ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/11 rup. 2
  • Ntugonanwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntugonanwe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Abana bawe boba biteguye?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2002
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Be maso!—2011
  • Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 10/11 rup. 2

Ntugonanwe

1. Ni igiki gisaba umutima rugabo, kandi kubera iki?

1 Vyoba vyarashitse uragonanwa gushinga intahe kw’ishure kubera watinya yuko bohava bagutwenga? Nta gukeka ko bisaba umutima rugabo kugira uvugire ivyo wizera, na canecane igihe uba uri umunyamasoni. Ni igiki none cogufasha?

2. Wokoresha gute ubukerebutsi igihe ushinga intahe kw’ishure?

2 Nukoreshe ubukerebutsi: Naho twovuga ko ishure wigako ari icibare cawe, uribuka yuko atari ngombwa ngo uganire ivy’Imana n’uwo ari we wese nk’uko wobigira uriko wamamaza inzu ku nzu. Nukoreshe ubukerebutsi kugira umenye igihe co kuvuga. (Umus. 3:1, 7) Igihe mw’ishure muriko muraganira ku kintu kanaka canke igihe hari agakorwa ko kw’ishure baguhaye, woshobora kuboneraho akaryo ko guserura ukwizera kwawe. Canke na ho, umunyeshure mugenzawe yoshobora kukubaza igituma utaja mu bintu bimwebimwe. Hari abakirisu bamenyesheje abigisha babo mu ntango y’umwaka w’ishure ko ari Ivyabona vya Yehova maze barabaha ibitabu bisigura ivyo twemera. Abandi na bo barakunda gushira ibitabu hejuru ku ntebe zabo kugira batume abo bigana babaza ibibazo.

3. Wokwitegurira gute gushinga intahe kw’ishure?

3 Niwitegure: Witeguye, uzorushiriza kuvugana umutima mu nda. (1 Pet. 3:15) Nugerageze rero kwiyumvira imbere y’igihe ibibazo bishobora kuvyuka, wiyumvire n’ukuntu wovyishura. (Imig. 15:28) Nimba bishoboka, nuze uritwaza Bibiliya n’ibitabu bikeyi, nk’igitabu Comment raisonner, igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza, canke ibivuga ivy’irema, kugira uvyikoreko igihe bikenewe. Nusabe abavyeyi bawe ngo muze muragira udukino two kwimenyereza mu gihe c’ugusenga kwanyu kwo mu muryango.

4. Kubera iki ukwiye kubandanya ushinga intahe kw’ishure?

4 Nubone ibintu mu buryo bwiza: Ntiwibwire yuko uramutse ubwiye ukuri abo mwigana bazoca bagutwenga. Hari abashobora kuzokorwa ku mutima n’ukuntu wagize umutima rugabo, bigatuma mbere bakwumviriza. Ariko bishitse ntihagire uwukwumviriza, ntuzoce ucika intege. Yehova azohimbarwa n’uko uzoba wagerageje. (Heb. 13:15, 16) Nugume umusaba ngo agufashe ‘kuvugana ubutinyutsi bwose.’ (Ivyak. 4:29; 2 Tim. 1:7, 8) Iyumvire ukuntu uzoryoherwa nihagira uwukwumviriza koko. Uwo muntu yoshobora mbere kuzokwifatanya nawe mu gukorera Yehova!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika