Ururirimbo rwa 126
Twamamaze kwa kuri kw’Ubwami
1. Kwa kuri kw’Ubwami dukunda,
Intuntu kurayiturinda.
Kukwamamaza tuzogenda.
Nya Bwami bwaje, nta mazinda.
2. Tuguma tuja mu mihana
Kubiba nya kuri kw’Imana.
Tuzi kw’Imana yo twamana.
Umwete wac’uzoyingana.
3. Igikorwa ciza twashinzwe
Tugikore nk’uko vyitezwe.
Turemeshe barya bahanzwe
Yuko gukira kwo kwitezwe.
4. Kw’isi yose tuvuge rero
yuko Kristu yahaw’intwaro.
Ubwami buzob’ishingiro
Riha Yehov’icubahiro.