ICIGWA CA 48
Uko Wovyifatamwo mu Gufasha Abantu Kuzirikana
TURAKURA ubwatsi kubera ivyo Ijambo ry’Imana ryatumye duhindura mu buzima bwacu, kandi dushaka yuko n’abandi nyene bahungukira. Vyongeye, turatahura yuko ukuntu abantu bakira inkuru nziza kuzogira ico gukoze ku vyizigiro bafise vya kazoza. (Mat. 7:13, 14; Yoh. 12:48) Turashaka cane yuko bemera ukuri. Ariko rero, ukujijuka kwacu gukomeye be n’umwete tugira bikwiye gushirwa hamwe n’ukwiyubara kugira ngo turangure ikintu ciza cose gishoboka.
Gupfa kuvuga amajambo y’ukuri ashira ku kabarore ikinyoma c’ivyo uwundi muntu akunda rwose, naho nyene ayo majambo woba uyashigikiza imirongo myinshi yo mu Vyanditswe, mu bisanzwe ntivyakirwa neza. Nk’akarorero, nimba imisi mikuru imenyerewe uyiciriye urubanza yuko ifise inkomoko ya gipagani, ivyo bishobora kudahindura ingene abandi bantu biyumvira ku biyerekeye. Ugize ibitegereka kenshi uzorushiriza kwererwa. Kugira ibitegereka bisaba iki?
Ivyanditswe bitubwira yuko “ubgenge buva mw ijuru . . . [ari] ubg’amahoro, [“bugira ibitegereka,” NW].” (Yak. 3:17) Ijambo ry’Ikigiriki ngaha ryahinduwe ngo “[k]ugira ibitegereka” ijambo ku rindi risobanura “kwiyorosha.” Impinduro zimwezimwe zirihindura ngo “kwubahiriza,” “kwitonda,” canke “kwihangana.” Urabona yuko ukugira ibitegereka biri kumwe n’ukuremesha amahoro. Muri Tito 3:2, bivugwa biri kumwe n’ubugwaneza kandi bigahushanywa no kwitoraguza. Mu B’i Filipi 4:5, haduhimiriza kumenyekana ko turi “abagira ibitegereka.” (NW) Umuntu agira ibitegereka ntiyirengagiza kahise k’uwo ariko aravugisha, uko ivyiwe vyifashe be n’inyiyumvo ziwe. Aba afise umutima ukunze wo kwiyorosha igihe bibereye ko abigira. Gufata abandi muri mwene ubwo buryo birafasha kwugurura ubwenge bwabo n’imitima yabo kugira ngo barushirize kwakira ivyo tubabwiye igihe tubafasha kuzirikana ku Vyanditswe.
Aho Twohera. Luka umwanditsi w’ivya kahise avuga yuko igihe intumwa Paulo yari i Tesalonike, yakoresheje Ivyanditswe, “abibasobanurira, [“yerekana aho abikura,” NW], yuko Kristo yar’uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye.” (Ivyak. 17:2, 3) Birahambaye kubona Paulo ivyo yabigize mw’isinagogi y’Abayuda. Abo yariko arabwira baremera icese ko Ivyanditswe vy’Igiheburayo bifise ububasha. Vyari bibereye ko atangurira ku kintu bemera.
Igihe Paulo yariko aravugisha Abagiriki kuri Areyopago muri Atenayi, ntiyatanguriye ku kubereka Ivyanditswe. Ahubwo, yatanguriye ku bintu bari bazi kandi bemera, kandi ni vyo yakoresheje kugira ngo abashikane ku kwihweza ivyerekeye Umuremyi be n’imigambi yiwe.—Ivyak. 17:22-31.
Mu bihe vya none, hariho abantu amamiliyoni batemera ko Bibiliya ifise ububasha mu buzima bwabo. Ariko hafi ubuzima bw’umuntu wese burashikirwa n’ibintu bibabaje muri uru runkwekwe rw’ibintu. Abantu baripfuza cane ikintu kirushirije kuba ciza. Ubanje kwerekana yuko urajwe ishinga n’ibintu bibahagarika umutima maze ukerekana ingene Bibiliya ibisigura, mwene ukwo kubavugisha kwoshobora kubasunikira ku kwumviriza ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye umugambi Imana ifitiye abantu.
Bishoboka ko iragi umutohoji wa Bibiliya yahawe n’abavyeyi biwe ririmwo n’ivyizerwa hamwe n’imigenzo vy’idini. Ubu na ho, nya mutohoji yize yuko ivyo vyizerwa n’iyo migenzo bidahimbara Imana, maze akabitera akagere kubera ivyo yigishijwe muri Bibiliya. Uwo mutohoji ashobora gute gusigurira abavyeyi biwe iyo ngingo yafashe? Mu gutera akagere iragi ry’ivy’idini bamuhaye, bashobora kwiyumvira yuko ari bo ariko aratera akagere. Nya mutohoji wa Bibiliya ashobora gushika ku ciyumviro c’uko imbere y’uko asigura icatumye afata iyo ngingo yisunze Bibiliya, azokenera gusubiriza umutima mu nda abavyeyi biwe yuko abakunda be n’uko abubaha.
Igihe co Kwiyorosha. Naho Yehova ubwiwe afise ubukuru bwose bwo gutegeka, arerekana ko agira ibitegereka mu buryo bwibonekeje. Igihe abamarayika ba Yehova bariko barahungisha Loti n’umuryango wiwe babakura i Sodomu, bamuhimirije bati: “Hungira kur’iriya misozi, woye kuranduka.” Yamara, Loti yasavye ati: “Oyaye mugenzi, s’uko!” Yasavye yinginga ngo bamwemerere guhungira i Sowari. Yehova yarubahirije Loti mu kumwemerera kugira ivyo; ari co gituma igisagara Sowari cazigurijwe igihe ibindi bisagara vyasangangurwa. Ariko rero, mu nyuma Loti yarakurikije uburongozi bwa Yehova bwo mu ntango maze aja mu misozi. (Ita. 19:17-30) Yehova yari azi yuko inzira yiwe yari igororotse, ariko yarerekanye yihanganye ko yubahiriza abandi gushika Loti ayitahuye.
Kugira ngo twererwe mu vyo tugirana n’abandi, na twebwe dukeneye kugira ibitegereka. Turashobora kuba tuzi neza yuko uwundi muntu ivyo avuga atari vyo, kandi dushobora kuba tuzi ivyiyumviro bikomeye vyobigaragaza. Mugabo rimwe na rimwe biraba vyiza kudahatira nya muntu ku kwemera ko yavuze ibitari vyo. Ukugira ibitegereka ntibisigura kudohoka ku ngingo mfatirwako za Yehova. Vyoshobora gusa kurushiriza kuba vyiza dushimiye nya wundi muntu ku bwo kuba agize ico avuga, canke ukareka amajambo amwamwe atari yo akarengana utagize ico uyavuzeko kugira ngo ushobore gushimikira ikiganiro cawe ku kintu kizorushiriza kuvamwo iciza. Naho nyene yorwanya ivyo wemera, ntuhazuke. Woshobora kumubaza igituma yiyumvira ukwo. Niwumvirize witonze inyishu aguha. Ivyo bizotuma umenya ivyo yiyumvira. Biranashobora gucira inzira ibiyago vyubaka vyo mu gihe kizokurikira.—Imig. 16:23; 19:11.
Yehova yarahaye abantu ubushobozi bwo guhitamwo. Arabareka bagakoresha ubwo bushobozi, naho nyene bashobora kutabukoresha mu buryo buranga ubukerebutsi. Bwa muvugizi wa Yehova, Yosuwa yariganye ivyo Imana yagiranye na Isirayeli. Mugabo mu nyuma yavuze ati: “Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’imana z’Abamori ben’iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.” (Yos. 24:15) Igikebere cacu muri iki gihe ni ico gushinga “icabona,” kandi turavugana ukujijuka, mugabo ntiduhata abandi ngo bizere. (Mat. 24:14) Babwirizwa guhitamwo, kandi ntitubabuza ubwo burenganzira.
Nubaze Ibibazo. Yezu yaratanze akarorero kibonekeje mu vyo gufasha abantu kuzirikana. Ntiyirengagiza kahise kabo kandi yarakoresha ibigereranirizo bokwemera bitagoranye. Yaranakoresheje ibibazo mu buryo kirumara. Ivyo vyarahaye abandi akaryo ko kugira ico bavuze hanyuma bagaserura ivyaba biri mu mitima yabo. Vyarabaremesheje kandi kuzirikana ku bintu vyaba biriko birarimburwa.
Hari umugabo yari umuhanga mu Vyagezwe yabajije Yezu ati: “Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?” Yezu yari gushobora kumwishura bitagoranye. Mugabo yarasavye nya muntu kwisigura. “Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’usoma iki?” (Ni twe tubihiritse.) Nya mugabo yishuye neza. Kuba yaratanze inyishu yo, vyoba vyatumye ico kiganiro gihagararira aho? Ihibambewe. Yezu yararetse nya mugabo arabandanya, kandi ikibazo nya mugabo ubwiwe yabajije cagaragaje yuko yariko aragerageza kwiyerekana ko ari umugororotsi. Yabajije ati: “Mbega mugenzanje ni nde?” Ha kumusigurira, ivyo na vyo nya mugabo akaba yari guca aharira kubera inyifato y’Abayuda yari yiganje ku biraba Abanyamahanga n’Abasamariya, Yezu yamusavye kuzirikana ku kigereranirizo kimwe. Cari cerekeye Umusamariya w’imbabazi yafashije umuntu w’ingenzi yari yambuwe n’abambuzi akongera agakubitwa, ariko umuherezi be n’Umulewi bo ntibamufasha. Yezu akoresheje ikibazo gisanzwe, yaramenye neza ko nya mugabo yategereye nya kigereranirizo. Uburyo Yezu yakoresheje mu gufasha uwo muntu kuzirikana bwatumye ijambo ‘umugenzi’ rigira insobanuro nya mugabo atari bwigere ategera. (Luka 10:25-37) Mbega ukuntu ari akarorero keza ko kwigana! Kukaba nkako, aho kuvuga vyose wenyene, ngo uzirikane mu kibanza c’umunyamuhana, niwige uburyo bwo gukoresha ibibazo be n’ibigereranirizo biranga ubwenge kugira ngo uremeshe uwukwumviriza kuzirikana.
Nutange Imvo. Igihe intumwa Paulo yavugira mw’isinagogi i Tesalonike, ntiyasomye gusa mu gitabu gifise ububasha abamwumviriza bemera. Luka avuga yuko Paulo yasiguye, agatanga ikimenyamenya kandi akerekana uwo ivyo yasoma vyari vyerekeye. Ico vyavuyemwo, “bamwe muri bo [barizeye], bīfatanya na Paulo na Sila.”—Ivyak. 17:1-4.
Utaravye aboshobora kuba bari mu bakwumviriza, mwene ubwo buryo bwo gufasha abantu kuzirikana burashobora kuba ngirakamaro. Ivyo ni ko bimeze igihe ushinga intahe ku ncuti, uvugisha abo mukorana canke mwigana, uganiriza abantu utazi igihe ushinga intahe ku mugaragaro, urongora inyigisho ya Bibiliya, canke igihe utanga insiguro mw’ishengero. Igihe usoma icanditswe, insobanuro ishobora kuba yumvikana kuri wewe mugabo kumbure ikaba itumvikana ku wundi muntu. Insobanuro utanga canke ukuntu werekana ingene nya canditswe coshirwa mu ngiro bishobora kwumvikana nk’aho umengo ni amajambo y’ivyo wewe ubwawe wemera. Mbega none kurobanura no gusigura amajambo y’ishimikiro amwamwe ari muri ico canditswe ntivyofasha? Vyoba bishoboka ko ushikiriza ikimenyamenya kibishigikira, bishobotse kikaba kivuye mu majambo akikije ivyo wasomye canke kikaba kivuye mu kindi canditswe kivuga ivy’ico kiganiro? Ikigereranirizo coba coshobora kwerekana ko ivyo wavuze bitegereka? Ibibazo vyoba vyoshobora gufasha abakwumviriza kuzirikana kuri ico kintu? Mwene ubwo buryo bwo gufasha abantu kuzirikana buratuma abandi babona ibintu neza kandi bugatuma bagira vyinshi bazirikanako.