ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/8 rup. 14-19
  • Tuzogendera mw’izina rya Yehova ibihe bidahera!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuzogendera mw’izina rya Yehova ibihe bidahera!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova yiteze ko dukoresha ubutungane
  • Hishurwa amasengesho ya bande?
  • Baronswa inkomezi n’impwemu y’Imana
  • Yehova aragorora ibintu
  • Twiyemeje kugendera mw’izina rya Yehova
  • Induhuro nyakuri ku bantu
  • Abasavyi ba Yehova barafise icizigiro nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yehova atwitezeko ibiki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Mika 6:8: “[Nugendane] n’Imana yawe wicishije bugufi”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Mika
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/8 rup. 14-19

Tuzogendera mw’izina rya Yehova ibihe bidahera!

“Tuzogendera mw izina [rya Yehova] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira”.​—MIKA 4:5.

1. Ni ubutumwa ubuhe buri muri Mika ikigabane ca 3 gushika ku ca 5?

YEHOVA arafise ikintu co kubwira abasavyi biwe kandi ariko akoresha Mika ngo amubere umumenyeshakazoza. Imana ifise umugambi wo guhagurukira inkozi z’ikibi ikazihana. Igiye guhana Isirayeli iyihoye ubuhuni bwayo. Mugabo, igishimishije ni uko Yehova azohezagira abagendera mw’izina ryiwe. Ubwo butumwa burasamirizwa mu buryo butomoye mu kigabane ca 3 gushika ku ca 5 vy’ubuhanuzi bwa Mika.

2, 3. (a) Indongozi za Isirayeli zari zikwiye kugaragaza iyihe kamere, mugabo mu vy’ukuri ziriko zikora iki? (b) Wosigura gute imvugo z’ikigereranyo zikoreshwa muri Mika 3:2, 3?

2 Uwo mumenyeshakazoza w’Imana atangaza ati: “Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?”. Egome, ivyo ni vyo vyitegwa ko bagira. Ariko none mu vy’ukuri bariko bakora iki? Mika avuga ati: “Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo; kandi mukarya inyama z’abantu banje, mukababāgak’urukoba, mukabajanjagura amagufa, mukabatimbagura nk’izo gushira mu nzīhebe, nk’inyama zo gushira mu nkono!”.​—Mika 3:1-3.

3 Umve yemwe, indongozi ziriko zirahahaza abakene, abatagira gitabara! Abumviriza Mika biraborohera gutahura imvugo z’ikigereranyo zikoreshwa ngaha. Igihe baba bashaka gutogotesha intama yabazwe, babanza kuyikurako urusato hanyuma bakayikatagura. Rimwe na rimwe amagufa barayajanjagura kugira ngo bakuremwo umusokoro. Inyama n’amagufa, vyompi bitogotesherezwa mu nkono niniya, nka ya yindi yavuzwe na Mika (Ezekiyeli 24:3-5, 10). Mbega ukuntu ico ari ikigereranirizo kibereye c’ingene abantu bariko bafatwa nabi n’indongozi zabo zikora ikibi mu gihe ca Mika!

Yehova yiteze ko dukoresha ubutungane

4. Ni itandukaniro irihe riri hagati ya Yehova n’indongozi za Isirayeli?

4 Hariho itandukaniro ritangaje hagati ya wa Mwungere munyarukundo Yehova n’indongozi za Isirayeli. Kubera ko badakoresha ubutungane, barananirwa gushitsa igikorwa bashinzwe co gukingira umukuku. Ahubwo, n’ubwikunzi n’akantu barariramwo mbege intama z’ikigereranyo, bakazirenganya kandi bakazisuka mu ‘bikorwa vy’ukuvisha amaraso’, nk’uko bivugwa muri Mika 3:10. None ivyo bintu dushobora kuvyigirako iki?

5. Yehova yiteze iki ku bari n’amabanga mu basavyi biwe?

5 Imana yiteze yuko abari n’amabanga mu basavyi bayo bagaragaza ubutungane. Dusanga ari ukwo bimeze mu basavyi ba Yehova muri iki gihe. Vyongeye, ivyo birahuye n’ibivugwa muri Yesaya 32:1, aho dusoma duti: “Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye”. Ariko ibintu vyifashe gute mu gihe ca Mika? “Abanka ivyiza [ba]gakunda ibibi” ntibatezura kugoreka ubutungane.

Hishurwa amasengesho ya bande?

6, 7. Ni iciyumviro gihambaye ikihe gishimikwako muri Mika 3:4?

6 Ababisha bo mu gihe ca Mika boba none boshobora kwitega gutona kuri Yehova? Birumvikana ko batoshobora kuvyitega! Muri Mika 3:4 havuga hati: “[Ba]zotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko na[bo b]agize nabi mu vyo [b]akoze”. Ivyo birashimika ku ciyumviro gihambaye cane.

7 Yehova ntazokwishura amasengesho yacu niba tumogoreye gukora icaha. Nta nkeka ko ivyo ari ko vyomera mu gihe twoba dufise ubuzima burimwo tubiri, tugahisha ibibi dukora mu gihe twiyerekana nk’aho turiko dukorera Imana tudahemuka. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 26:4, Dawidi yaririmvye ati: “Sinicarana n’abanyabinyoma, kandi sinzogendera indyarya”. Niba Yehova atishura amasengesho yabo, abarenga kw’Ijambo ryiwe n’ibigirankana bobo ntuvuge!

Baronswa inkomezi n’impwemu y’Imana

8. Abamenyeshakazoza b’ibinyoma bo mu gihe ca Mika bagabishijwe ku biki?

8 Mbega ukuntu mu ndongozi za Isirayeli zo mu vy’idini higanje ingeso zibabaje! Abamenyeshakazoza b’ibinyoma batuma abasavyi b’Imana bajuragirika mu buryo bw’impwemu. Abantu b’indongozi b’abanyamwina basemerera ngo “N’amahoro”, mugabo ugasanga bitegurira kurwanya uwo ari we wese atagize ico ashize mu kanwa kabo. Yehova avuga ati: “Kubg’ivyo hazobabera ijoro, mwoye kugira ico mwerekwa, kandi hazobabera umwiza, mwoye kugira ico muragura; kand’izuba rizodoberera kur’abo bavugishwa, buzobazingirakw ināni ku murango. Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose [“bazopfuka ubwanwa bwo hejuru”, NW]”.​—Mika 3:5-7a.

9, 10. ‘Gupfuka ubwanwa bwo hejuru’ bisobanura iki, kandi ni kubera iki Mika adafise imvo n’imwe yo gukora ico kintu?

9 Ni kubera iki bakwiye “[gu]pfuka ubwanwa bwo hejuru”? Ico ni ikintu ababisha bo mu gihe ca Mika bakora igihe bamaramaye. Kandi abo bantu b’abanyakibi babwirizwa kumaramara. Abo banyakibi “[n]ta co bishuwe kivuye ku Mana” (Mika 3:7b). Yehova ntiyumva amasengesho y’ababisha abo ari bo bose b’abanyabwibone.

10 Mika nta mvo n’imwe afise yo “[gu]pfuka ubwanwa bwo hejuru”. Ntamaramara. Yehova arishura amasengesho yiwe. Ehe raba muri Mika 3:8, aho uwo mumenyeshakazoza w’umwizigirwa avuga ati: “Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ukuroranya n’inkomezi, mbihawe n[’im]pwemu [y]’Uhoraho”. Ese ukuntu Mika akenguruka kuba mu busuku yaranguye igihe kirekire kandi adahemuka, yamye nantaryo “[y]uzuye ubushobozi . . . [abu]hawe n[’im]pwemu [y]’Uhoraho”! Ivyo vyaramuhaye inkomezi zo “kugira ngo [a]menyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli [a]mumenyeshe icaha ciwe”.

11. Abantu baronka gute inkomezi kugira ngo batangaze ubutumwa bw’Imana?

11 Mika yari akeneye inkomezi ziruta iz’umuntu kugira ngo atangaze ubutumwa bw’Imana bw’urubanza rubi. Impwemu ya Yehova, ari yo nguvu ikora y’ububasha, irahambaye. Bite ho kuri twebwe? Igikorwa twashinzwe co kwamamaza dushobora kukirangura mu gihe gusa Yehova adukomeje biciye ku mpwemu yiwe yera. Utwigoro two kwamamaza nta co tuvamwo na gato mu gihe tumogorera igicumuro ntitwigaye. Muri ico gihe Imana ntishobora kwishura amasengesho tuyitura dusaba ko yodukomeza kugira ngo dukore ico gikorwa. Ntidushobora na gato gutangaza ubutumwa bw’urubanza bwa Dawe wa twese wo mw’ijuru kiretse mu gihe “[im]pwemu [y]’Uhoraho” iri kuri twebwe. Biciye ku masengesho Imana yumva be no ku mfashanyo y’impwemu yera, turashobora kuvuga ijambo ry’Imana tudatinya, nka Mika.

12. Ni kubera iki abigishwa ba Yezu bo mu ntango ‘bagumye bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga’?

12 Kumbure uribuka inkuru ivugwa mu Vyakozwe 4:23-31. Iyumvire yuko uri umwe mu bigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere. Abahama abayoboke ba Kirisitu bariko barondera kubanumya. Mugabo izo ntahemuka basenze Umukama Segaba wabo, bamutakambira bati: “Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose”. Ingaruka yavyo ni iyihe? Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa impwemu yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga. Nimuze rero igihe turangura ubusuku bwacu, duhange amaso Yehova mw’isengesho kandi twiheke ku mfashanyo yiwe iva ku mpwemu yera.

13. Ni ibiki vyoshikiye Yeruzalemu na Samariya, kandi kubera iki?

13 Ubu na ho, ongera wiyumvire ku vy’igihe ca Mika. Dukurikije ibivugwa muri Mika 3:9-12, abatware bagirwa n’amaraso baca imanza ku bw’ibiturire, abaherezi bakigishiriza ingero, n’abahanuzi b’ibinyoma bakabura ibizoba ku mahera. Ntibitangaje kuba Imana yaravumereye yuko umurwa mukuru w’Ubuyuda, ari wo Yeruzalemu “[uzo]hinduk[a] ibirundo vy’amasakamburira”! Kubera ko ugusenga kw’ikinyoma be n’ugutituka mu vy’inyifato runtu vyimonogoje kandi muri Isirayeli, Mika arahumekerwa kugira ngo abure yuko Imana izotuma igisagara c’i Samariya gihinduka “ikigūngūzi c’amabuye” (Mika 1:6). Kukaba nkako, isangangurwa rya Samariya ryari ryarabuwe, iryagizwe n’ingabo z’i Ashuri mu 740 B.G.C., yararyiboneye kuko ryabaye akiriho (2 Abami 17:5, 6; 25:1-21). Biragaragara yuko ubwo butumwa bukomeye bwo kuburira Yeruzalemu na Samariya bushikirizwa gusa mu nkomezi za Yehova.

14. Ubuhanuzi bwanditse muri Mika 3:12 bwarangutse gute, kandi ivyo bikwiye gukora iki kuri twebwe?

14 Nta gukeka ko Ubuyuda budashobora guhunga urubanza rubi Yehova abucira. Mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwanditswe muri Mika 3:12, Siyoni “hazohinduka ubusīze”. Dufatiye ku kuntu tubona ibintu muri iki kinjana ca 21, turazi yuko ivyo bintu vyabaye igihe Abanyababiloni basangangura Ubuyuda na Yeruzalemu mu 607 B.G.C. Ivyo vyashitse haciye imyaka n’imyaka Mika ashikirije ubwo buhanuzi, mugabo yari azi neza yuko vyariko biraza. Birumvikana ko natwe nyene dukwiye kwizigira yuko urunkwekwe rw’ibintu rwa none ruzovaho ku ‘musi wa Yehova’ wabuwe.​—2 Petero 3:11,12.

Yehova aragorora ibintu

15. Mu majambo yawe bwite, wodondora gute ubuhanuzi buri muri Mika 4:1-4?

15 Dusubije amaso inyuma, turabona yuko Mika ubukurikira ashikiriza ubutumwa bw’icizigiro bweza umutima. Ese ukuntu muri Mika 4:1-4 tuhasanga amajambo akora ku mutima! Muri ayo majambo, hari aho Mika avuga ati: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’iyindi mirambi; kand’amoko azosendanisha aja kuri wo. . . . Azocira imanza amoko menshi, ahane amahanga akomeye ya kure; inkota zabo bazozivunjavunja bazicuremw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjavunja bayakūremw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi. Arik’umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ingabo ari ko kabivuze”.

16, 17. Muri Mika 4:1-4 hariko hararanguka gute muri iki gihe?

16 “Amoko menshi” be n’“amahanga akomeye” avugwa ngaha ni bande? Si amahanga be n’intwaro vy’iyi si. Ahubwo ubwo buhanuzi bwerekeza ku bantu bo mu mahanga yose bahurikiye hamwe mu murimo mweranda ku musozi wa Yehova ugereranya ugusenga kw’ukuri.

17 Mu buryo buhuye n’ubuhanuzi bwa Mika, ugusenga Yehova kudahumanye kugiye gukwira kw’isi hose. Muri iki gihe, abantu bari “mu mero nziza y’umutima” bariko baracishwa ubwenge mu nzira za Yehova (Ivyakozwe 13:48, NW). Yehova ariko araca imanza ziroranye yongera agorora ibintu mu buryo bw’impwemu ku bw’abizera baja ku ruhande rw’Ubwami. Bazorokoka wa “mubabaro mwinshi” bagize “ishengero ryinshi” (Ivyahishuriwe 7:9, 14). Kubera ko inkota zabo bazivunjavunje bakazicuramwo amasuka, no muri iki gihe barabana mu mahoro n’Ivyabona vya Yehova bagenzi babo hamwe n’abandi bantu. Ese ukuntu bihimbaye kuba muri bo!

Twiyemeje kugendera mw’izina rya Yehova

18. ‘Ukuba umuntu yibera munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’umusukoni wiwe’ bigereranya iki?

18 Muri iki gihe cacu, igihe ubwoba butwikiriye isi nk’igicu cijimye, turezwa umutima n’uko abantu benshi bariko bariga inzira za Yehova. Turacambirwa kubona igihe ubu kiri hafi, aho abakunda Imana mwene abo bose batazoreka gusa kwiga kurwana, mugabo kandi bazokwibera munsi y’umuzabibu wabo no munsi y’umusukoni wabo. Akenshi imisukoni iterwa mu nzabibu (Luka 13:6). Kuba umuntu yibera munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’umusukoni wiwe, bigereranya ko harangwa amahoro, ugusagamba be n’umutekano. Mbere n’ubu, ubucuti dufitaniye na Yehova buraturonsa amahoro yo mu muzirikanyi be n’umutekano wo mu buryo bw’impwemu. Igihe ibintu bizoba vyifashe gutyo mu gihe hazoba hatwara Ubwami, ntituzotinya vyongeye tuzoba dufise umutekano ntangere.

19. Kugendera mw’izina rya Yehova bisobanura iki?

19 Kugira ngo Yehova adutoneshe yongere aduhezagire, dutegerezwa kugendera mw’izina ryiwe. Ivyo biraserurwa bimwe bikomeye muri Mika 4:5, aho uwo mumenyeshakazoza avuga ati: “Ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry[a “Yehova”, NW] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira”. Kugendera mw’izina rya Yehova ntibisobanura gusa kuvuga yuko ari Imana yacu. Ntibisaba gusa yuko tugira uruhara mu makoraniro ya gikirisu be no mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, naho ivyo bikorwa na vyo nyene bihambaye. Nimba turiko turagendera mw’izina rya Yehova, twaramwiyeguriye kandi turihatira kumusukurira tudahemuka tubitumwe n’urukundo tumukunda n’ubugingo bwacu bwose (Matayo 22:37). Kandi kubera yuko turi abasavyi biwe, nta mazinda ko twiyemeje kugendera mw’izina rya Yehova Imana yacu ibihe bidahera.

20. Ni ibiki vyabuwe muri Mika 4:6-13?

20 Ubu na ho, nimuze turimbure amajambo y’ubuhanuzi ari muri Mika 4:6-13. “Umukobga w’i Siyoni” ategerezwa kujanwa inyagano “[a]shike n’i Babuloni”. Ivyo ni vyo vyashikiye neza na neza ababa i Yeruzalemu mu kinjana c’indwi B.G.C. Naho ari ukwo, ubuhanuzi bwa Mika burerekana yuko amasigarira ategerezwa gusubira mu Buyuda, kandi yuko mu gihe c’ugusubiza umutamana Siyoni, Yehova azoraba neza yuko abansi biwe baherengetejwe.

21, 22. Muri Mika 5:2 harangutse gute?

21 Muri Mika ikigabane ca 5 habura ibindi bintu bitangaje bizoba. Nk’akarorero, raba ibivugwa muri Mika 5:2-4. Mika abura yuko Umutware yagenywe n’Imana, uwo “amamo yiwe yahereye kera hose”, azova muri Betelehemu. Azotwara bwa mwungere “mu nkomezi z’Uhoraho”. Vyongeye, uwo Mutware azoba mukuru, atari gusa muri Isirayeli, mugabo “[gu]shika ku mpera z’isi”. Akaranga kiwe gashobora kuzazanira isi muri rusangi, ariko kuri twebwe si ikinyegezwa.

22 Ni nde yavukiye i Betelehemu ahambaye kuruta abahavukiye bose? Kandi ni nde “ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi”? Nta wundi atari Mesiya ari we Yezu Kirisitu! Igihe Herode Mukuru yabaza abaherezi bakuru be n’abanyabwenge b’ivyanditswe aho Mesiya yategerezwa kuvukira, bamwishuye bati: “I Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya”. Barasubiyemwo mbere amajambo yo muri Mika 5:2 (Matayo 2:3-6). Bamwebamwe mu bantu banyarucari na bo nyene ivyo bari babizi, kubera yuko muri Yohana 7:42 herekana ko bavuze bati: “Mbeg’icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?”.

Induhuro nyakuri ku bantu

23. Ni ibiki biriko biraba ubu bishitsa ubuhanuzi bwo muri Mika 5:7?

23 Muri Mika 5:5-15 havuga ivy’igitero kizogabwa n’Abashuri bakazokwererwa igihe gito, hakongera hakerekana yuko Imana izohagurukira amahanga agambarara. Muri Mika 5:7 hasezerana ivyo kuzosubiza amasigarira y’Abayuda bigaya mu gihugu cabo c’amavukiro, mugabo ayo majambo arerekeza no ku gihe cacu. Mika avuga ati: “Amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi”. Ico kigereranyo c’akaroruhore gikoreshwa kugira ngo kibure yuko amasigarira ya Yakobo ari yo Isirayeli yo mu vy’impwemu, azoba ari umuhezagiro abantu baronse uvuye ku Mana. Abagize “izindi ntama” za Yezu bafise icizigiro co kuba kw’isi, barahimbarwa no gukorana n’amasigarira ya ‘Isirayeli y’Imana’ yo mu gihe ca none bahuje inama, mu gufasha abandi kuruhurirwa mu buryo bw’impwemu (Yohana 10:16; Abagalati 6:16, UB; Zefaniya 3:9). Ku bijanye n’ivyo, hariho iciyumviro gihambaye gisaba kuzirikana. Kubera ko turi abamamaji b’Ubwami, twese dukwiye gushima cane agateka dufise ko gushira abandi induhuro nyakuri.

24. Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri Mika ikigabane ca 3 gushika ku ca 5 vyagushitse ku nyota?

24 None, ni ibiki wigiye ku kigabane ca 3 gushika ku ca 5 vy’ubuhanuzi bwa Mika? Kumbure wahigiye ivyiyumviro nk’ibi: (1) Imana yiteze yuko abari n’amabanga mu basavyi bayo bakoresha ubutungane. (2) Yehova ntazokwishura amasengesho yacu niba tumogoreye icaha ntitwigaye. (3) Igikorwa co kwamamaza twashinzwe dushobora kukirangura mu gihe gusa Imana iduhaye inkomezi biciye ku mpwemu yayo yera. (4) Kugira ngo Imana idutoneshe, dutegerezwa kwiyemeza kugendera mw’izina rya Yehova. (5) Kubera ko turi abamamaji b’Ubwami, dukwiye gushima cane agateka twatewe ko gushira abantu induhuro nyakuri. Hashobora kuba hari ibindi vyiyumviro vyagushitse ku nyota. Ni ikintu ikihe kindi dushobora kwigira kuri ico gitabu c’ubuhanuzi ca Bibiliya? Ikiganiro gikurikira kiradufasha gukura ivyigwa ngirakamaro mu bigabane bibiri vya nyuma vy’ubuhanuzi bwa Mika bukomeza ukwizera.

Wokwishura gute?

• Imana yiteze iki ku bari n’amabanga mu basavyi bayo?

• Ni kubera iki isengesho be n’impwemu yera bihambaye mu bijanye n’umurimo turangurira Yehova?

• Ni gute abantu ‘bagendera mw’izina rya Yehova’?

[Ifoto ku rup. 15]

Woba ushobora gusigura ikigereranirizo ca Mika cerekeye inkono iteka?

[Amafoto ku rup. 16]

Nka kumwe kwa Mika, turangura ubusuku bwacu tudatinya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika