Ikigabane ca 38
Igituma dukwiye gukunda Yezu
IYUMVIRE uri mu bwato buriko buribira mu mazi. Wokwipfuza none ko hagira umuntu agukiza?— Tuvuge iki mu gihe umuntu yoheba ubuzima bwiwe bwite akagukiza?— Emwe, ivyo ni vyo Yezu Kirisitu yagize. Nk’uko twavyize mu Kigabane ca 37, yaratanze ubuzima bwiwe kw’incungu kugira dushobore gukizwa.
Ego ni ko, Yezu ntadukiza kwibira mu mazi. None adukiza iki? Woba uvyibuka?— Adukiza icaha n’urupfu twese twarazwe na Adamu. Naho nyene hariho abantu bamwebamwe bakoze ibintu bibi cane, na bo nyene Yezu yarabapfiriye. None wokwemera guheba ubuzima bwawe mu kugerageza gukiza abantu nk’abo?—
Bibiliya ivuga iti: “Bi[ra]goye k’umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira”. Yamara, Bibiliya isigura yuko Yezu “yapfiriye abatubaha Imana”. Aho harimwo mbere n’abantu badakorera Imana! Bibiliya ibandanya kuvuga iti: “Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha [tugikora ibintu bibi]”.—Abaroma 5:6-8.
Woba uzi umuntu yahora akora ibintu bibi cane imbere y’uko aba intumwa?— Uyo muntu yanditse ati: “Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza”. Iyo ntumwa yavuze ivyo ni Paulo. Yavuze ko ‘kera yari igipfu’ kandi ko yamye agendera mu ‘bibi’.—1 Timoteyo 1:15, ni twe tubihiritse; Tito 3:3.
Iyumvire urukundo Imana yagaragaje mu kurungika Umwana wayo kugira ngo apfire abantu nk’abo! Turakwinginze utore Bibiliya yawe maze usome ivy’urwo rukundo muri Yohana ikigabane ca 3, umurongo wa 16. Havuga hati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira”.
Ni ibintu bibabaza ibihe vyashikiye Yezu igihe yatwihebera?
Yezu yaragaragaje ko adukunda urukundo nk’urwo Se wiwe yagaragaje. Kumbure uribuka yuko mu Kigabane ca 30 c’iki gitabu, twize ibintu bimwebimwe vyashikiye Yezu muri rya joro yafatirwamwo. Bamujanye kwa Kayafa Umuherezi Mukuru, aho yasambishirijwe. Barazanye abantu baragiriza Yezu ibinyoma, hanyuma abantu baramukubita amakofe. Ico ni ca gihe Petero yihakana Yezu. Ubu na ho, reka dufate ko ari ho turi tukaba dushobora kubona ibigira bikurikire.
Burakeye. Yezu yamaze ijoro ryose adasinziriye. Kubera ko isambishwa ryabaye mw’ijoro ritari rihuye n’amategeko, abaherezi bihutira gukoranya Ikombe, ari yo sentare nkuru y’Abayuda, barongera baramusambisha. N’ico gihe nyene, basubira kwagiriza Yezu ngo yatutse Imana.
Ubukurikira abo baherezi baboha Yezu, bamujana kwa Pilato, uwo akaba ari buramatari w’Umuroma. Babwira Pilato bati: ‘Yezu arwanya intwaro. Akwiye gupfa’. Ariko Pilato arabona yuko abo baherezi bariko barabesha. Ni co gituma Pilato ababwira ati: ‘Nta kibi mbona kuri uyu mugabo. Ngira ndamurekure’. Mugabo nya baherezi be n’abandi bantu basemerera bati: ‘Oya! Mwice!’.
Mu nyuma, Pilato asubira kugerageza kubwira abantu yuko agira arekure Yezu. Ariko abaherezi batuma isinzi ry’abantu risemerera riti: ‘Niwamurekura, nawe uzoba urwanije intwaro! Mwice!’. Iryo sinzi rirushiriza kuvuza urwamo. Woba uzi ico Pilato aca akora?—
Pilato araheba Yezu. Abanza kumukubitisha. Mu nyuma aramutanga ku basoda kugira ngo bamwice. Bashira urugori rw’amahwa ku mutwe wa Yezu maze baramushinyagurira mu kumwunamira. Hanyuma baha Yezu umugogo, canke igiti kinini kugira ngo agitware maze bamujana hanze y’igisagara ahantu hitwa i Gologota. Bashitseyo bamushira kuri ico giti bamutera umusumari ku biganza no ku birenge. Maze bahagarika ca giti kugira ngo Yezu agume akimanitsweko. Ariko arava amaraso. Arababara cane.
