ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/12 rup. 2
  • Ntiwizitire—Nutsinde ukwiyumvamwo ko ata vyo ushoboye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntiwizitire—Nutsinde ukwiyumvamwo ko ata vyo ushoboye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Woba wofasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Urashobora kuba umwigisha!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Nuronkere umunezero mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Niwishingire umugambi wo kurongora inyigisho ya Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 11/12 rup. 2

Ntiwizitire​—Nutsinde ukwiyumvamwo ko ata vyo ushoboye

1. Ni kubera iki hari abareka gutanguza inyigisho ya Bibiliya?

1 Woba ureka gutanguza inyigisho ya Bibiliya kubera ko wumva umengo ntushoboye kuyiyobora? Vyarashitse abasavyi b’Imana ba kera b’abizigirwa, nka Musa na Yeremiya, barumva ko badashoboye kurangura amabanga bari bashinzwe. (Kuv. 3:10, 11; 4:10; Yer. 1:4-6) Uca ubona ko bikunze gushika abantu bakiyumva gutyo. None umuntu ashobora gute gutsinda mwene izo nyiyumvo?

2. Ni kubera iki tudakwiye kwumva ko kwamamaza inzu ku nzu gusa bihagije maze ngo igikorwa co kwigisha Bibiliya tukirekere abandi?

2 Turakwiye kwibuka ko Yehova atigera adusaba gukora ikintu kirengeye ubushobozi bwacu. (Zab. 103:14) Ku bw’ivyo, igikorwa twashinzwe co ‘guhindura abantu abigishwa’ no ‘kubigisha,’ turashobora kukirangura. (Mat. 28:19, 20) None si agateka kuba Yehova atashinze gusa ico gikorwa abantu bazi utuntu n’utundi kuruta abandi canke abantu b’abahanga kuruta abandi muri twebwe! (1 Kor. 1:26, 27) Rero, ntidukwiye kwumva ko kwamamaza inzu ku nzu gusa bihagije maze ngo igikorwa co kwigisha Bibiliya tukirekere abandi.

3. Ni gute Yehova yatumye tuba abashoboye kurangura igikorwa co kwigisha Bibiliya?

3 Yehova aratuma tuba ababishoboye: Yehova ni we atuma tuba abashoboye guhindura abantu abigishwa. (2 Kor. 3:5) Abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, yaratwigishije ukuri kwo muri Bibiliya n’abantu baminuje bo muri iyi si batazi. (1 Kor. 2:7, 8) Yarazigamye inkuru ivuga uburyo wa Mwigisha ahambaye Yezu yakoresha mu kwigisha kugira ngo tumwigane, kandi arabandanya kutumenyereza biciye kw’ishengero. Vyongeye, Yehova ntiyaturetse ngo abe ari twebwe twironderera ivyo twokoresha mu kwigisha Bibiliya. Yaraduhaye ibikoresho vyigisha ukuri mu buryo bwumvikana kandi bworoshe gutahura, nka ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Kuyobora inyigisho ya Bibiliya dushobora gusanga bitagoye cane nk’uko twavyibaza.

4. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova azodufasha?

4 Musa na Yeremiya barashoboye kurangura amabanga bari bashinzwe babifashijwemwo na Yehova. (Kuv. 4:11, 12; Yer. 1:7, 8) Na twebwe turashobora gusaba Yehova ngo adufashe. Kanatsinda, igihe tuyobora inyigisho ya Bibiliya, tuba turiko turigisha umuntu ukuri kwerekeye Yehova, ico kikaba ari ikintu gihimbaye mu maso y’Imana. (1 Yoh. 3:22) Ku bw’ivyo, niwishingire umugambi wo kugira uruhara mu gikorwa co kwigisha Bibiliya, uwo ukaba ari umuce w’ubusuku uteye umunezero kandi uvamwo imihezagiro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika