ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb12 rup. 88-163
  • Norveje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Norveje
  • Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • IMBUTO Z’UBWAMI ZAMA
  • INKURU NZIZA ISHIKA MU YINDI MIHINGO YA NORVEJE
  • BAMWEBAMWE MU BATSIMVYI BA MBERE
  • ABAVUKANYI BAKOMEZWA
  • BAKORA CANE IMBERE YO MU 1914
  • HABA ITERAMBERE, HANYUMA INGORANE
  • BASUBIRA KUGIRIRA ISHAKA IGIKORWA
  • IBINTU BITUNGANYWA NEZA KURUTA HAKABONEKA N’INYUBAKWA NSHASHA
  • ISHIRAHAMWE RIGIZWE N’IVYABONA B’ABANYAMWETE
  • I BERGEN HABA ITERAMBERE RYIZA
  • ABAMAMAJI B’ABANYAMWETE B’I OSLO
  • ‘BARI BAFISE AGATIMA KABEREYE KOTUMYE BARONKA UBUZIMA BUDAHERA’
  • “BARATANGUYE KUZA!”
  • BAKORESHA AMATO MU GUTOROROKANYA RYA SINZI RININI
  • MUSHIKI WACU W’UMUTSIMVYI W’UMUNYAMWETE
  • KURAGIRA INTAMA Z’IMANA
  • INTAMBARA YA KABIRI Y’ISI YOSE IBICA BIGACIKA MURI NORVEJE
  • IBISOHOKAYANDIKIRO BIFATWA, ABAVUKANYI BAGAFATWA, IGIKORWA NA CO KIKABUZWA
  • BAKORANIRA HAMWE IGIHE IGIKORWA CARI KIBUJIJWE
  • BAKORERA MU KINYEGERO
  • BAGUMYE BAMAMAZA
  • BUNGA UBUMWE MU MURIMO WA YEHOVA
  • ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA RITERA IMBERE
  • BAREMESHWA GUKORA UBUTSIMVYI
  • “ABAROVYI B’ABANTU”
  • “DUKORA IGIKORWA GIHAMBAYE”
  • IBINTU VY’INTIBAGIRWA MU BIJANYE N’AMATEGEKO
  • AMAHWANIRO Y’INTIBAGIRWA
  • “KWAMAMAZA NI BWO BUZIMA BWACU”
  • KWITWARARIKA INTAMA ZA YEHOVA
  • ABASAMI BAKIRA INKURU NZIZA
  • IGIHE CARI CITEGANYWE IGISHIKA
  • IBIRO VY’ISHAMI BISHASHA
  • HUBAKWA INGORO Z’UBWAMI MU KIRINGO GITOYI
  • “ABAVUKANYI TWESE TWARAKOMEJWE”
  • IBIKORWA VYIYONGERA KURI BETELI
  • GUKORERA AHARI INKENERO KURUTA AHANDI
  • GUSHINGA INTAHE MU ZINDI NDIMI
  • AMAKOMITE AJA INAMA N’IBITARO
  • BATSINDA IGITERO CO KWAMBIKWA IBARA N’IBIMENYESHAMAKURU
  • ‘KWITEGURIRA UMUSI WA YEHOVA’
  • BAREREWE MU MURYANGO W’IVYABONA
  • BARARINDIRIYE KAZOZA BIZEYE YEHOVA
Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
yb12 rup. 88-163

Norveje

UMUGABO akiri muto yitwa Knud Pederson Hammer ari mu gice c’ubwato c’amaja imbere akaba ariko aritegereza n’umunezero mwinshi inkengera ya Norveje. Knud yahoze ari umupasitori mw’idini ry’Ababatiste ryo muri Leta ya Dakota ya Ruguru muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hakaba hari haheze umwaka abaye Umutohoji wa Bibiliya (ukwo ni ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe). Ubu rero ni mu mwaka wa 1892, akaba aje mu gihugu ciwe c’amavukiro kugira abwire inkuru nziza abagenzi biwe n’incuti ziwe.

Benshi mu Banyanorveje imiliyoni zibiri baba muri ico gihugu ico gihe bari mw’idini ry’Abaluteri rya Leta. Knud yari ashashaye gufasha Abanyanorveje b’umutima nziraburyarya kugira bamenye ya Mana y’ukuri Yehova no kugira ngo batahure ko iyo Mana y’urukundo itababariza abantu mu muriro udahera. Yaripfuza kandi kubabwira ibijanye n’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi igiye kuza, aho isi izohinduka Iparadizo.

Uko ubwo bwato bwegereza ku nkengera, ni ko Knud yaguma yitegereza imisozi n’utubande vyo muri ico gihugu giteye igomwe, igihugu kirekire ariko kitagutse, kigizwe n’imisozi miremire iriko ibibarafu, uduce tureture tw’amazi y’ikiyaga twinjira hagati y’ibitandara be n’amashamba manini cane. Yarabonye ko bitari vyoroshe gushika mu turere tubamwo abantu dukwiragiye hirya no hino muri ico gihugu, utwarimwo amabarabara make n’ibiraro bike. Naho Abanyanorveje benshi baba mu bisagara bininibinini, abandi usanga baba mu turere two mu gihugu hagati, mu bisagara vy’uburovyi canke mu mazinga amajana n’amajana yo ku nkengera y’ico gihugu. Naho ico gihe muri Norveje hari ingorane ziteye ubwoba, ivyiza vyavuye mu gikorwa co kwamamaza Knud yakoze be n’iyongerekana ry’abasenga Imana mu kuri usanga biremesha kandi bigakomeza ukwizera kw’abasavyi b’Imana aho boba bari hose.

IMBUTO Z’UBWAMI ZAMA

Naho abantu bamwebamwe bo mu gisagara Knud yavukamwo ari co Skien bashimishwa n’ubutumwa yashikiriza, ntiyashoboye kugumana na bo kuko yabwirijwe gusubira kuraba umuryango wiwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko rero mu 1899, yarasubiye muri Norveje abisabwe na Charles T. Russell, uwari ahagarikiye igikorwa c’Abatohoji ba Bibiliya ico gihe. Umuvukanyi Russell yashaka ko Knud atanguza ishengero muri Norveje. Knud yagiye atwaye amakopi makeyi y’ibitabu bibiri vya mbere vyo muri rwa rukurikirane rw’ibitabu L’Aurore du Millénium (ivyahavuye vyitwa Étude des Écritures), vyari vyarahinduwe mu kidanemarke kivanze n’ikinorveje. (Ico gihe ikinorveje candikwa cokimwe n’ikidanemarke, akaba ari co gituma ivyo bitabu vyashobora gusomwa n’Abanyadanemarke be n’Abanyanorveje.) Knud yarabwiye inkuru nziza abantu benshi yongera aratanga ibitabu bimwebimwe, ariko haciye igihe vyarabaye ngombwa ko asubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu mwaka wakurikiye, uwitwa Ingebret Andersen, uwaba hafi ya Skien, yararonse igitabu Le Plan des Âges, kumbure kikaba ari kimwe muri bimwe Knud yari yarazanye muri Norveje. Ingebret yari amaze igihe kitari gito arondera kumenya ibijanye n’ico bita ukuza kwa kabiri kwa Kristu. Aho we n’umukenyezi wiwe Berthe baronkeye ico gitabu baciye bazirikana cane ku vyo bari basomye muri co. Ingebret ntiyatevye guca atangura kubwira abandi inkuru nziza. Yaranaja mu nsengero kubwira abantu ibijanye n’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Mu nyuma yarasubira kugendera abashimishijwe, kandi i Skien ntihatevye kuboneka ishengero ryari rigizwe n’Abatohoji ba Bibiliya nka 10 b’abanyamwete.

Igihe incuti ya Knud yamumenyesha ibijanye n’iryo shengero ritoyi ry’i Skien, yaciye asubira muri Norveje mu 1904 kugira ngo abonane na Ingebret. Knud yarahuye n’umugabo umwe mw’ibarabara maze amubaza ati: “Hari umuntu yitwa Ingebret Andersen yoba aba muri aka karere?” Nya mugabo yishuye ati: “Ego, ni jewe.” Knud yaranezerewe cane ku buryo yaciye yugururira isakoshi yiwe aho nyene mw’ibarabara kugira yereke Ingebret ibitabu yari aje azanye. Nta gukeka ko Ingebret na we nyene yahimbawe cane no kuba yarabonanye na Knud akongera akabona uwo mukama w’ibitabu.

Knud yarabwiye n’umunezero mwinshi Abanyanorveje nka we bari basangiye ukwemera ibijanye n’ishirahamwe be n’igikorwa co kwamamaza. Naho haciye igihe Knud yasubiye kuraba umuryango wiwe waba ico gihe muri Kanada, ishengero ry’i Skien ryari ryaronse indemesho zihagije zotumye ritera imbere.

INKURU NZIZA ISHIKA MU YINDI MIHINGO YA NORVEJE

Igikorwa co kwamamaza muri Norveje carashigikiwe cane mu 1903 igihe haza abamamaji b’igihe cose batatu b’abanyamwete ari bo Fritiof Lindkvist, Viktor Feldt, na E. R. Gundersen. Fritiof yashikiye i Kristiania ku murwa mukuru w’ico gihugu (ubu hakaba hitwa Oslo). Mu 1904 inzu yabamwo yaciye igirwa ibiro vy’ishirahamwe Watch Tower Society, aho amakomande y’ibisohokayandikiro n’ama abonema y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni vyagirirwa.

Mu mpera z’umwaka wa 1903, igihe umuvukanyi Gundersen yariko aramamaza i Trondheim hagati muri Norveje, yarabwiye inkuru nziza umugore yitwa Lotte Holm, na we aremera kwakira ibisohokayandikiro bimwebimwe. Uwo mugore yahavuye aja iwabo mu karere ka Narvik, amaja kw’isonga rya ruguru ry’isi, maze aba we mwamamaji wa mbere mu buraruko bwa Norveje. Mu nyuma, Viktor Feldt yaragiye i Narvik maze arafasha abagabo babiri n’abakenyezi babo baraba Abatohoji ba Bibiliya. Bahavuye bamenyana na Lotte, kandi uwo mugwi mutoyi ntiwatevye kwama uhurira hamwe kugira wige Bibiliya. Mwenewabo na Lotte yitwa Hallgerd, na we nyene yaremeye ukuri hanyuma bompi bahava baba abatsimvyi b’abanyamwete, bakaba barasukuriye mu mihingo itandukanye ya Norveje.

Umuvukanyi Feldt na Gundersen bararoraniwe canecane mu gikorwa co kwamamaza baranguriye i Bergen mu 1904 no mu 1905. Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo ku wa 1 Ntwarante 1905 (mu congereza) wavuze uti: “Hari umupasitori akomeye wo mw’idini ryitwa Mission libre ry’i [Bergen] yanyuzwe n’ukuri, ubu akaba ariko arabwira Injili y’ukuri abantu benshi bahora basenga hamwe kandi bamutega yompi.”

Uwo mupasitori yari Theodor Simonsen, akaba yahavuye yirukanwa mw’idini rya Mission libre ahowe yuko yigisha ukuri gushasha kwiza igitangaza yari yakuye mu bisohokayandikiro vyacu. Ngo “ata gapfuye ntagakira,” Abatohoji ba Bibiliya bungukiye aho iryo dini rihombeye. Theodor yari umuvukanyi ashimwa cane mu basavyi ba Yehova kandi yari umushikirizansiguro abishoboye. Yahavuye yimukira i Kristiania, ahari ishengero ry’Abatohoji ba Bibiliya ryariko riratera imbere.

BAMWEBAMWE MU BATSIMVYI BA MBERE

Nko mu 1905, ibisagara bine ari vyo Skien, Kristiania, Bergen na Narvik, ni vyo vyari birimwo amashengero y’Abatohoji ba Bibiliya. Budakeye na kabiri, abamamaji b’abanyamwete batari bake baratanguye umurimo w’ubutsimvyi maze baratuma inkuru nziza ishika mu yindi mihingo myinshi y’ico gihugu. Abo batsimvyi bo mu ntango wasanga baciye mu bintu bitandukanye bitangaje.

Mushiki wacu yitwa Helga Hess ni we yabaye umutsimvyi wa mbere muri Norveje. Yari impfuvyi akaba yaba i Bergen, aho yari umwigisha muri mwene rya shure ry’ivy’idini ryo ku wa mungu kuva afise imyaka 17. Igihe yumva Theodor Simonsen ariko arigishiriza muri rya dini rya Mission libre ivyo yari yakuye muri kimwe mu bitabu vy’Abatohoji ba Bibiliya, yarashimishijwe n’ukuri maze aca aratangura kubisoma. Yaciye atanga imihoho muri rya shure yigishamwo, maze mu 1905, afise imyaka 19, aca atangura kwamamaza inkuru nziza i Hamar be n’i Gjøvik.

Igihe kimwe mu 1908, umugabo yitwa Andreas Øiseth yariko aragegena ibigiga vyo gucana mw’itongo ry’umuryango wabo ryo hafi y’i Kongsvinger igihe umutsimvyi umwe yamubwira inkuru nziza akongera akamusigira igitabu Le divin Plan des Âges. Andreas, uwari mu gushikana imyaka 20 canke akaba ayirengeje gatoya, yarahimbawe n’ivyo yasomye aca arasaba n’ibindi bisohokayandikiro. Haheze amezi nk’angahe, iryo tongo yaciye arizeza umwe muri batoyi biwe hanyuma aca atangura gukora ubutsimvyi. Mu myaka umunani yakurikiye, yari amaze kwamamaza inkuru nziza hafi mu mihingo yose y’ico gihugu. Ubwa mbere yajanye amaja mu buraruko, agendera kw’ikinga mu gihe c’ici, mu gihe ca shelegi na ho akagendera ku kintu gikwegwa n’ibikoko (ico bita traîneau). Igihe yashika i Tromsø, yaciye atera aja amaja mu bumanuko maze ahetura uturere twose two ku nkengera y’ikiyaga gushika i Kristiania.

Mushiki wacu yitwa Anna Andersen w’i Rygge, hafi y’i Moss, na we nyene ni umwe mu batsimvyi bo mu ntango bo muri ico gihugu. Hari haciye imyaka itari mike ari umwe mu bakuru b’umuhari witwa Armée du Salut kandi yari yihebeye gufasha aboro. Nko mu 1907 yarasomye bimwebimwe mu bitabu vyacu maze aca arabona ko yari yubuye ukuri. Ari i Kristiansund yarabonanye n’uwundi mukuru w’uwo muhari nyene yitwa Hulda Andersen (yahavuye yitwa Øiseth), na we nyene yarashimishijwe n’ukuri kwo muri Bibiliya. Budakeye na kabiri abo bagore babiri barafashe urugendo rurerure berekeza mu buraruko bari mu bwato butwarwa n’imoteri ikoreshwa n’umwuka bwagendera hafi y’inkengera y’ikiyaga, ku buryo bagiye bagashika i Kirkenes, hafi y’urubibe ico gihugu gihana n’Uburusiya. Ku kivuko ico ari cose bashikako, baca bava mu bwato bakaja gushikiriza ibitabu. Nko mu 1912, Anna yarasavye ubutsimvyi. Yaramaze imyaka mirongo aca mu mihingo yose y’ico gihugu agendera mu bwato canke kw’ikinga, agashikiriza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu bisagara nka vyose vyo muri Norveje. Yaramaze igihe kitari gito mu bumanuko i Kristiansand, aho yashigikiye bimwe biboneka ishengero ryaho ryariko riratera imbere.

Uwitwa Karl Gunberg yari yahoze ari intwazangabo mu basoda barwanira mu mazi imbere y’uko aba Umutohoji wa Bibiliya. Yatanguye gukora ubutsimvyi nko mu 1911 igihe yari afise imyaka 35, akaba yari abeshejweho n’igikorwa co kwigisha gutwara ubwato. Naho Karl yasa n’umuntu akaze, yari azwi ko ari umuntu yegereka kandi atwenza. Yaramamaje inkuru nziza hirya no hino muri Norveje gushika ageze mu zabukuru, kandi ukuba yari yarigeze kuba intwazangabo mu basoda barwanira mu mazi be n’uwigisha gutwara ubwato vyaramufashije cane mu gukwiragiza inkuru nziza, nk’uko tuza kubibona.

ABAVUKANYI BAKOMEZWA

Muri Gitugutu 1905, abavukanyi baragize umunezero mwinshi kw’iteraniro rya mbere ryabereye i Kristiania. Iryo teraniro ryitabwe n’abantu nka 15, habatizwa 3. Mu 1906 harabaye iteraniro i Bergen, kandi kuva mu 1909 kubandanya, buri mwaka haratunganywa amateraniro, aho wasanga insiguro zishikirizwa n’abavukanyi bavuye muri Danemarke, Finlande no muri Suwede. Bamwebamwe muri abo bavukanyi baragendera amashengero nka kurya kw’abacungezi b’ingenzi b’iki gihe.

Ingendo umuvukanyi Russell yagize muri ico gihugu ni vyo bintu bidasanzwe vyabaye muri iyo myaka. Mu 1909 yaragendeye i Bergen n’i Kristiania. Ese ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bahimbawe n’ako karyo ko kuba kumwe na we no kwumviriza insiguro ziwe! Urugendo rugira kabiri umuvukanyi Russell yagize mu 1911 rwaratangajwe cane, kandi abavukanyi na bashiki bacu 61 bari bakoraniye hamwe kugira ngo bumvirize insiguro yiwe y’icese barahimbawe no kuba iyo nsiguro yitabwe n’abantu bagera ku 1.200!

Haciye imyaka itatu, umuvukanyi Russell yaragenye Henry Bjørnestad ngo yame agendera abavukanyi bo muri Norveje no muri Suwede, aba abaye umucungezi w’ingenzi wa mbere w’Umunyanorveje.

BAKORA CANE IMBERE YO MU 1914

Mu 1910 harabonetse igikoresho ngirakamaro co kwamamaza cari kigizwe n’urukurikirane rw’udupapuro tw’inkuru nziza twitwa La Tribune du Peuple. Ico gikoresho carafashije Abatohoji ba Bibiliya benshi kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza. Kubera ko abavukanyi na bashiki bacu bari bashashaye gushira ku kabarore amakosa agirwa mu madini be no gusigura ukuri kwo muri Bibiliya, baratanze ku buntu utwo dupapuro ibihumbi n’ibihumbi, akenshi bakadutanga batuzingiye mu binyamakuru vy’isi.

Abatohoji ba Bibiliya bari bashashaye kubona ivyobaye mu 1914. Igitabu Le Temps est proche (ikigira kabiri muri rwa rukurikirane rw’ibitabu L’Aurore du Millénium) carasiguye ko ibihe vy’Abanyamahanga vyorangiye mu 1914 be n’uko ibintu bitesha umutwe be n’akajagari ari vyo vyoranze yuko ivyo bihe biheze, maze Ubwami bw’Imana bugaca butangura kuganza. Bari biteze kandi ko abazofadikanya na Kristu kuganza bociye baronka impera yabo mw’ijuru.

Ivyobaye muri uwo mwaka vyari bisigaye ari co kiyago. Nk’akarorero, ku mugoroba umwe wo muri Mukakaro 1914, Karl Kristiansen yariko aravuza umuziki mu mugwi w’abaririmvyi wo mu gisagara ca Skien. Mu gihe c’akaruhuko yarabwiye bamwe mu bari kumwe na we ati: “Hari ikintu kigiye kuba mu mayinga makeyi. Hazotangura kuba intambara, hakurikire amahinduka mu vy’intwaro, hanyuma habe umudurumbanyo maze Ubwami bw’Imana buce buza.” Igihe Intambara ya mbere y’isi yose yaduka gatoyi inyuma y’aho, hari abantu baje kwa Karl bipfuza ko yobabwira n’ibindi.

Mu 1914, Umutohoji wa Bibiliya umwe gusa ni we yaba ku kivuko c’i Arendal kiri hirya kure mu bumanuko bw’ico gihugu. Umusi umwe uwo mushiki wacu yarahuriye mw’ibarabara n’umugore yitwa Mia Apesland hanyuma amubwira ko afatiye ku bivugwa muri Bibiliya, mu gatasi ko mu 1914 hokwadutse intambara. Mia yamwishuye ati: “Nanje nzoca mba Umutohoji wa Bibiliya.” Aho Mia aboneye ko wa mushiki wacu yavuze ukuri nk’ukurima, yaciye ashira mu ngiro ivyo yari yasezeranye, araba umukirisu w’ukuri. Mia, wa mushiki wacu yabwira Mia inkuru nziza be n’abandi bakeyi ni bo babaye abamamaji ba mbere bari bagize ishengero ry’i Arendal.

HABA ITERAMBERE, HANYUMA INGORANE

Ivyo Abatohoji ba Bibiliya bari biteze mu 1914, ntivyabaye vyose. Naho vyabaye uko, bagumye barangura igikorwa cabo babigiranye umwete. Kuva muri Kigarama mu 1914 gushika mu 1915, ya senema ikora ku mutima ijanye n’“Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema” yaratumye hashingwa intahe nziza cane, abantu benshi cane b’i Kristiania, i Bergen, i Trondheim, i Skien, i Arendal n’i Kristiansand barabwirwa inkuru nziza.

Ariko inyuma y’aho gatoyi hari ingorane zaciye zaduka. Fritiof Lindkvist, uwari amaze imyaka nka cumi ahagarikira igikorwa muri Norveje, yaratanguye guta umurongo maze mu 1916 araheba ishirahamwe. Ivyo vyatumye abavukanyi bajejwe amabanga bo muri Suwede no muri Danemarke ari bo baca bahagarikira igikorwa muri Norveje mu myaka nk’ingahe yakurikiye. Mu 1921, Enok Öman yaragenywe kugira ngo ahagarikire igikorwa muri Norveje, ivyo akaba yabigize gushika mu 1945.

Harabaye uruhagarara igihe C. T. Russell yapfa mu 1916, maze agasubirirwa na J. F. Rutherford mu mabanga yo guhagarikira ibikorwa vy’Abatohoji ba Bibiliya. Hari benshi bahevye ishirahamwe ico gihe, bitumwe n’uko hari ibintu bari biteze bitarangutse mu 1914 be n’uko habaye amahinduka mu kuntu ishirahamwe ritunganijwe. I Bergen ni ho canecane ivyo vyagize ingaruka zikomeye, kuko mu 1918 umuvukanyi umwe na bashiki bacu indwi ari bo gusa bari basigaye mw’ishengero ryaho. I Trondheim, abatari bake barahevye ishengero, i Kristiania na ho hagenda umugwi w’abantu. Ariko, abagumye bashigikiye badahemuka ishirahamwe ntibatevye kwironkera imihezagiro myinshi ivuye kuri Yehova.

BASUBIRA KUGIRIRA ISHAKA IGIKORWA

Mu 1918 umuvukanyi Rutherford yarashikirije insiguro ikwegera yavuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa.” Kuva mu 1920 gushika mu 1925, iyo nsiguro ikabura yaratanzwe hirya no hino kw’isi. Umuvukanyi A. H. Macmillan ni we yaje muri Norveje avuye ku cicaro gikuru i New York kugira ngo ashikirize iyo nsiguro mu bisagara bitari bike vyaho. I Kristiania, ibibanza vyose vyo mu nyubakwa ya kaminuza iberamwo amanama vyari vyuzuye ku buryo abantu benshi bataronse aho bicara baciye bisubirira inyuma. Ariko rero, umuvukanyi Öman yaruriye ku kintu kimeze nk’igisandugu cari ku muryango w’iyo nyubakwa maze atangaza n’ijwi ryumvikana ati: “Hamwe mwogaruka mw’isaha n’igice, Macmillan araza gusubira gutanga iyo nsiguro!” Nka kurya nyene vyari vyagenze ubwa mbere, ico kibanza cari cuzuye abantu igihe umuvukanyi Macmillan yashikiriza iyo insiguro ubwa kabiri. Mu myaka nk’ingahe yakurikiye, abavukanyi b’Abanyanorveje barashikirije iyo nsiguro mu yindi mihingo ya Norveje. Abantu ibihumbi barumvirije babigiranye umunezero ibimenyamenya bijijura vyo mu Vyanditswe vyerekana ko hariho abantu benshi bazorokoka Harumagedoni maze bakaronka ubuzima budahera kw’isi izoba yabaye Iparadizo. Abandi benshi baramenye ubutumwa bwari muri iyo nsiguro biciye ku gatabu Des millions de personnes actuellement vivantes ne mourront jamais ! (Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa!)

Kuva mu 1922 gushika mu 1928, Abatohoji ba Bibiliya barashikirije abantu udupapuro tw’inkuru nziza ibihumbi n’ibihumbi twarimwo ibintu abavukanyi bari biyemeje ku mahwaniro, nk’akavuga ngo Un défi lancé aux dirigeants du monde (Ikibazo cega abategetsi b’isi), akavuga ngo Un avertissement à tous les chrétiens (Imburi yerekeye abakirisu bose) be n’akavuga ngo Acte d’accusation contre le clergé (Ivyo abakuru b’amadini bagirizwa). Abatohoji ba Bibiliya benshi barasubiye kwamamaza mu gushikiriza utwo dupapuro tw’inkuru nziza.

Ico gihe iterambere ryari rikigenda buhorobuhoro. Naho abatsimvyi be n’abamamaji b’abanyamwete bamamaza badahengeshanya, hari abandi bari bakeneye gufashwa ngo barushirize kugira uruhara muri ico gikorwa. N’ikindi kandi, ibisohokayandikiro ahanini vyari bigisohorwa mu kidanemarke, mu kidanemarke kivanze n’ikinorveje, no mu gisuwede; nta vyasohorwa mu kinorveje. Ni igiki none cari gukorwa kugira ngo abavukanyi barushirize kugirira ishaka ico gikorwa?

Igikorwa dukorera Ubwami (icitwa ico gihe Bulletin) co muri Ndamukiza 1925 casohowe mu kinorveje carimwo itangazo riteye umunezero ryagira riti: “Turamenyesheje icese ko tugiye kubarungikira inomero ya mbere y’ikinyamakuru L’Âge d’Or (icitwa ubu Be maso!) mu kinorveje. Ubu murashobora kugira abonema y’ico kinyamakuru.” Ico kinyamakuru cari ico muri Ntwarante 1925. Ico kinyamakuru nticatevye gukwiragira muri Norveje, mbere kirashika no muri Danemarke. Mu 1936, igihe ico kinyamakuru L’Âge d’Or cahindurwa uko cari gisanzwe citwa mu kinorveje kikitwa Ny Verden (Isi nshasha), Abanyanorveje bagirishije abonema ico gihe bagera ku 6.190.

IBINTU BITUNGANYWA NEZA KURUTA HAKABONEKA N’INYUBAKWA NSHASHA

Muri Rusama 1925, Abatohoji ba Bibiliya barenga 500 bo mu mihingo itandukanye yo mu bihugu vyo muri Scandinavie baratororokaniye hamwe kw’ihwaniro ryabereye i Örebro, muri Suwede. Kuri iryo hwaniro, umuvukanyi Rutherford yaratangaje ko i Copenhagen muri Danemarke hari hagiye gushingwa ibiro bikukira ibihugu vyo mu Buraya bwo mu buraruko. William Dey yoje avuye i Londres kugira ngo ahagarikire ibikorwa abasavyi b’Imana barangurira muri Danemarke, Norveje, Suwede, Finlande, hamwe no muri Estoniya, Letoniya na Litwaniya. Muri kimwekimwe muri ivyo bihugu hogumye hariho umuhagarikizi, kandi Enok Öman yogumye ahagarikiye ibikorwa muri Norveje.

William Dey, imvukira yo muri Ekose, yari umuvukanyi w’umunyamwete yakora cane mu gutuma igikorwa co kwamamaza gitera imbere n’ingoga. Uwo muvukanyi yari azi gutunganya ibintu neza, yararemesha kandi abavukanyi biciye ku karorero keza yatanga mu busuku no ku kuba yari umuntu w’umutima mwiza. Muri Nyakanga na Gitugutu 1925, yaragize ingendo hirya no hino muri Norveje yongera aratunganya neza ibikorwa mu mashengero yisunze ubuyobozi bwava ku cicaro gikuru, akaba yavuga mu congereza hanyuma uwundi agasobanura. Umuvukanyi Dey yarahagarikiye ibiro bikukira ibihugu vyo mu Buraya bwo mu buraruko gushika mu Ntambara ya kabiri y’isi yose.

Hari haciye igihe abavukanyi bariko bararondera ikibanza kibereye kuruta ibiro vya Norveje vyokoreramwo. Mu 1925 hari umuvukanyi yaguze inyubakwa y’igorofa zibiri i Oslo mu mahera yari yarahawe kw’iragi maze nya nyubakwa aca ayigurisha n’ishirahamwe ku mahera yababa igice c’igiciro cayo. Iyo nyubakwa yaguzwe hageze! Yarakoreshejwe gushika mu 1983.

ISHIRAHAMWE RIGIZWE N’IVYABONA B’ABANYAMWETE

Umwaka wa 1931 ni umwaka w’intibagirwa muri kahise k’abasavyi b’Imana bo kw’isi yose. Muri uyo mwaka ni ho batangura kwitwa izina rishasha: Ivyabona vya Yehova. Umuvukanyi Öman yanditse ati: “Igihe twatangura kwitwa iryo zina rishasha, twese twarahagurutse maze dusemerera n’akanyamuneza kenshi duti: ‘Ja’ [Bisobanura ngo ‘Egome’].” Abavukanyi na bashiki bacu barahimbawe cane no kwitwa izina rishingiye ku Vyanditswe, kandi biyemeje kubaho baryisunga.

Vyaragaragara ko Yehova yariko arahezagira igikorwa co kwamamaza abavukanyi bo muri Norveje bakorana inguvu zabo zose. Igitigiri c’abamamaji carongerekanye kiva kuri 15 mu 1918 kigera kuri 328 mu 1938. Abasavyi ba Yehova ntibari gusa Abatohoji ba Bibiliya; bari abantu bashinga intahe babigiranye umwete.

Umwe muri abo ni uwitwa Even Gundersrud, uwari yabatijwe mu 1917 akaba yari mw’ishengero ry’i Skien. Mu ntango umukenyezi wiwe yaragerageje kumubuza kwitaba amakoraniro mu kuza aranyegeza ibirato vyiwe. Ariko ivyo ntivyatumye ahagarika kwitaba amakoraniro; yaca agenda ata birato yambaye! Igihe kimwe uwo mugore wiwe yaramwugaraniye mu cumba, Even na we aca asohoka aciye mw’idirisha. Nta kintu na kimwe uwo mugore wa Even yakoze camubujije kubandanya yitaba amakoraniro. No muri ivyo bihe nyene, Even yagumye afatana umutima mwiza umukenyezi wiwe. Uwo mugore wiwe yaratanguye guterwa isoni n’uko umugabo wiwe yaja mu gisagara atambaye ibirato. Uwo mugore, kubera ko yashaka kumenya igituma Even aha agaciro amakoraniro, yaratanguye kuza arajana na we. Yahavuye na we nyene aba Icabona ca Yehova.

Umunezero ishengero ry’i Skien ryari rifise ni wo waranga amashengero yose y’ico gihe. Abavukanyi bo muri iryo shengero baramamaza n’umwete mwinshi mu bisagara bininibinini na bitobito bihegereye no mu turere two hafi yaho. Mu mpera z’imishamvu barakunda kugira ingendo bagiriye mu bikamyo canke mu bwato kugira bamamaze bongere batunganye amakoraniro. Budakeye na kabiri imigwi mishasha be n’amashengero vyari bimaze gushingwa muri ako karere. Abavukanyi bo mu yandi mashengero na bonyene bari abanyamwete mu murimo wa gitewokarasi.

I BERGEN HABA ITERAMBERE RYIZA

Umwe mu bamamaji b’abanyamwete bo mu karere ka Bergen yari uwitwa Torkel Ringereide. Mu 1918 yararonse agatabu kasohowe n’Abatohoji ba Bibiliya. Yaciye arondera umuvukanyi Dahl, ico gihe akaba ari we muvukanyi wenyene yari mw’ishengero ry’i Bergen. Dahl yagirira amakoraniro mu nzu yiwe ari kumwe n’abandi bagize ishengero, ni ukuvuga bashiki bacu indwi. Muri abo bashiki bacu harimwo umwe Helga Hess twavuga, uno akaba yari aherutse kugaruka i Bergen. Torkel yaciye yifatanya n’iryo shengero ritoyi, maze mu 1919 yubakana na Helga.

Torkel yari umuntu adatinya akagira n’ijwi rinini. Yaramaze imyaka ari we wenyene ashikiriza insiguro z’icese mw’ishengero. Mu bisanzwe, yashikiriza insiguro buri musi w’iyinga, agashira ku kabarore atarya umunwa uburyarya bw’abakuru b’amadini be n’inyigisho z’ikinyoma bigisha. Akenshi izo nsiguro zaratangazwa mu binyamakuru vyo mw’isi, kandi abashimishwa n’ukuri bitaba amakoraniro bararuta cane Abatohoji ba Bibiliya bo muri ako gace.

Torkel yararemesha abumviriza insiguro yashikiriza kubwira abandi ukwo kuri baba bamenye. Nils Raae ni umwe mu bumvise izo ndemesho, aho hakaba hari mu 1932. Nils yari amaze umwaka amenye ukuri, ariko akaba yari agitinya gutangura kwa- mamaza. Ishengero ryagira ritangure isekeza rikomeye ryo gushikiriza agatabu Le Royaume, l’Espérance du Monde, kandi Torkel yarashikirije insiguro yerekana igituma bihambaye kugira uruhara mu busuku. Nils yavuze ati: “Yari insiguro ikora ku mutima cane kandi yarampimbaye rwose.” Mu gusozera iyo nsiguro, Torkel yarasubiyemwo amajambo Yehova yavuze aboneka muri Yesaya 6:8 agira ati: “Ntume nde, kandi ni nde atugira?” Torkel yaciye avuga ati: “Ese twese twokwishura nka Yesaya duti: ‘Ndi hano! Ntuma’!” Emwe iyo ni yo ndemesho Nils n’umukenyezi wiwe bari bakeneye. Baciye batangura kwamamaza ata kugonanwa.

Akatari gake abavukanyi na bashiki bacu baraja kwa Torkel na Helga. Bama bariko baraganira ibijanye n’ukuri, kandi ivyo vyararemesheje cane abamamaji bashasha be n’abamamaji bakiri bato. Akenshi abamamaji b’i Bergen baraja kwamamaza mu turere two hirya no hino yaho bari mu bwato canke mw’ikamyo. Bahejeje, barahurira hamwe bakaganira ivyabonywe kandi bakaryoherwa bari kumwe.

ABAMAMAJI B’ABANYAMWETE B’I OSLO

Mu myaka ya 1920 na 1930, igikorwa co kwamamaza cariko kiratera imbere mu karere ka Oslo. Umwe mu bamamaji baho yari uwitwa Olaf Skau, akaba yabatijwe mu 1923. Mu 1927 yaragenywe kuba umuyobozi w’umurimo mw’ishengero, kandi yaramaze imyaka mirongo ari umucungezi adafyina ariko w’umunyarukundo. Yaratunganije igikorwa co kwamamaza i Oslo yongera aratunganya ingendo bagira mu mpera z’imishamvu bari mw’ibisi canke mw’ikamyo kugira bashike mu turere two hirya no hino y’umurwa mukuru. Ijoro ryitereye wasanga akiri maso ariko aracapa ivyibare yongera ategura amasekeza yo kuvyamamazamwo.

Abamamaji b’i Oslo baramamaza mu bisagara no mu turere two hagati mu gihugu kuva i Halden n’i Fredrikstad mu bumanuko bwa Oslo gushika i Hamar mu buraruko, no kuva i Kongsvinger mu buseruko bw’ico gisagara gushika i Drammen n’i Hønefoss mu burengero. Abamamaji bashika mu cibare nk’isaha 3 zo mu gitondo, bagaca bamara umusi wose bariko baramamaza inzu ku nzu. Kenshi na kenshi muri izo ngendo harajamwo no kugira amakoraniro. Iyo ntunganyo yarafashije mu gushinga umushinge w’imigwi n’amashengero kandi abavukanyi na bashiki bacu bakeyi bo muri ako karere barayishimye cane. Mw’isekeza rimwe ryamaze imisi icenda ryabaye mu 1935, abamamaji 76 b’i Oslo baratanze udutabu 13.313, akaba ari nk’aho umwamamaji wese yatanze udutabu 175!

Umukenyezi wa Olaf, ari we Esther, yarafashwe na ya ndwara bita rumatizime kandi yaguma yicaye mu gatebe k’abamugaye. Yamara, aho kwa Olaf abavukanyi na bashiki bacu bari bakunze kuhahurira. Olaf yari azwi ko ari umuntu akunda guteka, akenshi akaba yazimana abantu utubaba tw’inkoko turyoshe cane. Ariko ico abavukanyi ba kera bakimwibukirako ni imitororokano yo mu vy’impwemu iremesha, ibiganiro bihimbaye bishingiye ku Vyanditswe be n’utubazo dushingiye kuri Bibiliya, ivyo vyose bikaba vyagirirwa iwe. Ragnhild Simonsen yibuka ibi: “Imisi yose twama tuva kwa Skaus akamwemwe kadusya.”

‘BARI BAFISE AGATIMA KABEREYE KOTUMYE BARONKA UBUZIMA BUDAHERA’

Abantu bo mu bihe vya kera barakunda ivy’Imana kandi bari bazi vyinshi ku vyerekeye Bibiliya kuruta abo muri iki gihe. Abenshi wasanga bafise umutima ukunze wo kuganira ku Vyanditswe, kandi nk’uko vyagenze mu kinjana ca mbere, ‘abari bafise agatima kabereye kotumye baronka ubuzima budahera baracitse abemera.’—Ivyak. 13:48.

Umwe muri abo ni umugore yitwa Durdei Hamre. Ku mugoroba umwe wo mu 1924, yarakiriye agatabu kamwe, aca aragasoma gushika mw’ijoro. Mu nyuma yavuze ati: “Naryamye ndi umupentekote, mvyuka ndi Icabona ca Yehova.”

Mu 1925 hari umwe mu bahungu umunani b’uwitwa Fjelltvedt yitavye insiguro y’icese yavuga ibijanye n’umuriro udahera yongera araronka agatabu kavuga ibijanye n’ico kintu. Ivyo yasomye vyaramujijuye ko inyigisho y’umuriro udahera ari ikinyoma. Budakeye na kabiri, igihe umuryango wabo wari ukoraniye kw’itongo ryabo, yarabwiye n’umunezero mwinshi benewabo indwi na bashikiwe batatu ivyo yari yize. Baraganiriye ku biri muri ka gatabu gushika ijoro ryitereye. Gatoyi inyuma y’aho, abo bavukana bose be na benshi mu bo bari bubakanye bari bamaze kuba Abatohoji ba Bibiliya. Mu nyuma, benshi mu bana babo n’abuzukuru babo barabaye abamamaji b’abanyamwete, kandi bamwebamwe muri bo baratumye ukuri gushika mu tundi turere.

Ivy’uko ico gihe abantu bitaho ivy’Imana vyaragaragaye mu 1936 igihe M. A. Howlett, uwari aje ava ku cicaro gikuru i New York, yashikiriza insiguro ku mahwaniro yabereye i Bergen n’i Oslo. I Bergen, abantu 810 ni bo bitavye insiguro y’icese, muri abo hakaba harimwo abapasitori bamwebamwe n’umusenyeri, kandi Ivyabona bari 125 gusa. I Oslo, ahari hakoraniye Ivyabona 140, insiguro y’icese yitabwe n’abantu 1.014.

“BARATANGUYE KUZA!”

Ese ukuntu Ivyabona vya Yehova bahimbawe cane mu 1935 igihe abagize rya “sinzi rinini” rivugwa mu Vyahishuwe 7:9-17 bamenyekana! Abasavyi b’Imana barahimbawe no kumenya ko abafise icizigiro co kuzoba kw’isi izoba yahindutse Iparadizo na bo nyene ari abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye, bakaba rero bashobora kwifatanya n’abarobanuwe bakiri kw’isi. Kuva muri uwo mwaka, igikorwa co kwamamaza caciye cibanda cane ku gutororokanya abagize iryo sinzi rinini, ni ukuvuga aborokotse “ya makuba akomeye,” iryo rikaba ari itororokanywa ry’abasavyi b’Imana b’ukuri rikomeye kuruta ayandi yose yagizwe muri kahise k’abantu.

Mu 1935 bamwebamwe mu batsimvyi bari bafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru bariko baramamaza mu karere ko hafi y’i Lillehammer. Umuhungu umwe w’imyaka 10 yitwa John Johansen yarateze yompi igihe abo batsimvyi bariko babwira abo mu muryango wiwe ibijanye n’umugambi Imana ifise wo guhindura isi ikaba Iparadizo. Igihe John yari afise imyaka 13, yaragize icipfuzo gikomeye co kubwira abandi ico cizigiro gihimbaye ku buryo yasavye se wiwe ngo amutize isakoshi maze aja kwamamaza mu babanyi ari wenyene! Ubu haraciye imyaka irenga 70, ariko John aracamamaza n’umwete ari kumwe n’umukenyezi wiwe Edith. Bompi barahimbarwa cane no kuba baragize uruhara mu gikorwa catumye abantu benshi cane baza mw’ishirahamwe muri iyo myaka yose.

Igihe kimwe mu 1937, Olaf Rød yari iwabo ari kumwe n’uwundi muvukanyi, bariko barayaga ku bijanye na rya sinzi rinini. Abo bavukanyi babiri ni bo bari Ivyabona bonyene bari i Haugesund, kandi baribaza ukuntu iryo tororokanywa rikomeye ryobaye. Ubwo nyene bagiye bumva umuntu adodoye ku rugi. Olaf yaruguruye, asanga ni uwitwa Alfred Trengereid. Uwo Alfred yari yaronse Umunara w’Inderetsi, arawusoma yongera arashimishwa n’ivyo yari yasomye. Yaciye afata ubwato bwiwe adatebaganye aja i Haugesund kugira ngo asabe ibisohokayandikiro umuntu wo muri ako karere yari azi ko ari Icabona, na we akaba yari Olaf. Olaf yaratangaye cane. Yaciye yibwira ati: ‘Ng’abo baratanguye kuza!’ Kandi baraje koko, naho bose bataje kumwe canke ngo bazire rimwe. Alfred yahavuye aba Icabona kandi hari n’abandi benshi bo muri ako karere bakiriye neza inkuru nziza y’Ubwami hanyuma barifatanya na we.

BAKORESHA AMATO MU GUTOROROKANYA RYA SINZI RININI

Igihe igikorwa co kwamamaza catangura ari bwo bwa mbere muri Norveje, icizigiro co kubwira inkuru nziza abantu bo mu mazinga menshi cane ari ukwa yonyene be n’abo mu turere twa kure cane two ku nkengera z’ikiyaga cari kure nk’ukwezi. Ni co gituma mu 1928 ibiro vy’ishami vyaguze ubwato bufise imoteri bwashobora kujamwo abatsimvyi babiri canke batatu kandi bukaba bwari bukomeye ku buryo bwashobora kugendera mu turere twa Norveje two ku nkengera z’ikiyaga tugoye gucamwo. Ariko none ni nde yari ashoboye gutwara ubwo bwato? Wa mutsimvyi Karl Gunberg abumazemwo igihe yaritanze ku bw’ico gikorwa. Kuba yari yahoze mu gisoda kirwanira mu mazi akaba kandi yaramaze igihe yigisha ivyo gutwara amato vyaragize ikintu kinini bifashije. Ubwato bwa mbere, ubwitwa Elihu, bwagiye bwerekeza mu bumanuko buvuye i Oslo, bukaba bwagenda burahagarara ku bivuko vyose vyo ku nkengera y’ikiyaga. Ariko rero, igisebuzi kimwe gikaze cateye mw’ijoro mu rushana rwo mu 1929 catumye bwa bwato Elihu busabira hafi y’i Stavanger. Nta n’umwe atahimbawe no kwumva ko abavukanyi bose bari muri nya bwato bashitse ku nkengera badora.

Mu 1931 abavukanyi bararonse ubundi bwato, ubwo bise Ester. N’ico gihe nyene Karl ni we yitanze kubutwara, afashijwe n’abandi bavukanyi babiri. Ubwo bwato Ester bwarahetuye uturere two mu burengero no mu buraruko bwa Norveje mu myaka indwi yakurikiye. Mu 1932, Karl yarabonye ko ariko “arasaza cane ku buryo atashobora kugira izindi ngendo.” Yaciye rero areka ivyo kugira izo ngendo zo mu mazi ahitamwo gukorera ubutsimvyi mu turere two mu buseruko bwa Norveje, bwa bwato na bwo abuzeza Johannes Kårstad. Mu 1938 bwa bwato Ester bwahavuye busubirizwa n’ubwitwa Ruth, ubwakoreshejwe gushika mu 1940 igihe igikorwa co kwamamaza hakoreshejwe ubwato cabuzwa muri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Abo batsimvyi bakoresha amato bari bamaze guhetura uturere twinshi cane bongera barashikiriza ibisohokayandikiro vyinshi. Mu 1939 abavukanyi babiri bakoresha bwa bwato Ruth, ari bo Andreas Hope na Magnus Randal, bavuze yuko mu mwaka umwe gusa, bari bamaze gushikiriza ibitabu, udutabu be n’ibinyamakuru vyose hamwe birenga 16.000, be n’uko bari bamaze kuvuza insiguro 1.072 bakoresheje ca cuma kirekura amajwi (phonographe), zikaba zumvirijwe n’abantu 2.531.

Uretse ibintu vyinshi bihimbaye vyo mu vy’impwemu abo bavukanyi bakoresha amato mu kwamamaza biboneye, barabonye n’ibindi bintu bimwebimwe bitangaje cane. Andreas Hope avuga ati: “Uko bukeye uko bwije, ni ko twagenda tugana mu buraruko, tukagenda twinjira twongere dusohoka mu duce tw’amazi y’ikiyaga twinjira hagati y’ibitandara, duca iruhande y’uduce tw’isi duhanamye cane twinjira mu mazi. Twarabona ibintu bibereye ijisho, biteye igomwe, kandi vy’ubwiza bw’akataraboneka.” Mu rushana igihe baba bari mu buraruko kw’isonga rya ruguru ry’isi, barabona “imishwarara ica ibibatsi ya wa muco ukayanganira cane mu buraruko bw’isi [witwa aurore boréale].” Mu ci na ho baratangarira cane “ugukayangana kw’izuba ryaba ririko riraka isaha zitandatu zo mw’ijoro.”

MUSHIKI WACU W’UMUTSIMVYI W’UMUNYAMWETE

Mu myaka ya 1930, igitigiri c’abatsimvyi cariyongereye ningoga na ningoga. Naho ata bintu vyinshi bigezweho bari bafise, barashoboye guhetura uturere twinshi cane, bamamaza inkuru nziza bongera bashikiriza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Ukuba bagumye ari abanyamwete vyarabereye umushinge ukomeye iterambere ryobaye muri kazoza.

Nk’akarorero, Solveig Løvås (uwahavuye yitwa Stormyr), ni umugore umwe w’i Oslo yari amaze igihe kirekire arondera ukuri, akaba kandi yari amaze guca mu madini menshi atandukanye. Umusi umwe yaritavye amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova maze aca arabona ko yari yubuye ukuri kwo mu Bibiliya. Yabatijwe mu 1933, hanyuma haciye imyaka ibiri aca aja mu buraruko bwa Norveje gukora ubutsimvyi. Naho Solveig atatambuka neza kubera indwara y’ubukangwe, mu myaka itandatu gusa yari amaze kwamamaza mu turere nka twose turi mu bumanuko bwa Bodø kugenda gushika i Kirkenes, uri mu bisagara bininibinini, mu bisagara bitobito, mu bigwati bikorerwamwo uburovyi be no mu tugari. Abantu ibihumbi barakiriye ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Mu mwaka umwe gusa, Solveig yararonse abantu barenga 1.100 basavye kuza bararungikirwa ibinyamakuru!

Umwe mu bantu bashimishijwe cane n’ubutumwa Solveig yashikiriza ni umugabo w’umubaji yitwa Dag Jensen wo mu kigwati ca Hennes i Vesterålen. Hari haciye imyaka itari mike aronse ibisohokayandikiro vyacu abikuye ku bandi bantu bari barashimishijwe. Igihe Solveig yaza kwa Dag, yaratunganije ivy’uko uwo mugabo aza ararungikirwa ibinyamakuru, hanyuma aca aja kwamamaza mu tundi turere. Dag na we yaciye atangura kwamamaza ari wenyene, akaza aratiza abandi bantu bashimishijwe udusohokayandikiro dukeyi yari afise.

Mw’izinga rya Andøya, Solveig yaraganiriye n’umugwi w’abarovyi b’indyamunyu abasanze mu tuzu twabo. Yarababwiye inkuru nziza abigiranye ubutinyutsi, aravuza insiguro akoresheje ca cuma kirekura amajwi, yongera arabasaba kwiyandikisha kugira bazoze bararungikirwa ibinyamakuru. Umugabo umwe akiri muto w’umurovyi yitwa Frits Madsen yarashimishijwe n’ukuri yongera ariyandikisha kugira ngo azoze ararungikirwa ibinyamakuru vyacu. Solveig ahetuye ako karere, yaciye aja ahandi. Ukwo ni ko vyama bigenda: abatsimvyi baramamaza, bakaronka abantu bashimishwa, bagashikiriza ibisohokayandikiro, bakaronka n’abiyandikisha kugira bazoze bararungikirwa ibinyamakuru maze bagaca baja mu tundi turere. None abo bantu bose bashimishijwe bokwitwararitswe gute?

KURAGIRA INTAMA Z’IMANA

Muri Nzero 1939 ni ho hatangura intunganyo nshasha ijanye n’abacungezi b’ingenzi. Norveje yari igizwe n’amazone ane ari yo mizunguruko. Abacungezi b’imizunguruko (abitwa ico gihe abasuku b’amazone) babwirizwa kumara umwanya munini mw’ishengero iryo ari ryo ryose bagendeye kuruta uko bari basanzwe babigira. Bitwararika canecane gufasha amashengero, gutunganya amashengero mashasha no gufasha abantu bashimishijwe gutangura kwamamaza. Andreas Kvinge ni we yagenywe ngo abe umucungezi w’umuzunguruko wa 4, uwangana n’ibilometero 2.600, kuva i Florø gushika i Kirkenes. Amashengero atatu gusa ni yo yari muri ako karere amahero: Ishengero rya Trondheim, irya Namsos be n’irya Narvik. Ariko ako karere kari karimwo kandi abamamaji bari ukwa bonyene n’imigwi iri ukwa yonyene, be n’abandi bantu biyandikishije kugira bazoze bararungikirwa ibinyamakuru; abo bose bakaba bari bakeneye kugenderwa.

Ingendo Andreas yagira mu buraruko bw’uwo muzunguruko ari kumwe n’umukenyezi wiwe Sigrid, ahanini yazigira kw’ikinga. Yarihatira gufasha abamamaji be n’abashimishijwe n’ukuri kugira batere imbere. Abatsimvyi nka Solveig Løvås baraha Andreas ayandi makuru ajanye n’abashimishijwe n’ukuri bari bakeneye gufashwa mu vy’impwemu. Nk’akarorero, uwo mushiki wacu yaramubwiye ivyerekeye wa mubaji Dag Jensen w’i Hennes be na wa murovyi Frits Madsen wo mw’izinga rya Andøya.

Igihe Andreas yabonana na Dag ari bwo bwa mbere, aho hakaba hari mu 1940, Andreas aravuga ivyo yibuka ati: “Nasanze ariko aramwa ubwanwa, mu maso huzuye ifuro ry’isabuni. Sinzokwigera nibagira ayo maso yuzuye akanyamuneza akikujwe n’ifuro. Ivyo kumwa ubwanwa yaciye abanza kuba arabihagaritse.” Andreas yarafashije Dag gutera imbere mu vy’impwemu. Dag yaranezerewe cane, kandi ntiyatevye gufasha umukenyezi wiwe Anna be n’abatari bake mu bagenzi biwe no mu ncuti ziwe, baramenya ukuri.

Andreas yararondeye wa mugabo akiri muto w’umurovyi Frits Madsen mu kigwati ca Bleik co kw’izinga rya Andøya. Abifashijwemwo na Andreas, Frits n’umukenyezi wiwe barabaye umushinge w’ishengero ryahavuye rivuka muri ako karere. Mu tundi turere tutari duke, Andreas n’umukenyezi wiwe baragendeye abari barigeze kuganira na Solveig be n’abandi batsimvyi bakora bagatama. Andreas be n’abandi bacungezi b’imizunguruko baratunganya amakoraniro bagashinga n’amashengero. Nk’uko vyari biri mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere, muri Norveje bamwe baratera, abandi bakavomera, ariko ‘Imana ni yo yaguma ikuza’ mu buryo bukomeye.—1 Kor. 3:6.

INTAMBARA YA KABIRI Y’ISI YOSE IBICA BIGACIKA MURI NORVEJE

Muri Ndamukiza 1940, vyarabaye ngombwa ko igihugu ca Norveje kija mu ntambara ya kabiri y’isi yose igihe abasoda b’Abadagi batera ico gihugu. Haciye imisi 62 bariko bararwana, ico gihugu cose cari kimaze kwigarurirwa n’Ubudagi bw’Abanazi. Kuva ico gihe, ibisagara bitari bike vyaracucagiwemwo amabombe. Haheze imisi mikeyi ivyo bitero bitanguye, ca gipolisi c’Abanazi citwa Gestapo carafashe uwari ahagarikiye ishami, Enok Öman, kica kimumaza indwi mu gasho. Inyuma y’umwanya mutoyi bamaze bamusambisha, abo bapolisi baciye bamurekura. Haheze amayinga makeyi ca gipolisi carasubiye gufata umuvukanyi Öman kugira congere kimusambishe.

Abavukanyi bari bafise ubwoba bw’uko Abanazi bobarungitse mu makambi y’itunatuniro, nk’uko bari barabigize mu Budagi. Ariko ivyo Abanazi nta vyo bagize, maze abamamaji baca biyemeza kubandanya bamamaza babigiranye umwete. Ico gihe, vyaboneka ko abantu benshi kuruta bakira neza inkuru nziza kubera intambara, kandi haratangujwe inyigisho za Bibiliya nyinshi (ico gihe zitwa inyigisho z’akarorero). Ariko abavukanyi bari bakironka Umunara w’Inderetsi mu kidanemarike uvuye muri Danemarke, mu gihe ikinyamakuru Consolation (Ny Verden) na co cabandanije gusohorwa mu kinorveje. Abavukanyi bari bakigira amakoraniro n’amahwaniro, kandi igitangaje igitigiri c’abamamaji caguma congerekana.

IBISOHOKAYANDIKIRO BIFATWA, ABAVUKANYI BAGAFATWA, IGIKORWA NA CO KIKABUZWA

Naho vyari ukwo, abavukanyi baratanguye gushikirwa n’ingorane. Abapolisi b’Abadagi baragarutse ku biro vy’ishami, barasaba ibisohokayandikiro bongera barasambisha umuvukanyi Öman. Mu nyuma mu 1940, barafashe igitabu Ennemis kubera cavugwamwo ibijanye n’intwaro y’Abafashisiti be n’iy’Abanazi. Mu ntango za 1941, igipolisi carafashe abatsimvyi batari bake kirabasambisha. Abanazi b’Abadagi be n’Abanyanorveje rimwe na rimwe baritaba amakoraniro bazanywe no gusuma urusaku mu mashengero. Mu nyuma, abategetsi b’Abanazi baraje ku biro vy’ishami maze batwara amakopi yari ahari yose y’agatabu kavuga ngo Fascisme ou Liberté be n’ay’akavuga ngo Gouvernement et Paix.

Budakeye na kabiri, muri Mukakaro 1941, ca gipolisi citwa Gestapo caciye gitanguza isekeza ryo gutuma igikorwa cacu co kwamamaza gihagarara buhere muri Norveje. Abapolisi 5 b’Abadagi baraje kuri Beteli, ibisohokayandikiro vyose vyari bisigaye barabifata, baca batwara abanyabeteli bose ku biro bikuru vy’igipolisi kugira babasambishe. Öman yategerezwa kuza aza aritaba ku biro vy’igipolisi mu kiringo c’amayinga 12.

Ca gipolisi Gestapo caragize umukwabu, kirasaka mu mazu y’abavukanyi bajejwe amabanga congera kirafata ibisohokayandikiro vyose vyasohowe n’ishirahamwe Watch Tower Society. Babwiye abavukanyi yuko badahagaritse kwamamaza bociye babarungika mu makambi y’itunatuniro. Ico gipolisi Gestapo carafashe abavukanyi na bashiki bacu batari bake maze bamwebamwe muri bo kibagumya imisi nk’ingahe bapfunzwe icamaso.

I Moss abapolisi baraje kwa Sigurd Roos maze barafata ibisohokayandikiro vyiwe. Sigurd n’umukenyezi wiwe be n’uwundi muvukanyi barafashwe. Abapolisi babategetse guhagarika kwamamaza no kudasubira gukoresha izina rya Yehova. Abo bamamaji barasiguye ko batokwigeze bahagarika kwamamaza ibijanye na Yehova be n’Ubwami bwiwe. Amaherezo, nya bapolisi bariyemereye icese bati: “Emwe, ntidushobora kubakuramwo ukwizera mufise.” Inyuma y’amasaha nk’angahe, bararekuye abo bamamaji badatinya urukamvye.

Abanazi baragiye no kwa Olaf Skau, i Oslo. Barasakambuye ibintu mu nzu yiwe barafata Amabibiliya yari ahari, ibisohokayandikiro be na mwene vya vyuma birekura amajwi, bongera barugara akabati k’ibitabu ka Olaf. Abo bapolisi ntibabonye amafishi y’abamamaji yari anyegeje mw’ifuru. Mu nyuma, Abanazi baragarutse bafise ikamyo kugira batware ibitabu. Uwari abayoboye yari intwazangabo yitwa Untersturmführer Klaus Grossmann, Umunazi atinyitse. Igihe Olaf yabaza Grossmann ico bokojeje ivyo bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, iyo ntwazangabo yamubwiye ko bobikozemwo izindi mpapuro.

Umuvukanyi Skau yaciye amubaza ati: “Ntimuruha munatinya Yehova?”

Uwo mupolisi w’Umunazi yaciye amwishura n’akagaye n’akantu ati: “Yehova yari akwiye kwitonda!” Haciye imyaka ine, Grossmann yariyahuye igihe Abanazi bashira ibirwanisho hasi.

Ca gipolisi Gestapo carafatiye Andreas Kvinge i Bodø muri Mukakaro 1941 maze kimubaza aho cosanga ibindi Vyabona bo mu buraruko bwa Norveje. Andreas yishuye atabesha ati: “Ubu sinzi iyo bari.” Ntushobora kwiyumvira ukuntu Andreas yumvise amerewe igihe yariko arasambishwa, maze abapolisi bagasanzariza hasi impapuro zari mw’isakoshi yiwe, izari zanditseko amazina na aderese vy’amashengero, ivy’abamamaji bo muri ayo mashengero be n’ivy’abari barashimishijwe n’ukuri. Ntiworaba ukuntu Andreas yiruhukije aho aboneye ko ata n’umwe yitayeho kuraba izo mpapuro. Ico gipolisi carondera gusa ko Andreas asinya ku cete cerekana ko vyari bibujijwe kwamamaza no kuba Icabona ca Yehova.

Andreas yishuye ati: “Turazi ko muri iki gihe igikorwa cacu kibujijwe, rero ndashobora gusinya nkemeza ko ivyo ndabizi. Mugabo naho bibujijwe kugira amakoraniro no gushikiriza abantu ibinyamakuru n’ibitabu, tuzoguma dukoresha Bibiliya kandi tubwira abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana.” Aho ico gipolisi kiboneye yuko Andreas atorose ahemuka, caciye kimurekura.

Amaherezo, abategetsi b’Abanazi barafashe inzu abavukanyi bakoresha bwa biro vy’ishami. Umuvukanyi Öman n’umukenyezi wiwe baremerewe kuguma muri iyo nzu, ariko abandi banyabeteli bategekwa kuhava.

BAKORANIRA HAMWE IGIHE IGIKORWA CARI KIBUJIJWE

Igihe Abanazi bagerageza guherengeteza Ivyabona vya Yehova, abavukanyi baciye gusa baza bararangurira ibikorwa vyabo vya gitewokarasi mu kinyegero. Abavukanyi bakeyi baragira rimwerimwe ingendo bagiye kuramutsa abavukanyi na bashiki bacu no kubaremesha. Søren Lauridsen, uwari amaze igihe gitoyi akorera kuri Beteli, yagendera abo mu bumanuko bwa Norveje. Andreas Kvinge yagumye agendera Ivyabona bo mu buraruko bwa Norveje, mu muzunguruko wiwe, akenshi akaba yarakora ubuzi bugayitse kugira ngo ahume amaso ababarwanya. Mu 1943, Magnus Randal, umutsimvyi yari yarakoresheje bwa bwato Ruth, yarahawe n’umuvukanyi Öman aderese z’abavukanyi na bashiki bacu b’i Bodø mu buraruko, maze aca afata urugendo rw’ibilometero 1.200 ari kw’ikinga agiye kubaremesha.

Naho abategetsi bari barabujije kugira amakoraniro, imigwi y’abavukanyi na bashiki bacu yarabandanije gukoranira hamwe kugira baremeshanye. Mu bisanzwe, imigwi mitomito yarakoranira mu mazu y’abavukanyi, ariko vyarashika bagakoranira hamwe ari benshi mu kinyegero. Ese ukuntu bahimbawe cane kubona mu 1942 abantu 280 baritavye Icibutso cabereye mu bibanza bibiri i Oslo, 90 muri bo barafata ku bimenyetso.

Ivyabona barashoboye no kugirira amateraniro mu kinyegero mu matongo ari ahantu hagoye gushika canke mu bitara vy’ibiti. Iteraniro ryitabwe n’abantu benshi kuruta ayandi ni iryabaye mu 1943 mw’ishamba hirya y’igisagara ca Ski. Abavukanyi na bashiki bacu bashika 180 bo hirya no hino mu karere ka Oslo ni bo bari bitavye iryo teraniro. Mu gihe c’akaruhuko, igihe abari bitavye iryo teraniro bariko barivuna umusase, bagiye babona abasoda batatu b’Abadagi bari ku ndogoba babatuyeko amaguru. None abo bavukanyi na bashiki bacu bari kuvyifatamwo gute?

Umuvukanyi umwe yavuga ikidagi yaregereye abo basoda maze asanga bari bagiye kwoga ariko bakaba bari bazimiye. Birumvikana ko abo bavukanyi banezerejwe cane no kuzimurura abo basoda.

Igihe abo basoda bari bagiye, umwe muri bo yabajije bagenziwe ati: “Mbega ico gikorane cari ic’iki?”

Mugenziwe yamwishuye ati: “Ngira ngo ni umugwi w’abaririmvyi.” Ntivyari bikenewe ko abo bavukanyi na bashiki bacu bababwira ico bariko barakora, ahubwo nyabuna bariruhukije igihe ba basoda bari ku ndogoba bagenda bakarenga muri iryo shamba.

BAKORERA MU KINYEGERO

Abamamaji benshi baranyegeza ibisohokayandikiro mu bibanza umuntu atoshoka yiyumvira. Abavukanyi baranyegeza ibisohokayandikiro mu kuzimu bakabikurayo igihe vyaba bikenewe. Umuvukanyi Skau, uwakora ivy’umuyagankuba, yaranyegeje ikarato y’ibitabu inyuma y’icuma kigabanya umuyagankuba (transformateur) c’aho yakorera. Umuvukanyi Øiseth yaranyegeje ibisohokayandikiro mu gitiba, umuvukanyi Kvinge na we abinyegeza aho bashingura ibiraya.

Kubera ko mushiki wacu Lotte Holm yatinya ko ibisohokayandikiro vyari muri depo i Harstad vyohavuye bifatwa, yaragiye gutora amakarato yose yarimwo ivyo bisohokayandikiro. Yaciye afata ubwato, nya makarato na yo ayapanga neza ku gice c’imbere c’ubwo bwato maze aca ayicarako. Igihe nya bwato bwahaguruka, Lotte yarahagaritswe umutima n’abasoda benshi cane b’Abadagi bari muri bwo, akaguma yibaza ingene yopakuruye nya makarato ku buryo atawumenya ibirimwo. Ariko rero, ntivyari bikenewe ko ahagarika umutima. Igihe nya bwato bwahagarara, ba basoda barumviye akagongwe uwo mutamakazi yari afise ibintu vyinshi cane biremereye, ku buryo baciye bamufasha gupakurura nya makarato yose, mbere baranayamutwaza gushika i muhira iwe. Abo basoda b’urupfasoni ntibigeze baca n’ikanda ko ico gihe Ivyabona bungukiye cane kuri ubwo buntu bagaragaje.

Naho igikorwa cacu cari kibujijwe, abavukanyi barabandanije kwinjiza muri Norveje mu kinyegero amakopi y’Umunara w’Inderetsi waba uherutse gusohorwa bayakuye muri Suwede no muri Danemarke. Barahindura mu kinorveje ibiganiro vyo kwiga, bagaca bakwiragiza mu gihugu cose amakopi y’ivyo biganiro baba banditse bakoresheje imashini. Harakoreshwa uburyo bwinshi mu bijanye no gutwara ibintu biciye ku magariyamoshi, ku makinga, canke mu mato kugira ngo abasavyi b’Imana b’ukuri bo hirya no hino muri ico gihugu baronswe ku gihe ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu.

BAGUMYE BAMAMAZA

Mu gihe c’intambara, harabaye ikintu cabereye ikigeragezo gikomeye abavukanyi na bashiki bacu bo muri Norveje. Igihe igikorwa cacu cabuzwa muri Mukakaro 1941, abavukanyi baragiriwe inama ngo biyubare cane ntibasomborotse abategetsi b’Abanazi. Ku bw’ivyo, abenshi barabwira inkuru nziza akaryo kizanye abagenzi n’incuti zabo canke bakagendera abantu bari barigeze kuganira ivy’Ubwami. Yamara, hari abavukanyi babona ko ubwo buryo bwatuma umuntu anebwa be n’uko kwamamaza inzu ku nzu hakoreshejwe Bibiliya gusa ata co vyobaye bitwaye. Naho abavukanyi bamwebamwe batumvikana ku bijanye n’ukuntu igikorwa co kwamamaza cari gikwiye kugenda, bose wasanga bafise icipfuzo gikomeye co gukorera Yehova badahemuka naho borwanijwe gute.

None abavukanyi bari gukora iki? Intambara yatumye abavukanyi bataba bagihanahana amakuru n’abo ku cicaro gikuru i New York, ku buryo vyasa n’uko ico kibazo kitotorewe umuti mu maguru masha. Abavukanyi boba boretse ngo ukwo kutumvikana gutume ukwizera kwabo kugoyagoya? Canke boba bari kubandanya bamamaza uko bashoboye kwose maze bakarindira ko Yehova n’ishirahamwe ryiwe batorera umuti ico kibazo?

Bigaragara ko Yehova yariko arahezagira umurimo abo bavukanyi barangura badahemuka, kubera ko mu gihe c’intambara ishirahamwe ryabandanije ritera imbere nk’uko vyari bimeze mu myaka itanu imbere y’uko iyo ntambara itera. Naho hari intambara, igikorwa kibujijwe, abavukanyi na bo bakamamaza mu buryo butandukanye, igitigiri c’abamamaji carongerekanye kiva ku 462 mu 1940 gishika ku 689 mu 1945, ivyo bikaba mu vy’ukuri vyaratumye abavukanyi banezerwa.

BUNGA UBUMWE MU MURIMO WA YEHOVA

Inyuma y’aho intambara irangiye mu 1945, William Dey yaraje muri Norveje muri Mukakaro no muri Myandagaro kugira ngo afashe abavukanyi yongere atunganye bushasha igikorwa barangura. Umuvukanyi Dey yaratunganije amakoraniro yabereye i Oslo, i Skien be n’i Bergen maze abavukanyi bose abasaba ashimitse guhuriza hamwe utwigoro twabo tuvuye ku mutima. Yarabibukije ko bari bariboneye ukuntu Yehova abahezagira kandi hakaba iterambere, akaba ari co gituma bari bakwiye gukomera kw’ibanga bizigiye ko Yehova yobayoboye.

Muri Nyakanga 1945, Nathan H. Knorr wo ku cicaro gikuru yaravuganye na Marvin F. Anderson, umuvukanyi w’Umunyamerika w’imyaka 28 yakomoka muri Danemarke yigeze kuba akorera kuri Beteli i New York, ico gihe na ho akaba yari umucungezi w’umuzunguruko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umuvukanyi Knorr yarabajije Anderson nimba yoshimye kuja muri Norveje kugira yitwararike ibintu bimwebimwe no kuhaguma “imyaka itari mike.” Umuvukanyi Anderson yaremeye, naho ico gihe nyene vyomusavye kumara amezi nk’angahe atarajayo.

Mu kurindira ko Anderson aja muri Norveje, umuvukanyi Knorr be na Henschel baragendeye ico gihugu muri Kigarama 1945. Ubuyobozi buranga urukundo bahaye abavukanyi bwarabafashije kugiranira ubucuti bukomeye bushingiye ku rukundo n’ubumwe. Ico gihe nyene, Knorr yaratangaje ko umuvukanyi Dey ari we yosubiriye Öman mu mabanga yo guhagarikira ishami. Haheze ukwezi, Anderson yarashitse muri Norveje, hanyuma muri Ruhuhuma aragenwa mu mabanga yo guhagarikira ishami. Inyuma ya ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, abasavyi ba Yehova bo hirya no hino muri Norveje barasubiye gukora ubusuku babigiranye ingoga nyinshi, bizigiye ko Yehova yobahezagiye.

ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA RITERA IMBERE

Igihe Marvin Anderson yashika muri Norveje, ku biro vy’ishami hari ibikorwa vyinshi. Muri Nyakanga 1945, abamamaji bararonse agatabu kamwe mu kinorveje be n’utundi tune mu gisuwede. Mu kwezi kwakurikiye, harasohowe mu kinorveje Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1945 be n’ibindi bisohokayandikiro.

Hari ikintu gitwengeje cabaye cerekana akamaro ko kugira ibisohokayandikiro mu kinorveje. Kamwe mu dutabu two mu gisuwede kavuga ngo Hopp, iryo rikaba ari ijambo ry’igisuwede risigura “icizigiro.” Ariko, iryo jambo nyene “hopp” mu kinorveje risigura “gusimba,” canke “gutaruka.” Abamamaji babwirizwa gusigurira abo baha ako gatabu ko ubutumwa buri muri ko butabasaba gusimba, ahubwo ko butuma bagira icizigiro!

Igihe Anderson yaba umucungezi w’ishami mu 1946, aho ibiro vy’ishami vyakorera haraga cane ku buryo vyasavye ko abana mu cumba n’abandi bavukanyi batanu. Vyarabaye ngombwa ko abantu batari Ivyabona baba muri iyo nyubakwa kuva ku ntwaro y’Abanazi bimurirwa ahandi hantu kugira ngo haboneke aho abagize umuryango wa Beteli wariko uraguka baba.

Anderson yaciye atangura gukorana ishaka igikorwa yari aheruka gushingwa. Ibiro vy’ishami vyarasanuwe, haraboneka ibikoresho bishasha, ushizemwo n’imashini yo gucapura bakanyagisha amaguru. Mu 1946 ni ho hatanguzwa mu mashengero rya Shure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Abavukanyi benshi baza bamenyerezwa mu bijanye no gutegura insiguro no kuzishikiriza, kandi abatari bake ntibatevye kuba abashoboye gushikiriza insiguro z’icese.

Amahwaniro ya mbere yagizwe inyuma y’intambara ni ayabereye i Oslo, i Bergen be n’i Trondheim muri Nyakanga no muri Gitugutu 1946. Muri ivyo bibanza vyose ukwo ari bitatu, abantu 3.011 ni bo bitavye insiguro y’icese yavuga ngo “Umuganwa w’amahoro,” kandi 52 barabatijwe, ivyo bikaba ari ibitigiri bitangaje kubera ko ico gihe muri Norveje hari abamamaji 766 gusa.

Muri Kigarama 1946, igikorwa co kugendera amashengero carasubiye gukorwa, aho hakaba hari haciye imyaka irenga itanu kidakorwa. Abavukanyi batari bake bakiri bato, bamwe muri bo bakaba bari barigeze gusukurira kuri Beteli, baragenywe kuba abacungezi b’imizunguruko (ico gihe bakaba bitwa abasuku basukurira abavukanyi). Kimwe mu bintu nyamukuru bitwararika kwari ukumenyereza abamamaji mu busuku bw’inzu ku nzu, kandi baragerageza gukorana n’abamamaji benshi bashoboka mw’ishengero rimwerimwe ryose. Uwitwa Gunnar Marcussen, umwe muri abo bacungezi b’imizunguruko bakiri bato bo muri ico gihe, avuga ko mu mashengero amwamwe wasanga akorana n’abamamaji bari hagati ya 50 na 70 mu kiringo c’indwi yaba yagendeye ishengero. Abamamaji bagiye buhorobuhoro baraba abahanga mu gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami, maze baca barahagarika gukoresha amakarata yo gushinga intahe be na vya vyuma birekura amajwi bakoresha kuva mu myaka ya 1930. Baritwararika cane kandi gufasha abamamaji gusubira kugendera abo bayaze no kuyobora inyigisho za Bibiliya.

BAREMESHWA GUKORA UBUTSIMVYI

Inyuma y’intambara, abamamaji bararemeshejwe gusaba ubutsimvyi kugira ngo bafashe abantu bashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami baguma biyongera. Ivyo vyatumye abamamaji batari bake bari barahagaritse ubutsimvyi igihe igikorwa cacu cabuzwa mu 1941 basubira gukora uwo murimo w’igihe cose. Naho ivy’ubutunzi vyari vyifashe nabi, abavukanyi na bashiki bacu 47 ni bo bari bamaze gutangura gukora ubutsimvyi mu mpera z’umwaka wa 1946.

Umwe muri abo batsimvyi ni mushiki wacu yitwa Svanhild Neraal, uno akaba mu 1946 yagiye kwamamaza mu buraruko mu ntara ya Finnmark. Svanhild yari yarakoreye ubutsimvyi muri iyo ntara mu 1941 ari kumwe na Solveig Løvås kandi bari bariboneye ingene igisagara ca Kirkenes be n’ica Vardø bicucagirwa amabombe. Svanhild ntiyari gushobora kwibagira abantu bashimishijwe we na Solveig bari barigeze kuyaga na bo, akaba ari co gituma yaciye asubira muri ico gisagara c’i Kirkenes cari carasinzikajwe n’intambara. Igihe abantu bo muri ico gisagara babona Svanhild agarutse muri ako karere kandi atoronse n’aho aba, bibaza ko adakomeye mu mutwe.

Naho vyari ukwo, Svanhild yarizigira Yehova, kandi mu rushana rwa mbere rwabaye ari yo ari, yarara hasi mu gikoni c’inzu ntoyi yari isanzwe ibamwo abandi bantu batanu. Ibintu vyari bigoye cane intambara ikirangira, kandi yarihanganiye ibintu vyinshi bitoroshe. Akenshi wasanga arindirira amato mu mvura y’igikonyozi irimwo shelegi, nya mato akaba atashika ku gihe, niba yaba aramutse aje hoho.

Svanhild yariboneye ibintu vyinshi bishimishije igihe yariko abwira inkuru nziza abantu bo mu bwoko bw’Abasami. Mu gihe ataba ashoboye gushika mu bigwati vyabo biri ukwa vyonyene agiye n’imodoka, yaca agenda n’ubwato canke n’ikinga. Akenshi wasanga abo Basami b’abakiranyi bamuha ikaze mu tuzu twabo twubakishijwe amahema akozwe mu nsato z’ibikoko vyo mu bwoko bw’impongo maze bakamutega yompi igihe yaba ariko arababwira inkuru nziza abifashijwemwo n’abasobanuzi. Mu bihe vyo gufungura baramuha ikaze kugira ngo basangire inyama z’izo mpongo. Bamwe mu bo Svanhild yabwiye inkuru nziza bahavuye baza mu kuri.

Uwitwa Kjell Husby, uno akaba yakorera kuri Beteli ico gihe, yavuze yuko ibiro vy’ishami vyama bizi aho Svanhild yaba ari, biciye gusa kuri aderese yarungika z’ababa basavye kuza bararungikirwa ibinyamakuru. Mu myaka itatu yamaze i Finnmark, abantu 2.000 bariyandikishije ngo bazoze bararungikirwa ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi, yongera atanga ibitabu 2.500!

“ABAROVYI B’ABANTU”

Inyuma y’intambara, abamamaji bo mu mashengero na bo nyene baragize uruhara n’umunezero mwinshi mu gikorwa co kwamamaza, kandi ivyo vyaravuyemwo ibintu bikora ku mutima. Mu gihe c’intambara, umwe Dag Jensen twavuga, yari yarabwiye inkuru nziza abagenzi n’incuti mu kigwati ca Hennes i Vesterålen. Abenshi barashimishijwe bongera bariga Bibiliya bakoresheje ibisohokayandikiro vyacu. Igihe intambara yarangira mu 1945, Dag yaciye abatizwa. Mu mwaka wakurikiye, igihe i Hennes hashingwa ishengero, abantu 16 barabatirijwe i muhira kwa Dag. Haciye imyaka itanu, iryo shengero ryari ririmwo abamamaji nka 50, kandi mu 1971, Dag yavuze yuko abarenga 20 bo muri iryo shengero bari batanguye gukora ubutsimvyi.

Urukundo Dag yakunda Yehova be n’umwete yari afitiye ubusuku vyarandukira abandi. Mushiki wacu yitwa Åshild Rønning yakuriye muri iryo shengero arigana ivyo yibuka ati: “Igihe Dag yaba yinjiye mu nzu, waca ubona ko ari umuntu w’umunyamunezero kandi w’igishika. Wamengo ni izuba rirasiye muri nya nzu.” Dag yama nantaryo aremesha cane abana, nk’igihe baba bashikirije ikiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Åshild avuga ati: “Yatuma tubona ko ivyo twakoze bihambaye.” Kubera ukwo kuntu uwo muvukanyi yari kiremesha, vyatumye Åshild atangura umurimo w’ubutsimvyi mu 1962, kandi yaragize umunezero wo kubwira abandi “inkuru nziza y’ubuninahazwa ya ya Mana ihimbawe” Yehova.—1 Tim. 1:11.

Kubera iki none Ivyabona benshi cane bo muri ako karere bari abanyamwete? Naho abantu benshi bo muri ico kigwati batakunda kuja gusenga, baremera Imana na Bibiliya. Vyongeye, Ivyabona benshi bo muri ico kigwati bari bazwi ko ari ba serugo beza bashigikirwa n’abakenyezi babo b’intahemuka. Umwe muri abo ni uwitwa Arnulf Jensen, umuhungwabo wa Dag, akaba yabatijwe mu 1947. Mu misi y’ibikorwa, yaraja kuroba kugira ngo aronke igitunga umuryango, akaza aramara imisi itari mike ku kiyaga akoresha ubwato bwiwe bwo kuroba. Ariko rero, buri wa gatanu ku mugoroba yaca ataha i muhira, naho ifi zaba zipfa cane kandi abandi barovyi bakaba bagumyeyo kugira baronke amahera menshi. Arnulf yaritwararika cane kuba ari muhira mu mpera z’imishamvu kugira ngo yitabe amakoraniro yongere agire uruhara mu gikorwa co kwamamaza ari kumwe n’umukenyezi wiwe be n’abana babo umunani, bose bakaba bari bahagaze neza mu kuri. Ku misi ya gatandatu no ku misi y’iyinga, abavukanyi barakora igikorwa bashinzwe co kuba “abarovyi b’abantu,” akenshi bakaba bakoresha bwa bwato bwa Arnulf kugira ngo bakore igikorwa co kuroba mu buryo bw’impwemu mu bigwati vya kure cane.—Mrk. 1:16-18.

“DUKORA IGIKORWA GIHAMBAYE”

Intunganyo yo kumenyereza abamisiyonari biciye kuri rya Shure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi ribera i New York yarafashije cane abavukanyi bo muri Norveje. Hans Peter Hemstad be na Gunnar Marcussen ni bo babaye abamisiyonari ba mbere bakomoka muri Norveje, bakaba basohotse iryo shure mu 1948. Baciye barungikwa gukorera muri Norveje maze basukura mu gikorwa co kugendera amashengero no mu murimo wo kuri Beteli, mu ntango bakaba bakora ari abirebange, mu nyuma na ho basukura bari kumwe n’abakenyezi babo. Kuva mu 1948 gushika mu 2010, Ivyabona nka 45 bo muri Norveje ni bo bari bamaze gusohoka rya Shure rya Gileyadi. Abarenga igice cabo barungitswe gukorera muri Norveje nyene kandi wasanga basukura ari abamamaji b’igihe cose canke abacungezi b’ingenzi kibure ari abo mu bagize umuryango wa Beteli.

Andreas Hansen akomoka muri Danemarke be na Kalevi Korttila akomoka muri Finlande ni bamwe mu bandi bamisiyonari bamenyerejwe muri rya Shure rya Gileyadi batanguye gushika muri Norveje. Mu 1951 barungitswe gukorera mu buseruko bwa Finnmark, aho wasanga bagira ingendo ndende bari mu bwato, kw’ikinga, canke bakagenda baserereka ku bibarafu bambaye twa tuntu twabigenewe. Akenshi wasanga bubakira ku mushinge wo mu vy’impwemu wari washinzwe na Svanhild Neraal mu myaka nk’ingahe imbere y’aho. Ico vyavuyemwo ni uko inyuma y’umwaka umwe gusa igitigiri c’abamamaji bo mu cibare bakoreramwo ciyongereye kiva ku bamamaji 3 gishika kuri 15!

Kjell Martinsen w’i Hennes i Vesterålen yasohotse rya Shure rya Gileyadi mu 1953, hanyuma arungikwa gukorera muri Norveje. Ku myaka 22 y’amavuka, yaragenywe kugendera amashengero i Vestfold be n’i Telemark. Naho ico gikorwa co kuba umucungezi w’ingenzi yabona yuko kimuteye ubwoba kuko yari akiri muto, hari ibintu vyinshi yibuka bijanye n’ukuntu abavukanyi bari bazi utuntu n’utundi kumurusha bamwakirana igishika kandi bagasenyera ku mugozi umwe na we badahemuka. Kjell yarasukuye ari umucungezi w’ingenzi gushika mu 2001 aho yaciye akora ubutsimvyi aba i Svolvær muri Lofoten ari kumwe n’umukenyezi wiwe Jorunn.

Mu 1950, mushiki wacu Karen Christensen yaraje avuye muri Danemarke kugira ngo akorere ubutsimvyi i Egersund be n’i Kongsvinger, uturere tutarimwo amashengero. Yahetuye ico cibare cose agendera kw’ikinga ryiwe. Aho asohokeye rya Shure rya Gileyadi mu 1954, yaciye arungikwa gukorera i Kongsberg. Mu 1956 yarubakanye na Marvin Anderson maze kuva ico gihe aca asukurira kuri Beteli. Ubu Karen aramaze imyaka irenga 60 ari mu murimo w’igihe cose. Karen ariyemera icese ati: “Turi abantu badahambaye, mugabo dukora igikorwa gihambaye.”

IBINTU VY’INTIBAGIRWA MU BIJANYE N’AMATEGEKO

Kuva mu 1948 gushika mu 1951 ni ho canecane habaye iyongerekana rishimishije. Mu 1951 abamamaji bo muri Norveje bari 2.066, iryo rikaba ryari iyongerekana ry’ibice 29 kw’ijana. Ariko ico gihe, hari ingorane zijanye n’ivy’amategeko zashikiye abasavyi ba Yehova bo muri ico gihugu.

Ingorane ihambaye cane yabashikiye ni iyari ijanye n’ukwamamaza mu mabarabara bakoresheje ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Muri Munyonyo 1949, hari abamamaji bariko baramamaza mu mabarabara i Oslo batwawe ku kirindiro c’abapolisi, ariko haciye amasaha makeyi bahavuye barekurwa. Ku mpera y’umushamvu wakurikiye, ivyo Vyabona barongeye kwamamaza mu mabarabara ata bwoba. Ariko rero, kw’igenekerezo rya 6 Kigarama 1949, abamamaji bose bariko baramamaza mu mabarabara i Oslo barafashwe. Babwiwe yuko batemerewe gushikiriza abantu ibinyamakuru mu mabarabara batabirekuriwe n’igipolisi. Abapolisi bavuze yuko ngo ico gikorwa c’abo bamamaji coshobora gutuma abantu barundana mu mabarabara, hakaba uruhagarara kandi kikabuza uruja n’uruza. Abamamaji indwi barasambishijwe maze bararengutswa muri sentare, aho basabwe kuriha ihadabu ry’amahera makeyi canke bagapfungwa imisi itatu.

Kubera ko ico kitari ikibazo kijanye no gusaba gusa uruhusha abapolisi, ariko kikaba cari kijanye n’uburenganzira abavukanyi bafise bwo kuvuga ivyo bemera ku mugaragaro, baciye bungururiza urwo rubanza muri Sentare Nkuru ya Norveje. John Roos, uwari ajejwe gutanga amakuru ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova, abicishije mu kinyamakuru kimwe (Dagbladet) yarerekanye yuko igikorwa co kwamamaza turangurira mu mabarabara kitari bwigere gitera uruhagarara. Yasiguye ati: “Niba igikorwa co kwamamaza kirangurirwa mu mabarabara ata ruhagarara gitera, ntikibuze uruja n’uruza, kandi ntigitume abantu barundana, none vyoba bikenewe ko turinda gusaba uruhusha abapolisi? Canke na ho, umwidegemvyo wo gusenga nturonsa none umunyagihugu uwo ari wese uburenganzira bwo gukora ico gikorwa?” Magingo Ivyabona bari bakirindiriye ingingo iyo Sentare Nkuru yoshitseko, babandanije bamamaza ku mabarabara naho baguma babafata bongera baza baraduza ihadabu babaca. Hari abamamaji bafashwe incuro zirenga cumi.

Ku wa 17 Ruheshi 1950, Sentare Nkuru yariyamirije ingingo yari yafashwe na sentare y’igisagara, maze irambika izera abo bamamaji! Iyo ngingo idushigikira be n’izindi zagiye zirafatwa zaremeje ko Ivyabona vya Yehova bafise uburenganzira bahabwa n’amategeko bwo gushikiriza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya muri Norveje, haba ku mabarabara canke inzu ku nzu batarinze gusaba uruhusha igipolisi.

AMAHWANIRO Y’INTIBAGIRWA

Mu myaka ya 1950 n’iya 1960, hari amahwaniro menshi y’intibagirwa yakomeje ishirahamwe yongera aratuma Ivyabona barushiriza kwiyegerezanya. Nathan H. Knorr be na Milton G. Henschel bo ku cicaro gikuru, bari mu bashikirije insiguro kw’ihwaniro ryahuza igihugu cose ryabereye i Lillehammer mu 1951. Abitavye iryo hwaniro bari baje bavuye mu mihingo yose y’ico gihugu. Urazi ukuntu abari bitavye iryo hwaniro bahimbawe cane no kubona abantu 89 babatizwa, insiguro y’icese na yo ikitabwa n’abantu 2.391! Mu myaka yakurikiye, abavukanyi bavuye muri Norveje barahimbawe no kwitaba amahwaniro mpuzamakungu yabereye i Londres be n’i New York. Mu 1955 na ho, Ivyabona bashika ku 2.000 bo muri Norveje baritavye ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i Stockholm muri Suwede.

Nta gukeka ko rya teraniro mpuzamakungu ryo mu 1965 ryabera i Oslo ku kibuga c’inkino citwa Ullevål ryari ryataziriwe ngo “Ijambo ry’ukuri,” cabaye ikintu c’intibagirwa! Yamara rero, hari ingorane yari ihari. Buca nya teraniro riba, umugwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru wa Norveje wariko urakinira n’uwundi mugwi nserukiragihugu muri ico kibuga. Isinzi ry’Ivyabona ryari ririndiriye inyuma y’ico kibuga gushika aho abari baje kurorera urwo rukino basohokeye, maze ivyo Vyabona baca barinjira muri ico kibuga kugira ngo bagitegure ku bw’iryo teraniro. Bose bamaze ijoro ryose bariko barakora bagatama, ni ukuvuga bakubura, batoragura umucafu, bubaka n’amahema yo guteguriramwo ibifungurwa. Barubatse kandi imikiruruko, ikibanza co kuririmbiramwo hamwe n’akazu kameze nk’ikigega be n’utundi tuzu dutatu, twose tw’ivyatsi, kugira ngo dusharize ico kibuga. Ca kinyamakuru (Dagbladet) canditse giti: “Hari igitangaro caraye kibaye. Ca kibuga c’inkino ca Ullevål cahinduwe gisigara kimeze nk’akarere ko mu gihugu hagati kabereye ijisho . . . Ivyo vyose vyavuye ku twigoro tudasanzwe tw’Ivyabona vya Yehova.”

Abavukanyi na bashiki bacu b’Abanyanorveje, abari basanzwe ari abakiranyi, barahaye indaro abantu barenga 7.000 bari baje bava mu bindi bihugu, abenshi muri bo bakaba bari baje bava muri Danemarke. Harubatswe amahema mu gahinga hafi y’igisagara. Ico kibanza cari kibereye ijisho igihe ikirere caba cifashe neza. Yamara, abantu 6.000 bari bashikiye muri ico kibanza bazokwibagira batevye imvura yaguye ku musi wa mbere w’iryo teraniro, yatumye ico kibanza cose gisigara cuzuye urwondo. Bose barahimbawe cane kubera yuko mu misi ibiri ya nyuma y’iryo teraniro ikirere cari kimeze neza. Naho vyashitse ikirere kikamera nabi, abavukanyi bo muri ico gihugu be n’abari baje bava mu mahanga bari mu munezero utagira uko wovugwa wava kuri ukwo kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo, kandi porogarama yo mu buryo bw’impwemu yaje ku gihe ikaba yaratumye bumva baruhuriwe. Ese ukuntu bahimbawe cane no kuba kuri iryo teraniro habatijwe abantu 199 kandi insiguro y’icese yashikirijwe na Knorr ikaba yitabwe n’abantu 12.332!

“KWAMAMAZA NI BWO BUZIMA BWACU”

Turetse kwamamaza inzu ku nzu no mu mabarabara, benshi mu bavukanyi na bashiki bacu bo muri ico gihugu barironkeye ivyiza vyinshi mu kwamamaza akaryo kizanye. Mu 1936, uwitwa Konrad Flatøy, akaba yakora igikorwa co gucana muri mwene bwa bwato butwarwa n’imoteri ikoreshwa n’umwuka, yarahaye agatabu umukoresha wiwe, na we akaba yitwa Paul Bruun. Uwo mukoresha yarakiriye nya gatabu aca arara agasomye.

Paul yavuze ati: “Ubwo nyene naciye mbona ko ukwo ari ukuri kandi ako gatabu karanyeretse itandukaniro riri hagati y’idini ry’ukuri n’iry’ikinyoma.” Paul amaze kwiga ibitari bike, yaciye atangura kubwira abandi inkuru nziza, kandi mu gihe c’intambara, yarigishije Bibiliya umuntu umwe yatwara ubwato yari yarashimishijwe n’ukuri. Uko nya muntu yarushiriza kugira ubumenyi bushingiye kuri Bibiliya, ni ko yarushiriza kwumva ko atokoresha inkoho bitwaza muri ubwo bwato. Igihe abakuru b’uwo muntu yatwara ubwato bamenya impagararo yiwe, baciye bategeka Paul kureka kumwigisha Bibiliya. Paul yaranse, maze we hamwe n’uwo muntu baca babasiga ku kivuko i Londres. Haciye ukwezi, nya bwato bwarasabiye mu kiyaga buhitanywe na mwene ca kibombe batera bacishije mu mazi. Mu nyuma uwo muntu yatwara ubwato yagumye atera imbere arabatizwa, Paul na we aratumirwa kwitaba rya Shure ry’abamisiyonari rya Gileyadi. Paul asohotse iryo shure mu 1954, yaciye arungikwa gukorera ubumisiyonari muri Filipine. Mu nyuma yaragarutse muri Norveje aca asukura ari umucungezi w’umuzunguruko, ari kumwe n’umukenyezi wiwe Grethe.

Mu 1948, uwitwa Holger Abrahamsen yakora akazi ko gutwara abakozi basibura aho amato ashikira ku kivuko c’i Narvik, akongera akabatahana. Holger yama yivugira ngo “Kwamamaza ni bwo buzima bwacu. Tutamaje twoca dupfa.” Ni co gituma Holger atigera agisha akaryo na kamwe yaronka ko kubwira inkuru nziza ingenzi. Umwe muri izo ngenzi, uwitwa Olvar Djupvik, yarashimishijwe hanyuma arabwira uwo yari areheje Anne Lise ibijanye n’icizigiro co kuba mw’Iparadizo. Bompi barabatijwe, haciye igihe na ho barigisha abahungu babo bane, na bo nyene baraba abasavyi ba Yehova. Umwe muri abo bahungu ni uwitwa Hermann, akaba yarakoreye umurimo w’ubumisiyonari muri Boliviya ari kumwe n’umukenyezi wiwe Laila. Hermann yaragarutse muri Norveje n’umukenyezi wiwe Laila, ubu akaba akora igikorwa co kugendera amashengero.

KWITWARARIKA INTAMA ZA YEHOVA

Mu myaka ya 1960 n’iya 1970, harabaye amahinduka akomeye mu bijanye no kwungunganya ibintu ku biro vy’ishami no mu mashengero. Roar Hagen yarasubiriye Marvin Anderson mu mabanga yo guhagarikira ishami. Mu nyuma, mu 1969, Thor Samuelsen yaragenywe ngo ahagarikire ishami. Mu 1976, harashinzwe Komite y’ishami kugira ngo ibe ari yo ihagarikira iryo shami, abari bagize iyo komite akaba ari Thor Samuelsen, Kåre Fjelltveit, be na Niels Petersen. Abo ni bo batanguye kugenwa ngo babe abagize Komite y’ishami yo muri Norveje.

Muri Gitugutu 1972, harashizweho intunganyo ijanye n’inama z’abakurambere kugira ngo basukure ari abungere bo mu vy’impwemu mu mashengero. Abagabo bahumuye bo mu mashengero barafashijwe kugira ngo babe abashoboye kuragira abashasha benshi bariko barakira ukuri kwo muri Bibiliya. Kuva ico gihe, Yehova yarahezagiye cane abasavyi biwe uko bamusukurira badahemuka bisunga ubuyobozi bwiwe buranga urukundo.

ABASAMI BAKIRA INKURU NZIZA

Abatsimvyi benshi be n’abandi bamamaji baramaze imyaka mirongo babwira inkuru nziza abantu bo mu bwoko bw’Abasami, harimwo n’abungere b’ibikoko vyo mu bwoko bw’impongo bo hasi mw’itaba ry’imisozi rya Finnmarksvidda. Naho Abasami nka bose bavuga ikinorveje, rimwe na rimwe wasanga abo bamamaji babwirizwa gukoresha abasobanuzi. Umwe mu Vyabona ba mbere bakoresheje cane ururimi rw’igisami mu kwamamaza ni uwitwa Aksel Falsnes, uwari afise umuvyeyi umwe wo mu bwoko bw’Abasami kandi akaba yaravuga igisami, ikinorveje n’igifinlande. Mushiki we yaba mu bumanuko bwa Norveje yari yaremeye ukuri kandi yari yararungikiye uwo musazawe kimwe mu bisohokayandikiro vyacu, uno akaba yaragisomye n’umushasharo mwinshi. Nta Vyabona bari i Troms, aho Aksel yaba, ariko mu 1968 hari abatsimvyi n’umucungezi w’umuzunguruko bamugendeye maze baramufasha gutera imbere mu vy’impwemu.

Aksel yahavuye aba umwamamaji w’umunyamwete. Kenshi yarazinduka agashira ikinga ryiwe mu bwato bwiwe, akajabuka agace k’amazi y’ikiyaga kinjira hagati y’ibitandara, maze agaca akoresha ikinga ryiwe mu kuza aragenda ava mu kigwati kimwe aja mu kindi. Kubera ko Aksel yari azi igisami, yarashoboye kubwira inkuru nziza Abasami bo mu turere twa kure tw’i Finnmark.

Aksel yari umuntu w’indyamunyu, kandi yaragira ingendo ndende agenda araserereka ku bibarafu yambaye twa tuntu twabigenewe kugira ngo ashikire imihana yari ukwa yonyene. Nk’akarorero, mu mpera z’urushana rumwe yarakoresheje ubwo buryo bwo kwiyunguruza ava i Karasjok ararengana itaba ry’umusozi gushika naho ashika i Kautokeino, hanyuma arashika n’i Alta. Yatwara gusa isakoshi yo mu mugongo irimwo utuntu dukeyi twa nkenerwa be n’ibisohokayandikiro bimwebimwe. Haciye amayinga makeyi, yahavuye ashika aho abagenzi biwe baba i Alta, aho akaba yari amaze kugenda urugendo rw’ibilometero nka 400 agenda araserereka!

Mu ntango z’imyaka ya 1970, Abasami batari bake baraje mu kuri. I Hammerfest, hari umugore n’umugabo wiwe b’Abasami batanguye kwigana n’Ivyabona vya Yehova. Budakeye na kabiri, abantu bamwebamwe bo mu ncuti z’uwo mugore zaba i Alta barashimishijwe n’ukuri. Arne Milde n’umukenyezi wiwe Marie Ann, bano bakaba bari abatsimvyi badasanzwe bakorera i Alta, baratanguye kwiga Bibiliya n’abo bantu b’umutima nziraburyarya kandi akenshi iyo nyigisho yabo yagirwa hari abandi bantu 10 canke 12 baba bariko barumviriza. Amaherezo, abangana n’igice c’abo bantu barabaye Ivyabona.

Umutsimvyi umwe w’Umusami yitwa Hartvig Mienna akorera i Alta, akaba akoresha mwene twa tumodoka duca ku bibarafu kugira ngo ashikire abantu baba ukwa bonyene, avuga ati: “Kwamamaza mu karere k’Abasami ni urugamba. Usanga baba kure na kure kandi benshi muri bo barumira cane ku migenzo yabo ya kera. Ariko ni abakiranyi cane, kandi twarashoboye gutangura kwigana Bibiliya n’abatari bake.”

IGIHE CARI CITEGANYWE IGISHIKA

Igitigiri c’abamamaji cabandanije kwongerekana kuva mu myaka ya 1965 gushika mu myaka ya 1975. Ariko ivyo abavukanyi biyumvira ko vyobaye mu 1975 hari abo vyabereye ikigeragezo. Aho ya makuba akomeye adashikiye mu 1975, hari bakeyi baciye baheba ishirahamwe; kandi hagati yo mu 1976 no mu 1980, igitigiri c’abamamaji caragabanutse gatoyi. Abandi na bo baracitse intege baramara igihe barasubiye inyuma nk’ibirenge mu gikorwa ca gikirisu barangura. Ariko none ni gute benshi babona ibijanye no kubandanya basukurira Yehova?

Hans Jakob Lilletvedt yiyemereye ati: “Hari ibintu twari twiteze kandi biteye umunezero ku bijanye n’umwaka wa 1975, ariko ukwizera kwanje si vyo kwari gushingiyeko.”

Ivyabona b’abizigirwa bari bamaze igihe kirekire ari bo John Johansen n’umukenyezi wiwe Edith bavuze bati: “Ntitwiyeguriye Yehova dufise ku muzirikanyi itariki yinaka, ni co gituma twakomeye kw’ibanga ata na kimwe duhinduye.”

Lea Sørensen yavuze ati: “Nzokorera Yehova ibihe bidahera. Iherezo ryaba ryoje mu 1975 canke inyuma y’aho, ico si cari gihambaye.”

IBIRO VY’ISHAMI BISHASHA

Ibikorwa vyaguma vyiyongera ku biro vy’ishami amaja mu mpera z’imyaka ya 1970. Ivyo vyatumye hakenerwa abandi banyabeteli be n’izindi nyubakwa z’uburaro n’izo gukoreramwo. Ivyo vyatumye mu 1979 Inama Nyobozi yemeza ko ibiro vy’ishami bishasha vyubakwa hirya y’igisagara ca Oslo hakurikijwe imigero y’ubwubatsi yari yashikirijwe. Amaja mu mpera za 1980, abavukanyi bararonse ikibanza kibereye i Ytre Enebakk, nko ku bilometero 30 uvuye mu gisagara hagati i Oslo.

Kugira ngo hakoreshwe amahera make mu bwubatsi bw’iyo nyubakwa yose, haratumiwe abavukanyi bakora bavyishakiye. Rwari urugamba kuronka ibikoresho vyo kwubaka, kuronsa ibifungurwa be n’uburaro abantu barenga 100, be no gucungera ubwo bwubatsi ukwo bwakabaye.

Abavukanyi na bashiki bacu barenga 2.000, baba ari abo muri Norveje canke abaje bava mu mahanga, ‘baritanze babikunze.’ (Zab. 110:3) Abenshi barashigikiye ico gikorwa mu gutanga ibiraya, imboga, ivyamwa, imikate, amagi, ifi, impuzu, be n’ibikoresho. Bamwe wasanga bariko baraca ibiti mu gitara, mu gihe abandi na bo baba bariko basaturira imbaho aho kw’ishantiye. Abandi bavukanyi benshi cane barafashije mu gutanga ingurane canke mu guterera amahera.

Abavukanyi bamwebamwe bafise ubuhanga mu bikorwa binaka barashobora gufasha mu kiringo kinaka gusa ku buryo igikorwa kinini wasanga kibwirizwa gukorwa n’abavukanyi bakora bavyishakiye badafise ubuhanga. John Johnson, uwari ahagarikiye ibikorwa bijanye n’umuyagankuba, aradonda ukuntu we hamwe n’abandi bahagarikizi b’ibikorwa bumva ko batoshoboye ico gikorwa. Avuga ati: “Abavukanyi bakora bavyishakiye barize ukuntu ibikorwa binaka bikorwa kandi barakoze igikorwa gishimishije cane.” Abandanya ati: “Vyari bitangaje kubona ingene ingorane zatorerwa umuti be n’ukuntu ibikorwa vyose vyagenda neza. Vyaragaragara ko Yehova Imana ari we yayobora ico gikorwa c’ubwubatsi.”

Ico gikorwa caragenze neza bivuye ku mwete abavukanyi bakora bavyishakiye bari bafise, ku butanzi bwa cane bw’abavukanyi na bashiki bacu be no ku muhezagiro wa Yehova. Ubwubatsi bwatanguye mu ntango za 1981, maze ibiro vy’ishami bishasha vyegurirwa Yehova ku wa 19 Rusama1984, igihe Milton Henschel wo mu Nama Nyobozi yari yagendeye ico gihugu. Ubwo bwubatsi bwaratumye abavukanyi b’Abanyanorveje bagira umunezero mwinshi kandi bararushiriza gufatana mu nda. Mu myaka yakurikiye ico gikorwa c’ubwubatsi, benshi mu bakora bavyishakiye barasavye ubutsimvyi bwo gufasha canke busanzwe.

HUBAKWA INGORO Z’UBWAMI MU KIRINGO GITOYI

Mu 1928 ni ho abavukanyi bacu bane, ni ukuvuga abahungu ba Fjelltvedt, bubaka inyubakwa ya mbere amaja mu mpera y’igisagara ca Bergen abasavyi ba Yehova bagiriramwo amakoraniro. Mu ntango z’imyaka ya 1980, amashengero atari make yariyubakiye Ingoro z’Ubwami canke akagura inyubakwa agaca azigira Ingoro z’Ubwami. Ariko amashengero menshi yari akigirira amakoraniro mu nyubakwa zitameze neza yari apanze. Igihe ishami ryariko ryubakwa, hari abavukanyi barimburiye hamwe ukuntu boshoboye kwubaka Ingoro z’Ubwami mu kiringo gitoyi. Bari bazi ko imigwi y’abavukanyi bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada ico gihe yariko irubaka Ingoro z’Ubwami mu kiringo gitoyi, maze baca bibaza bati: ‘Niba abavukanyi bo muri ivyo bihugu bashobora gukora igikorwa nk’ico babifashijwemwo na Yehova, tweho kuki?’

Abavukanyi bamwebamwe baracafye imigero bongera barazirikana ku bindi bintu vy’ido n’ido, maze inyuma y’aho bubakiye Ingoro y’Ubwami y’i Askim mu 1983 bakoresheje ubuhinga bari biyumviriye, barubatse mu 1984 izindi Ngoro z’Ubwami zitatu mu kiringo gitoyi, ni ukuvuga iy’i Rørvik, iy’i Steinkjer be n’iy’i Alta. Uti none babigenjeje gute? Mu bisanzwe, babanza gutegura umushinge hanyuma bagaca bahagarikira neza abavukanyi bakora bavyishakiye, baba ari abahinga mu bikorwa binaka canke atari abahinga, ku buryo ibikorwa bitandukanye vyose bijanye n’ukwubaka biba vyarangiye mu misi mikeyi gusa.

Mu myaka cumi yakurikiye, muri Norveje harubatswe mwene izo Ngoro z’Ubwami nka 80. Mu nyuma, abavukanyi bo muri Norveje baragiye mu gihugu ca Islande gufasha kwubaka Ingoro z’Ubwami zitatu. Naho ubu amashengero nka yose yo muri Norveje afise Ingoro z’Ubwami, haracari vyinshi bikenewe gukorwa. Ingoro z’Ubwami za kera zirakeneye gusanurwa, izindi zirakeneye kwagurwa, hakaba n’izindi nshasha zikeneye kwubakwa.

“ABAVUKANYI TWESE TWARAKOMEJWE”

Ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami bwaratumye haboneka ibibanza bibereye vyo gusengeramwo biryoheye ijisho, kandi ivyo vyarashinze intahe nziza mu kibano. Nk’akarorero, mu 1987 hari abavukanyi batatu babonanye n’abakuru b’igisagara i Fredrikstad kugira ngo bavugane ibijanye no kwubaka Ingoro y’Ubwami. Abo bakuru barabatwenze igihe abo bavukanyi bababwira ko mu misi itatu iyo ngoro yobaye yarangiye kwubakwa. Ariko rero ku wa gatanu, umusi nyene ivyo Vyabona batangura kwubaka iyo ngoro, abo bakuru barabonye ko bobaye barangije kuyubaka nk’uko vyari bitegekanijwe. Ku wa gatandatu, umwe muri abo bakuru yarazanye umugwi wiwe w’abacuraranzi kuri iyo shantiye hanyuma abategeka gucurarangira abavukanyi bakorera kuri iyo shantiye, ivyo akaba yabigize kugira ngo agaragaze ko asavye imbabazi kubera ko yari yabagaye. Mu 1990 hari umugore umwe yitegereje ingene Ingoro y’Ubwami y’i Arendal yubakwa, maze avuga ati: “Ni ivy’ukuri ko bitangaje kubona Ivyabona munyarutsa kwubaka, ariko igitangaje kuruta ni uko abo bantu bose baguma bamwenyura kandi bahimbawe cane.”

Ubu hari amakomite y’ubwubatsi y’akarere abiri ahagarikiye ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami hirya no hino muri Norveje. Abavukanyi na bashiki bacu baritanze babikunze kugira ngo bafashe mu maporoje y’ubwubatsi bw’inyubakwa nininini kandi ziguma zirushiriza gukenerwa. Nk’akarorero, mu 1991 no mu 1992, abavukanyi babwirijwe kwagura ibiro vy’ishami. Mu 1994 na ho, barubatse Ingoro y’amateraniro nziza utoraba i Oslo. Mu 2003, umugwi w’abubatsi warubatse Ingoro y’Ubwami niniya i Bergen, ishobora gukoreshwa ku bw’amakoraniro y’ishengero no ku bw’amateraniro.

Kuba abasavyi ba Yehova bagira uruhara muri ubwo bwubatsi barasenyera ku mugozi umwe kandi bagakora bafise umugambi umwe, vyaranagize ikintu kinini bikoze kuri bo. Umuvukanyi yafashije mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami kuva mu 1983 avuga ati: “Ivyo vyaratumye amashengero arushiriza kwunga ubumwe. Abavukanyi twese twarakomejwe kubera ko twagiraniye ubugenzi bukomeye twongera turarushiriza kumenyera gukorana n’abandi.”

IBIKORWA VYIYONGERA KURI BETELI

Ibiro vy’ishami bishasha bimaze kurangira kwubakwa, vyaza vyashoboka ko abakozi bongerezwa be n’uko bakora vyinshi kugira ngo bateze imbere igikorwa co kwamamaza muri Norveje. Nk’akarorero, harahinduwe ibisohokayandikiro vyinshi mu kinorveje. Ikintu c’intibagirwa cabaye igihe Bibiliya y’isi nshasha yasohorwa mu kinorveje mu 1996. (Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki yari yarasohowe mu 1991.) Muri iki gihe, ibisohokayandikiro nka vyose vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova biraboneka mu kinorveje, harimwo na ca gitabu Étude perspicace des Écritures.

Inyubakwa nshasha z’ishami zirimwo n’icumba co gufatiramwo amajwi cari gikenewe cane. Kuva mu myaka ya 1960, amajwi y’ibikino vyo ku mahwaniro yafatirwa mu Ngoro z’Ubwami canke mu cumba co hejuru kibure co mu kuzimu vy’inyubakwa y’ibiro vy’ishami ya kera. Uko ibintu vyari vyifashe kwatuma ico gikorwa co gufata amajwi kitagenda neza, akenshi kikaba caza kiraburabuzwa kubera urwamo. Ariko icumba co gufatiramwo amajwi co muri izo nyubakwa nshasha caratumye igikorwa co gutunganya ibikino bishingiye kuri Bibiliya, amavidewo, be na za ndirimbo z’Ubwami ziririmbwa mu majambo kinyaruka. Vyongeye, ishami rirasohora ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi na Be maso! vyafashwe amajwi mu kinorveje, kandi Bibiliya yose ukwo ingana be n’ibindi bitabu bitari bike biramaze gushirwa kuri mwene twa tudisiki CD no kuri wa muhora wacu www.pr418.com.

GUKORERA AHARI INKENERO KURUTA AHANDI

Mu gihe abamamaji bo mu mashengero babwira inkuru nziza abantu bo mu turere two hafi yabo, hari abamamaji be n’abatsimvyi batari bake bagiye kwamamaza mu vyibare bitagira ababikoreramwo, bakaba baragiye gushika kure cane amaja mu buraruko i Longyearbyen mu mugwi w’utuzinga twa Svalbard. Abamamaji bamwebamwe barimukiye mu turere dutandukanye twa kure cane kugira ngo bamamaze inkuru nziza, binashobotse bafashe mu gutanguza amashengero mashasha.

Igihe Finn Jenssen yubakana na Tordis mu 1950, baramenye ko i Hammerfest, ico kikaba ari kimwe mu bisagara vya kure cane mu buraruko bw’isi, hari hakenewe abamamaji. Finn na Tordis nta mahera akwiye bari bafise; ariko bari bafise inguvu n’umwiyemezo, bakagira n’amakinga. Baciye rero burira ku makinga yabo bavuye i Bodø baja i Hammerfest, urugendo rw’ibilometero nka 900. Bamaze gucagatiza urwo rugendo, hari abagenzi babo babagiriye ubuntu barabaha amahera kugira ngo bashobore kurangiza n’ubwato urugendo bari basigaje. Finn na Tordis bamaze gushika i Hammerfest, baramamaje n’umwete mwinshi bakongera baratumira abantu ku nsiguro z’icese Finn yama ashikiriza mu mpera y’umushamvu. Yehova yarahezagiye ako kigoro kabo, kandi ntibatevye gutanguza ishengero ritoyi.

Umwe mu bavukanyi bashikirije insiguro kw’ihwaniro ry’intara ryabereye i Trondheim mu 1957 yaremesheje abamamaji kurimbura ibijanye no kwimukira aho abamamaji bakenewe cane. Viggo Markussen n’umukenyezi wiwe Karen, bano bakaba baba i Stavanger, bari bateze yompi, maze Viggo aca akubita inkokora Karen. Karen yaciye ubwo nyene atahura ico umugabo wiwe amubwiye. Karen yaciye yibwira ati: ‘Imisi dusigaje i Stavanger iri ku rushi.’ Ariko none abakobwa babo batatu, bose bakaba bari abamamaji bafise imyaka iri hagati ya 11 na 14, bari kuvyakira gute?

Igihe uwo muryango wa Markussen waganirira hamwe ibijanye n’iyo nsiguro ihwaniro rimaze kurangira, bose uko bagize umuryango baremeye ko bokwitanga bakaja gukorera aho abamamaji bari bakenewe cane. Mu kwishura ikete ryabo ryo gusaba, ibiro vy’ishami vyabasavye kwimukira i Brumunddal, aho hakaba ata shengero ryariho. Mu 1958, Viggo na Karen baciye bagurisha inzu yabo ya kijambere, Viggo aragurisha inzu yadandarizamwo, hanyuma uwo muryango wimukira mu kazu gasanzwe kubakishijwe imbaho hafi y’i Brumunddal. Yehova yarahezagiye agatima kabo ko kwitanga, kandi mu myaka yakurikiye, benshi mu bo bigishije baraje mu kuri. Igihe abo bakobwa batari bakibana n’abavyeyi babo Viggo na we agaca agenwa kuba umucungezi w’umuzunguruko ari kumwe na Karen, i Brumunddal hari ishengero ritoyi rigizwe n’abamamaji b’abanyamwete nka 40.

Abavukanyi b’abirebange bakiri bato na bo nyene barashoboye guteza imbere ivy’Ubwami mu kwimukira mu turere tutarimwo amashengero. Mu 1992 umugwi w’abo bavukanyi b’abatsimvyi, benshi muri bo bakaba bari bafise imyaka nka 19 y’amavuka, barimukiye i Måløy mu karere kitwa Nord Fjord kugira ngo bitwararike abantu b’aho bari barashimishijwe n’ukuri. Baragize uruhara n’umwete mwinshi mu gikorwa co kwamamaza kandi baciye batangura kugirira amakoraniro mu nzu bari bapanze. Umugore umwe yari aherutse gushimishwa n’ukuri yigana n’abo bavukanyi bakiri bato, yari umwakiranyi cane kandi yahavuye ababera nk’umuvyeyi wabo. Mu nyuma, hari umukurambere n’umukenyezi wiwe bimukiye i Måløy maze ishengero rica rirashingwa. Abo bavukanyi bakiri bato bararyohewe muri ico gikorwa bari bashinzwe, barayobora inyigisho za Bibiliya nyinshi, barakora ibikorwa bitandukanye bashingwa mw’ishengero, bongera barakomeza iryo shengero rishasha ryari ricangamutse. Umwe muri abo bavukanyi bakiri bato yavuze ati: “Cabaye ikintu co mu buryo bw’impwemu kidasanzwe twakoze mu buzima, kandi ni akaryo kadasanzwe twaronse ko gukura mu buryo bw’impwemu.” Ivyiza vyavuye muri ico gikorwa kitoroshe abo bavukanyi be n’abandi bakoze, ni uko ubu ishengero ryo muri ako karere rigizwe n’abamamaji 30, bakaba kandi bayobora inyigisho za Bibiliya ziri hagati 50 na 60.

GUSHINGA INTAHE MU ZINDI NDIMI

Muri iyi myaka 20 canke irenga iheze, abantu b’abimukira baje kuba muri Norveje bagumye bagwira. Ni co gituma amashengero yaciye agira utwigoro tudasanzwe kugira ngo abo bantu babwirwe inkuru nziza mu rurimi rwabo canke mu rwo bumva. Ishengero rya mbere rikoresha urundi rurimi ryo muri Norveje, iryashinzwe mu 1986, ryiswe ngo “Oslo Latin,” kubera ko ryari rigizwe n’abantu bavuga igisupanyoli n’igiporotigali, benshi muri bo bakaba bakomoka muri Amerika y’Epfo (Amérique latine). Nko muri ico gihe nyene, hari abamamaji batanguye gutunganya ibijanye no kubwira inkuru nziza abantu bavuga icongereza mu karere ka Oslo. Abo bamamaji barahuye n’abantu benshi bashimishwa n’ukuri, canecane abava muri Afrika no muri Aziya. Bamwe bahura na bo igihe baba bariko baramamaza mu mabarabara; abandi bakaba babasanga aho impunzi zishikira. Vyongeye barakoresha neza mwene vya bitabu birimwo inomero za telefone z’abantu kugira ngo barabe amazina y’abantu bava mu bindi bihugu boba bavuga icongereza. Inyigisho za Bibiliya nyinshi zaratangujwe, kandi mu 1990, i Oslo harashinzwe ishengero rikoresha icongereza.

Kuva ico gihe, abamamaji benshi b’Abanyanorveje barihatiye kwiga izindi ndimi. Abo bamamaji bari kumwe n’abamamaji bakomoka mu mahanga, barafashije kugira ngo hashingwe imigwi canke amashengero agizwe n’abantu bavuga icarabu, icongereza, igiperesi, igipolonye, igipunjabi, igiserbiya kivanze n’igikrowasiya, igishinwa, igisupanyoli, igitagalogi, igitamuli, igitigrinya be n’ikirusiya.

Icibare gikoresha ururimi rw’ibimenyetso na co nyene caragize iterambere ryiza cane. Hariho abatumva ibihumbi nka bingahe bakoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’ikinorveje, kandi ishirahamwe ririko rikora uko rishoboye kwose kugira ngo ribafashe. Mu myaka ya 1970, abavukanyi baratanguye guhindura muri urwo rurimi rw’ibimenyetso amakoraniro amwamwe, amateraniro amwamwe be n’amahwaniro amwamwe, kandi kuva ico gihe, abamamaji batari bake barize ururimi rw’ibimenyetso. Imigwi ikoresha ururimi rw’ibimenyetso yarashinzwe mu mashengero amwamwe, kandi mu 2008 harashinzwe ishengero rya mbere rikoresha ururimi rw’ibimenyetso i Oslo. Muri ico gihugu cose hari nk’abamamaji 25 batumva, bano bakaba bakoresha neza ibisohokayandikiro vyahinduwe mu rurimi rw’ibimenyetso rw’ikinorveje biboneka kuri twa tudisiki DVD.

AMAKOMITE AJA INAMA N’IBITARO

Kubera Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso, rimwe na rimwe Ivyabona barwaye vyarababera urugamba kuvurwa mu buryo bemera. Kugira ngo ishirahamwe rifashe Ivyabona bashikirwa n’iyo ngorane no kugira ngo ritange amakuru ajanye n’uburyo bwo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso, mu 1990 ryarashizeho amakomite aja inama n’ibitaro muri Norveje. Kuva mu 1990 gushika mu 2010, abavukanyi bagize Komite ija inama n’ibitaro y’i Oslo bari bamaze gutunganya amanama ashika kuri 70 bagiranye n’abaganga bo mu bitaro bitandukanye vyo muri ako karere, bongera barafasha abarwayi b’Ivyabona barenga 500. Utwigoro abo bavukanyi bagize twaratumye bashobora kuvugana n’abaganga benshi b’umutima mwiza, kandi amakuru y’ivy’ubuvuzi ayo makomite aja inama n’ibitaro yatanze yaratumye abaganga benshi bavyurirwa umutima wo kuvura badakoresheje amaraso. Abarwayi b’Ivyabona be n’imiryango yabo barakenguruka cane ukuntu bafashwa n’imigwi y’abavukanyi igendera Ivyabona barwaye.

Ivyashikiye mushiki wacu akiri muto w’umutsimvyi yitwa Helen birerekana akamaro k’iyo ntunganyo yerekeye amakomite aja inama n’ibitaro. Mu 2007 yararwaye cane hanyuma aja kwivuriza ku bitaro vyo mu karere iwabo. Kubera ko amaraso yiwe yariko aragabanuka cane, abaganga baramushizeko umukazo ngo yemere guterwa amaraso, ngo atari ukwo na ho yociye apfa. Abifashijwemwo n’umwe mu bagize Komite ija inama n’ibitaro, yarimuriwe ku bindi bitaro vyagutse kuruta kandi bifise abaganga be n’ibikoresho bikwiye. Igihe Helen na nyina wiwe bashika kuri ivyo bitaro, hari umuvukanyi wo muri iyo komite yari yaje kubategera, arabasubiriza umutima mu nda, yongera arabafasha kwitwararikwa mu vyo bari bakeneye vyose. Ivyo bitaro vyaremeye guha Helen umuti utuma utugingo ngengabuzima dutukura duhingurwa ku bwinshi. Mu misi mikeyi gusa, amaraso yiwe yari amaze kwongerekana, ubuzima bwiwe ntibwaba rero bukigeramiwe. Ubu Helen yarasubiye kugira amagara meza, kandi arakenguruka cane ingene ivyo bitaro vyubahirije ivyo yemera kandi yajijutseko rwose. Helen na nyina wiwe bavuga bati: “Tuzokwama dukenguruka kandi twibuka ukuntu ishirahamwe rya Yehova rikora be n’ukuntu abavukanyi na bashiki bacu badufashe mu mugongo bongera baradusengera.”

BATSINDA IGITERO CO KWAMBIKWA IBARA N’IBIMENYESHAMAKURU

Canecane hagati yo mu 1989 no mu 1992, Ivyabona vya Yehova bo muri Norveje barambitswe ibara bongera baravugwa nabi n’ibinyamakuru vyo mw’isi, amaradiyo be n’amateleviziyo. Imwe mu mvo nyamukuru zatuma abo bavukanyi barwanywa ni iyijanye n’uko twumira ku vyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ukuntu dufata abaciwe mw’ishengero. (1 Kor. 5:9-13; 2 Yoh. 10) Kubera ko ivyo Vyabona bavugwa nabi, babwirizwa kwihanganira ugufatwa nabi n’abo bahura mu busuku, abo bakorana, abo bigana be n’abo mu miryango yabo. Naho abayoboke ba Yezu badatangazwa n’ukwambikwa ibara, ivyo bintu ntivyari vyoroshe kwihanganira.—Mat. 5:11, 12.

Umuvukanyi umwe avuga ati: “Naho cari ikiringo kitoroshe, caravuyemwo n’ivyiza. Vyaratumye nsubira kuzirikana ku vyanditswe bishigikira ivyo nemera. Kuzirikana ku bifungurwa vyo mu vy’impwemu turonswa na wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge vyarakomeza ukwizera. Ku bw’ivyo rero, ndabona ko twakomejwe bihagije kugira ngo twihanganire ivyagerageza ukwizera kwacu.”

Umucungezi umwe w’umuzunguruko aravuga ivyo yibuka ati: “Vyararemesha kubona ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bari bafise umutima rugabo muri ico kiringo. Twaratahuye ko ukwitanga cane mu busuku bwo mu ndimiro, ushizemwo no kwamamaza mu mabarabara ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo kuvyifatamwo neza. Birashimishije kubona Ivyabona benshi baravyifashemwo gutyo.”

Mu buryo butandukanye n’ivyiyumviro bidashingiye ku Vyanditswe vyakwiragizwa n’ibimenyeshamakuru, raba ukuntu uwitwa Fred, uno akaba yari yaraciwe mw’ishengero, yumvise amerewe ku bijanye n’ubuyobozi Bibiliya itanga bwo guca abatigaya mw’ishengero. Avuga ati: “Igihe nacibwa mw’ishengero mfise imyaka 20, naciye ntangura kuzirikana ata gufyina ku bijanye n’ubuzima bwanje. Naho gucibwa mw’ishengero kitari ikintu ciza, vyaratumye mpindura ingendo. Ni nk’aho Yehova yariko ambwira ati: ‘Kibondo, niwikubite agashi! Udahinduye ingendo, uzokomereka.’ Ni co kintu cari gikenewe kugira ngo mvavanure n’ingendo yanje yo gukora igicumuro. Aho gutwarwa n’ivyo kwinezereza, naciye ntangura gufatana uburemere ukuri. Ikigeretseko, bamwebamwe mu bavukanyi bari abagenzi banje ntaracibwa ntibadohotse ku kuntu abakirisu bakwiye gufata uwaciwe.” Birahimbaye kubona Fred yarigaye, arahindura ingendo, hanyuma aragarukanwa mw’ishengero, ubu akaba ari umukurambere.

‘KWITEGURIRA UMUSI WA YEHOVA’

Naho abantu benshi wasanga baguma batwarwa n’ivyo kwiruka inyuma y’amaronko kandi bakarushiriza kutanegwa ivy’Imana, abasavyi ba Yehova bobo babandanije gushira imbere imirimo yo mu buryo bw’impwemu ikomeza ukwizera, nko gusoma Bibiliya buri musi no kwitaba amakoraniro y’ishengero. Abamamaji benshi kuruta bararushirije kugira uruhara mu busuku mu gusaba ubutsimvyi busanzwe. Umuvukanyi umwe yaraseruye ukuntu benshi muri bo biyumva igihe yavuga ati: “Niba ntiteguriye umusi wa Yehova hamwe woza ejo, aho uzozira hose uzosanga ntiteguye. Dukwiye gusa gukomera kw’ibanga. Impera n’imperuka uzoza.” Nta gukeka ko ukwo kuntu abavukanyi babona ibintu kwagize ico guterereye kw’iterambere ryaguma ryigaragaza kuva mu 2001.

Rya Shure rimenyereza abasuku (ubu rikaba ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse), ryarakabuye mu buryo bw’impwemu abagize amashengero kandi riratuma abavukanyi batari bake baronswa inyigisho nziza ya gitewokarasi. Umwe mu basohotse iryo shure avuga ati: “Ako karyo naronse ko kumara amayinga umunani turiko turiga Bibiliya dukobeje, katumye ntahura ukuri kuruta uko nagutahura imbere y’aho. Nararushirije gukorwa ku mutima n’ikintu cose twiga, ndarushiriza no kubona ko atari umugani!” Muri iyi myaka 20 iheze, abavukanyi barenga 60 basohotse iryo shure barafashije mu gukomeza abagize amashengero bongera barabavyurira umutima wo gukora vyinshi mu murimo barangura.

BAREREWE MU MURYANGO W’IVYABONA

Benshi mu bamaze imyaka itari mike barabatijwe bakaba Ivyabona vya Yehova bamenye ukuri kwo muri Bibiliya biciye ku bavyeyi babo. Bamwebamwe mu bamamaji bo muri Norveje usanga ari Ivyabona vya Yehova bo mw’iyaruka rya gatatu, rya kane, canke irya gatanu. Uwitwa Ivan Gåsodden, umwuzukuruza wa Ingebret Andersen, uno akaba ari we yatanguye kuba Umutohoji wa Bibiliya i Skien, avuga ati: “Akenshi wasanga nzirikana ku mahirwe nagize kuba naravukiye mu muryango ushira imbere ivy’ugusukurira Yehova. Ukwiyigisha, kwama nsoma Bibiliya, be n’ukwifatanya n’abagenzi beza dufise imigambi imwe ni vyo vyamfashije kuguma nshikamye mu kuri.” Abahungu ba Ivan ari bo André na Richard, na bo nyene babona ko intoranwa yabo yo mu buryo bw’impwemu ari kimwe mu bintu bifise agaciro kuruta ibindi vyose batunze.

Umutsimvyi umwe yitwa Bente Bu, umwuzukuruza wa Magnus Randal, uno akaba ari umwe muri ba batsimvyi bakoresha bwa bwato Ruth, avuga ati: “Ndakenguruka kuba nakuriye mu kuri. Ivyo vyarankingiye ingorane nyinshi, kandi nshaka gukoresha ubuzima bwanje ku bw’ineza y’abandi.”

Bamwebamwe mu bigeze kugoyagoya mu vy’impwemu bakiri bato, bahavuye baba Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete bamaze gukura. Nk’akarorero Thomas Fauskanger n’umukenyezi wiwe Serine b’i Bergen, bompi bari barezwe n’abavyeyi b’abakirisu, ariko iterambere ryabo ryarikwega busiba. Ni igiki none cabafashije guhindura ukuntu babona ibijanye no gusenga Yehova?

Thomas avuga ati: “Mu 2002 hari umuvukanyi akiri muto yari yarasohotse rya Shure rimenyereza abasuku yaje mw’ishengero ryacu. Yaramfashije kugira uruhara mu busuku no kwishingira imigambi yo mu buryo bw’impwemu.”

Igihe Thomas yari afise imyaka 25, yarubakanye na Serine, maze mu 2007 bimukira i Båtsfjord mu ntara ya Finnmark, kugira ngo bafashe umugabo umwe n’umugore wiwe b’abatsimvyi kwitwararika abantu baho bashimishwa n’ukuri. Budakeye na kabiri, Thomas na Serine na bo nyene barabaye abatsimvyi. Mu 2009 baramaze amezi atatu bakorera mu cibare kitagira abagikoreramwo mu kagwati k’abarovyi k’i Kjøllefjord, aho bo hamwe n’abamamaji nka bangahe bari bajanye na bo batanguje inyigisho za Bibiliya zirenga 30. Thomas na Serine bahavuye bimukira hafi y’i Kjøllefjord kugira ngo bafashe abari bashimishijwe gutera imbere. Ubu bama bagira urugendo rw’amasaha nk’atatu n’inusu mu modoka bagiye gufasha abashimishijwe. Naho bafise vyinshi bakora, Serine avuga ati: “Ubu mfise ubuzima busanzwe ariko buhimbaye. Dufise ibintu bike tukagira n’ingorane nke.”

BARARINDIRIYE KAZOZA BIZEYE YEHOVA

Ubu ubuzima bwarahindutse cane kuva aho Umutohoji wa Bibiliya Knud P. Hammer be n’abandi batanguriye kwamamaza muri Norveje. Mu ntango, abasavyi ba Yehova baribonekeza ko batandukanye n’abandi kubera ko bigisha ukuri kwo muri Bibiliya mu kibano c’abantu cari ciganziwe n’amadini yari afise akosho gakomeye kandi akigisha imigenzo y’ikinyoma. Mu myaka mirongo iheze, abantu badaharurwa b’umutima nziraburyarya barahimbawe no kwiga ivyerekeye Bibiliya maze barashigikira ugusenga kw’ukuri n’umutima ukunze.

Ubu, muri Norveje abantu ntibakibona ivy’idini nk’uko babibona kera. Ni abantu bari ku rushi bemera ko Imana iriho, kandi kuvuga yuko hari idini rimwe gusa ry’ukuri babibona ko ari ukwiyemera. Bisaba umwanya n’akigoro kugira ngo abantu bashimishijwe bagire ubumenyi bwerekeye Bibiliya bongere bakomeze ukwizera bafitiye Imana n’ivyo Bibiliya ivuga. Kenshi usanga bifata igihe kirekire kugira ngo umuntu yige kubaho ahuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Naho biri ukwo, Yehova abandanya gukwegera abantu b’umutima nziraburyarya, baba ari ababa mu bisagara vy’abarovyi biri ukwa vyonyene canke mu nyubakwa za none zigizwe n’amagorofa menshi zo mu bisagara bibamwo abantu benshi.—Yoh. 6:44.

Nk’uko bisanzwe bimeze mu mihingo yose yo hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova bo muri Norveje baraha agaciro ‘agateka batewe ko kurangurira’ Umukama Segaba Yehova “igikorwa ceranda ata bwoba.” (Luka 1:74) Uko baronderana umwete abantu bafise agatima kabereye muri ico cibare amahero, ni ko bibonera imbere y’igihe ukuntu mw’Iparadizo hazoba ari ahantu habereye ijisho kandi hatekanye bimwe bitangaje, ukwo akaba ari ko Umuremyi yategekanije yuko isi yose imera. Abasavyi ba Yehova bo muri Norveje, bifatanije n’abavukanyi na bashiki bacu bo kw’isi yose, si bo bazobona wa musi wa Yehova urashitse aho Ubwami bw’Imana buzokora ivyo Imana igomba kuri uyu mubumbe wacu wose uteye igomwe.—Dan. 2:44; Mat. 6:10.

[Blurb ku rup. 106]

Ivyo ntivyatumye ahagarika kwitaba amakoraniro; yaca agenda ata birato yambaye!

[Blurb ku rup. 111]

“Naryamye ndi umupentekote, mvyuka ndi Icabona ca Yehova”

[Blurb ku rup. 122]

“Emwe, ntidushobora kubakuramwo ukwizera mufise”

[Blurb on page 157]

‘Kibondo, niwikubite agashi! Udahinduye ingendo, uzokomereka’

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 90]

Ibintu nyamukuru biranga Norveje

Igihugu

Bavuze Norveje umuntu aca abona igihugu gifise uduce tw’amazi y’ikiyaga twinjira hagati y’ibitandara (utwo bita fjords) twiza igitangaza, imisozi ibereye ijisho be n’utuzinga ibihumbi. Ukuyemwo umugwi w’utuzinga twa Svalbard uri hagati y’izinga rikuru n’Isonga ry’isi ryo mu buraruko (pôle Nord), ico gihugu gifise uburinganire buruta gatoyi ubw’igihugu c’Ubutaliyano. Naho muri Norveje hashobora gukanya cane, canecane mu turere twaho tw’amaja kw’isonga rya ruguru ry’isi, imikuba y’amazi be n’imiyaga bisusurutse vyo mw’ibahari Atlantike bituma uturere nka twose tw’ico gihugu tudakanye cane canke ngo dushuhe cane ugereranije n’ibindi bihugu biri muri ico gice c’isi.

Abanyagihugu

Benshi mu bantu imiliyoni zitanu baba muri ico gihugu ni imvukira zaho, abashika 10 kw’ijana na bo akaba ari abaje bava mu bindi bihugu. Abantu benshi bo mu bwoko bw’aba Sami (abahoze bitwa aba Lapons) baracatunzwe no kuroba, guhiga no gutega ibikoko, kandi baratunga ibikoko vyo mu bwoko bw’impongo.

Ururimi

Ikinorveje ni rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za Leta, runo rukaba rwandikwa mu buryo bubiri: ubwo bita Bokmål bukoreshwa n’Abanyanorveje benshi (mu kwandika ibitabu), kandi burafitaniye isano cane n’ikidanemarke, hakaba n’ubwo bita Nynorsk (ikinorveje gishasha).

Ibibabeshejeho

Ico gihugu ca Norveje gitunzwe ahanini n’igitoro, ivyo bita gaze be n’amahinguriro. Amafi ni co kintu nyamukuru ico gihugu gishora mu mahanga. Isi ndimwa ingana n’ibice 3 kw’ijana vy’uburinganire bw’ico gihugu.

Ibifungurwa

Abanyanorveje nka bose bafungura amafi, inyama, ibiraya, umukate be n’ibintu bahingura mu mata. Ivyo bita Fårikål (ni ukuvuga inyama z’intama n’amashu) ni vyo vyamye ari vyo bifungurwa vy’Abanyanorveje. Kubera ko muri iyi myaka iheze hagiye haraza abantu benshi bavuye mu bindi bihugu, ubu abanyagihugu baho basigaye bafungura n’ibifungurwa vyo mu bindi bihugu.

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 95, 96]

Yarihebeye Yehova ata co yisigarije

THEODOR SIMONSEN

YAVUTSE 1864

YABAYE UMUTOHOJI WA BIBILIYA 1905

IVYIWE MURI MAKE Umupasitori wo mw’idini rya Mission libre yahavuye aba umucungezi w’ingenzi.

◼ IGIHE Theodor yamenya biciye ku bisohokayandikiro vyacu ko inyigisho y’umuriro udahera idashingiye kuri Bibiliya, yaciye atangura kubeshuza iyo nyigisho y’ikinyoma mu nsiguro yatanga mw’idini rya Mission libre, ivyo bikaba vyarahimbara benshi mu bamwumviriza. Ariko umusi umwe, ahejeje gushikiriza insiguro, yaciye ahabwa agapapuro kavuga gati: “Iyi ni yo nsiguro ya nyuma ushikirije mw’idini ryacu!”

Mu 1905 ni ho Theodor yatanga iyo nsiguro ya nyuma mw’idini rya Mission libre, kandi yaciye aba Umutohoji wa Bibiliya muri uwo mwaka nyene. Mu nyuma, yaratanze insiguro nyinshi cane, akaba yazishikiriza Abatohoji ba Bibiliya amajana n’amajana b’umutima ukenguruka. Kugira ngo Theodor aronke amahera yo gutunga umuryango wiwe, yarakora akazi ko gusiga amazu, imisi y’impera y’imishamvu na yo akayihebera igikorwa co kwamamaza no kwigisha abantu. Kubera ko Theodor yari afise ubumenyi bwinshi bwo muri Bibiliya kandi akaba yari umuntu aturuye kandi avuga mu buryo bwumvikana, ivyo vyatumye aba umwigisha abishoboye. Yari afise kandi akajwi keza mu kuririmba akaba akenshi yatangura akongera agasozera insiguro ziwe mu kuririmba ajanisha n’inanga yiwe.

Mu 1919, bivanye n’uko ivyo mu muryango wiwe vyari vyifashe, yaratanguye gukora ari umucungezi w’ingenzi. Ico gikorwa yakiranguye gushika mu 1935, agendera amashengero yo muri Norveje, Danemarke, no muri Suwede. Cari igikorwa kitoroshe, kuko kitari cerekeye gusa kuremesha amashengero n’imigwi iri ukwa yonyene, ariko kandi kikaba cari kijanye no gushikiriza insiguro mu bisagara bitarimwo Abatohoji ba Bibiliya. Nk’akarorero: Muri rumwe mu ngendo yagira mu kiringo c’amezi 12, yaragendeye ibibanza 190 biri hagati ya Kristiansand mu bumanuko na Tromsø mu buraruko. Muri ico gihe, ahantu nka hose abacungezi b’ingenzi bagendera wasanga bahamara umusi umwe canke ibiri hanyuma bagaca baja ahakurikira, ivyo bakaba babigira bakoresheje uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kwiyunguruza bwaba bubonetse.

Naho mu bibanza vyose yagendera ahantu hake ari ho wasanga hari Abatohoji ba Bibiliya, igihe yaba ahejeje gushikiriza insiguro y’icese haraboneka abantu benshi bashimishwa n’ukuri. Nk’akarorero, igihe yagendera i Bodø mu 1922, we n’umutsimvyi umwe yitwa Anna Andersen yari asanzwe yaje aho hantu, barabwiye inkuru nziza abantu baho bongera barabatumira ku nsiguro y’icese. Babiri mu bakurikiye iyo nsiguro ari bo Johan Berntsen n’umugore wiwe Olea, barashimishijwe cane. Inyuma ya nya nsiguro baratumiye Theodor na Anna iwabo kugira ngo babishure ibibazo bishingiye kuri Bibiliya bari bafise. Ivyo vyatumye Johan na Olea baba bo Batohoji ba Bibiliya ba mbere b’i Bodø.

Nyinshi mu nsiguro zavuzwa muri vya vyuma birekura amajwi (phonographes) zaba ari iza Theodor, zikaba zari zafashwe amajwi mu kinorveje mu myaka ya 1930. Yarasukuye ari intahemuka gushika aho arangirije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1955.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 102]

‘Yagendana n’Imana’

ENOK ÖMAN

YAVUTSE 1880

YABATIJWE 1911

IVYIWE MURI MAKE Yarabaye umucungezi w’ishami kuva mu 1921 gushika mu 1945.

◼ IGIHE Enok yari akiri muto ari muri Suwede, yarakozwe ku mutima cane n’inkuru yo muri Bibiliya yigana ukuntu Henoki “[ya]gendana n’Imana y’ukuri.” (Ita. 5:22) Enok yashaka kwigana uwo muntu bitiranwa avugwa muri Bibiliya. Ariko igihe yari afise imyaka 31, aho asomeye igitabu ca mbere co mu rukurikirane rwa vya bitabu Études des Écritures, ni ho yamenya vyinshi ku bijanye n’ukugendana n’Imana. Ico gihe ni ho yabatizwa araba Umutohoji wa Bibiliya yongera aratangura umurimo w’ubutsimvyi. Yahavuye akorera ku biro vy’ishami vyo muri Suwede.

Mu 1917, Enok yararungitswe muri Norveje avuye muri Suwede kugira ngo akorere ku biro vy’ishami, kandi mu ntango za 1921 yaragenywe ngo ahagarikire igikorwa aho muri Norveje. Ico gihe ibiro vy’Ishirahamwe Watch Tower Society vyari mu cumba kimwe c’inyubakwa mushiki wacu Maria Dreyer yabamwo akongera akayikoreramwo ibijanye na salo yo gutunganirizamwo inzara. Inyuma y’aho Enok na Maria bubakiye urwabo mu 1922, ico gice Maria yagaba co muri iyo nyubakwa na co nyene baciye bagikoresha ku bw’ibiro vy’ishami. Barakoreye kuri Beteli gushika aho Maria apfiriye mu 1944. Mu 1953, Enok yarasubiye kwubaka urwiwe no gukora umurimo w’ubutsimvyi. Kubera ko Enok yagumiza ku muzirikanyi kuba yarahamagariwe ijuru, yagumye ‘agendana n’Imana’ adahemuka gushika aho apfiriye mu 1975.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 110]

“Yari ameze nk’umushwarara w’izuba”

WILHELM UHRE

YAVUTSE 1901

YABATIJWE 1949

IVYIWE MURI MAKE Yari umwamamaji ashwashwanutse naho yari arwaye indwara yo mu mitsi.

◼ WILHELM yari arwaye indwara yo mu mitsi yari yaramumugaje amaguru kandi igatuma adashobora kuvuga neza. Naho vyari uko, kuva aho yumviye inkuru nziza mu 1935, ntiyatevye guca atangura kubwira abandi ukuri kwiza igitangaza yariko ariga. Yakoresha ikinga ryiwe ry’ibimuga rifise imoteri mu gikorwa co kwamamaza kandi yama aja ku kivuko ca Sortland i Vesterålen kuvuza insiguro zishingiye kuri Bibiliya zafashwe amajwi akoresheje mwene ca cuma kirekura amajwi (phonographe) no gushikiriza abantu ibinyamakuru. Mu 1949 ni ho Wilhelm yagiye kubatizwa bitumwe n’ubwo bumuga be n’uko yaba mu karere ka wenyene. Ariko ntiwumve yari umwamamaji w’umunyamwete. Hari abantu benshi bagira ingendo ku nkengera y’ico gihugu bamenye ukuri biciye kuri we, kandi bamwebamwe muri abo barabaye Ivyabona vya Yehova.

Wilhelm ageze mu zabukuru, yaciye aja kuba mu kigo babungabungiramwo abageze mu zabukuru c’i Tromsø. Yarabandanije kwamamaza mu kwandika amakete abifashijwemwo n’abandi bamamaji. Kubera ko yari asanzwe ari umuntu ameze neza, yararemesha abandi, ushizemwo n’abakorera muri ico kigo. Igihe yapfa, umuyobozi w’ico kigo yavuze ati: “Twama duhimbarwa no kuja mu cumba ciwe. Kubera ukwizera yari afise yari ameze nk’umushwarara w’izuba.”

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 113]

Yarashikije ivyo yasezeranye

JOHANNES KÅRSTAD

YAVUTSE 1903

YABATIJWE 1931

IVYIWE MURI MAKE Yamaze imyaka umunani ari umwe mu bakoresha ubwato bw’abatsimvyi mu kwamamaza.

◼ MU 1929, Johannes yari mu bitaro arwaye indwara y’igituntu ariko akaba yariko aratora mitende. Yaratanguye gusoma Bibiliya hanyuma asezeranira Imana yuko yoyikoreye niyakira.

Gatoyi imbere yuko asohoka ibitaro, Johannes yarasomye abishashaye cane ibitabu bimwebimwe vy’Abatohoji ba Bibiliya. Mu nyuma, yararonse ibindi bitabu, bino akaba yabisomye kimwekimwe cose incuro zine canke zitanu, kandi ntiyatevye kubwira abandi ukwo kuri yari aherutse kumenya. Amaze gukira neza, yaciye aja i Bergen yongera arabonana n’umuvukanyi Ringereide, uwaciye amuha iciyumviro co gutangura gukora ubutsimvyi. Naho Johannes ari ho yari agitangura kwamamaza, ntiyatinye guca asaba ubutsimvyi.

Kuva mu 1931 gushika mu 1938, yari umwe mu bakoresha ubwato bw’abatsimvyi bwitwa Ester, mu nyuma amara umwaka umwe akoresha ubwitwa Ruth, akaza aragira ingendo mu mazi ajana inkengera yose gushika kure mu buraruko, mu karere ka Tromsø. Mu 1939, Johannes yarabaye umucungezi w’ingenzi mu gice co mu buseruko bwa Norveje, yongera aramara ikiringo kinaka aza araza gukorera kuri Beteli. Inyuma ya ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, yarubakanye na Sigrid hanyuma barakora ubutsimvyi bari kumwe. Mu 1995 ni ho Johannes yarangiza ubuzima bwiwe bwo kw’isi ari i Fredrikstad.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 132]

Kwamamaza ahantu hateze

RANDI HUSBY

YAVUTSE 1922

YABATIJWE 1946

IVYIWE MURI MAKE Yatanguye gukora umurimo w’igihe cose kuva mu 1946.

◼ MU 1938 ni ho abavyeyi b’umukobwa yitwa Randi babatizwa baba Ivyabona vya Yehova maze mu nyuma Randi aremera ukuri. Mu 1946, yaremeye kuja gukorera kuri Beteli, aho yamenyaniye n’umuvukanyi akiri muto yitwa Kjell Husby. We na Kjell baragenderaniye ku bwo kwubakana, baragira ubugeni, hanyuma baca baja gukora umurimo w’ubutsimvyi. Barironkeye imihezagiro myinshi yo mu vy’impwemu mu mice itandukanye y’umurimo w’igihe cose gushika aho Kjell apfiriye mu 2010.

Muri iyi myaka iheze, Randi yararwaye amaguru ku buryo bitamworohera kuduga ingazi zo mw’igorofa canke ahantu haduga. Ariko arashobora gutambuka aca ahantu hateze kandi arakunze kuba ariko aramamaza mu mabarabara no mu mazu badandarizamwo i Trondheim. Kugira ngo Randi abwire inkuru nziza umuntu wese bahura, aritwararika kuba afise ibisohokayandikiro vyo mu ndimi zitari musi y’umunani. Vyongeye, abagenzi biwe bo mw’ishengero baramwunguruza n’imodoka bakamushikana ku bantu batandukanye yama ashira ibinyamakuru bishasha.

Randi ntagifise inkomezi zo gukora vyinshi nk’uko yahora. Ariko arabandanya kuronkera umunezero n’agahimbare mu gikorwa arangura n’umutima wiwe wose, azi yuko Yehova ‘atazokwibagira igikorwa ciwe n’urukundo yerekanye ko afitiye izina ryiwe.’—Heb. 6:10.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 149, 150]

Yarahinduwe n’ububasha bw’Ijambo ry’Imana

VIKTOR UGLEBAKKEN

YAVUTSE 1953

YABATIJWE 1981

IVYIWE MURI MAKE Umuntu yahoze ari inkozi y’ikibi yikuye mu vyara vy’amadayimoni yongera araheba ibiyayuramutwe.

◼ VIKTOR yatanguye kunywa urumogi rwitwa hashishi be n’ibindi biyayuramutwe akiri muto maze aca abaho ari inkozi y’ikibi. Yamye ashimishwa na Bibiliya, kandi mu 1979, kubera ko yari arambiwe n’ubuzima bubi yarimwo, yaribajije nimba Ijambo ry’Imana ritomufashije. Yamara rero, amatohoza yagize ku bijanye n’amadini atandukanye yatumye avunika umutima.

Kubera ukwicwa n’akabonge, yahavuye yiyumvira ivyo kwiyahura. Ariko rero, yararonse ikete rivuye kuri mushikabo yaba i Bergen, uno akaba yari yaratanguye kwigana n’Ivyabona vya Yehova. Viktor yaciye aja i Bergen maze akaza arifatanya n’uwo mushikabo igihe uno yaba ariko ariga. Mu ntango, yaragerageje kwerekana ko Ivyabona babesha. Ariko kubera ko yari arajwe ishinga n’ibidukikije, yarahimbawe cane no kumenya ko Imana ‘izohonya abahonya isi’ maze igahindura uyu mubumbe wacu ukaba Iparadizo.—Ivyah. 11:18.

Viktor yaciye ubwo nyene atangura kwitaba amakoraniro ari kumwe n’uwo mushikabo, kandi yarakozwe ku mutima n’ubwakiranyi be n’umutima mwiza Ivyabona bagaragaza ku Ngoro y’Ubwami no mu mihana iwabo. Ivyo yumvise be n’ivyo yabonye vyaramujijuye ko abwirizwa kugira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe maze agaheba kunywa ibiyayuramutwe. Bivuye ku masengesho avuye ku mutima Viktor yatura adahengeshanya, yarahinduwe n’ububasha bw’Ijambo ry’Imana be n’impwemu nyeranda.—Luka 11:9, 13; Heb. 4:12.

Viktor ntivyamworoheye gukwiza ibisabwa ngo abatizwe. Abifashijwemwo na Yehova ni ho gusa yashoboye kwikura mu vyara vy’amadayimoni be no guheba buhere ibiyayuramutwe, inyuma y’aho bishikiye agasubira kubinywa mu biringo bibiri. Yarafashijwe cane igihe umukurambere umwe yamusubiriza umutima mu nda mu kumwereka ko “nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe, [ari] ko Yehova [agirira] imbabazi abamutinya.” (Zab. 103:13) Viktor yarabandanije gutera imbere mu vy’impwemu maze abatizwa mu 1981. Ico gihe yabwirizwa kurangiza umunyororo yari yaraciriwe kubera ibibi yari yarakoze, ariko aho arekuriwe, yaciye atangura ubutsimvyi. Kuva ico gihe, yaragize umunezero wo gufasha abantu benshi baraba abasavyi ba Yehova. Yararoraniwe canecane igihe yamamaza mu mabohero, kandi babiri mu bo bari bapfunganywe yigisha baraje mu kuri.

Viktor arazwi ko ari serugo w’umwizigirwa akaba n’umukurambere w’umwizigirwa. Arabandanya gukora ubutsimvyi ari kumwe n’umukenyezi wiwe Tone be n’umuhungu wabo. Ubu Viktor avuga ati: “Ubusuku ni kimwe mu bintu vyatumye mpinduka. Ndakengurukira cane Yehova kubona nshobora guha abandi ubutunzi bw’agaciro bwo mu buryo bw’impwemu.”

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 152]

Yipfuza gukora ikintu ciza kuruta

TOM FRISVOLD

YAVUTSE 1962

YABATIJWE 1983

IVYIWE MURI MAKE Umukinyi w’umupira w’amaguru yipfuza gukorera Yehova.

◼ IGIHE Tom yari afise imyaka 20, yari n’umwuga wotumye aronka amahera menshi kuko yari umukinyi w’umupira w’amaguru muri umwe mu migwi ikomeye kuruta iyindi yo muri Norveje. Nyina wiwe yari yaramaze kuba Icabona ca Yehova. Umusi umwe, hari umutsimvyi akiri muto yaje kuraba nyina wa Tom yasavye Tom ko bokwigana Bibiliya. Tom yaremeye ariko amubwira yuko ata mugambi afise wo kuba Icabona.

Tom yarakozwe ku mutima n’ukuntu yakiranywe igishika igihe yatangura kwitaba amakoraniro. Yarabonye kandi yuko umwe wese araba ivyanditswe muri Bibiliya mu gihe c’amakoraniro. Tom yibwiye ati: “Bibiliya itegerezwa kuba ari yo yatumye aba bantu baba abameze neza ukuraho.”

Tom yahavuye yemera adakeka ko yari yubuye ukuri yongera aragira icipfuzo co gukorera Yehova. None yojijuye gute uwo mugwi yakinamwo kugira ngo wemere kwikura umwe mu bakinyi bawo beza kuruta abandi? Igitangaje, amaze gusigurira umukuru wabo ko yipfuza gukoresha ubuzima bwiwe mu gukora ikintu ciza kuruta gukina umupira, baciye bamwemerera guhagarika gukina.

Tom yarabatijwe mu 1983 hanyuma mu 1985 aca atangura ubutsimvyi. Mu 1987 yarimukiye i Hammerfest ari kumwe n’uwitwa Viktor Uglebakken kugira bafashe ahari hakenewe abamamaji. Mu nyuma, Tom yaragenywe kuba umucungezi w’umuzunguruko, ubu na ho akaba asukurira kuri Beteli ari kumwe n’umukenyezi wiwe Kristina.

[Igicapo/​Amafoto ku rup. 162, 163]

KAHISE K’IGIKORWA MURI​—Norveje

1890

1892 Knud Pederson Hammer atangura kwamamaza muri Norveje.

1900

1900 Hashingwa ishengero rya mbere.

1904 Ibiro vyugururwa i Kristiania (Oslo).

1905 Hagirwa iteraniro rya mbere i Kristiania.

1909 and 1911 C.T. Russell agendera Norveje.

1910

1914 Hagenwa umucungezi w’ingenzi wa mbere.

1914-1915 Ya sinema y’“Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema” ikwegēra abantu amasinzi.

1920

1920-1925 Insiguro ivuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa!” itangwa mu gihugu cose.

1925 Ikinyamakuru L’Âge d’Or (Be maso!) gisohorwa mu kinorveje.

1928-1940 Amato yakoreshwa mu kwamamaza mu bigwati vyo ku nkengera.

1930

1940

1940-1945 Baguma bamamaza naho barwanywa mu ntambara.

1945 Umunara w’Inderetsi usohorwa mu kinorveje.

1948 Abamisiyonari ba mbere bo muri rya Shure rya Gileyadi bashika.

1950

1950 Sentare Nkuru ishigikira uburenganzira abavukanyi bafise bwo gushikiriza abantu ibisohokayandikiro.

1960

1965 Hagirwa ihwaniro mpuzamakungu i Oslo.

1970

1980

1984 Ibiro vy’ishami bishasha vyegurirwa Yehova.

1990

1990 Hashingwa amakomite aja inama n’ibitaro.

1994 Ingoro y’amateraniro y’i Oslo yegurirwa Yehova.

1996 Bibiliya y’isi nshasha yuzuye isohorwa mu kinorveje.

2000

2010

2011 Haboneka igitigiri kitari bwashikweko c’abatsimvyi bo gufasha, ic’abasanzwe, ic’abamamaji be n’icabitavye Icibutso.

[Igicapo/​Ifoto ku rup. 159]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Abamamaji bose

Abatsimvyi bose

10.000

8.000

6.000

4.000

2.000

1920 1935 1950 1965 1980 1995 2010

[Amakarata ku rup. 91]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

SUWEDE

STOCKHOLM

Örebro

Ikigobe ca Botnie

FINLANDE

HELSINKI

Ikigobe ca Finlande

IKIYAGA BALTIKE

DANEMARKE

COPENHAGEN

NORVEJE

OSLO

Kjøllefjord

Båtsfjord

Vardø

Kirkenes

Karasjok

Hammerfest

Alta

Finnmarksvidda

Kautokeino

Tromsø

Harstad

Narvik

Sortland

Hennes

Svolvær

Bodø

Rørvik

Namsos

Steinkjer

Trondheim

Kristiansund

Måløy

Florø

Bergen

Haugesund

Stavanger

Egersund

Kristiansand

Arendal

Skien

Kongsberg

Drammen

Hønefoss

Gjøvik

Lillehammer

Brumunddal

Hamar

Kongsvinger

Ski

Askim

Moss

Halden

Fredrikstad

Akarere ka Oslo

IKIYAGA CA RUGURU

IKIYAGA CA NORVEJE

Izina rya Andøya

Bleik

Utuzinga twa Svalbard

Longyearbyen

INTRARA

Finnmark

Troms

Telemark

Vestfold

[Ifoto ku rup. 88]

Knud Pederson Hammer

[Ifoto ku rup. 88, 89]

I Reine mu buraruko bwa Norveje

[Ifoto ku rup. 92]

Abari bagize ishengero ry’i Skien mu 1911, bari kumwe na Ingebret Andersen n’umukenyezi wiwe Berthe

[Ifoto ku rup. 93]

Viktor Feldt

[Ifoto ku rup. 94]

Hallgerd Holm (1), Theodor Simonsen (2) na Lotte Holm (3)

[Amafoto ku rup. 98]

Abatsimvyi bo mu ntango: (1) Helga Hess, (2) Andreas Øiseth, (3) Karl Gunberg, (4) Hulda Andersen, be na (5) Anna Andersen

[Ifoto ku rup. 100]

Twa dupapuro tw’inkuru nziza “ La Tribune du Peuple ”

[Ifoto ku rup. 104]

Ca kinyamakuru “ L’Âge d’Or ” mu kinorveje

[Ifoto ku rup. 106]

Even Gundersrud

[Ifoto ku rup. 107]

Abo mw’ishengero ry’i Skien akenshi bagendera mu gikamyo bagiye kwamamaza mu turere two hirya no hino yaryo

[Ifoto ku rup. 108]

Torkel Ringereide

[Ifoto ku rup. 109]

Olaf Skau

[Ifoto ku rup. 114]

Karl Gunberg ni we yayobora bwa bwato bwitwa “Elihu”

[Ifoto ku rup. 115]

Johannes Kårstad ni we yajejwe bwa bwato bwitwa “Ester”

[Ifoto ku rup. 116]

Andreas Hope na Magnus Randal bakoresha bwa bwato bwitwa “Ruth”

[Ifoto ku rup. 117]

Wa muco ukayanganira cane mu buraruko bwa Norveje

[Ifoto ku rup. 118]

Solveig Løvås

[Ifoto ku rup. 119]

Andreas Kvinge na Sigrid

[Ifoto ku rup. 124]

Iteraniro abavukanyi bagiriye mu kinyegero mw’ishamba ryo hafi y’i Ski

[Ifoto ku rup. 127]

Marvin Anderson ari kumwe n’umukenyezi wiwe Karen

[Ifoto ku rup. 128]

Ya mashini yo gucapura bakanyagisha amaguru

[Ifoto ku rup. 129]

Ihwaniro ryabereye i Bergen mu 1946

[Ifoto ku rup. 130]

Svanhild Neraal mu 1961

[Ifoto ku rup. 133]

Ubwato bwa Arnulf kenshi bwarakoreshwa mu busuku

[Ifoto ku rup. 135]

Gunnar Marcussen (1) na Hans Peter Hemstad (2) ni bo Banyanorveje ba mbere basohotse rya shure rya Gileyadi

[Ifoto ku rup. 138]

Ya mahema abavukanyi bitavye rya teraniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Ijambo ry’ukuri” bashikiyemwo

[Ifoto ku rup. 139]

Paul Bruun

[Ifoto ku rup. 142]

Hartvig Mienna be n’abandi bamamaji bariko barakoresha mwene twa tumodoka duca ku bibarafu igihe bariko baramamaza mu Basami

[Ifoto ku rup. 144]

Ubwubatsi bw’ishami butangura mu 1981

[Ifoto ku rup. 145]

Ibiro vy’ishami muri iki gihe

[Ifoto ku rup. 147]

Ingoro y’amateraniro y’i Oslo

[Ifoto ku rup. 160]

Kwigira Bibiliya mu muryango vyatumye habaho amayaruka y’abasavyi ba Yehova b’intahemuka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika