Nimukomezanye
“Abo nyene barambereye imfashanyo ikomeza”.—AB’I KOLOSAYI 4:11, NW.
1, 2. Naho vyarimwo ingeramizi, ni kubera iki abagenzi ba Paulo bamugendeye mw’ibohero?
KUBA uri umugenzi w’umuntu ariko acumukurira mw’ibohero bishobora kubamwo akaga, n’igihe nyene uwo mugenzi wawe yoba yapfunzwe ku karenganyo. Abajejwe iryo bohero boshobora kukwikeka, bakagushinga ijisho aho uja hose kugira ngo biyemeze yuko ata kibi ukora. Ni co gituma bisaba uburindutsi kuguma uhanahana amakuru n’uwo mugenzi wawe no kumugendera mw’ibohero.
2 Yamara, ivyo ni vyo neza na neza abagenzi bamwebamwe b’intumwa Paulo bagize, ubu hakaba haciye nk’imyaka 1.900. Ntibatinye kugendera Paulo mw’ibohero kugira ngo bamuhe impumurizo be n’indemesho yari akeneye no kugira bamukomeze mu buryo bw’impwemu. None abo bagenzi b’intahemuka bari bande? Kandi ni igiki dushobora kwigira ku burindutsi bwabo, ku kudahemuka kwabo no ku bugenzi bwabo?—Imigani 17:17.
“Imfashanyo ikomeza”
3, 4. (a) Batanu mu bagenzi ba Paulo bari bande, kandi bamubereye iki? (b) “Imfashanyo ikomeza” ni iki?
3 Dusubire inyuma nko mu mwaka wa 60 G.C. Intumwa Paulo ari mw’ibohero i Roma kubera yagirijwe ibinyoma yuko atera umugararizo (Ivyakozwe 24:5; 25:11, 12). Paulo aravuga abakirisu batanu bamushigikiye ari bo Tukiko, intumwa yiwe yo mu ntara ya Aziya akaba n’‘umugenzi bakorana mu Mwami’; Onesimo, ‘mwene data w’umwizigirwa kandi akundwa’ w’i Kolosayi; Arisitariko, Umunyamakedoniya w’i Tesalonike akaba kandi yarigeze ‘gusangira umunyororo’ na Paulo; Mariko, umwanditsi w’Injili yitirirwa izina ryiwe akongera akaba mwene se wabo wa Barunaba, umumisiyonari mugenzi wa Paulo; hamwe na Yusito, umwe mu bakozi bakorana n’intumwa Paulo “kubg’ubgami bg’Imana”. Paulo avuga ku vyerekeye abo batanu ati: “Abo nyene barambereye imfashanyo ikomeza”.—Ab’i Kolosayi 4:7-11, NW.
4 Paulo yaravuze amajambo akomeye ku vyerekeye imfashanyo abagenzi biwe b’intahemuka bamuhaye. Yakoresheje ijambo ry’ikigiriki (pa·re·go·riʹa) ryahinduwe ngo “imfashanyo ikomeza”, muri Bibiliya rikaba riboneka muri uwo murongo honyene. Iryo jambo rirafise insobanuro nyinshi kandi ryakoreshwa canecane mu bijanye n’ubuvuzia. Rishobora guhindurwa ngo ‘inyiruro, ukugabanya umubabaro, impumurizo, canke induhuro’. Paulo yari akeneye ugukomezwa mwene ukwo, kandi abo bagabo batanu barakumuronkeje.
Igituma Paulo yari akeneye “imfashanyo ikomeza”
5. Naho Paulo yari intumwa, yari akeneye iki, kandi ni igiki rimwe na rimwe twese dukenera?
5 Vyoshobora gutangaza bamwebamwe kwiyumvira yuko Paulo, uwari intumwa, yari akeneye gukomezwa. Yamara, yari abikeneye. Ni ivy’ukuri yuko Paulo yari afise ukwizera gukomeye, kandi yari yararokotse ukugirirwa nabi ku mubiri mu buryo bwinshi, “ugukubitwa kurenze urugero”, “kenshi [akaba y]ari mw irinde ry’urupfu” yongera arokoka n’iyindi mibabaro (2 Ab’i Korinto 11:23-27). Naho ari ukwo, yari umuntu nk’abandi, kandi abantu bose rimwe na rimwe barakenera guhumurizwa no gukomerezwa ukwizera babifashijwemwo n’abandi. Na Yezu ari Yezu yari abikeneye. Mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe, umumarayika yaramwiyeretse i Getsemane araheza “amuha intege”.—Luka 22:43.
6, 7. (a) I Roma, ni bande baciye intege Paulo, kandi ni bande bamuremesheje? (b) Ni ibikorwa bwoko ki abavukanyi bakirisu ba Paulo bamukoreye i Roma, gutyo bakagaragaza ko ari “imfashanyo ikomeza”?
6 Na Paulo yari akeneye gukomezwa. Igihe yashika i Roma ari imbohe, ntiyakiranywe igishika n’abantu bo mu bwoko bwiwe. Benshi muri abo Bayuda ntibakiriye ubutumwa bw’Ubwami. Abakuru bo mu Bayuda bamaze kugendera Paulo aho yari apfungiwe, inkuru yo mu Vyakozwe ivuga iti: “Bamwe bemera ivyo avuze, abandi ntibāvyemera. Batemeranije ubgabo barataha” (Ivyakozwe 28:17, 24, 25). Ese ukuntu kuba batakengurutse ubuntu batabereye bwa Yehova bitegerezwa kuba vyaratuntuje Paulo! Inyiyumvo zikomeye yari afise kuri ico kibazo zaragaragariye mw’ikete yari yarandikiye ishengero ry’i Roma imyaka mikeyi imbere y’aho. Yanditse ati: “Mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahengeshanya mu mutima. Iyaba vyashoboka noshimye kuvumwa no kuba igicibga kuri Kristo kubga bene wacu [Abayuda], abo tuvukana ku mubiri” (Abaroma 9:2, 3). Ariko rero, nticabujije ko i Roma ahasanga abagenzi nyakuri kandi b’abizerwa, abo uburindutsi n’urukundo vyabo vyarahumurije umutima wiwe. Bari abavukanyi nyakuri biwe bo mu vy’impwemu.
7 Abo bavukanyi batanu bagaragaje gute ko ari imfashanyo ikomeza? Ntibaretse ngo ingoyi Paulo yarimwo zitume bamwirinda. Ahubwo, babigiranye umutima ukunze be n’urukundo, barafashije Paulo mu kumukorera ibikorwa ubwiwe atashobora kurangura kubera yari apfunzwe. Nk’akarorero, barakoze ari intwarabutumwa maze barajana amakete ya Paulo be n’inyobozo yatanzwe ku munwa mu mashengero atandukanye; barazaniye Paulo amaraporo aremesha avuga yuko abavukanyi b’i Roma be n’ab’ahandi bari bamerewe neza. Biboneka yuko bamurondereye ibintu yari akeneye, nk’impuzu y’imbeho, imizingo be n’ibikoresho vyo kwandikisha (Abanyefeso 6:21, 22; 2 Timoteyo 4:11-13). Ivyo bikorwa vyose vy’ingirakamaro vyarakomeje kandi biraremesha iyo ntumwa yari ipfunzwe kugira ngo na yo ishobore kuba “imfashanyo ikomeza” ku bandi, dushizemwo amashengero atandukanye, rimwerimwe ryose ata n’umwe avuyemwo.—Abaroma 1:11, 12.
Ukuntu twoba “imfashanyo ikomeza”
8. Ni icigwa ikihe twokura ku kuba Paulo yaremeye abigiranye ukwicisha bugufi yuko akeneye “imfashanyo ikomeza”?
8 Twokwigira iki kuri iyi nkuru yerekeye Paulo na ba bakozi bagenziwe batanu? Nimuze twihweze canecane icigwa kimwe: Bisaba uburindutsi n’ukwitanga kugira dufashe abandi igihe bari mu ngorane. Vyongeye, bisaba ukwicisha bugufi kugira ngo twemange yuko twoba dukeneye gufashwa igihe turi mu magorwa. Paulo ntiyemeye gusa yuko yari akeneye imfashanyo, ariko kandi yaremeye iyo mfashanyo n’umutima ukenguruka yongera arakeza abayitanze. Ntiyabonye yuko kwemera imfashanyo ivuye ku bandi ari ikimenyetso c’ukugoyagoya canke ikintu kimutesha agaciro, kandi natwe si ko dukwiye kubibona. Tuvuze yuko tutigera dukenera imfashanyo ikomeza ni nk’aho twoba dushaka kuvuga yuko turengeye ikiremwa-muntu. Uribuka yuko akarorero ka Yezu kerekana ko n’umuntu atagira agasembwa ashobora rimwe na rimwe gukenera gusaba imfashanyo.—Abaheburayo 5:7.