Yezu ntaca apfa ubwo nyene. Aguma amanitswe kuri ico giti. Abaherezi bakuru baramushinyagurira. Abahita ngaho na bo baravuga bati: “Ni waba ur’Umwana w’Imana imanure ku [“giti co kubabarizwako!”, NW]. Mugabo Yezu arazi ico Se wiwe yamutumye gukora. Arazi yuko ategerezwa gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa kugira ngo turonke akaryo ko kuzoronka ubuzima budahera. Amaherezo, nk’isaha icenda kuri uwo muhingamo, Yezu atakambira Se wiwe maze arapfa.—Matayo 26:36–27:50; Mariko 15:1; Luka 22:39–23:46; Yohana 18:1–19:30.
Ese ukuntu Yezu yari atandukanye na Adamu! Adamu ntiyakunze Imana. Yaragambarariye Imana. Kandi natwe Adamu ntiyadukunze. Kubera yuko yacumuye, twese tuvukana icaha. Yezu wewe yarakunze Imana arongera aradukunda. Yama imisi yose agamburukira Imana. Yaratanze kandi ubuzima bwiwe kugira ngo akureho ingorane Adamu yaduteje.
Twokora iki kugira ngo twerekane ko dukunda Yezu?
Woba ukenguruka ico kintu ciza cane Yezu yakoze?— Iyo uriko urasenga Imana, woba uyikengurukira kuba yaraduhaye Umwana wayo?— Intumwa Paulo yarakengurutse ivyo Kirisitu yamukoreye. Paulo yanditse yuko Umwana w’Imana ‘yamukunze akamwigura’ (Ab’i Galatiya 2:20). Wewe na jewe Yezu yaradupfiriye. Yaratanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa kugira ngo dushobore kuzoronka ubuzima budahera! Vy’ukuri iyo ni imvo ikomeye ikwiye gutuma dukunda Yezu.
Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu bo mu gisagara c’i Korinto iti: “Urukundo rwa Kristo ru[ra]tugōbēra”. None urukundo rwa Kirisitu rukwiye kutugobera gukora iki? Uvyiyumvirako iki?— Ehe raba inyishu Paulo atanga: ‘Kirisitu yapfiriye bose kugira ngo abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye’.—2 Ab’i Korinto 5:14, 15.
Woba ushobora kwiyumvira uburyo butandukanye wokwerekanamwo ko ubaho unezereza Kirisitu?— Uburyo bumwe ni ukubwira abandi ivyo wize ku bimwerekeye. Canke iyumvire nk’ibi: Kumbure uri wenyene. Abavyeyi bawe rero ntibabona ivyo uriko urakora, kandi nta n’uwundi muntu akubona. Mbega uzoraba ibiganiro vyo kuri televiziyo canke kumbure urabe ibintu kuri Interineti uzi yuko bitonezera Yezu?— Niwibuke yuko Yezu ubu ari muzima, kandi akaba ashobora kubona ikintu cose dukora!
Ni nde abona ivyo dukora vyose?
Iyindi mvo ikwiye gutuma dukunda Yezu ni iy’uko dushaka kwigana Yehova. Yezu yavuze ati: ‘Data arankunda’. None urazi igituma Yehova akunda Yezu n’igituma natwe nyene dukwiye gukunda Yezu?— Ni kubera yuko Yezu yemeye gupfa kugira ngo ivyo Imana igomba bikorwe (Yohana 10:17). Reka rero dukore ivyo Bibiliya itubwira. Itubwira iti: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura”.—Abanyefeso 5:1, 2.
Kugira ngo turushirize gukengurukira Yezu no gukenguruka ivyo yatugiriye, turakwinginze usome muri Yohana 3:35; 15:9, 10; no muri 1 Yohana 5:11, 12.