IKIGABANE CA GATATU
“Uze ubabwire iri jambo”
1. (a) Yezu na Yeremiya bari bahuriye ku biki? (b) Kubera iki dukwiye kwigana Yeremiya mu busuku turangura?
YEZU KRISTU ni we karorero ntangere twigana mu kwamamaza inkuru nziza. Biri n’ico bivuze rero kubona abantu bo mu kinjana ca mbere bitegereza Yezu, rimwe na rimwe baribaza ko yari umuhanuzi Yeremiya. (Mat. 16:13, 14) Nk’uko vyari bimeze kuri Yezu, Imana ni yo yari yategetse Yeremiya kwamamaza. Nk’akarorero, igihe kimwe Imana yamubwiye iti: “Uze ubabwire iri jambo uti: ‘Ibi ni vyo Yehova . . . avuze.’” (Yer. 13:12, 13; Yoh. 12:49) Vyongeye, igihe Yeremiya yariko arangura ubusuku bwiwe, yaragaragaje kamere nk’iza Yezu.
2. Ni ibiki abantu bo muri iki gihe bakeneye bisa n’ivyo Abayuda bo mu gihe ca Yeremiya bari bakeneye?
2 Ariko rero, Ivyabona bamwebamwe boshobora kuvuga bati: ‘Igikorwa cacu co kwamamaza kiratandukanye n’ica Yeremiya. We yavugira Imana mw’ihanga ryari ryarayiyeguriye, mu gihe abenshi mu bo tubwira inkuru nziza usanga batazi Yehova.’ Ivyo ni ko biri koko. Yamara mu gihe ca Yeremiya, Abayuda nka bose bari baracitse “abatagira ubukerebutsi” kandi bari barahevye Imana y’ukuri. (Soma Yeremiya 5:20-22.) Bari bakeneye kugira ivyo bahinduye maze bagasenga Yehova mu buryo yemera. Abantu bo muri iki gihe na bo nyene, baba abiyita abakirisu canke abatari bo, barakeneye kwiga gutinya Yehova kandi bagakurikirana ugusenga kw’ukuri. Nimuze turimbure ukuntu, biciye ku kwigana Yeremiya, dushobora gusukurira Imana y’ukuri no gufasha abantu.
‘YEHOVA YAKOZE KU MUNWA WANJE’
3. Ni ikintu ikihe gihambaye Imana yagiriye Yeremiya agitangura igikorwa ciwe, kandi uwo muhanuzi yumvise amerewe gute?
3 Uribuka ko Yeremiya agitangura ubusuku bwiwe bwo kuba umuhanuzi, yabwiwe aya majambo agira ati: “Abo nzogutumako bose, ni bo uzojako; kandi ico nzogutegeka cose, ni co uzovuga. Ntuterwe ubwoba no mu maso habo, kuko ‘ndi kumwe nawe kugira nkurokore,’ ni ko Yehova avuze.” (Yer. 1:7, 8) Imana yaciye ikora ikintu Yeremiya atari yiteze. Yeremiya atubwira ati: “Yehova aca atuma ukuboko kwiwe agukoza ku munwa wanje. Maze Yehova ambwira ati: ‘Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe. Raba ngushinze igikorwa uyu musi.’” (Yer. 1:9, 10) Kuva ico gihe, Yeremiya yaciye amenya ko yariko avugira Imana Mushoboravyose.a Kubera ko Yeremiya yari ashigikiwe n’Imana, yagumye arushiriza gukorana umwete umurimo mweranda.—Yes. 6:5-8.
4. Vuga uburorero bw’abavukanyi na bashiki bacu usanga bafise umwete udasanzwe mu gikorwa co kwamamaza.
4 Muri iki gihe, Yehova nta musavyi wiwe n’umwe akorako bukoreko. Mugabo, abicishije ku mpwemu yiwe, aratuma bagira icipfuzo gikomeye co kwamamaza inkuru nziza. Abenshi muri bo usanga bakorana umwete udasanzwe. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye uwitwa Maruja wo muri Esupanye. Haraheze imyaka irenga 40 amaboko n’amaguru yiwe bidakakaza. Kubera ko kwamamaza inzu ku nzu ari urugamba kuri we, ararondera ubundi buryo butandukanye yokoresha kugira ngo agume ari umunyamwete mu busuku. Bumwe muri ubwo ni ukwandika amakete. Maruja arabwira umukobwa wiwe ku munwa ivyo yandika. Mu kwezi kwose Maruja be n’uwo twokwita umwanditsi wiwe bamaze bakoresha ubwo buryo, bararungikiye abantu amakete arenga 150, rimwerimwe ryose bakaba baza bararishiramwo agapapuro k’inkuru nziza. Utwo twigoro bagize twatumye inkuru nziza ishikira abantu bo mu mihana nka yose yo mu kigwati co mu micungararo yabo. Maruja yabwiye uwo mukobwa ati: “Nihagira ikete na rimwe rikorokera mu minwe y’umuntu w’umutima ugororotse, Yehova azoba aduhaye inyigisho ya Bibiliya.” Umukurambere wo muri ako karere avuga ati: “Ndakengurukira Yehova kubona hariho bashiki bacu, nk’akarorero Maruja, bigisha abandi guha agaciro ibintu bihambaye koko.”