9, 10. Ni ivyiza ibihe bishobora kuvamwo igihe umuntu yiyemerera yuko akeneye imfashanyo, kandi ivyo bishobora kugira akosho akahe ku bandi mu muryango no mw’ishengero?
9 Harashobora kuvamwo ivyiza igihe abaja imbere abandi biyemereye yuko hariho ivyo badashoboye kandi yuko biteze imfashanyo iva ku bandi (Yakobo 3:2). Kwiyemerera icese ivyo kurakomeza ubumwe buri hagati y’abafise ubukuru n’abayoboka ubwo bukuru, kugatuma haba ukuyaga kurangwa igishika kandi kurimwo ukwisanzura. Ukwicisha bugufi kw’abari n’umutima ukunze wo kwemera imfashanyo kurabera akarorero abandi baba bari mu bihe nk’ivyo. Kurerekana yuko abaja imbere abandi ari abantu nk’abandi kandi begereka.—Umusiguzi 7:20.
10 Nk’akarorero, abana boshobora gusanga birushiriza kuborohera kwemera imfashanyo bahabwa n’abavyeyi babo kugira bahangane n’ingorane be n’inyosha mbi zibashikira, iyo bazi yuko n’abavyeyi babo bigeze guhangana n’ingorane be n’inyosha mbi nk’ivyo igihe bari bakiri abana (Ab’i Kolosayi 3:21). Gutyo, hagati y’umuvyeyi n’umwana harashobora kuba ukuyaga kwiza. Umuti ushingiye ku Vyanditswe urashobora gutangwa mu buryo bugira ico buvamwo kandi ukakirwa n’umutima ukunze (Abanyefeso 6:4). Muri ubwo buryo nyene, abagize ishengero bazorushiriza kuba abiteguriye kwakira imfashanyo itangwa n’abakurambere igihe babona yuko abakurambere na bo nyene bahura n’ingorane, ibintu bibahagarika umutima be n’ibibazazanira (Abaroma 12:3; 1 Petero 5:3). No muri ico gihe nyene, harashobora kuba ukuyaga mu buryo bwiza, hagashobora gutangwa impanuro zishingiye ku Vyanditswe maze bigatuma ukwizera gukomezwa. Mwibuke yuko abavukanyi n’abavukanyikazi bakeneye gukomezwa ubu kuruta ikindi gihe cose.—2 Timoteyo 3:1.
11. Ni kubera iki benshi muri iki gihe bakeneye “imfashanyo ikomeza”?
11 Twaba tuba hehe, twaba turi bande canke twaba dufise imyaka ingahe, twese bizoza birashika dushikirwe n’imikazo mu buzima. Ivyo biri mu bigize isi ya kino gihe (Ivyahishuriwe 12:12). Mwene ivyo bintu bitugirira nabi ku mubiri canke bituvuna umutima birasuzuma ukuntu ukwizera kwacu kumeze. Ibintu bitesha umutwe birashobora gushika ku kazi, kw’ishure, mu muryango canke mw’ishengero. Bishobora guterwa n’indwara ikomeye canke uguhahamuka umuntu yagize muri kahise. Mu gihe uwo mwubakanye, umukurambere canke umugenzi akuremesheje abigiranye umutima mwiza akoresheje amajambo meza kandi akakurangurira ibikorwa ngirakamaro, urazi ingene ivyo bishobora kukugabaniriza umubabaro! Emwe, ni nk’ugusiga amavuta agabanya ububabare ahantu uriko urasasatwa ku mubiri! Kubera ico, mu gihe ubonye umwe mu bavukanyi bawe ari mu gihe nk’ico, numubere imfashanyo ikomeza. Canke mu gihe hari ingorane kanaka itesha umutwe iriko irakuremera, nusabe abakwije ibisabwa mu vy’impwemu bagufashe.—Yakobo 5:14, 15.
Ingene ishengero ryofasha
12. Ni igiki umwe wese mw’ishengero ashobora gukora kugira ngo akomeze abavukanyi biwe?
12 Twese mw’ishengero, ushizemwo n’abakiri bato, turashobora kugira ico dukoze kugira ngo dukomeze abandi. Nk’akarorero, kwama witaba amakoraniro no kwama uja mu murimo wo mu ndimiro birafasha cane mu gukomeza ukwizera kw’abandi (Abaheburayo 10:24, 25). Ukugira uruhara mu murimo mweranda udahorereza ni ikimenyamenya c’uko uri intahemuka kuri Yehova kandi birerekana yuko uguma uri maso mu vy’impwemu utaravye ingorane ushobora kuba uriko uhangana na zo (Abanyefeso 6:18). Ukwo kugira uruhara udahorereza birashobora gukomeza abandi.—Yakobo 2:18.
13. Ni kubera iki bamwebamwe vyoshika bagahororokerwa, kandi hokorwa iki kugira ngo bafashwe?
13 Rimwe na rimwe, imikazo yo mu buzima canke izindi ngorane birashobora gutuma bamwebamwe badebukirwa canke bahororokerwa mu murimo wo mu ndimiro (Mariko 4:18, 19). Twoshobora kutabona abahororokewe ku makoraniro y’ishengero. Yamara, bashobora kuba bagikunda Imana mu mutima wabo. Hokorwa iki none kugira ngo ukwizera kwabo gukomezwe? Abakurambere barashobora gutanga imfashanyo iranga ubuntu mu kubagendera (Ivyakozwe 20:35). Abandi bo mw’ishengero na bo nyene boshobora gusabwa kugira ico bafashije. Mwene ukwo kubagendera kuranga urukundo gushobora kuba ari wo muti nyene ukenewe tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, kugira ngo abagoyagoya mu kwizera basubirane akaguvu.
14, 15. Ni impanuro iyihe Paulo atanga ku bijanye no gukomeza abandi? Tanga akarorero k’ishengero rimwe ryashize mu ngiro iyo mpanuro yatanze.
14 Bibiliya iduhimiriza ‘kuremesha abarandutse imitima no kuramira abanyantege nke’ (1 Ab’i Tesalonike 5:14). Kumbure abo “barandutse imitima” babona yuko ingoga zabo ziriko ziragabanuka kandi yuko badashobora gutsinda ingorane zibahanze bataronse imfashanyo. Woba ushobora gutanga iyo mfashanyo? Imvugo ngo “muramire abanyantege nke” yahinduwe ngo “kwumira” ku munyantege nke canke “kumatana” na we. Yehova arakunda intama ziwe zose kandi akazigirira ikibabarwe. Ntazibona yuko zifise agaciro gatoya, kandi ntiyipfuza ko hogira n’imwe itwarwa akayombekere. Woba ushobora gufasha ishengero “kwumira” ku bagoyagoya mu buryo bw’impwemu gushika barushirije gukomera?—Abaheburayo 2:1.
15 Hari umukurambere yagendeye umugabo n’umugore bubakanye bari bamaze imyaka itandatu barahororokewe. Uwo mukurambere yandika ibi: “Kuba ishengero ryose ryarabitwararikanye ubuntu n’urukundo vyaragize akosho gakomeye ku buryo bavyuriwe umutima wo kugaruka mu mukuku”. None uwo muvukanyikazi yari yarahororokewe yiyumvise gute ku vyerekeye ukugenderwa n’abagize ishengero? Ubu avuga ati: “Icadufashije gusubira kugira uruhara ni uko, baba abavukanyi batugendera canke abavukanyikazi babaherekeza, batigeze batugaragariza agatima ko kuducira urubanza canke ko kutunebagura. Ahubwo riho, bari abantu batahurana kandi baraturonkeje indemesho ishingiye ku Vyanditswe”.
16. Ni nde yama nantaryo yiteguriye gufasha abakeneye gukomezwa?
16 Nta gukeka yuko umukirisu w’inziraburyarya ahimbarwa no kuba imfashanyo ikomeza ku bandi. N’ikindi kandi, uko ibintu bihindagurika mu buzima bwacu, abavukanyi bacu barashobora kudukorera ibikorwa bikomeza. Ariko rero, turakeneye gutahura yuko vyoshika abavukanyi bacu ntibabe ari ho bari mu gihe dukeneye imfashanyo. Naho ari ukwo, hariho Sôko ry’inkomezi yama nantaryo aronkeka, yama nantaryo yiteguriye kudufasha, na we akaba ari Yehova Imana.—Zaburi 27:10.
Yehova ni we Sôko ruheta ry’inkomezi
17, 18. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yakomeje Umwana wiwe Yezu Kirisitu?
17 Igihe Yezu yari yakomerewe imisumari ku giti, yasemereye ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje” (Luka 23:46). Ahejeje kuvuga ivyo yaciye acikana. Amasaha nk’angahe imbere y’aho, yari yafashwe kandi abagenzi biwe pfampfe bari bamutaye barahunga bivuye ku bwoba (Matayo 26:56). Yezu yari asigaye ari wenyene, asigaranye Isôko rimwe gusa ry’inkomezi, ni ukuvuga Se wiwe wo mw’ijuru. Naho ari ukwo, ukwizigira Yehova kwiwe ntikwari impfagusa. Ukuba Yezu yarabaye intahemuka kuri Se wiwe vyatumye Yehova ubwiwe amushigikira adahemuka.—Zaburi 18:25; Abaheburayo 7:26.
18 Mu busuku Yezu yaranguriye kw’isi, Yehova yararonkeje uwo Umwana wiwe ivyo yari akeneye kugira ngo agume ari intadohoka gushika ku gupfa. Nk’akarorero, Yezu akimara kubatizwa, ivyo bikaba vyabaye intango y’ubusuku bwiwe, yarumvise ijwi rya Se avuga ko amwemera kandi yemeza ko amukunda. Igihe Yezu yaba akeneye gushigikirwa, Yehova yaca arungika abamarayika kugira ngo bamukomeze. Igihe Yezu yari ahanganye n’ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose vyigeze kumushikira, aho hakaba hari ku mpera y’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, Yehova yarumvirije ugutakamba kwiwe be n’ukwinginga kwiwe. Nta mazinda yuko ivyo vyose vyari imfashanyo ikomeza kuri Yezu.—Mariko 1:11, 13; Luka 22:43.
19, 20. Ni igiki codukura amazinda yuko Yehova azodukomeza mu gihe tuzoba dukeneye gukomezwa?
19 Na twebwe nyene Yehova yipfuza kutubera Isôko nyamukuru ry’inkomezi (2 Ngoma 16:9). We Sôko nyakuri ry’inguvu zose be n’inkomezi nyinshi, arashobora kutubera imfashanyo ikomeza igihe dukeneye gukomezwa (Yesaya 40:26). Intambara, ubukene, indwara, urupfu canke agasembwa kacu bwite birashobora kudushira mu mukazo utagira uko ungana. Igihe ibigeragezo vyo mu buzima bisa n’ibiturusha inkomezi nk’‘umwansi akomeye’, Yehova arashobora kuba inkomezi n’ububasha kuri twebwe (Zaburi 18:17; Kuvayo 15:2). Arafise imfashanyo ikomeye yoduha, iyo na yo ikaba ari impwemu yiwe yera. Biciye ku mpwemu yiwe, Yehova arashobora guha “inkomezi abadendebukiwe” kugira ngo bashobore “[ku]dūgisha amababa nk’inkukuma”.—Yesaya 40:29, 31.
20 Impwemu y’Imana ni yo nguvu irusha ububasha izindi zose mu biriho vyose. Paulo yavuze ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”. Vyemere, Dawe wa twese wo mw’ijuru munyarukundo arashobora kudushiramwo “ubushobozi buhebuje” kugira ngo twihanganire ingorane zose zibabaza, gushika igihe ibintu ‘vyose azobihindurira bishasha’ mw’Iparadizo yasezeranye yegereje cane.—Ab’i Filipi 4:13; 2 Ab’i Korinto 4:7; Ivyahishuriwe 21:4, 5.
[Akajambo k’epfo]
a Inyizamvugo imwe (Vine’s Complete Expository Dictionary of Old and New Testament Words) y’uwitwa W. E. Vine, ivuga iti: “Hari inyubako imwe ivuye mu rivuga ry’iryo jambo [pa·re·go·riʹa] isobanura imiti igabanya ububabare”.
Woba uvyibuka?
• Abavukanyi b’i Roma bagaragaje gute yuko ari “imfashanyo ikomeza” kuri Paulo?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kuba “imfashanyo ikomeza” mw’ishengero?
• Ni mu buhe buryo Yehova ari Isôko ryacu ruheta ry’inkomezi?
[Ifoto ku rup. 18]
Abavukanyi baragaragaje yuko ari “imfashanyo ikomeza” kuri Paulo mu kumushigikira badahemuka, mu kumuremesha no mu kumukorera ibikorwa bimwebimwe
[Ifoto ku rup. 21]
Abakurambere baraja imbere mu vyo gukomeza umukuku