ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/9 rup. 8-9
  • Hariho Urwaruka Rumeze nk’Amama y’Urume Ahorosha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hariho Urwaruka Rumeze nk’Amama y’Urume Ahorosha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikibanza Urwaruka Rusagambiramwo
  • ‘Birakiza Kandi Biraruhura’
  • “Ikime” ca Yehova mu bisata vyinshi vy’abantu
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Woba uruhurira abandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Yemwe bakiri bato, nimushemeze Yehova!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Abakiri Bato Bakunda Ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/9 rup. 8-9

“Ni Muze Kuri Jewe, . . . Ndabaruhura”

Hariho Urwaruka Rumeze nk’Amama y’Urume Ahorosha

YEZU KIRISITU nta nkeka ko mu bo yabwira harimwo n’abayoboke biwe bakiri bato, igihe yavuga ati: “Ni muze kuri jewe, . . . ndabaruhura.” (Matayo 11:28) Igihe abantu batangura kuzana kuri we abana babo, abigishwa biwe baragerageje kubabuza. Mugabo Yezu yavuze ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze.” Yezu mbere “[ya]rabare[ze], arabahezagira.” (Mariko 10:14-16) Nta mazinda ko Yezu yabona yuko abana bato bafise agaciro.

Bibiliya iratubwira ivyerekeye abagabo n’abagore b’abizerwa, hamwe n’urwaruka n’abana bato, batanze akarorero keza ntangere mu gukorera Imana. Mu gitabu ca Zaburi harabura ivyerekeye “abasore” bameze nk’amama y’urume ahorosha. Haravuga kandi ivyerekeye “[i]misore n’“inkumi” bashemeza izina rya Yehova.​—Zaburi 110:3; 148:12, 13.

Ikibanza Urwaruka Rusagambiramwo

Akama k’urume ni ingereranyo ikwiriye, kubera yuko urume rugereranywa n’umusesekara be n’umuhezagiro. (Itanguriro 27:28) Amama y’urume ameze neza kandi arahorosha. Muri iki gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu, Abakirisu bakiri bato baritanga babikunze kandi babishashaye, ari benshi. Nka kurya nyene kw’amama y’urume ahorosha, abasore n’inkumi benshi, babigiranye akamwemwe, barakorera Imana bakongera bagafasha abo bafatanije gusenga Imana.​—Zaburi 71:17.

Urwaruka rukirisu ntiruruhura abandi gusa; na rwo nyene ubwarwo ruraruhurirwa mu murimo rurangura. Ishirahamwe ry’Imana riratanga ahantu rushobora gusagambira. Kubera yuko abasore n’inkumi baguma bigenza runtu bimwe vyo ku rwego rwo hejuru, barinovora ukuba bagiranira n’Imana ubucuti bwa somambike. (Zaburi 119:9) Mw’ishengero, barahakorera kandi ibikorwa vyiza bakanaharonkera abagenzi beza, bikaba ari ibintu biterera ku kugira ubuzima bumara akanyota kandi buri n’ico buvuze.

‘Birakiza Kandi Biraruhura’

Urwaruka rukirisu rwoba rwiyumvamwo ko ubwarwo rumeze nk’‘amama y’urume’? Reka turabe ivya Tania, umukenyezi akiri muto agira uruhara mu bikorwa vy’ishengero n’umwete mwinshi, kandi akaba ahimbawe no kumara mu busuku amasaha arenga 70 ku kwezi. Yumva amerewe gute? Avuga ati: “Numva merewe neza kandi ndemye. Kuba mu buzima bwanje mfise Yehova n’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi, ‘vyarankijije kandi biranduhura.’”​—Imigani 3:8, NW.

