ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/12 rup. 1
  • Nutere ibipfunsi ubigiranye ubukerebutsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutere ibipfunsi ubigiranye ubukerebutsi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Woba wokwungukira ku kuba ufise icibare cawe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Woba ufise icibare cawe bwite?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Nube kirumara mu busuku urangura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 1/12 rup. 1

Nutere ibipfunsi ubigiranye ubukerebutsi

1. Mu 1 Abakorinto 9:26 hajanye gute n’ubusuku?

1 Intumwa Paulo yanditse ati: “Uko niruka . . . si nk’uwutazi iyo aja; uko ntera ibipfunsi, ni ku buryo ntakubita ikirere.” (1 Kor. 9:26) Paulo yariko avuga ukuntu yagumiza ubwenge ku migambi yiwe yo mu vy’impwemu. Ariko ubiravye, ayo majambo arajanye kandi n’ubusuku. Twipfuza gutera “ibipfunsi,” ari kwo kugira utwigoro, dukoresheje ubukerebutsi kugira ngo dushike ku bintu vyiza cane bishoboka. Gute?

2. Twokwigana gute Paulo n’abandi bamamaji bo mu kinjana ca mbere mu guhitamwo igihe co kwamamaza n’aho kwamamariza?

2 Tuje iyo bari: Paulo n’abandi bamamaji bo mu kinjana ca mbere bamamaza inkuru nziza aho baba biteze gusanga abantu. (Ivyak. 5:42; 16:13; 17:17) Nimba rero abantu benshi bo mu cibare cacu baba bari i muhira ku mugoroba, coshobora kuba co gihe ciza cane co kwamamaza inzu ku nzu. Ku gituro c’amabisi c’aho iwanyu hoba hakunda kuba hari abantu benshi kare mu gitondo no ku muhingamo baja ku kazi canke batashe? Mu turere badandarizamwo two mu cibare canyu, ni ryari haba huzuye abantu? Kwamamaza ku mabarabara bishobora kuvamwo ivyiza vyinshi muri iyo myanya.

3. Dushobora gute gutera ibipfunsi tubigiranye ubukerebutsi mu buryo twamamaza mu cibare cacu?

3 Dukoreshe ubukerebutsi igihe twamamaza mu cibare: Turakwiye kandi kwitaho gutera ibipfunsi tubigiranye ubukerebutsi mu buryo twamamaza mu cibare cacu. Nk’akarorero, aho kuja gukorera mu cibare kimwe turi umugwi munini kandi uzi ukuntu bisaba umwanya munini n’utwigoro twinshi kugira uwo mugwi ugume ukorera mu rutonde, vyorushiriza kuba vyiza uwo mugwi ugabaguwe. Ni na ko biri igihe dukorera mu cibare co mu gihugu hagati; igihe imigwi atari minini birenze, turahetura icibare ningoga kandi tukaronka uturyo twinshi two kuyaga n’abantu. Twoba dushobora kuronka icibare cacu bwite hafi y’i muhira ku buryo umwanya w’urugendo ugabanuka?

4. Ni igiki kizodufasha kuroranirwa mu gikorwa co ‘kuroba abantu’?

4 Abamamaji Yezu yabagereranije n’ “abarovyi b’abantu.” (Mrk. 1:17) Intumbero y’umurovyi si iyo guterera urusenga gusa, ahubwo ni iyo gufata amafi. Abarovyi baroranirwa baja aho baba biteze gusanga amafi kandi bakajayo mu mwanya biteze ko aronkeka, bagaca rero batangura kuroba badatebaganye. Vy’ukuri, barakoresha ubukerebutsi mu twigoro bagira. Ese natwe twogira ubwira nk’ubwo mu busuku bwacu.—Heb. 6:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika