ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/09 rup. 3-4
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 3/09 rup. 3-4

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Vyabona vya Yehova bagenzi bacu bakundwa,

Bavukanyi bakundwa, ese ukuntu duhimbawe cane no kubandikira! Twumva tumerewe nka kumwe intumwa Yohani yari amerewe, uwavuze yuko ‘yakunda vy’ukuri’ abo bari basangiye ukwizera be n’uko yahimbarwa n’uko bari ‘bakigendera mu kuri.’ (2 Yoh. 1, 4) Ewe kuntu ukuri ari umuhezagiro kuri twebwe twese! Ukuri kwaratubohoye kudukura muri Babiloni Akomeye be no mu nyigisho n’imigenzo vyiwe bidatera iteka Imana. Kugamburuka ukuri vyaradufashije kuba abantu bakundana, b’abanyabuntu kandi b’imbabazi. Vyongeye, ukuri kwatumye tugira impagararo ityoroye imbere y’Imana, turagira n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera.

Ese kandi ukuntu dukenguruka impwemu ya Yehova, iyituyobora ku musi ku musi ikongera ikadukomeza! Turizigiye ko mwahimbawe no gusuzuma imice itandukanye y’iyo ntunganyo iranga urukundo ya Yehova ku Mahwaniro y’intara aheruka yataziriwe ngo “Tuyoborwa n’impwemu y’Imana.” Kubera ko ivy’iyi si bitera vyunyuka, birahambaye ko twiheka ku mpwemu y’ubushobozi ya Yehova kugira ngo izotuyobore mu gihe kitoroshe kiturindiriye.

Turizigiye tudakeka ko mwakozwe ku mutima igihe mwasoma mu gitabu c’umwaka (Annuaire) be no mu bindi bisohokayandikiro inkuru ziteye umunezero zerekeye abavukanyi bacu bihanganiye ugucumukura kwinshi bazira ukwizera kwabo. Biratangaje kandi kubona abenshi muri abo bizigirwa, bashikiwe n’ingorane haheze igihe gitoyi gusa babatijwe canke bataranabatizwa. Ese ukuntu tubakunda kubera ukudahemuka kwabo be n’ukuba baguma bashigikiye ubugororotsi! Mu vy’ukuri, akarorero keza igitangaza kabo karakomeza umwiyemezo wacu wo kuguma turi intahemuka ku Bwami naho twoshikirwa n’ingorane zimeze gute.—1 Tes. 1:6-8.

Turazi bavukanyi namwe bavukanyikazi bakundwa, yuko mubwirizwa kunyinyana n’ingorane nyinshi haba mu vy’ubutunzi no mu yindi mice kugira ngo mutume imiryango yanyu iguma ifatanye mu nda mu rukundo. Kuri bamwe muri mwebwe, ni urugamba mbere gushigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami be n’ibindi bikorwa bikenewe mw’ishengero badahorereza kandi badahemuka. Ni co gituma, inyuma y’ibiganiro vyinshi twagize tubijanishije n’isengesho, twagize ivyo duhinduye ku bijanye n’amakoraniro y’ishengero guhera ku wa 1 Nzero 2009. Turizigiye yuko muzokwungukira cane kuri izo ntunganyo kugira ngo mwongereze umwanya mumara muriko muriyigisha be n’uwo mumara muriko muragira inyigisho y’umuryango.

Muri uyu mwaka, ku materaniro n’amahwaniro atandukanye, vyari biteye umunezero cane kubona abantu benshi ukuraho bari bakwije ibisabwa kugira babatizwe. Muri abo harimwo abakiri bato cane. Mwebwe abavyeyi muri abo gukezwa kuko muriko murarera abana banyu mubakundisha ukuri mwongera mubaremesha kwiyegurira Yehova kugira bamusukurire bakiri bato. Kuba mwene abo bakiri bato twikundira bahura n’ingorane nyinshi kw’ishure ariko ntibibabuze gukwiza ibisabwa kugira babatizwe, biratuma ukumenyerezwa baronkera i muhira kuvugwa neza.—Zab. 128:1-6.

Ntitwokwirengangiza iyongerekana ryiza igitangaza ryabaye mu gikorwa co kwigisha Bibiliya, kandi abamisiyonari bacu be n’abatsimvyi badasanzwe bakora bivuye inyuma baragize uruhara runini muri uwo muce. Twese abagize Inama Nyobozi turaha agaciro cane uruhara ruhambaye abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakwiye kw’isi yose bagira mu kuvuga bati: “Ingo!” babwira abantu b’imitima nziraburyarya, ivyo bakaba babigira mu gutumira abanyotewe bose ngo “[ba]kire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyah. 22:17) Turahaye ikaze n’igishika cinshi abantu 289.678 berekanye ko biyeguye mu kubatizwa mu mazi muri uyu mwaka uheze ngo baze mu muryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose!

Ntidukwiye kwigera twibagira amajambo y’intumwa Yohani, uwanditse ati: “Isi iriko irarengana, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yoh. 2:17) Mu vy’ukuri tubayeho mu gihe iyi si ari kabiri na rimwe ‘ikarengana’! Ese ukuntu ari ibiranga ubukerebutsi ko dushingira ubuzima bwacu ku gukora ivyo Imana igomba kandi ‘tukaguma duteramye’! (Mat. 24:42) Tubigenjeje gutyo, ntituzokwigera twicuza, kandi tuzokwimbura ivyiza biva ku buntu budahemuka bwa Yehova.—Yes. 63:7.

Twagomba kubakura amazinda yuko tubamiza ku muzirikanyi no mu masengesho yacu be n’uko tubakunda cane. Ese Yehova yobahunda imihezagiro yiwe myinshi!

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika