Ururirimbo rwa 45
Isengesho ry’ugukura ubwatsi
1. Yehova wa ndanga nushemezwe,
Iwaw’amajwi yacu naduzwe,
Wumv’ivy’usabwa, nje Kuri wewe,
Mpangaza nje ku gushaka kwanje.
Mu ntege nke twe turacumura;
Guharirwa ni kwo turondera.
Twaguzw’amaraso y’Umwanawe,
Dushaka ko twigishwa na wewe.
2. Barahiriw’ab’utumiye ngo
Bigishirizw’iwawe mu bigo,
Mu nzu yawe imwe Yera rwose.
Ineza yaw’imar’akanyota.
’Nguv’ufise zitinyirwa kure;
Uzoc’amatek’is’iturure.
’Bwami bwawe tubuhayagize,
Ntibunanirwa tubwamamaze.
3. Twiteho kugira tunezerwe;
Kw’is’iy’iv’ikagera nusengwe.
Ubwami bwawe ni Bwo buganza;
Amarira buzohanagura.
Amabi nya Mwan’azoyakura,
Tuzoca twih’akamo kamaho.
Ugushim’intsinzi kwacu kwoba:
“Hashemezwe Umwami Yehova”!