Ururirimbo rwa 111
Umuco ugenda urushiriza gukayangana
1. Rab’umuco Bib’liya ntiwuhisha
Ugend’urabonesha; haca habona.
Ivy’Ubwami Yehov’arahishura;
Ntasiba kutwakura, duce tubona.
Ntitugihendwa n’idini
Y’ikinyoma n’ubuhuni.
Ub’ukuri
Ni kwo rumuri.
’Muco waje waka kumwe kw’izuba,
Uh’abagororotsi umuco wakaka
Umwe wakaka.
2. Eg’umuco ugenda wiyongera
Yehov’arawugera mu kuwuduha.
Gutahura ub’arakwerekana
Abiw’arabasena nta co binona.
Kubera kudatungana
Har’aho dutirigana.
Mu kuri ho
Umuc’uri ho.
’Mana yacu igum’iduh’umuco
W’akaroruhore kandi Ukayangana,
Ukayangana.
3. Uwo muco ni w’utumurikira
Kury’izuba rigira, iy’ata gicu.
’Mana ni yo ituboneshereza,
Aho duca nta mwiza, nta ntunt’iwacu.
Ntitukagir’amakenga
Nya muco turawengenga.
Ni yo nzira
Tutovirira.
’Muco waje uzoz’uriyongera
Abeza banezerwe, k’uravya ukaka
K’uravy’ukaka.