ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/06 rup. 3
  • Intunganyo nshasha idufasha kwirinda amaraso

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intunganyo nshasha idufasha kwirinda amaraso
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 11/06 rup. 3

Intunganyo nshasha idufasha kwirinda amaraso

Inama Nyobozi yaremeye yuko ibintu nyamukuru vyo muri rwa rwandiko ntabanduka rwerekana abemererwa guserukira umuntu (DPA) hamwe n’ivyo muri ka gakarata Instructions médicales/Attestation prévisionnelle (ka gakarata Pas de sang) bishirwa hamwe bikagira urwandiko rumwe rwemewe n’amategeko, urwo muri rusangi tuzokwita agakarata DPA.

Uzokenera kwuzuza agakarata DPA ko mu gihugu ubamwo. Ako gakarata kaguma gakora hose mu gihugu ubamwo, kandi ni ko kazokwerekana ivyipfuzo vyawe igihe ugira ingendo zo mu mahanga. Ukwiye kwuzuza akandi gakarata niba (1) ukeneye kugira ikintu uhinduye ku gakarata kawe, nk’uguhindura ivyipfuzo vyawe, abaguserukira mu bijanye n’ukuvurwa, aderese y’aho uba be n’inomero za telefone, canke (2) mu gihe ako wahorana katakaye kibure kononekaye.

Umuntu akwiye kurimbura ajanisha n’isengesho ibiri kuri ako gakarata DPA kandi akakuzuriza i muhira yitonze. Ariko rero, imbere yo kugaterako umukono, birahambaye yuko uburyo bwashinzwe bw’ukuntu bisanzwe bigenda mu kukuzuza bukurikizwa ata guca ku ruhande. Nk’akarorero, nimba agakarata kawe kavuga ko ivyabona bibiri basabwa kwibonera ingene ugaterako umukono, bakwiye kuba ari ho bari igihe ugaterako umukono. Uko haciye igihe, abacungezi b’inyigisho z’igitabu boshobora kuza barabaza abataruzuza udukarata dushasha kugira barabe nimba hari ico bakeneye gufashwamwo.

Imbere yo kuzinga agakarata DPA, nubanze kugira fotokopi zako zimeze neza zo guha uwuguserukira mu bijanye n’ukuvurwa, uwumusubirira be n’umuganga wawe hamwe n’iyo wibikira. Hari aho woshima no guha ikopi abandi bo mu muryango wawe be n’umunyamabanga w’ishengero. Fotokopi zikwiye kugirwa ku mpapuro zisanzwe (A-4), uruhande rumwe rw’agakarata DPA rugashirwa ku rupapuro rwarwo kandi hagati na hagati. Agakarata ubwako, atari fotokopi yako, ni ko ukwiye kuza uritwaza.

Agakarata karanzi ko muri 3/99 kagenewe abana batarabatizwa bafise abavyeyi b’Ivyabona, ntikahindutse. Abavyeyi bakwiye kuraba neza yuko agakarata k’umwana wese ataragera mu bigero kujujwe neza kandi gateweko umukono, be n’uko nya mwana akitwaza mu bihe bibereye.

Abamamaji batarabatizwa boshobora kwiyandikira ibijanye n’ingene bo ubwabo be n’abana babo bovurwa, bafatiye ku biri ku gakarata DPA be n’ibiri kuri ka Gakarata karanzi. Umunyamabanga akwiye kuronsa agakarata DPA abamamaji bose bazoba baherutse kubatizwa muri uwo mwaka.

[Caption on page 3]

Bika neza iyi nyongera

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika