Twamamaze dushize amanga, yamara turi indemeshamahoro
1 Abantu benshi tubwira ubutumwa baraserura ata buryarya ivyo bemera usanga biteye kubiri n’ukuri kwo muri Bibiliya. Naho dutegerezwa kwamamaza dushize amanga, turipfuza kandi “[kuba] indemeshamahoro ku bantu bose” no kwirinda kubabaza abantu bidakenewe (Rom. 12:18, NW; Ivyak. 4:29). Dushobora gute kuba abantu bashize amanga, yamara turi indemeshamahoro igihe dushikiriza ubutumwa bw’Ubwami?
2 Nurondere ivyo muhurizako: Umuntu w’indemeshamahoro aririnda ibihari. Guhinyuza bidakenewe uwo tuyaga ku vyo yemera rwose ntibizomuvyurira umutima wo kwakira ubutumwa tumushikiriza. Mu gihe avuze ikintu kitari co, turashobora kumbure guca tuvuga tubigiranye ukwiyubara iciyumviro twoshobora guhurizako. Dushimitse ku kintu duhurizako, hari aho twoshobora gutuma yikuramwo inyiyumvo zitabereye maze tukamukora ku mutima.
3 Nka hamwe twirengagije iciyumviro kitari co c’uwo tuyaga, twoba none tudohotse ku kuri canke tugutituye? Nta na gato. Igikorwa twebwe abasuku bakirisu tujejwe si ico guhinyuza ivyiyumviro bitari vyo vyose dusanga abantu bafise, ahubwo ni ico kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana (Mat. 24:14). Aho guhazuka igihe uwo tuyaga aseruye iciyumviro kitari co, twobibona nk’aho ari akaryo keza ko kumenya ivyo yiyumvira.—Imig. 16:23.
4 Niwubahirize agateka kabo: Hari ibihe usanga dutegerezwa gushira amanga tukagira n’umutima rugabo igihe tubeshuza inyigisho z’ikinyoma. Ariko rero, kubera ko turi indemeshamahoro, turirinda gutyekeza abemera bakongera bakigisha ibitari vyo, tukirinda no kubavuga dukoresheje amajambo yo kubasuzugura. Twerekanye ko turuta abandi bituma baduhunga, ariko twicishije bugufi tukaba n’abantu b’umutima mwiza biratuma abakunda ukuri barushiriza kugira umutima ukunze wo kukwemera. Kwubaha abatwumviriza be n’ivyo bemera, bituma bagumana agateka kabo, gutyo bigatuma barushiriza kworoherwa no kwakira ubutumwa bwacu.
5 Intumwa Paulo yarubaha ivyo abo yabwira inkuru nziza bemera, kandi yaragerageza kuyishikiriza mu buryo bwakwegera imitima yabo (Ivyak. 17:22-31). Yaremeye abikunze kuba ‘vyose kuri bose’ kugira ngo “[a]kirishe bamwe-bamwe uburyo bgose” (1 Kor. 9:22). Turashobora kubigenza gutyo mu kuba indemeshamahoro uko twamamaza inkuru nziza dushize amanga.