Ururirimbo rwa 168
Twemere Umwami mushasha w’isi
1. Rabe ntu hariya kure
Ikintu c’akamwemwe.
Abasoda ba Yehova
Basogeza mu bumwe.
’Nkofero zabo zakaka,
Nta muntu yobatinyuka.
Akamo bobiha n’aka:
“Krist’ubu ni w’aganza”.
(Icitabirizo)
2. Yezu ni we ntwazangabo;
Ziramukurikira.
Ategetse nta wuvyanka;
Nta bwoba bibatera.
’Nkota n’Ijambo ryamaho.
Kwigisha baravyitaho.
Bisunga Shebuja, naho
Bopfa, ni co gikuru.
(Icitabirizo)
3. Igihe cashitse c’uko
Krist’ashikir’ingoma.
Vub’abansi bazory’ivu;
Abamar’amanyama.
Imana bazokorana.
’Nzamba yiwe irasana.
Batware, yaco mwonona;
Nimwubah’uwo Mwami.
(ICITABIRIZO)
Mugumbire urya Mwana
Imana ntibamare.
Hahiriw’abemeye
Ngo bamwizigire.