Ururirimbo rwa 32
‘Ku muhana no ku wundi’
1. Mu mihana dutangaze
’Jambo rya Yehova.
Mu tugari nitwuhire
“Intama” zimwumva.
Inkuru nziza y’Ubwami
’Mwe Yezu yavuze,
Irigishwa n’abak’risu
Bato n’abakuze.
2. Mu mihana agakiza
Ni ko twamamaza.
Yehova abamwemeye
Bo bakamwambaza.
None bokwambaza bate
Uwo batamenye?
Mu mazu yabo rya zina
Twame twashikanye.
3. Erega ku nzugi zose
Ntitwama twumvirwa;
Bamwebamwe baragoye
Ntituzoroherwa.
Na Yezu abantu bose
Ntibamwumvirije.
Intama ziwe zirumva;
Nta kitubujije.
4. Tugende rero ku nzugi
’Nkuru yumvikane.
Kub’ “intama” cank’ “impene”
Babizirikane.
’Zina Yehova twature,
Tumenyesh’ukuri;
Kandi ku nzugi dusanga
“Intama” zihari.