Ururirimbo rwa 203
Yehova ararongora abantu biwe
1. Ubumenyi Yehov’aratanga.
Abantu biw’akabayobor’abengenga.
Arareka ngo twihitiremwo
Aronder’ingen’ukuri kwotwinjiramwo.
2. Bukebuke, igihe kigeze,
Agend’ahishur’ibintu nk’uko bimeze.
Wa ‘mubwiriza’ ntac’aduhisha;
Ubuyobozi nk’ubwo buradushimisha.
3. Inyobozo zo zirakosora,
Mbere n’abagororotse barakomera.
Duhinduye nk’uko tubibwiwe,
Yehov’aturongora ku bw’izina ryiwe.
4. Turashima ukunt’adufasha
Wa muco w’ukuri kwiwe akatwumvisha.
Yehova n’Umukunzi ntangere,
N’ubu ni w’azoturongora nuvyemere.