5. (a) Ni gute Yeremiya yagumye afise umwete naho abantu batanegwa ubutumwa yashikiriza? (b) Ushobora gute kuguma ufise umwete wo kwamamaza inkuru nziza?
5 Mu gihe ca Yeremiya, abantu nka bose baba i Yeruzalemu ‘ntibahimbarwa’ n’ukuri kuva ku Mana. None uwo muhanuzi yoba yarahagaritse kwamamaza kubera ko benshi cane batanegwa ubutumwa yashikiriza? Habe namba! Yeremiya yavuze ati: “Nsigaye nuzuye ubushangashirwe bwa Yehova. Ndambiwe no kwigumya.” (Yer. 6:10, 11) Ushobora gute kuguma ufise umwete nk’ukwo kwa Yeremiya? Uburyo bumwe ni mu kuzirikana ku gateka ntangere watewe ko guserukira Imana y’ukuri. Urazi ko abantu bahambaye bo muri iyi si basize iceyi izina ry’Imana y’ukuri. Zirikana kandi ku kuntu indongozi z’amadini zabeshe abantu bo mu cibare wakebewe, nka kurya nyene kw’abaherezi bo mu gihe ca Yeremiya. (Soma Yeremiya 2:8, 26, 27.) Ariko rero, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana utangaza iragaragaza vy’ukuri ko abantu bashobora gushimwa n’Imana. (Int. 3:31, 32) Emwe, kuzirikana kuri mwene ukwo kuri birashobora kugufasha kuguma ufise umwete wo gutangaza inkuru nziza no gufasha abantu bemeze nk’intama.
6. Ni ingorane izihe ziteye ubwoba zashikiye Yeremiya?
6 Nta gukeka ko na wewe ubona yuko kugumana umwete mu busuku bwa gikirisu bitama nantaryo vyoroshe. Igihe Yeremiya yariko asukurira Yehova, na we nyene yarashikiwe n’ingorane zikomeye, harimwo no guhangana n’abahanuzi b’ikinyoma. Urashobora kwisomera ibijanye n’imwe muri zo ngorane mu gitabu ca Yeremiya ikigabane ca 28. Abantu benshi ntibitaho ubutumwa yashikiriza, kandi rimwe na rimwe yarumva ameze nk’agati kari mu mazi. (Yer. 6:16, 17; 15:17) N’ikindi kandi, vyarashika abansi biwe bagahakwa kumugandagura.—Yer. 26:11.
Kubera iki ukwiye kwizigira ko Yehova azogufasha gutsinda ingorane zigushikira mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza?
“WARAMPENZE, EWE YEHOVA”
7, 8. Ni mu buryo ubuhe Imana ‘yahenze’ Yeremiya ku neza yiwe?
7 Mu kiringo kimwe, igihe Yeremiya yaza aracokorwa yongera atukwa uko bukeye uko bwije, yaraseruriye Imana ukuntu yiyumva. Wibaza ko ari mu buryo ubuhe Yehova ashobora kuba ‘yarahenze’ uwo muhanuzi wiwe w’umwizigirwa, nk’uko bivugwa muri Yeremiya 20:7, 8?—Soma.
8 Yehova ntiyigeze abesha canke ahenda Yeremiya abigiranye uruyeri. Ahubwo riho, iyo mvugo itanga iciyumviro c’uko Imana ari ikintu yagize ku neza yiwe. Yeremiya yabona ko yariko arwanywa bimwe bikomeye ku buryo atobaye agishobora kurangura igikorwa yari yashinzwe n’Imana. Ariko rero, abifashijwemwo na Mushoboravyose, yarashoboye kurangura ico gikorwa. Ni nk’aho rero Yehova yari anesheje ubugoyagoye bwa Yeremiya, arerekana ko akomeye cane kumuruta. Igihe uwo muntu w’Imana yiyumvira ko yari yashikanye aho ubushobozi bwiwe bugarukira be n’uko atobandanije ico gikorwa, yabaye nk’uwuhenzwe mu buryo bw’uko Yehova yamuronkeje inkomezi zatumye akibandanya. Yeremiya abifashijwemwo n’Imana, yarashoboye kubandanya kwamamaza naho yari asanzwe afise ubugoyagoye, eka mbere hakaba hari n’abatanegwa ubutumwa yashikiriza, abamwiyamiriza be n’abamukorera ivy’ubukazi.
9. Ni kubera iki amajambo yo muri Yeremiya 20:11 ashobora gutuma ugira umutima rugabo?
9 Yehova yarabaye nk’“umunyenkomezi ateye ubwoba” yari kumwe na Yeremiya kugira ngo amufashe. (Yer. 20:11) Na wewe nyene Imana irashobora kugukomeza kugira ngo ugume ufitiye umwete ugusenga kw’ukuri no kugira ngo ugume utera uja imbere naho woshikirwa n’ingorane zikomeye gute. Niwihe ishusho Yehova ari iruhande yawe ameze nk’“umusoda w’umunyenkomezi,” nk’uko Bibiliya imwe ibivuga.—Contemporary English Version.
10. Ni igiki wiyemeje gukora igihe urwanijwe?
10 Intumwa Paulo yarashimitse kuri ico ciyumviro igihe yariko aremesha abakirisu bariko barwanywa. Yanditse ati: “Mwigenze nk’uko bibereye inkuru nziza yerekeye Kristu, kugira ngo . . . numve . . . yuko muhagaze mushikamye mu mpwemu imwe, murwanira hamwe urugamba mufatanye mu nda ku bw’ukwizera kujanye n’inkuru nziza, mudaterwa ubwoba mu buryo na bumwe n’ababarwanya.” (Flp. 1:27, 28) Nka kumwe kwa Yeremiya be n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, kwiheka ku Mana Mushoboravyose uko urangura ubusuku bwawe ni ikintu ushobora kugira kandi urakwiye kubigira. Bishitse hakagira abagutyekeza canke abakugirira nabi, uribuka ko Yehova ari iruhande yawe kandi ko ashobora kugukomeza. Ivyo yarabigiriye Yeremiya kandi aramaze no kubigirira abavukanyi bawe batari bake, akaba ari co gituma na wewe ashobora kubikugirira. Numutakambire umusaba ngo agufashe, wongere wizigire ko azokwishura amasengesho umutura. Na wewe nyene hari aho wokwiyumvamwo ko Imana ‘yaguhenze’ igihe ikuronkeje inkomezi zo gutsinda intambamyi ubigiranye umutima rugabo kandi udatinya. Emwe, woshobora gusanga ukoze ibiruta kure n’iyo ivyo wabona ko ushoboye.—Soma Ivyakozwe 4:29-31.
11, 12. (a) Ni ibiki wohindura kugira ngo ushobore kubwira inkuru nziza abantu benshi bashoboka? (b) Ni mu bindi bibanza ibihe vyo mu karere iwanyu ushobora kwamamarizamwo wisunze ifoto iri ku rupapuro rwa 39?
11 Ivyo dusoma ku bijanye n’umurimo Yeremiya yaranguye birashobora kudufasha mu mice itandukanye kugira ngo tube abasuku b’inkuru nziza babishoboye. Yeremiya amaze imyaka irenga 20 asukurira Yehova ari umuhanuzi, yarashoboye kuvuga ati: “Nagumye ndababwira, nzinduka nkavuga, mugabo ntimwumvirije.” (Yer. 25:3) Emwe, yarazinduka, nakare ngo igikorwa ni ica kare. Hoba hari ikintu c’ingirakamaro dushobora kwigira kuri ako karorero kiwe? Mu mashengero menshi, hari abamamaji bazinduka bakaja kubwira inkuru nziza abantu ku bituro vy’amabisi canke vy’amagariyamoshi. Mu turere two hagati mu gihugu, Ivyabona benshi baragendera kare mu gitondo abarimyi be n’abandi bantu usanga baba bari ku kivi ico gihe. Woba ubona ubundi buryo wewe ubwawe woshobora gukoresha mu gushira mu ngiro icigwa dukura ku busuku Yeremiya yaranguye adahemuka? Ubona gute hoho ibijanye no kuvyuka hakiri kare cane kugira ngo ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro ritangure umaze gushika?
12 N’ikindi kandi, kwamamaza inzu ku nzu ku muhingamo canke ku mugoroba akenshi usanga bivamwo ivyiza ntangere mu mihingo itari mike. Hari n’abamamaji usanga bamamaza mw’ijoro, bakagendera abakorera aho imiduga inyweshereza igitoro, mu mazu y’uburiro, no mu bindi bibanza vyo gucururizamwo usanga bikorerwamwo ijoro n’umurango. Woba ushobora kugira ivyo uhinduye ku rutonde rw’ibikorwa vyawe kugira ngo wamamaze igihe ushobora gusanga abantu benshi kuruta bari i muhira iwabo canke ahandi hantu?
Ni igiki gituma wemera udakeka ko Yehova agufashe mu mugongo uko wamamaza ubutumwa bwiwe?
13, 14. (a) Akarorero ka Yeremiya gahuriye hehe n’ivyo gusubira kugendera abashimishijwe? (b) Kubera iki dukwiye kuba abantu bubahiriza isango mu bijanye no gusubira kugendera abashimishijwe?
13 Igihe kimwe, Yehova yarategetse Yeremiya gutangaza ubutumwa bw’ubuhanuzi ahagaze ku marembo y’urusengero canke ya Yeruzalemu. (Yer. 7:2; 17:19, 20) Mu kubigenza gutyo, Yeremiya yaratumye abantu benshi cane bumva ijambo rya Yehova. Kubera ko abantu benshi, ushizemwo abagabo bakomakomeye b’ico gisagara, abadandaza, be n’abagwizatunga, bari basanzwe baca muri iryo rembo, Yeremiya ashobora kuba hari abo yabwiye ubwo butumwa akatari gake kugira ngo abafashe gutahura neza ivyo bari bamaze kwumva. Ni igiki none ivyo vyotwigisha ku bijanye no gusubira kugendera ababa bashimishijwe?
14 Yeremiya yari azi neza yuko igikorwa ciwe co kuba umuhanuzi w’Imana cotumye abantu barokoka. Igihe kimwe, kubera ko atari ashoboye kuja gushikiriza abantu ivyo Imana yari yamutegetse kubabwira, yararungitse umugenzi wiwe Baruki ngo ahamubere. (Soma Yeremiya 36:5-8.) Twokwigana gute Yeremiya muri ivyo? Igihe tubwiye umuntu yuko tuzogaruka kumuraba, twoba twubahiriza iryo sango? Niba tudashobora kwubahiriza isango twatanze ryo gusubira kugendera umuntu yashimishijwe canke ryo kurongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, twoba dutunganya ivy’uko hagira uwuhatubera? Yezu yavuze ati: “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego.” (Mat. 5:37) Kutayaga amasigaracicaro birahambaye cane kubera ko duserukira ya Mana y’ukuri kandi y’urutonde.—1 Kor. 14:33, 40.
Woba waragize ivyo uhinduye ku rutonde rwawe no ku buryo ukoresha mu kwamamaza kugira ngo ubwire inkuru nziza abantu benshi kuruta?
15, 16. (a) Abatari bake biganye gute akarorero ka Yeremiya mu bijanye no gukoresha uburyo butandukanye mu busuku? (b) Ni ikintu ikihe wokwigira ku vyashikiye mushiki wacu wo muri Shili, nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rwa 40?
15 Yeremiya yararemesheje Abayuda bari i Babiloni mu kubandikira ikete ryerekeye ‘ijambo ryiza’ rya Yehova ryavuga ko yobagarukanye mu gihugu cabo. (Yer. 29:1-4, 10) Muri iki gihe, ‘ijambo ryiza’ Yehova avuga ku bijanye n’ivyo yimirije gukora na ryo nyene rirashobora gukwiragizwa mu bantu biciye ku makete canke kuri telefone. Woba ushobora gukoresha ubwo buryo kugira ngo ufashe incuti zawe canke abandi bantu baba kure cane kibure usanga bigoye gushikira?
16 Igihe abamamaji b’Ubwami bo muri iki gihe biganye akarorero ka Yeremiya bagashitsa bimwe bishitse ubusuku bwabo, akenshi usanga havamwo ivyiza. Mushiki wacu umwe wo muri Shili yarabwiye inkuru nziza umugore umwe yari avuye ku gituro ca mwene za gariyamoshi zica mu mabarabara yo mu kuzimu. Uwo mugore yarahimbawe cane no kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya, maze aremera ko uwo mushiki wacu yomusanga iwe kugira ngo babandanye kuganira ku vyerekeye Bibiliya. Yamara, uwo mushiki wacu ntiyanditse aderese y’uwo mugore. Amaze gutahura yuko vyari bihambaye ko akurikirana uwo mugore yari yashimishijwe n’ukuri, yarasenze Yehova asaba ko yomufasha. Bukeye, yarasubiye kuri nya gituro, kuri ya saha nyene yabonana na nya mugore. Yarongeye kubonana na we. Ico gihe hoho, yaritwararitse kwandika aderese y’uwo mugore, mu nyuma aramugendera i muhira iwe kugira ngo amufashe gutahura Ivyanditswe. Imana igiye gushitsa imanza zayo kw’isi ya Shetani. Mugabo hariho icizigiro ku bantu bigaya maze bakizera inkuru nziza. (Soma Gucura intimba 3:31-33.) Ku bw’ivyo, nimuze twerekane ko ivyo tubifise ku muzirikanyi mu gukorera mu cibare cacu n’umwete mwinshi.
Woba ugira utwigoro twose dukenewe kugira ngo ukurikirane abantu bose bashimishijwe?
‘HARI AHO BOKWUMVIRIZA MAZE UMWE WESE AGAHINDUKIRA’
17. Ku bijanye n’abantu bo mu cibare wakebewe, ushobora gute kwigana agatima Yeremiya yagaragaza?
17 Yehova ntiyashaka ko abantu bahasiga ubuzima. Hasigaye nk’imyaka cumi ngo i Yeruzalemu hasangangurwe, Yehova abicishije kuri Yeremiya yaravuze ibijanye n’icizigiro cari kihari ku bari barajanywe ari inyagano i Babiloni. Dusoma duti: “Nzobashinga ijisho ngo ndabagirire neza, kandi nzobagarukana koko muri iki gihugu. Nzobubaka, sinzobasambura; nzobateragira, sinzobarandura.” Yeremiya yongeyeko ati: “Hari icizigiro ku bwa kazoza ka[nyu].” (Yer. 24:6; 26:3; 31:17) Yeremiya yabona abantu nk’uko Imana yababona. Yararanguye ubusuku bwiwe atiziganya, arashikiriza amajambo yo guhimiriza ya Yehova agira ati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi, kandi ibikorwa vyanyu mubigire vyiza.” (Yer. 35:15) Hari ubundi buryo ubona wokoresha kugira ngo ugaragaze ko witwararika bimwe bigera kure abantu bo mu cibare wakebewe?
18, 19. (a) Ni ukubona ibintu ukuhe dutegerezwa kwamirira kure, uko twamamaza inkuru nziza? (b) Nka kumwe kwa Yeremiya, dukwiye kubona ibintu mu buryo ubuhe?
18 Urukundo rugera kure Yeremiya yakunda abantu ntirwigeze rukanya. N’igihe Yeruzalemu hasangangurwa, Yeremiya yagumye abumvira impuhwe. (Soma Gucura intimba 2:11.) Abayuda ni bo bari bikwegeye ikara mu gashambara. Ariko rero, Yeremiya ntiyigeze abakora kw’itama. Ahubwo riho, yarababajwe cane n’ivyabashikiye. Muri ubwo buryo, ubusuku turangura ntibukwiye kuba ubwo guheza umwuga, ngo tubukore kubera ko gusa ari itegeko twahawe. Utwigoro tugira mu kwamamaza inkuru nziza dukwiye kugaragaza ukuntu urwo dukunda Imana yacu y’igitangaza be n’abantu baremwe mw’ishusho yayo rungana.
Abantu boba babona yuko witwararika ineza yabo?
19 Nta gateka canke igiti na kimwe twohabwa muri iyi si coza kiruta agateka twatewe ko gushingira intahe Imana y’ukuri. Yeremiya ni ko yabibona, kuko yanditse ati: “Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; ijambo ryawe rimbereye umwigino n’umunezero w’umutima wanje; kuko nitiriwe izina ryawe, ewe Yehova!” (Yer. 15:16) Nitwaguma twamamaza inkuru nziza, abandi bantu benshi bazoshobora kumenya Umwe yabaha ubuzima bongere bamukunde. Tuzotuma ivyo bishoboka, nitwasukurira Imana n’umwete mwinshi kandi tubitumwe n’urukundo, nka kumwe kwa Yeremiya.
Wisunze akarorero ka Yeremiya, ni ubundi buryo ubuhe bwo gukwiragiza ‘ijambo ryiza’ rya Yehova ugiye kugerageza gukoresha?
a Ku bijanye n’ico kintu cabaye, akenshi Yehova yarakoresha abamarayika batwara ubutumwa bwiwe kugira ngo bamuserukire, maze bakavuga nk’aho umengo ni we ubwiwe yaba ariko aravuga.—Abac. 13:15, 22; Gal. 3:19.