yezu Kirisitu. Gushika urwo rubanza rurangiye, tubona umuntu wese nk’aho ashobora gucika umusavyi wa Yehova.—Matayo 19:24-26; 25:31-33; Ivyakozwe 17:31.
14. (a) Dushobora gute kwisuzuma nimba tugirira impuhwe abantu? (b) Ni mu buryo ubuhe ngirakimazi dushobora kwerekana ko tugirira impuhwe abandi be n’uko tubitwararika?
14 Nka kumwe kwa Yezu rero, turarondera kugirira impuhwe abantu. Dushobora kwibaza duti: ‘Noba ngirira impuhwe abantu bazimijwe n’ibinyoma vy’urwenge vyo mu madini, vyo mu vya politike n’ivyo mu vy’ubudandaji bigize iyi si? Niba basa n’abatanegwa ubutumwa tubashira, noba ndondera gutahura igituma biyumvamwo nk’ukwo? Ubwo noba nemera icese yuko jewe, canke abandi bariko basukurira Yehova badahemuka, twigeze kwiyumvamwo nk’ukwo nyene? Noba mpuza uburyo bwanje bwo kwamamaza n’uko ibintu vyifashe? Canke noba nirengagiza abo bantu nkababona nk’aho ataco bazovamwo?’ (Ivyahishuriwe 12:9) Igihe abantu batahuye ko tubagirira impuhwe vy’ukuri, bashobora kurushiriza kwakira ubutumwa bwacu. (1 Petero 3:8) Impuhwe zishobora kandi kudusunikira ku kurushiriza kwitwararika abantu duhura mu busuku bwacu. Dushobora kwandika ibibazo vyabo n’ibibaraje ishinga. Igihe dusubiyeyo, dushobora kubereka yuko twiyumviriye ivyo bavuze igihe duheruka kubagendera. Maze niba bafise ikintu cihuta bakeneye ubwo nyene, dushobora guca tubaha imfashanyo kanaka ngirakimazi.
15. Ni kubera iki dukwiye kurondera iciza mu bantu, kandi dushobora kubigira gute?
15 Nka kumwe kwa Yezu, turondera iciza mu bantu. Kumbure umuvyeyi yirerana abana wenyene ariko agira akigoro gashimishije kugira arere abana biwe. Kumbure umugabo ariko arwana kugira ashigikire umuryango wiwe. Umuntu ageze mu zabukuru ashobora kuba agaragaza ko ashimishwa n’ibintu vy’impwemu. Twoba tubona izo kamere mu bantu duhura hanyuma tukabakeza ku bw’ivyo? Tubigize gutyo, tuba dushimitse ku vyo duhurizako maze tugashobora gucira inzira ugushingira intahe Ubwami.—Ivyakozwe 26:2, 3.
Kwicisha Bugufi Ni Ntahara mu vy’Ukugaragaza Urukundo
16. Ni kubera iki bihambaye kuguma turi abagwaneza kandi tugaragaza icubahiro ku bantu tubwira ubutumwa?
16 Ugukunda abantu twigisha bizodusunikira ku kwumvira impanuro iranga ubukerebutsi ya Bibiliya igira iti: “Ubgenge burakakīsha, arik’urukundo rurubaka.” (1 Ab’i Korinto 8:1) Yezu yari afise ubumenyi bwinshi, yamara ntiyigeze yishira hejuru. Igihe rero ubwira abandi ivyo wemera, niwirinde kuvugana ijwi nk’iry’uwuharira canke kumera nk’umuntu w’amanyama. Intumbero yacu ni iyo gushikira imitima no gukwegera abantu ku kuri dukunda cane. (Ab’i Kolosayi 4:6) Niwibuke yuko igihe Petero yahanura Abakirisu kwama biteguriye kwirwanirira, yibukije yuko dukwiye kubigira “[t]uri n’ubugwaneza, [d]utinya.” (1 Petero 3:15) Niba turi abagwaneza kandi tugaragaza icubahiro, turashobora kurushiriza gukwegera abantu ku Mana dusukurira.
17, 18. (a) Dukwiye kwakira gute inyifato zo kunebagura ivyerekeye ubushobozi dufise bwo kuba abasuku? (b) Ni kubera iki kumenya indimi za kera Bibiliya yanditswemwo atari ikintu ca ngombwa ku batohoji ba Bibiliya?
17 Ntibikenewe ko dutangaza abantu mu gukoresha ubumenyi dufise canke amashure twize. Niba abantu bamwebamwe mu cibare cawe banka kwumviriza umuntu uwo ari we wese atize kaminuza canke adafise izina ry’icubahiro nk’iry’uwize kaminuza, ntureke ngo iyo nyifato yabo iguce intege. Yezu ntiyanegwa ivyo bamuvugako bamurwanya vy’uko ngo atari yaraciye mu mashure yubahwa y’abarabi yo mu gihe ciwe; eka mbere ntiyemeye n’ivyiyumviro bitari vyo vyari bigwiriye mu kugerageza gutangaza abantu n’ubumenyi bwinshi yari afise.—Yohana 7:15.
18 Ukwicisha bugufi n’urukundo birahambaye cane ku basuku bakirisu kuruta inyigisho yo mw’isi ukwo yoba ingana kwose. Umwigisha Ahambaye ari we Yehova aratuma tuba abashoboye ubusuku. (2 Ab’i Korinto 3:5, 6) Tutaravye ivyo bamwebamwe mu bakuru b’amadini bo mu biyita Abakirisu bavuga, ntidukeneye kwiga indimi za kera Bibiliya yanditswemwo kugira ngo ducike abigisha b’Ijambo ry’Imana. Yehova yarahumetse Bibiliya ngo yandikwe mu buryo butomoye, mu majambo arashe ku buryo umuntu wese ashobora gutegera neza ukuri kw’agaciro kuri muri yo. Ukwo kuri kuguma kutagiramwo agakosa naho nyene kwahinduwe mu ndimi amajana n’amajana. Gutyo, kumenya indimi za kera, naho rimwe na rimwe bishobora gufasha, si ikintu ca ngombwa. Bisubiye, kwishimira ivyo kugira ububangukirwe bwo mu vy’indimi birashobora gutuma umuntu atakaza kamere ntahara ku Bakirisu b’ukuri, ari yo y’ukuba abantu boroshe kwigisha.—1 Timoteyo 6:4.
19. Ni mu buhe buryo ubusuku bwacu bwa gikirisu ari umurimo?
19 Nta nkeka ishobora kuhaba ku vy’uko ubusuku bwacu bwa gikirisu ari igikorwa gisaba kugira agatima ko kwicisha bugufi. Twama duhura n’abaturwanya, abigira ba sindabibazwa, eka mbere n’abaduhama. (Yohana 15:20) Yamara, mu kurangura ubusuku bwacu tubigiranye ubwizerwe, tuba turiko dukora umurimo uhambaye. Tugumye dukorera abandi muri ico gikorwa tubigiranye ukwicisha bugufi, tuba turiko twigana urukundo Yezu Kirisitu yagaragarije abantu. Iyumvire: Hamwe twoba dutegerezwa kwamamaza ku bantu igihumbi batabinezwe canke baturwanya kugira dushikire umuntu umwe ameze nk’intama, ivyo none ntivyosaba akigoro? Nta gukeka! Dukomere ku muheto rero muri ico gikorwa, ntitwigere duheba, turiko dusukurira tudahemuka abameze nk’intama tutarashikira. Nta nkeka ko Yehova na Yezu bazokwitwararika yuko abantu benshi b’agaciro nk’abo baboneka hanyuma bagafashwa imbere y’uko umuhero uza.—Hagayi 2:7.
20. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora kwigisha biciye ku karorero?
20 Kwigisha biciye ku karorero ni ubundi buryo bwo kwerekana ko dufise umutima ukunze wo gukorera abandi. Nk’akarorero, dushaka kwigisha abantu yuko gukorera Yehova, ya “Mana ihimbawe,” (UB) ari uburyo bwo kubaho bwiza cane bushoboka, buhimbaye kurusha ubundi bwose. (1 Timoteyo 1:11) Uko abo twigana be n’abo dukorana bitegereza ukuntu twigenza be n’uko dufata ababanyi bacu, boba bashobora kubona yuko tunezerewe kandi duhimbawe? Muri ubwo buryo nyene, turigisha abatohoji ba Bibiliya yuko ishengero rya gikirisu ari ahantu hatagira inkomanzi harangwa urukundo mw’isi itanegwa ibintu, y’ubukazi. Abo twigana boba bashobora guca babona ko dukunda bose mw’ishengero kandi ko dukora tugatama kugira tuzigame amahoro hagati yacu?—1 Petero 4:8.
21, 22. (a) Kwisuzuma ku bijanye n’ubusuku bwacu bishobora kudushikana ku kwungukira ku turyo utuhe? (b) Ni ibiki bizokwihwezwa mu biganiro vyo mu nomero y’Umunara w’Inderetsi iza?
21 Agatima ko kwitangira ubusuku bwacu karashobora rimwe na rimwe kudusunikira ku kwisuzuma ubwacu. Tubigize tutibesha, abenshi basanga bashobora kwagura umurimo wabo mu gukora ubusuku bw’igihe cose canke mu kwimukira ahakenewe gukorerwa kurusha ahandi. Abandi barafashe ingingo yo kwiga ururimi runyamahanga kugira ngo bafashe abantu benshi baza mu karere k’iwabo bavuye hanze. Niba utwo turyo tuhari kuri wewe, nubirimbure witonze kandi ubishire no mw’isengesho. Ubuzima bwo gusukurira Imana burazana umunezero mwinshi, ugushira akanyota be n’amahoro yo mu muzirikanyi.—Umusiguzi 5:12.
22 Ukwo biri kwose, nimuze tubandanye kwigana Yezu Kirisitu mu gutsimbataza ugukunda ukuri twigisha be n’abantu twigisha. Gutsimbataza no kugaragaza urukundo muri ivyo bintu bibiri bizodufasha gushiraho umushinge mwiza wo kuba abigisha bameze nka Kirisitu. Ariko rero, dushobora gute kwubakira kuri uwo mushinge? Mu nomero y’Umunara w’Inderetsi ikurikira, urukurikirane rw’ibiganiro ruzokwihweza bumwebumwe mu buryo bwo kwigisha burashe Yezu yakoresheje.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura Gute?
• Ni igiki kidukura amazinda yuko akarorero ka Yezu bwa mwigisha katari hejuru cane ku buryo tutoshobora kukigana?
• Dushobora gute kwerekana ko dukunda ukuri twize muri Bibiliya?
• Ni kubera iki bihambaye kuguma twicisha bugufi uko dukura mu bumenyi?
• Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora kugaragarizamwo ko dukunda abantu twihatira kwigisha?
[Amafoto ku rup. 16]
Nugire ukwo ushoboye kwose kugira ugume witeguye
[Amafoto ku rup. 16, 17]
Nimba uha agaciro “ukumenya Imana,” urashobora gukoresha Bibiliya mu buryo kirumara
[Ifoto ku rup. 18]
Turerekana ko dukunda abantu mu kubabwira inkuru nziza