Ariel, uwundi musukukazi akiri muto w’igihe cose, arakura ubwatsi ku bw’ingaburo yo mu vy’impwemu aronka mw’ishengero. Avuga ati: “Iyo ngiye ku makoraniro, ku mahwaniro no ku materaniro bigirwa n’Abakirisu gutyo nkashobora kwisenena ibifungurwa ku meza y’ivy’impwemu ya Yehova, ivyo koko biranduhura mu buryo bw’impwemu. Ikindi, kumenya yuko kw’isi yose mfise abo dusangiye igikorwa, bituma ndema.” Mu kudondora isoko kaminuza ry’induhuro, avuga ati: “Biraruhura cane kuba Yehova ari umugenzi wanje, canecane igihe numva canke mbona ukuntu uru runkwekwe rugira ingaruka z’agahomerabunwa ku bantu.”​—Yakobo 2:23.

Uwitwa Abishai afise imyaka 20 y’amavuka, akora bwa mwamamaji w’igihe cose mw’ishengero kandi akaba n’umukozi w’ishengero. Adondora ibimubako muri aya majambo: “Numva nduhuriwe kubera yuko nzi ukuntu ndavyifatamwo mu ngorane nyinshi zishikira urwaruka muri iki gihe. Ukuri kwa Bibiliya kwaramfashije kuguma nibanda ku vyo nkeneye gukora kugira ngo nsukurire Yehova n’ubugingo bwanje bwose.”

Igihe Antoine yari mu ntango y’ubuyabaga, yari inkomwahato. Igihe kimwe yarakubise intebe uwo bigana kw’ishure, uwundi na we amucumita ikaramu y’igiti. Antoine ntiyari umuntu aruhura na gato! Mugabo, inyigisho iva muri Bibiliya yarahinduye uburyo yigenza. Ubu afise imyaka 19 akaba ari umukozi w’ishengero akaba n’umusuku w’igihe cose mw’ishengero akukira, avuga ati: “Ndashimira Yehova kubona yaranshoboje kumumenya akongera akamfasha kubona ko nkeneye gutsimbataza kamere y’ukwigumya, gutyo ngahindura ingendo narimwo. Muri ubwo buryo, naririnze ingorane nyinshi.”

Abandi barabona inyifato iruhura y’urwaruka rukirisu . Matteo ni Icabona akiri muto wo mu Butaliyano. Umwigisha wiwe yarafashe ingingo yuko uwo wese yovuze amajambo y’ubushegabo mw’isomero, yotanze agahadabu gatoyi. Haciye igihe, abana barasavye ngo iryo bwirizwa rifutwe, bavuga bati: “Kudakoresha imvugo mbi ntibishoboka.” Matteo asigura ati: “Mugabo, umwigisha yavuze ko ivyo atari vyo, uyo mukenyezi atanga akarorero kuri jewe Icabona ca Yehova, aranshemagiza imbere y’isomero ryose kubera nkoresha imvugo ityoroye.”

Mw’ishure rimwe ryo muri Tayilande ryarimwo abana bananiranye, umwigisha yarahamagaye imbere y’abandi banyeshure agahungu k’imyaka 11 kitwa Racha, maze aragakeza ku kuntu kigenza, mu kuvuga ati: “Kubera iki mwese mutomufatirako akarorero? Ni umunyabwira mu vyigwa vyiwe kandi yigenza neza.” Maze yaciye abwira abanyeshure ati: “Nibaza ko vyosaba yuko mucika Ivyabona vya Yehova nka Racha kugira ngo muryohore uburyo mwigenza.”

Birahimbaye kubona urwaruka rukirisu ibihumbi n’ibihumbi rushika ku kurushiriza kumenya Yehova no gukora ivyo agomba. Urwo rwaruka rwiza rugaragaza ubukerebutsi burengeye imyaka yabo. Imana irashobora kubafasha kwererwa mu buzima bwabo bwa none, ikongera ikabazigamira kazoza keza mw’isi nshasha igiye kuza. (1 Timoteyo 4:8) Muri ubu bweranyange ari bwo runkwekwe rw’ibintu rwa none bwuzuyemwo urwaruka rudashira akanyota kandi ruri mu mubabaro, barerekana ubudasa bimwe biruhura!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika