Woba witeguriye guhangana n’ingorane z’ivy’ubuvuzi zotuma ukwizera kwawe kugeragezwa?
Bika aya makuru ahantu ushobora kuyashikira ningoga igihe uyakeneye
1 Nta wamiza ku mutima yuko uyu musi canke ejo ashobora kuba ari mu bitaro. Ariko ‘ibihe be n’ibishika giturumbuka bidushikako twese.’ (Umus. 9:11, NW) Naho utoba ukunda ivyo kwivuriza kwa muganga, wogira iki kugira ngo wikingire ntibagutere amaraso utabishaka, hamwe vyoshika ugahura n’isanganya rituma utakaza ubwenge bagaca bakunyarukana mu bitaro? Emwe, isanganya canke gukikwa n’amagara bukwi na bukwi birashobora gutuma ukwizera kwawe kugeragezwa utari uvyiteze.
2 Nk’igihe wogira utya ugasanga uri mu bitaro ku mpamvu kanaka, wokora iki kugira ngo ugume uri intadohoka hamwe hogira umuntu wo ng’aho akubwira ngo udatewe amaraso uca upfa? Woca ubwo nyene wemera ko ivyo akubwiye ari ukuri? Ubwo uremera vy’ukuri yuko udashaka guterwa amaraso? Woba witeguriye guhangana n’ico kintu kigerageza ukwizera kwawe, ‘ukirinda amaraso’?—Ibik. 15:28, 29.
3 Kugira ngo ushobore kwanka ivyo guterwa amaraso ku nguvu bishobora kuguhumanya mu vy’impwemu, imbere ya vyose ukwiye kuba warajijutse vy’ukuri. Ukwo kujijuka gutegerezwa kuba gushingiye ku gutahura neza ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye amaraso. Ahandiho ibintu bitesha umutwe biba muri uwo mwanya birashobora gutuma uterwa ubwoba bitagoranye n’uwivugisha ko abizi kukurusha. Woba wohendwa ugahava wiyumvira ko abaganga bazi vyinshi ku vyerekeye amaraso gusumba Imana? Ata gukeka, muri ivyo bihe woshima ‘kwiyemeza ushikamye’ gukora “ibigororotse” mu maso ya Yehova, naho abantu buntu bovuga iki. (Gus. 12:23-25, NW) Ariko none woba ubwirizwa kurwana urwo rugamba uri wenyene?—Umus. 4:9-12.
4 Komite zija inama n’ibitaro: Mu vyo Ibiro bitanga amakuru y’ivy’ubuvuzi biri ku biro vy’ishami bijejwe, harimwo kumenyereza Komite zija inama n’ibitaro no gucungera igikorwa cazo. Mu bisagara aho usanga hari izo komite, zama zihanahana amakuru n’abaganga kugira ngo hagati yabo hagume imigenderanire myiza. Baragerageza kandi kubariritsa muri abo bavuzi kugira bamenye ko hoba hari abandi baganga bokwemera kutuvura badakoresheje amaraso. Abo bavukanyi bariteguriye kugafasha, mugabo hariho intambwe zihambaye utegerezwa kubanza gutera kugira ubacire inzira bashobore kurangura ico gikorwa neza.
5 Izo ntambwe zihambaye, woba waramaze kuzitera?: Ubwa mbere: raba neza ko abagize umuryango wawe bose bafise agakarata DPA kabo kujujwe neza: ko kariko itariki, umukono, be n’uko kemejwe n’ivyabona. Hari abavukanyi bashitse mu bitaro udukarata twabo tutariko umukono kandi (canke) tutemejwe n’ivyabona hanyuma ntivyemerwa ko hari ico tuvuze. Vyongeye, ubwo abana bacu bose batarabatizwa boba bafise twa dukarata karanzi twabo twujujwe neza? Nimba batadufise, hamwe umwana wawe yoshikirwa n’ikintu gisaba ko anyarukanwa kwa muganga, abaganga bomenya gute aho uhagaze ku kibazo c’amaraso canke bomenya bohamagara nde?
6 Niwitwararike rero ko bose BAMA bagendana izo nkaratasi. Buri musi niwame uraba ko abana bawe bazifise imbere y’uko baja kw’ishure, emwe, ubigire n’imbere y’uko baja mu bibanza bakiniramwo canke aho bisamariza. Twese dukwiye kuraba neza ko twamana izo nkaratasi haba ku kazi, igihe turi mu buruhuko canke igihe turi ku mahwaniro ya gikirisu. Ntiwigere uzibagira!
7 Iyumvire ivyogushikira hamwe bogutwara mu cumba c’indembe mu bitaro uri intere, wataye ubwenge kandi (canke) udashobora kwivugira. Hamwe woba udafise urwo rukaratasi, akaba ata ncuti canke umukurambere arashika ku bitaro kugira akuvugire, hanyuma hagafatwa ingingo yuko ‘ukeneye amaraso,’ hari aho boca bayagutera. Birababaje kubona hari abo vyashikiye. Ariko iyo dufise urwo rukaratasi ruratuvugira, rugashira ahabona icipfuzo cacu. Ku bw’ivyo ntiwigere urwibagira.
8 Kubera ko rurya rukaratasi rwacu rwerekana aho duhagaze mu vy’ukuvurwa rugenewe kudufasha canecane iyo habaye ibintu vyihutirwa, igihe uba uzi ko uzobagwa, woba ukoresheje ubukerebutsi wanditse aho uhagaze wewe ubwawe, ukabivuga ido n’ido (ufatiye kuri rwa rukaratasi rwacu rwerekana aho duhagaze mu vy’ukuvurwa). Mu kubigenza gutyo woshobora kwongerako n’ibindi, nk’akarorero ico baza kukubaga, amazina y’abaganga baza kukubaga be n’izina ry’ibitaro. Urafise uburenganzira bwo kubigenza gutyo kugira ngo bakuvure mu buryo wihitiyemwo. Naho wewe canke muganga ata n’umwe yoshobora kumenya ko haza kuba ingorane zikomeye, nusigure ko ivyo werekanye vyokurikizwa naho ibintu vyomera gute.—Imig. 22:3.
9 Intambwe ihambaye ikurikira ni ukuganira n’abaganga bazokuvura igihe usanzwe wavyiteguriye canke igihe bishitse giturumbuka. Ni bande canecane mukwiye kuganira?
10 Ganira n’abaganga: UMUGWI W’ABAGANGA BAKUVURA: Ico si igihe co kureka ngo wigarurirwe n’ugutinya abantu. (Imig. 29:25) Igihe usa n’uwugonanwa, hari uwoca yiyumvira yuko utariko uvuga ibivuye ku mutima. Igihe bikenewe ko ubagwa, waba wavyiteguriye canke bishitse giturumbuka, wewe canke incuti yawe ya hafi mutegerezwa kubaza ibibazo birashe uwuhagarikiye abaganga baza kukubaga. Kimwe mu bibazo bihambaye mwobaza ni iki: Uwo mugwi w’abaganga woba uza kwubahiriza ivyipfuzo vy’umurwayi, ukamuvura ata maraso uko vyomera kwose? Ivyo batabibemereye, ntimwokwizigira ko mukingiwe neza.
11 Nuvuge utomora ivyipfuzo vyawe ubigiranye urupfasoni n’ubujijutsi. Tomora yuko wipfuza kuvurwa hakoreshejwe ubundi buhinga uretse ubwo guterwa amaraso. Nimuyage utekanye kandi umutima uri mu nda ingene wipfuza ko wovurwa be n’ibijanye n’urupapuro rwemeza yuko ibitaro ata co bizobazwa. Nimba uwo muganga akubaga yanse gukurikiza ivyipfuzo vyawe, uzoba ucunguye umwanya niwasaba umuyobozi w’ibitaro kukurangira uwundi muganga. Ivyo birimwo mu vyo ajejwe.
12 UMUGANGA ASINZIRIZA: Mu baganga bose bagize umugwi ukuvura ukeneye kuganira na bo imbere y’uko ubagwa, UWO NTAKWIYE KUBURA. Kubera yuko ari we ajejwe kuraba ko uguma uri muzima igihe uriko arabagwa, ni we afata ingingo ku bijanye n’uko hokoreshwa amaraso. Ntiwoba rero wikinze kuyaterwa ngo ni uko gusa wabiyaze n’uwukubaga. Ni co gituma ari ngombwa ngo ubiyage n’umuganga asinziriza, ukamwumvisha neza aho uhagaze, ukiyemeza ko azobikurikiza canke atazobikurikiza.—Gereranya na Luka 18:3-5.
13 Mu bisanzwe, bisa n’uko umuganga asinziriza yama agendera umurwayi mu kanya gatoyi mw’ijoro rya buca abagwa—nta kwo woba ukibigira igihe yanse kwemera aho wewe uhagaze ku vyerekeye amaraso. Nusabe ushimitse ko umuganga akubaga arondera uwugusinziriza mwokwumvikana, uwo mushobora kuyaga hakiri kare imbere y’uko hagera ko ubagwa. Uzoheza uronke umwanya wo kurondera uwundi nimba uwa mbere adashaka kwubahiriza ivyipfuzo vyawe. Ntiwemere ko hagira uwukuja mu matwi: urafise uburenganzira bwo kwihitiramwo umuganga asinziriza muhuza azogukurikirana mu gihe c’ukubagwa.
14 Abo bose utegerezwa kubatomorera ko impagararo yawe ari ntabanduka: YUKO UTEMERA GUTERWA AMARASO. Nusabe bakuvure bakoresheje ubundi buhinga atari ubwo gutera amaraso. Dondagura ubundi bwoko bw’imiti izwi yosubirira uguterwa amaraso yokoreshwa bivanye n’uko umerewe. Nimba umugwi w’abaganga bakuvura babonye ko bidahwanye n’uko umerewe, basabe barondere iyindi miti mu bitabu bivuga ivy’ubuvuzi. Bakure amazinda yuko ushobora kubaronsa amakuru amwamwe nimba babishimye, mu kubaza abakurambere bawe ngo babonane na Komite ija inama n’ibitaro iri hafi.
15 Nukoreshe uburenganzira ufise: Nusuzume witonze urukaratasi rwemeza ko ibitaro bitazokurikiranwa haramutse habaye ingorane be n’urukaratasi bagusaba gusinya winjiye ibitaro. Bahejeje kuvuga yuko bazokwubahiriza ivyipfuzo vyawe, hari igihe haca hakurikira ingingo ivuga yuko nyene gusinya yemeye ko ibitaro bishobora kumutera imiti yitwa ko irokora ubuzima igihe bibagoye. Muri iyo miti hashobora kuba harimwo n’amaraso. Urafise uburenganzira bwo guhindura ayo majambo ukavuga ko amaraso atarimwo canke na ho ukayacishamwo umurongo yose. Hari aho abaforoma bokubwira ko ivyo udashobora kubigira, mugabo urabifitiye uburenganzira! Nubasigurire yuko urwo rukaratasi ari amasezerano hagati yawe na bo, ko rero udashobora gusinya amasezerano utemera. Hagize uwurondera kuyagusinyisha ku nguvu, nusabe kuvugana n’umuyobozi w’ibitaro be na (canke) uwuserukira abarwayi kuri ivyo bitaro.
16 Ivyo woba ushobora kubigira? Ego cane. Menya ko ubwo ari uburenganzira bw’umurwayi. Ubwo burenganzira umurwanyi ntaca abusiga kw’irembo igihe yinjiye ibitaro. Si ngombwa ngo ubanze kubwiyambura kugira bakuvure. Ntuhendwe ubona.
17 Bumwe muri ubwo burenganzira ufise bwitwa uburenganzira bwo kwemera ikintu uzi (le droit au consentement éclairé ), bukaba busobanura yuko ata muti n’umwe bashobora kuguha udatanze uruhusha. Ubishatse urashobora no kwanka umuti uwo ari wo wose. Ntiwemere uburyo kanaka bwo kuvurwa utarasigurirwa neza ico abaganga biyumvira gukora be n’ingaruka zose bishobora gukwega. Mu nyuma bategerezwa kukumenyesha ubundi buryo bwo kukuvura bushoboka. Bamaze kubigusigurira neza, uraheza ugahitamwo uburyo bwo kuvurwa ushaka.
18 Kugira ngo wemere ivyo uzi neza, UTEGEREZWA kubaza ibibazo bitomoye ku bintu vyose utumva neza, canecane igihe abaganga bakoresha amajambo agoye gutahura canke amajambo y’ikiganga. Nk’akarorero, igihe muganga avuze ko yoshima gukoresha ivyitwa “plasma,” hari aho woca wiyumvira ata n’umutima usimba yuko ariko avuga “ubuhinga bwo kwongereza plasma,” kimwe muri vya bihimba bigize amaraso, kandi atari ukwo biri. Imbere yo kuvyemera banza rero umubaze uti: “Ushaka kuvuga kimwe mu bihimba bigize amaraso?” Ku bijanye n’ingene aza kukuvura, numubaze uti: “Mu vyo ushaka gukoresha, hoba harimwo imiti ikozwe mu maraso?” Igihe avuze ivyuma yoshima gukoresha, numubaze uti: “Igihe uza gukoresha ico cuma, haraza kugera igihe amaraso yanje abikwa ahantu?”
19 Ariko none wokora iki igihe umaze kugira ivyo vyose mugabo ntimwumvikane canke mbere bakagomba kurwanya aho uhagaze? Ntugonanwe gusaba imfashanyo. Hari abatevye cane kuyisaba, bituma bashira mu kaga ubuzima bwabo.
20 Imfashanyo ije hageze: Raba ukuntu wobigenza kugira ngo uronke imfashanyo ukeneye: (1) Igihe wewe canke uwawe agira abagwe, vyaba vyari vyitezwe canke bishitse giturumbuka, mugabo hakaba hadutse ukutumvikana, ibitaro bikaba bishaka kumutera amaraso; canke (2) igihe indwara yawe canke iy’uwawe yunyutse; canke (3) igihe ari umwana arwaye (canke uwukuze) maze umuganga, umuforoma canke umuyobozi w’ibitaro akavuga ko agira atabaze sentare; muri ico gihe:
21 NUBIMENYESHE ABAKURAMBERE BO MW’ISHENGERO UKUKIRA nimba utari bwabigire. (Mu vy’ukuri, bitumwe n’uko tutemera guterwa amaraso, biraranga ubukerebutsi tubimenyesheje abakurambere bacu igihe cose tugiye kwa muganga.) Hanyuma, nimba babonye ko bikenewe, ABO BAKURAMBERE BAZOBIMENYESHA KOMITE IJA INAMA N’IBITARO IRI HAFI. Ubishatse, muri ico gihe bamwebamwe mu bagize iyo komite boshobora gushika kuri ivyo bitaro kugira ngo bagufashe.—Yes. 32:1, 2.
22 Abo bakurambere bagize Komite ija inama n’ibitaro barazi abaganga badutahura muri ako karere abo ari bo; barashobora kuguhuza na bo, bagaca batangura kurondera abandi baganga canke ayandi mavuriro yoshobora kugufasha. Habuze n’umwe muri ako karere, abo bakurambere barashobora kwitura iyindi komite iri hafi. Ivyo bidashobotse, bazoca bitura Ibiro bitanga amakuru y’ivy’ubuvuzi. Boshobora kandi gutunganya ivyo kuja kuvugana n’umuganga adutahura yoshobora gusigurira uwo mugwi w’abaganga icokorwa hadakoreshejwe amaraso. Abavukanyi bagize Komite ija inama n’ibitaro baramenyerejwe gutorera umuti mwene ivyo bibazo.
23 Abagize Komite zija inama n’ibitaro bariteguriye kugufasha canke gufasha incuti yawe kugira ngo muvugane n’umuganga canke umuyobozi w’ibitaro, ariko utegerezwa gusaba iyo mfashanyo. Naho abo bavukanyi badashobora kugufatira ingingo, akenshi barashobora kukwibutsa impanuro Sosiyete itanga kuri ico kibazo, bakakumenyesha n’ivyo ufitiye uburenganzira mu vy’ubuvuzi be n’imbere y’amategeko.
24 Nimba uwo mugwi w’abaganga ugumye unana, nusabe umuyobozi w’ibitaro ko yobasubiriza abandi bazokwubahiriza ivyo wipfuza. Bishitse uwo muyobozi akagonanwa kubigira, kandi igihe GUSA uzi udakeka ko ufise uwundi muganga akorera ahandi kandi ukaba ushobora kwimurirwayo, ico gihe urashobora guha uwo muyobozi urupapuro ruriko itariki kandi rusinyeko rwanditseko amazina y’abaganga banse kwubahiriza ivyipfuzo vyawe, ukavuga ko udakeneye ko baja mu bakuvura.
25 Ivyo woba ushobora kubigira? Egome, urabifitiye uburenganzira. Ico kibazo kiramutse gishikiriye umucamanza, urwo rwandiko rurashobora kumufasha kwemera ivyipfuzo vyawe. Rurashobora kandi gutuma abandi baganga baronka uburenganzira bwo kwinjira muri ico kibazo maze bakakuvura. N’igihambaye kuruta, urwo rukaratasi rurashobora gutuma amagara yawe yitwararikwa imbere y’uko usinzikara cane. Nturindire ko ibintu bigera kure!
26 Ibibazo birimwo umutego umuntu akwiye kubako maso: Ukwiye kumenya ko hariho ibibazo bimwebimwe abaganga canke abandi bantu babaza mugabo batabigiranye imvo nziza. Ikibazo abaganga (n’abacamanza bamwebamwe) bakunze kubaza ni iki:
● “Wohitamwo gupfa (canke ko umwana wawe apfa) hako wemera ‘guterwa amaraso arokora ubuzima’?”
27 Wishuye ngo “egome,” uba wishuye neza ku bijanye n’ivy’idini. Ariko iyo nyishu akenshi bayitahura nabi kandi rimwe na rimwe ihora ituma sentare ifata ingingo zitatworohereza. Uribuka ko ico gihe utaba uri mu busuku. Ahubwo uba uriko uvuga ivyerekeye uburyo bwo kukuvura. Utegerezwa rero kuvuga ivyo abakwumviriza bashobora gutahura, baba abaganga canke abacamanza.—Zab. 39:1; Kol. 4:5, 6.
28 Ku muganga, ku mucamanza canke ku muyobozi w’ibitaro, kwishura ngo “egome” hari aho kwoba ari nk’ukuvuga ko ushaka kuba umumaratiri canke ko umwana wawe yopfuma apfa hako udohoka ku kwizera kwawe. Muri ico gihe kubabwira ukwizera gukomeye ufise ku bijanye n’izuka, akenshi nta co bifasha. Baca bakwita umunyedini w’ishaka rirenze, umuntu adashobora gufata ingingo ziranga ubwenge igihe ubuzima bugeramiwe. Igihe ari umwana wawe, bakwita umuvyeyi ata co yitaho, yanka uburyo bwo kuvurwa bwitwa ko ari uburokora ubuzima.
29 Ariko mu vy’ukuri NTUBA WANSE kwivuza. Ahubwo gusa ni uko uba utahuje na muganga ku BURYO bwo kukuvura. Akenshi ukwo kwerekana aho uhagaze kurahindura ibintu vyinshi, haba kuri bo canke kuri wewe. Bitayeko, mu kwerekana yuko amaraso ata ngorane arimwo be n’uko ari bwo buryo BWONYENE bwo kuvura bwitwa ko burokora ubuzima, baba bakubeshe. (Raba agatabu Comment le sang peut-il vous sauver la vie ?, urupapuro 7-22.) Ni co gituma ukwiye gutomora neza ico kintu. None wobigenza gute? Woshobora kwishura uti:
● “Sinipfuza gupfa (canke ko umwana wanje apfa). Iyo mba nipfuza gupfa (canke ko umwana wanje apfa), nari kwigumira i muhira. Ariko naje ng’aha kwivuza kugira ngo mbeho (canke umwana wanje abeho). Ico nshaka ni uko mwokoresha ubundi buhinga bwo kumvura (canke bwo kuvura umwana wanje) hadakoreshejwe amaraso. Kandi ubwo buhinga buriho.”
30 Ng’ibi ibindi bibazo abaganga canke abacamanza bakunze kubaza:
● “Woba iki hamwe sentare yotegeka ko uterwa amaraso ku nguvu? Wewe hari ico uzobazwa?”
● “Wemeye guterwa amaraso canke uyatewe ku nguvu, mw’idini urimwo boca bakwirukana canke woca ubura ubuzima budahera? Ishengero urimwo ryokubona gute?”
31 Hariho mushiki wacu umwe yishuye umucamanza yuko muri ico gihe wewe ata co yobazwa kubera ko ingingo yoba ifashwe n’uwo mucamanza. Naho yari yishuye neza ku ruhande rumwe, uwo mucamanza ni nk’aho yibwiye ati: “Ko wewe ata co uzobibazwako, jewe ndemeye kubibazwa mu kibanza cawe”. Uwo mucamanza yaciye ategeka ko bamutera amaraso.
32 Ukwiye gutahura ko mu kubaza ivyo bibazo, bamwebamwe mu bisanzwe baba barondera aho baguca kugira ngo bagutere amaraso. Ntubahe akabero utabizi! None wobigenza ute kugira ngo ntibagutahure nabi? Ushobora kwishura uti:
● “Igihe bontera amaraso ku nguvu mu buryo ubwo ari bwo bwose, kwoba ari nko kumfata ku nguvu. Mu misi yose nsigaje kubaho, nobabara mu mutima, nkagira n’ingorane mu bucuti mfitaniye n’Imana kubera ico kibi noba nkorewe ntabishaka. Nokoresha inguvu mfise zose kugira ntibanyononere umubiri muri ubwo buryo. Nokora ibishoboka vyose kugira ngo abo bantu ndabitwarire, nk’uko nobigenza igihe mfashwe ku nguvu.”
33 Ukwiye kwerekana neza kandi ushimitse yuko twebwe tubona ko guterwa amaraso ku nguvu ari ikintu gishisha conona umubiri wacu. Si ikintu co gufata minenegwe. Nushikame rero. Tomora neza ko ushaka ko bakoresha ubundi buhinga bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso.
34 Wokwitegura gute?: Duhejeje kwihweza ibintu bimwebimwe ukeneye gukora kugira ngo mwe n’umuryango wawe mwikingire guterwa amaraso mutabishaka. (Mu gihe kiri imbere, twizigiye kuzobaronsa ayandi makuru y’ido n’ido y’ingene mwovyifatamwo igihe abana bageramiwe no guterwa amaraso.) Turabonye kandi intunganyo ziranga urukundo Sosiyete yagize kugira ituronse imfashanyo igihe bikenewe. None aya makuru uzoyakoresha gute kugira umenye neza ko witeguriye guhangana n’ingorane z’ivy’ubuvuzi zotuma ukwizera kwawe kugeragezwa?
Ubwa mbere: Tegekanya ikiyago muri kumwe n’umuryango wawe musubiremwo ivyo vyiyumviro kugira mumenye ico mwovuga be n’ico mwokora, canecane igihe havyutse ingorane isaba kuvurwa vyihutirwa.
Ubwa kabiri: Raba ko mufise impapuro zose zikenewe.
Ubwa gatatu: Saba Yehova ushimitse agushigikire mu mwiyemezo wawe wo ‘kuguma wirinze amaraso.’ Kugamburuka itegeko ryiwe rijanye n’amaraso biratuma adutonesha, kandi bizotuma twironkera ubuzima budahera.—Ibik. 15:29; Imig. 27:11, 12.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 3]
Bika aya makuru ahantu ushobora kuyashikira ningoga igihe uyakeneye
[Uruzitiro ku rup. 5]
Igihe hari uwuremvye cane gushika aho bagomba kumutera amaraso, ca wikora kuri runo ruzitiro rukwereka ivyo ukwiye gukora:
1. Tera akamo abakurambere bo mw’ishengero ukukira kugira bagufashe.
2. Nimba bikenewe, saba abakurambere bahamagare Komite ija inama n’ibitaro iri hafi.
3. Komite ija inama n’ibitaro irashobora kugufasha kuvugana n’abaganga hamwe n’abandi.
4. Komite ija inama n’ibitaro irashobora kuguhuza n’abandi baganga bashobora kuyaga n’abaganga bagira bakubage ibijanye n’ubundi buryo bushoboka.
5. Komite ija inama n’ibitaro irashobora kandi kugufasha mu bijanye no kwimurirwa mu bindi bitaro bishobora kwubahiriza uburenganzira bwawe.