ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jr ikig. 12 rup. 140-153
  • “None ukwo ntikwari ukumenya jewe?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “None ukwo ntikwari ukumenya jewe?”
  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO KUMENYA IMANA BISOBANURA
  • ‘UBUNTU BWUZUYE URUKUNDO BWIWE NI UBWO GUSHIKA IGIHE KITAGIRA URUGERO!’
  • “NDAHIYE UKUBAHO KWA YEHOVA . . . MU BUTUNGANE!”
  • “SINZOGUMANA INZIKA GUSHIKA IGIHE KITAGIRA URUGERO”
  • “Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Buri musi woba ubaza uti: “Yehova ari hehe?”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
jr ikig. 12 rup. 140-153

IKIGABANE CA CUMI NA KABIRI

“None ukwo ntikwari ukumenya jewe?”

1, 2. Ni kubera iki bitaranga ubukerebutsi ko Yehoyakimu yubaka ingoro yiwe nshasha?

UMWAMI YEHOYAKIMU yariko arubaka ingoro amahero. Imigero y’iyo ngoro yerekana ko yobaye ifise n’imiburiburi amagorofa abiri agizwe n’ivyumba amahanga. Amadirisha maninimanini yayo yokworohereje umuco w’izuba be n’akagaya kwinjira kugira ngo uwo mwami be n’umuryango wiwe bamererwe neza. Impome zayo zobwirijwe kwomekwako imbaho z’isederi imota neza. Irangi ritukuriye ryakurwa mu mahanga ni ryo ryosizwe imbere muri iyo ngoro rigatuma impome zayo zisigara zakaka, ivyo bikaba vyarakundwa cane n’abantu bibona ko bahambaye bo mu bindi bihugu.​—Yer. 22:13, 14.

2 Ubwo bwubatsi bwotwaye amahera menshi cane. Ico gihe nyene, ikigega c’igihugu casa n’ikigaragara kubera ko hasohorwa amahera umuyoro mu vya gisirikare be no mu bijanye n’ikibuguro batanga ku mwami wa Misiri. (2 Abm. 23:33-35) Ariko rero, kugira ngo Yehoyakimu yubake iyo ngoro yiwe nshasha, yahisemwo kudahemba abo yakoresha. Yabakoresha nk’abaja, akababwira yuko ukubira akuya kwabo ari yo ntererano bobaye batanze.

3. Ni itandukaniro irihe ryari hagati ya Yehoyakimu na se wiwe, kandi kubera iki?

3 Biciye kuri Yeremiya, Imana yariyamirije Yehoyakimu kubera agatima kiwe k’ubwikunzi.a Yaribukije uwo mwami yuko se wiwe, Umwami Yosiya, yagaragarije ubuntu budasanzwe be n’ubutanzi bwa cane abakozi batobato be n’abakene. Yosiya mbere yaraburanye urubanza rwabo mu ntahe. Yehova yaribukije Yehoyakimu kuzirikana ku kuntu Yosiya yitwararika abantu bo hasi, maze amubaza ati: “None ukwo ntikwari ukumenya jewe?”​—Soma Yeremiya 22:15, 16.

4. Ni kubera iki bihambaye ko umenya Yehova?

4 Kubera ko ivy’iyi si ya Shetani biguma vyunyuka, turakeneye imfashanyo be n’ugukingirwa Yehova aronsa abamuzi neza. Ku bw’ivyo, turakwiye kurushiriza kwiyegereza Imana. Turakeneye kandi kwigana kamere zayo kugira ngo turoranirwe mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Ariko hari aho wokwibaza uti: ‘Umukirisu ashobora gute kumenya Yehova nk’uko Umwami Yosiya yari amuzi?’

ICO KUMENYA IMANA BISOBANURA

5, 6. (a) Ivyo sebibondo mwiza akora bigira ico bikoze gute ku bana biwe? (b) Mu buryo butandukanye na Yehoyakimu, twebwe dukwiye kubona gute ibijanye no kumenya inzira za Yehova?

5 Zirikana ku kuntu ivyo sebibondo mwiza akora bigira ico bikoze ku buzima bw’abana biwe. Nk’akarorero, iyo babonye ukuntu se wabo asabikanya n’abandi, canecane bantahonikora, na bo nyene baravyurirwa umutima wo gutanga. Iyo bitegereje ingene afatana urukundo n’icubahiro nyina wabo, birashobora kuzogira ico bikoze ku kuntu bafata abo badasangiye igitsina. Igihe bumva yuko se wabo avugwa ko ari intungane akaba n’inzirabugunge mu bijanye n’amahera, biratuma na bo nyene bamwigana. Mu vy’ukuri, kubera ko abo bana bazi kamere za se wabo be n’ingeso ziwe, bazokura bafise icipfuzo co gufata abandi nk’uko se abafata.

6 Mu buryo busa n’ubwo, umukirisu azi Yehova nk’uko Yosiya yari amuzi, ntamenya gusa ko ari we Segaba w’ibiriho vyose. Biciye ku gusoma Bibiliya, uwo mukirisu arahava akamenya ingene Imana ifata abandi, maze na we agaca yipfuza kwigana uwo Se wiwe wo mw’ijuru. Uko abandanya kwihatira gukunda ivyo Yehova Imana akunda be no kwanka ivyo yanka, ni ko urwo amukunda ruguma rwongerekana ku musi ku musi. Ariko rero, umuntu yirengagiza amabwirizwa y’Imana be n’ivyibutswa vyayo, aba ariko yanka kuyoborwa na yo, ivyo bikaba vyerekana yuko ataba azi neza iyo Mana y’ukuri. Uwo muntu aba ameze nka Yehoyakimu, uwigeze guterera mu muriro umuzingo warimwo amajambo Yehova yari yaravuze biciye kuri Yeremiya.​—Soma Yeremiya 36:21-24.

Ifoto ku rup. 143

Yosiya na Yehoyakimu bakiriye Ijambo ry’Imana mu buryo butandukanye

7. Ni kubera iki ukwiye kwipfuza kumenya Yehova nk’uko Umwami Yosiya yabigize?

7 Nitwamenya Yehova vy’ukuri, ni ho gusa tuzororanirwa mu gikorwa ceranda turangura, icizigiro dufise co kuzobaho mw’isi nshasha na co kikarushiriza gukomera. (Yer. 9:24) Nimuze turimbure zimwezimwe muri kamere z’Imana zihishurwa mu vyo Yeremiya yanditse. Igihe tuza kuba turiko turarimbura izo kamere z’Imana, nuze uraraba ingene woyimenya kandi ukayigana nk’uko Umwami Yosiya yabigize.

Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Umwami Yosiya yari azi neza Yehova? Kumenya Yehova nk’uko Yosiya yari amuzi bisobanura iki?

‘UBUNTU BWUZUYE URUKUNDO BWIWE NI UBWO GUSHIKA IGIHE KITAGIRA URUGERO!’

8. Ubuntu bwuzuye urukundo ni iki?

8 Ubuntu bwuzuye urukundo, canke urukundo rudahemuka, ni kamere y’Imana usanga indimi nyinshi zidafise ijambo riyisobanura mu buryo budomako. Nk’uko inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya ivyerekana, ijambo ry’igiheburayo rikoreshwa kuri iyo kamere ritanga iciyumviro c’uko inkomezi, ukwumira kw’ibanga be n’urukundo ari vyo biyigize. Iyo nyizamvugo yongerako iti: “Umuntu wese yogerageza gusigura iryo jambo adakoresheje ayo majambo yose uko ari atatu, ntiyoba arisobanuye neza.” Ni co gituma umuntu afise kamere y’ubuntu bwuzuye urukundo ataba ari umuntu ameze neza gusa. Abitumwe n’ukwitaho abandi bimwe bigera kure, arita ku rutare kugira ngo abaronse mu buryo bwuzuye ivyo bakeneye, na canecane ivyo bakenera mu buryo bw’impwemu. Imvo nyamukuru ituma akora muri ubwo buryo buzira ubwikunzi, ni icipfuzo aba afise co guhimbara Imana Mushoboravyose.

9. Ukuntu Yehova yafata Abisirayeli bigaragaza iki?

9 Uburyo bwiza kuruta ubundi bushobora kudufasha gutahura iyi mvugo Bibiliya ikoresha ngo “ubuntu bwuzuye urukundo” ni mu kwiga ukuntu Imana yafata abasavyi bayo b’ukuri bo mu gihe ca kera. Yehova yarakingiye Abisirayeli yongera arabagaburira mu myaka 40 bamaze mu bugaragwa. Bamaze gushika mu Gihugu c’isezerano, Imana yarabaronkeje abacamanza kugira ngo babakize abansi babo bongere babagarukane ku gusenga kw’ukuri. Kubera ko Yehova yagumanye na bo mu mahirwe no mu magorwa muri ivyo binjana vyose, ni co gituma yabwiye iryo hanga ati: “Nagukunze urukundo rwo gushika igihe kitagira urugero. Ni co catumye ndagukwegesha ubuntu bwuzuye urukundo.”​—Yer. 31:3.b

10. Nk’uko ivyashikiye Abayuda bari i Babiloni bivyerekana, Yehova agaragaza gute ubuntu bwuzuye urukundo mu kuntu yumviriza amasengesho?

10 Muri iki gihe cacu, Imana iguma igaragaza ubuntu bwuzuye urukundo ku buryo abasavyi bayo ari bo neza na neza bavyungukirako. Rimbura ivyerekeye agateka dufise ko gutura isengesho. Yehova arumviriza amasengesho yose aturwa avuye ku mutima, yamara ayo yitwararika bimwe bidasanzwe ni ayaturwa n’abasavyi biwe bamwiyeguriye. Naho twoba tumaze imyaka n’iyindi tuguma dusenga ku bijanye n’ingorane twamana zidahera, aratwihanganira; ntarambirwa no kwumviriza amasengesho tumutura. Igihe kimwe, Yehova yarategetse Yeremiya kurungikira ubutumwa umugwi w’Abayuda bari inyagano i Babiloni. Bari nko ku bilometero 800 uvuye aho urusengero rwari, bakaba kure y’imiryango yabo be n’abagenzi babo bari mu gihugu ca Yuda. Ariko rero, naho batari hafi y’urusengero, Yehova yarumviriza amasengesho bamutura bamusaba ngo abatoneshe be n’ayo bamutura ku bwo kumushemeza. Ufise ku muzirikanyi amasengesho avuye ku mutima uhora utura, zirikana ku kuntu Abayuda bumvise baruhuriwe igihe bumva amajambo Imana yababwiye dusanga muri Yeremiya 29:10-12.​—Soma.

Ifoto ku rup. 144

11, 12. (a) Ni igiki Yehova yari abikiye abantu b’i Yeruzalemu? (b) Ni imfashanyo iyihe ihari kuri uwo wese vyashitse agatozwa indero?

11 Ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova buragaragarira kandi mu kuba abona ibintu mu buryo bwiza. Igihe Yeruzalemu hari himirije gusangangurwa kandi abantu baho bakaba baguma bagarariza Imana, ni igiki cari kubashikira? Boba kumbure bokwishwe na kigoyi canke bakicishwa inkota n’Abanyababiloni? Atari ukwo na ho, bomaze igihe kirekire ari inyagano mu kindi gihugu kandi bagapfirayo. Ariko rero, hari “ijambo ryiza” riremesha Yehova yari abikiye abokwigaye maze bakagira ivyo bahinduye mu buzima bwabo. Yabasezeraniye yuko ‘yobitayeho.’ Yobagarukanye ‘aho hantu,’ ni ukuvuga mu gihugu cabo c’amavukiro, akabakura aho i Babiloni iyo bigwa. (Yer. 27:22) Ivyo vyotumye biha akamo bati: “Nimuhaye Yehova nyen’ingabo, kuko Yehova ari mwiza; kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero!”​—Yer. 33:10, 11.

12 Kubera ko Yehova afise ubuntu bwuzuye urukundo, ni we Sôko ry’indemesho kuri abo usanga bari mu bihe bitoroshe kandi bigoye, ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu. Muri iki gihe hari abahoze bifatanya n’ishengero rya gikirisu ariko ubu bikaba vyarabaye ngombwa ko batozwa indero ibereye. Boshobora kwumva biyagirije cane kandi bakaba bagonanwa gusubira kwifatanya n’abasavyi b’Imana. Boshobora kuba bibaza nimba umusi uri izina Yehova azobaharira akongera akabakira. Hariho “ijambo ryiza” Imana Mushoboravyose ibikiye abantu nk’abo. Boshobora kuronka imfashanyo iranga ubuntu kugira ngo bahindure ibikenewe vyose mu kuntu biyumvira be no mu vyo bakora. Ivyavuzwe muri iyo ngingo ya 11 birashobora no kwerekezwa kuri mwene abo bantu, Yehova ‘akabasubiza ahantu habo,’ ni ukuvuga akabasubiza mu basavyi biwe bahimbawe.​—Yer. 31:18-20.

13. Ni kubera iki ukwiye kuremeshwa n’uko Yehova yafashije Yeremiya?

13 Vyongeye, kubera ko Yehova ari Imana ifise ubuntu bwuzuye urukundo, arashigikira adahemuka abasavyi biwe b’abizigirwa. Muri iyi misi ya nyuma y’isi ya Shetani, turi n’imvo zumvikana zo kwizigira yuko Yehova azoshigikira akongera agakingira abo bose babanza kurondera Ubwami bwiwe. Urama wibuka ko igihe Yeruzalemu yari mu misi yayo ya nyuma, Yehova yagumye aronsa Yeremiya ibifungurwa yongera aramukingira. Imana ntiyigeze imuheba. (Yer. 15:15; soma Gucura intimba 3:55-57.) Bishitse ugashikirwa n’imikazo, naho yoba imeze gute, niwemere udakeka ko Yehova yibuka ibikorwa umurangurira udahemuka. Kubera ko afise ubuntu bwuzuye urukundo, aripfuza kugufasha kugira ngo ‘ntuze uherengetere.’​—Int. 3:22.

Ni umuce uwuhe wa kamere y’ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova ugukwēgēra cane? Kubera iki?

“NDAHIYE UKUBAHO KWA YEHOVA . . . MU BUTUNGANE!”

14. Ni ibikorwa ibihe vy’akarenganyo uherutse kwibonera?

14 Hari abantu usanga bamara imyaka n’iyindi mw’ibohero bahowe ivyaha batakoze. Biranashika aho sentare icira umuntu urwo gupfa, ariko amaze kwicwa akaba ari ho haboneka ivyemeza yuko yari umwere. Mu bihugu bimwebimwe, biturutse ku bukene bw’ibifungurwa, usanga abavyeyi bemera bakagurisha abana babo ngo babe abaja kugira ngo umuryango ushobore kuronka ico wotamira. Uhora wumva umerewe gute ku bijanye n’ako karenganyo kiraye muri iki gihe? Wibaza ko Yehova we yumva amerewe gute? Bibiliya irerekana neza yuko yipfuza gukuraho ibintu vyose bitera imibabaro. Ni we wenyene ashoboye kubikora. Ku bw’ivyo rero, abakene be n’abacumukura bitabavuyeko muri iki gihe, barakwiye kurema. Yehova, we Mana y’ubutungane, hariho ivyo ariko arakora kugira ngo abakize imibabaro barimwo ubu.​—Yer. 23:5, 6.

Ifoto ku rup. 146

15, 16. (a) Ni ukuri ntaseswa ukuhe kwerekeye Yehova, Yeremiya yashize ahabona? (b) Ni kubera iki twokwizigira amategeko y’Imana n’imihango yayo?

15 Mu gihe ca Yeremiya, bamwebamwe bari bazi yuko ubutungane bw’Imana ari kamere yayo ihambaye. Nk’akarorero, uwo muhanuzi yaravuze ibijanye n’uko Abisirayeli bokwigaye ibicumuro vyabo, maze mu kwerekana yuko bigaye bivuye ku mutima, bakavuga bati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova, mu kuri, mu butungane no mu bugororotsi!” (Yer. 4:1, 2) Ukwo ni ukuri nk’ukurima kubera yuko akarenganyo ata kibanza gafise mu mugambi wa Yehova. Ariko rero, hariho n’ibindi bimenyamenya vyerekana ko Yehova akunda ubutungane.

16 Mu vy’ukuri, Imana yama nantaryo ishitsa ijambo ryayo kandi ntiyiyorobeka. Aho usanga abantu badashitsa ivyo basezeraniye abandi, Yehova we ntageza. Mbere n’amategeko agenga ibiriho, ayo yashizeho kandi natwe tukaba tuyungukirako, ni ntayegayezwa. (Yer. 31:35, 36) Turakwiye kandi kwizigira imihango yiwe be n’ingingo ziwe z’ubutungane, kubera ko zama nantaryo zitugirira akamaro.​—Soma Gucura intimba 3:37, 38.

17. (a) Yehova avyifatamwo gute igihe aba ariko aracira umuntu urubanza? (b) Ni kubera iki wokwizigira uburyo abakurambere batunganya ingorane zo mw’ishengero? (Raba uruzitiro ruri aho haruguru ruvuga ngo “Ni abacamanza mu gishingo ca Yehova.”)

17 Ku bijanye no guca imanza, Yehova ntiyigera afatira ku biboneka inyuma gusa. Araraba ibwina kugira ngo amenye akantu kose. Arasuzuma kandi imvo zatumye umuntu acumura. Muri iki gihe abaganga barashobora gukoresha ivyuma be n’ubuhinga bidasanzwe kugira barabe ukuntu umutima w’umurwayi utera, maze ivyo bigatuma bamenya neza ingorane ufise. Canke na ho barashobora gusuzuma amafyigo, ano akaba ajejwe kuyungurura amaraso. Yehova arakora n’ibiruta ivyo. Arasuzuma umutima w’ikigereranyo kugira ngo amenye imvo zituma umuntu akora ibintu, akongera agasuzuma amafyigo y’ikigereranyo, ayagereranya inyiyumvo ziri imbere mu muntu. Arashobora rero guca amenya ivyatumye umuntu akora ibintu mu buryo ubu canke buriya, akongera akamenya ingene uwo muntu yiyumva ku bijanye n’ivyo aba yakoze. Mushoboravyose ntarengerwa n’amakuru menshi y’ido n’ido aronka biciye kuri iryo suzuma agira yitonze. Mu buryo butandukanye cane n’umucamanza w’umuntu naho yoba yarakanongoreye, Yehova arakoresha neza ayo makuru yose mu buryo buri ku burimbane, imbere y’uko aducira urubanza.​—Soma Yeremiya 12:1a; 20:12.

NI ABACAMANZA MU GISHINGO CA YEHOVA

Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe ryanditse be no kw’ishengero rya gikirisu, yaramenyereje abakurambere arabereka ukuntu we aca imanza. Yarabahaye uburenganzira bwo kumuserukira mu bijanye no gutunganya ingorane zo mw’ishengero. Kubera ko abo bavukanyi ari abantu badatunganye, ntibashobora kumenya ibiri mu mutima nka Yehova. Naho biri ukwo, barafise icipfuzo co gufata abo basangiye ukwizera bisunze akarorero Imana Mushoboravyose ibaha. Barasenga basaba kuyoborwa na yo, kandi bakihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’ico baba bariko barihweza, ivyo bigatuma ‘baca imanza mu bugororotsi’ nk’uko Yehova ubwiwe abigira. (Yer. 11:20) Ku bw’ivyo, urafise imvo zumvikana zo kwizigira abakurambere, “kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa.”​—Heb. 13:17.

18, 19. Kumenya ubutungane bw’Imana bishobora kugira ico bikoze gute kuri twebwe?

18 Urafise rero imvo zikomeye zotuma wizigira Yehova, naho rimwe na rimwe vyoba bishika ijwi ryawe ryo mu mutima rikakubuza amahoro kubera amakosa uba warakoze. Urama wibuka yuko Yehova atari umushikirizamanza w’inshirwarimenetse arondera ivyotuma uhanwa, ahubwo riho, ni Umucamanza yuzuye impuhwe yipfuza kugufasha. Niba uguma ubuzwa amahoro n’ivyo waciyemwo canke ingorane wigeze kugiranira n’umuntu kanaka, nusabe Yehova yifatire mu minwe izo “mburano,” ni ukuvuga ivyo bintu bigutesha umutwe, kugira ngo ushobore kuvyibagira.c Ufashijwe n’Imana, urashobora kubona yuko Imana iha agaciro kanini cane umurimo mweranda uyirangurira.​—Soma Gucura intimba 3:58, 59.

19 Birumvikana rero yuko ya Mana y’ubutungane butagira agahaze yipfuza ko abarondera gushimwa na yo babwirizwa na bonyene gukora bisunga ubutungane. (Yer. 7:5-7; 22:3) Kwamamaza inkuru nziza tutavangura abantu ni uburyo buhambaye bwo kugaragaza ubutungane bw’Imana. Igihe witwararika cane ivyo gusubira kugendera abashimishijwe n’ukuri no kuyobora inyigisho za Bibiliya, uba vy’ukuri uriko ushira ahabona mu buryo ngirakamaro ingingo ngenderwako ziri hejuru z’Imana zerekeye ubutungane. Uti gute? Imana yipfuza ko abantu b’uburyo bwose biga ibiyerekeye maze bakazoronka ubukiriro. (Int. 3:25, 26) Ese ukuntu ari agateka watewe kuba ukorana n’Imana, ukagaragaza ubutungane bwayo mu gukora ico gikorwa ndokorabuzima!

Ni mu buryo ki ubutungane bwa Yehova buguhumuriza? Ushobora gute guhumuriza abandi mu kwigana ubutungane bw’Imana?

“SINZOGUMANA INZIKA GUSHIKA IGIHE KITAGIRA URUGERO”

20. (a) Yeremiya yavuze iki ku bijanye n’ukuntu Imana ifata abantu? (b) ‘Ukwicuza’ kwa Yehova gufitaniye isano gute n’ikigongwe ciwe? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ni mu buryo ki Yehova ‘yicuza’?”.)

20 Abantu benshi babona ko igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba ata kindi bibura atari ivyago gusa. Abantu nk’abo barirengagiza akamo gakora ku mutima Yehova yaza aratera abasavyi biwe ko kurondera guharirwa na we, nk’uko biboneka muri ivyo bitabu. Yahimirije Abayuda ati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi, inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza.” Ikindi gihe na ho, Yeremiya yabahimirije ati: “Inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza, kandi mugamburuke ijwi rya Yehova Imana yanyu, Yehova na we azokwicuza ku bijanye n’ivyago yabavuzeko.” (Yer. 18:11; 26:13) No muri iki gihe cacu, Yehova araharira abo bose bigaya vy’ukuri bagaheba ibikorwa vyabo bibi.

21. Yehova aba arondera iki igihe aharira umuntu?

21 Yamara rero, iyo Yehova avuze ibijanye no guharira umuntu, ntibigarukira mu majambo gusa. Iyo ahariye, ntiyisubirako. Yehova yarakoresheje Yeremiya kugira ngo ahimirize abasavyi biwe ati: “Nugaruke, ewe Isirayeli w’umuhemu . . . Sinzobarabana ishavu . . . Sinzogumana inzika gushika igihe kitagira urugero.” (Yer. 3:12) Imana ntirabana ishavu canke ngo igirire inzika umusavyi wayo wese iba yahariye. Ahubwo riho, Yehova aba yipfuza gusubira kugiranira na we ubucuti naho aba yakoze ikosa rimeze gute. Naho umuntu yoba yakoze ibicumuro bimeze gute, niba yigaye vy’ukuri maze akarondera guharirwa n’Imana, Yehova ‘azomugarukana,’ asubire kumutonesha no kumuhezagira. (Yer. 15:19) Ayo majambo asubiriza umutima mu nda arakwiye kuremesha uwo ari we wese yikuye kuri ya Mana y’ukuri, ngo ayigarukeko. Ntiwemera none ko ukuba Yehova aduharira bidukwegera kuri we?​—Soma Gucura intimba 5:21.

NI MU BURYO KI YEHOVA ‘YICUZA’?

Turashobora gutahura neza ingene Imana ari inyembabazi bimwe bihebuje igihe tuzirikanye ku kuntu ifata abantu bahora ari abacumuzi, ariko mu nyuma bakigaya. Imana ‘iricuza’ igihe ibonye yuko abo bacumuzi bisubiyeko maze bakayigamburukira. (Yer. 18:8; 26:3) Uti none yicuza mu buryo ubuhe?

Imana iratunganye kandi ntiyigera yihenda mu bijanye no guca imanza. Ni co gituma ukwicuza kwayo kutameze nka kurya gushikira umuntu igihe aba yihenze mu guca urubanza. Ahubwo riho, Yehova yicuza mu buryo bw’uko agira ivyo ahinduye bivanye n’amahinduka aba abonye mu mutima w’umuntu.

Ivyo ntibisobanura ko iyo ari ingingo Yehova aca afata ata co yisunze. Igihe abacumuzi bigaye, Yehova arahindura ukuntu yari asanzwe ababona. Hari incabwenge ziyumvira yuko ijambo rikomokamwo irivuga ry’igiheburayo rihindurwa ngo “kwicuza” ryakoreshejwe mu vyanditswe biri aho haruguru, riserura iciyumviro co “guhema ushikana,” kumbure igihe wiruhukije. Ivyo bica vyerekana ko igihe Yehova abonye yuko umuntu yigaye vy’ukuri, aca ahema ashikana, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, bigasa nk’aho yiruhukije. Imana irashobora kwitwararikana urukundo umuntu yigaye nka kurya nyene isanzwe ibigirira abo itonesha. Naho uwo mucumuzi ashobora kuba akiriko arashikirwa n’ingaruka z’ivyo yakoze, Imana yo irahimbarwa no kuba yarikubise agashi akagira ivyo ahinduye. Iragabanya “ivyago,” ni ukuvuga igihano iba yamuciriye. (Yer. 26:13) None ga yemwe, ni umucamanza wundi uwuhe yorondera kumenya ko umuntu yigaye vy’ukuri nk’uko Imana ibigira? Yehova arahimbarwa no kubigenza gutyo.​—Yer. 9:24.

Ifoto ku rup. 152

22, 23. Uko wigana Yehova mu bijanye no guharira abandi, ni ihangiro irihe ukwiye kwishingira?

22 Igihe umuntu akubabaje mu kuvuga canke mu gukora ikintu atabanje kwiyumvira, woba uzokwigana Yehova? Ku bijanye n’Abayuda bo mu gihe ca kera, Imana yavuze ko ‘yotyoroye’ abo yohariye. (Soma Yeremiya 33:8.) Arashoboye gutyorora abigaye vy’ukuri, ni ukuvuga akabahumanura, mu buryo bw’uko yibagira amakosa yabo, agatuma basubira kumusukurira. Ego ni ko, igihe umuntu ahariwe n’Imana ntibisigura ko aba atyorowe agakurwako agasembwa yarazwe ku buryo asigara ari umuntu atunganye, atagicumura. Yamara, hari icigwa dukura kuri ayo amajambo Imana yavuze ajanye no gutyorora abantu. Turakwiye kwihatira kwibagira udukosa abandi bantu batugirira, ivyo bikaba ari nk’aho twoba dutyoroye ukuntu twahora tubabona. Uti ivyo twobigira gute?

