Ururirimbo rwa 21
Sanganire Ubwami bwa Yehova!
1. Bak’risu, musanganire
Bwa Bwami buhangamye.
Mikayeli yaratsinze
Shetani ashikamye.
Ya Nzoka umwe Shetani
N’abiwe bazobohwa.
Ni h’Iman’izoshemezwa
Kw’isi hos’ikubahwa.
2. ’Masigarir’aj’imbere
Mu kubusanganira.
Kristu n’ubwo busho buto
’Nganji bazosangira.
Ku bazoba ngaha kw’isi
Yabay’Iparadizo,
Hamwe na bwa busho buto
’Bwami ni ryo tangazo.
3. Dusanganir’ubwo Bwami
Tubuvugan’ubwira;
Dufash’abitonda kuba
’B’Imana yikundira.
Ubwo Bwami bwa Yehova
Bwiza dusanganire.
’Zina ryiwe buzokweza.
’Vyiza butuzanire.