‘Iyi nkuru nziza izokwamamazwa’ ata kabuza!
1. Ni igiki kitwemeza ko ata kintu na kimwe gishobora guhagarika igikorwa co kwamamaza?
1 Nta kintu na kimwe gishobora kubuza Yehova kurangura ivyo agomba. (Yes. 14:24) Naho wa Mucamanza Gideyoni n’abantu biwe 300 vyasa n’uko badashoboye gutsinda ingabo 135.000 z’Abamidiyani, Yehova yamubariye ati: “[Uzokiza] Abisirayeli ubakūre mu maboko y’Abamidiyani: ni jewe ubganje ngutumye.” (Abac. 6:14) Ni igikorwa ikihe gishigikiwe na Yehova muri iki gihe? Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” (Mat. 24:14) Nta n’umwe azoshobora guhagarika ico gikorwa!
2. Ni kubera iki dushobora kwitega ko Yehova adufasha mu busuku umwe wese ku giti ciwe?
2 Yehova aradufasha umwe wese ku giti ciwe: Naho dushobora kwizigira tudakeka ko Yehova azotuma Ivyabona vyiwe baroranirwa uko bagize umugwi, twoba dushobora kwitega ko Yehova adufasha umwe wese ku giti ciwe? Igihe intumwa Paulo yari akeneye gufashwa, yariboneye ukuntu Yehova yamufashe mu mugongo biciye ku Mwana wiwe Yezu. (2 Tim. 4:17) Na twebwe turashobora guhera amazinda yuko Yehova azohezagira utwigoro umwe wese muri twebwe agira arondera gushitsa ivyo Yehova agomba.—1 Yoh. 5:14.
3. Ni mu bihe ibihe Yehova adufasha?
3 Imyitwarariko yo mu buzima bwa misi yose yoba ituma usigarana inguvu nkeyi, zidahagije ku bw’ubusuku? Yehova “[ara]ha inkomezi abadendebukiwe.” (Yes. 40:29-31) Woba uriko urahamwa, canke woba uriko urarwanywa? “[N]ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira.” (Zab. 55:22) Vyoba bishika ukumva wikengereye? Yehova akubwira ati: “Genda, nanje nzobana n’akanwa kawe.” (Kuv. 4:11, 12) Woba ufise ingorane z’amagara zituma udashobora gukora vyinshi mu busuku? Naho utwigoro ugira utiziganya twoba ari dukeyi gute, Yehova araduha agaciro kandi arashobora kugira ico adukuyemwo.—1 Kor. 3:6, 9.
4. Kuba twizigiye Yehova bizotuvyurira umutima wo gukora iki?
4 Ukuboko kwa Yehova ko “kubānguye, ni nde yogupfunya?” (Yes. 14:27) Kubera twizigiye tudakeka ko Yehova azohezagira ubusuku turangura, ese twobandanya kwamamaza tubigiranye “ubutinyutsi [biciye] ku bukuru bwa Yehova.”—Ibik. 14:3.