23 Dufate ko hari umuntu akugabiye akabumbano keza utoraba. Hamwe nya kabumbano kokwandura canke kakajako ikirabagu, woca ufata ingingo yo kugata? Habe namba. Kumbure woca wihatira kugasukura witonze, ukagakurako umukungu wose, eka mbere na ca kirabagu. Ushaka ko kaguma gasesuka, gaca ibibatsi. Muri ubwo buryo nyene, urashobora gukora uko ushoboye kwose kugira ngo ntugume ufitiye inzika canke ubona nabi uwo musangiye ukwizera yigeze kukubabaza. Nurwanye agatima ko kuguma wibanda ku majambo canke ku bikorwa bibabaza. Niwashobora kuvyibagira, uzoba utyoroye ukuntu wahora ubona uwo muntu be n’ukuntu wahora umwiyumvira. Igihe utyoroye umutima wawe, ukirinda kumwiyumvira nabi, birarushiriza kukworohera kwongera kugiranira na we ubucuti somambike.

24, 25. Ni ivyiza ibihe uzokwironkera niwamenya Yehova nk’uko Umwami Yosiya yari amuzi?

24 Gushika aha twarimbuye gusa bimwebimwe mu bikorwa vya Yehova be na zimwezimwe muri kamere ziwe twoshobora gutahura igihe tworushiriza kumumenya neza. Turabona rero ko iciza umwe wese muri twebwe akura ku kumenya neza Yehova ari uko birushiriza kutuvyurira umutima wo kumusenga mu buryo yemera. Nitwamenya neza Yehova nk’uko Umwami Yosiya yari amuzi, tuzogira ubuzima burangwamwo agahimbare, iyo na yo ikaba ari iyindi kamere y’Imana.

25 Nitwarushiriza kumenya neza Yehova bizotuma ubucuti dufitaniye n’abandi buba bwiza kuruta. Nitwihatira kugaragaza ubuntu bwuzuye urukundo, ubutungane be n’imbabazi nk’uko Yehova abigira, ivyo bizotuma ubucuti dufitaniye n’abandi mw’ishengero burushiriza gukomera no kuba ubw’agaciro. Vyongeye, tuzorushiriza kuba abigisha babishoye igihe dusubiye kugendera abashimishijwe bo mu cibare cacu be n’igihe tuyobora inyigisho za Bibiliya zitera imbere. Abashimishijwe n’ukuri bizoborohera kubaho rukirisu, kubera ko bazoba bibonera yuko natwe ari ko tubayeho. Ku bw’ivyo, tuzoba dufise ibikwiye vyose kugira ngo tubafashe gusenga Yehova mu buryo yemera, ni ukuvuga guca mu “nzira nziza.”​—Yer. 6:16.

Ni ubutumwa ubuhe bukwerekeye usanga mu Gucura intimba 5:21?

a Ku bijanye n’ivyago vyahavuye bishikira Yehoyakimu, raba muri iki gitabu ku kigabane ca 4, ingingo ya 12.

b Iyindi Bibiliya (The New English Bible) ihindura ayo majambo Yehova yavuze iti: “Naragukunze cane kuva kera na rindi, kandi n’ubu ndacakwitwararika ntarambirwa.”

c Niba hari uwo dusangiye ukwizera yakoze ikintu mu vy’ukuri gihonyanga itegeko ry’Imana, birakwiye kumenyeshwa abakurambere b’ishengero kugira ngo bashobore kwitwararika ico kibazo, bongere bamuronse imfashanyo zishingiye ku Vyanditswe.​—Yak. 5:13-15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika