ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/09 rup. 3
  • Turondere ababereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turondere ababereye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Woba ufise icibare cawe bwite?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Woba wokwungukira ku kuba ufise icibare cawe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Nurondere ababereye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 9/09 rup. 3

Turondere ababereye

1. Twerekana gute ko dukenguruka agateka twatewe ko kurangura ubusuku?

1 Mu gihe c’ubusuku Yezu yaranguye, yarakoze aratama kugira ngo aronse abicisha bugufi inkuru nziza ihumuriza. (Yes. 61:1, 2) Kubera ko turi ivyariho biserukira Kristu tukaba n’intumwa ziwe, muri iki gihe turafise agateka gahambaye ko kumwigana mu kurondera ababereye bo mu cibare iwacu tubigiranye umwete kandi mu buryo bunogangije.—Mat. 10:11; 2 Kor. 5:20.

2. Vyagaragaye gute ko Paulo yahuza n’uko ibintu vyifashe, kandi n’ivyiza ibihe vyavuyemwo?

2 Duhuze n’uko ibintu vyifashe: Intumwa Paulo yari asanzwe azi ko yabwirizwa imbere ya vyose kuja mw’isinagogi kubwira inkuru nziza Abayuda n’abari barahindukiriye idini y’Abayuda. (Ibik. 14:1) Igihe yari i Filipi, we hamwe na Silasi baragiye kurondera abantu ‘aho biyumvira ko hari ikibanza co gusengeramwo.’ Baciye batangura kubwira inkuru nziza umugwi w’abagore bahasanze kandi umwe muri bo, uwitwa Lidiya, akaba atatevye kwakira ukuri.—Ibik. 16:12-15.

3. Ni uturyo utuhe tw’umurimo twoshobora kwironkera uretse gusa kwamamaza inzu ku nzu mu cibare twakebewe?

3 Uretse gusa kwamamaza inzu ku nzu mu cibare wakebewe, woba ushobora kubwira inkuru nziza abantu bo mu cibare wakebewe usanga bari aho ibidandazwa bishikira, aho basamira akayaga, aho baronderera ubuzi, ku mabarabara usanga hari abantu benshi, mu bibanza bidandarizwamwo no mu ma mangazini? Kumbure woshobora gukoresha amakete canke telefone kugira ngo ubwire inkuru nziza abantu baba mu nyubakwa zimwezimwe usanga zitoroshe kwinjiramwo udafise uruhusha rw’abahaba. Niwaba umuntu yihweza neza kandi ahuza n’ukuntu ibintu biba vyifashe mu bihe bitandukanye mu cibare wakebewe, bizogufasha ‘kugira vyinshi ukora mu gikorwa c’Umukama.’—1 Kor. 15:58.

4. Ni ubundi buryo ubuhe dushobora gukoresha nimba ishengero dukukira rifise icibare gitoyi?

4 Abamamaji benshi bararonse akaryo ko kwagura ubusuku barangura mu kwimukira mu rindi shengero, haba mu gihugu babamwo canke mu bindi bihugu. Abandi na bo barize urundi rurimi kugira ngo babwire inkuru nziza abantu baje bava mu kindi gihugu.

5. Dukwiye kubona gute ibi bihe tubayemwo, kandi ni igiki dukwiye kwiyemeza gukora?

5 Twese dutegerezwa kugumiza ku muzirikanyi yuko “itongo” dukoreramwo ‘ari isi.’ (Mat. 9:37; 13:38) Uravye ukuntu umuhero w’ivy’iyi si mbi wegereje, umwe wese ategerezwa kurimbura ata gufyina ivyiwe bwite uko vyifashe, ububangukirwe bwiwe, uturyo aronka be n’ivyo ashobora gukora kugira ngo yagure ubusuku arangura. Yehova aradukura amazinda yuko, turamutse dushize ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere na we azohezagira utwigoro tuvuye ku mutima tugira kugira ngo twagure ubusuku turangura.—Mat. 6:33.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika