Ururirimbo rwa 72
Iminezero be n’ivyamwa biva ku murimo w’Ubwami
1. Igihe dukorera Yehova,
Umunezero ni ntangere,
Turamamaza tutiziganya
Ngw’abandi tubaruhurire.
Ni nk’uko Yezu yaduhanuye,
Gutanga ni vyo twe dushima.
Nta kintu twotanga coba ciza
Kurut’ukuri gutang’ubuzima.
2. Igihe tugenda ku nzu n’inzu,
Naho bamwe batumva namba,
Tuguman’umwiyemezo wacu,
Ntituva ku vy’Iman’igomba.
Kubera rya zina rya Yehova,
Naho twohamwa bikomeye,
Yezu yavuze ngo tunezerwe,
N’abahanuzi vyarabashikiye.
3. Mu murimo mweranda dukora,
Es’umunezero tugira;
Burir’ababi ntibarandurwe,
Yehova ni w’uhezagira!
Duhe abantu ca cizigiro
Ko vuba hagiye kugera
Kw’amagany’avaho ngaha kw’isi
Tukaronk’ubuzima budahera.