ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/2 rup. 28-rup. 30 ing. 9
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Mariko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Mariko
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBUSUKU BUHAMBAYE YARANGURIYE I GALILAYA
  • (Mariko 1:1–9:50)
  • UKWEZI KWA NYUMA
  • (Mrk. 10:1–16:8)
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ni ibiki Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Mariko ntiyatanye n’akabando
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Mariko yari ‘kirumara ku bw’ubusuku’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/2 rup. 28-rup. 30 ing. 9

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Mariko

INJILI ya Mariko ni yo ngufi cane muri za Njili zine. Yanditswe na Yohani Mariko haheze nk’imyaka 30 Yezu Kristu apfuye akazuka. Ni inkuru yerekana ibikorwa vyinshi vyakozwe mu buryo bwihuta muri ya myaka itatu n’igice y’ubusuku bwa Yezu.

Biraboneka yuko igitabu ca Mariko candikiwe abatari Abayuda, canecane Abaroma, kikaba cerekana Yezu ari Umwana w’Imana akora ibitangaro, uwashishikara kugira isekeza rikomeye ryo kwamamaza inkuru nziza. Gishimika ku vyo Yezu yakoze aho gushimika ku vyo yigishije. Dusuzumye twitonze Injili ya Mariko bizokomeza ukwizera dufise ku bijanye na Mesiya, vyongere bitume tuba abamamaji b’ubutumwa bw’Imana b’abanyamwete mu busuku bwa gikirisu.​—Heb. 4:12.

UBUSUKU BUHAMBAYE YARANGURIYE I GALILAYA

(Mariko 1:1–9:50)

Mariko amaze kuvuga mu mirongo 14 gusa ibijanye n’igikorwa ca Yohani Umubatizi be n’imisi 40 Yezu yamaze mu bugaragwa, aca atangura kuvuga ibintu bikora ku mutima vyerekeye ubusuku Yezu yaranguriye i Galilaya. Kuba aguma asubiramwo imvugo ngo “buno nyene”, vyerekana ko ibivugwa muri iyo nkuru vyakorwa mu buryo bwihuta.​—Mrk. 1:10, 12.

Mu myaka idashika itatu, Yezu ararangiza amasekeza atatu yo kwamamaza i Galilaya. Mariko yigana iyo nkuru afatiye ahanini ku kuntu ibintu vyagiye birakurikirana. Ya Nsiguro yo ku Musozi cokimwe n’izindi nsiguro nyinshi ndende za Yezu ntizivugwa muri iyo nkuru ya Mariko.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku vyanditswe:

1:15​—“Igihe cashinzwe” cari cararangutse ku bijanye n’iki? Yezu yariko aravuga yuko igihe cashinzwe cari cararangutse kugira ngo atangure ubusuku bwiwe. Ubwami bw’Imana bwari hafi kubera ko ari ho yari bwa Mwami yagenywe. Abantu b’imitima igororotse bari gushobora rero kwakira neza igikorwa ciwe co kwamamaza, maze bagatera intambwe zotumye bashimwa n’Imana.

1:44; 3:12; 7:36​—Ni kubera iki Yezu atashaka ko ibitangaro yakora bitangazwa? Aho kureka ngo abantu bashike ku vyiyumviro bishimikije amakuru ndenzarugero canke ayashobora kuba atari ay’ukuri, Yezu yashaka ko bo nyene ubwabo bibonera yuko yari Kristu maze bakifatira ingingo bisunze ico kimenyamenya (Yes. 42:1-4; Mat. 8:4; 9:30; 12:15-21; 16:20; Luka 5:14). Aho yaretse bikamenyekana ni igihe gusa yakiza umuntu yari yahoze yiziziwe n’amadayimoni wo mu gihugu c’Abageraseni. Yezu yamubwiye kuja i muhira akabibwira incuti ziwe. Yezu yari yarasabwe kuva muri ako karere, ku bw’ivyo, ashobora kuba yari yarabonanye n’abantu bake cane baho canke mbere bakaba batanabonanye. Ukuhaba kw’uyo muntu be n’intahe uwo muntu Yezu yari yakoreye ikintu ciza yoshinze, vyohinyuje umuntu wese yoje avuga ukutari kwo ibijanye na za ngurube zatikira.​—Mrk. 5:1-20; Luka 8:26-39.

2:28​—Ni kubera iki Yezu yitwa “Umukama mbere w’isabato”? Intumwa Paulo yanditse ati: “Itegeko rifise igitutu c’ibintu vyiza bizoza” (Heb. 10:1). Nk’uko Itegeko ryabisaba, Isabato yaba inyuma y’imisi itandatu y’ibikorwa, kandi ibitangaro vyinshi Yezu yabikoze kuri uwo musi. Ivyo vyagereranya akaruhuko karangwa amahoro abantu bazogira mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, igihe intwaro z’agahotoro za Shetani zizoba zamaze gukurwaho. Ni co gituma Umwami w’ubwo Bwami ari we kandi “Umukama w’isabato”.​—Mat. 12:8; Luka 6:5.

3:5; 7:34; 8:12​—Ni gute Mariko yashoboye kumenya ibintu vy’ido n’ido vyerekeye inyiyumvo za Yezu? Mariko ntiyari umwe muri ba bigishwa 12, canke ngo abe umugenzi somambike wa Yezu. Nk’uko inkuru za kera zivyerekana, umugenzi somambike wa Mariko, ari we ya ntumwa Petero, ni we yakuyeko amakuru menshi.​—1 Pet. 5:13.

6:51, 52​—“Insobanuro ya ya mikate” abigishwa bananirwa gutegera yari iyihe? Hari haheze amasaha makeyi gusa Yezu agaburiye abagabo 5.000, udashizemwo abagore n’abana, akoresheje imikate itanu gusa n’udufi tubiri. “Insobanuro ya ya mikate” abigishwa bari bakwiye gutahura bafatiye kuri ico kintu cari cabaye, yari iy’uko Yezu yari yarahawe ubushobozi na Yehova Imana kugira ngo akore ibitangaro (Mrk. 6:41-44). Iyo baba bari baratahuye ukuntu ububasha Yezu yari yarahawe buhambaye, ntibari gutangara cane igihe yagendagenda ku mazi ku gitangaro.

8:22-26​—Ni kubera iki Yezu yateye intambwe zibiri mu gutuma wa muntu w’impumyi asubira kubona? Yezu ashobora kuba yabigize abitumwe n’ubuntu yagiriye uwo muntu. Kuba uwo muntu yari yaramaze igihe kirekire ari mu mwiza yagiye arasubira kubona buhorobuhoro, bishobora kuba vyaratumye agenda aramenyera ugukayangana kw’umuco w’izuba.

Ivyigwa tuhigira:

2:18; 7:11; 12:18; 13:3. Mariko arasigura imigenzo, imvugo, ukwemera be n’ahantu, ibintu abasomyi batari Abayuda bashobora kuba batari bamenyereye. Arerekana neza ko Abafarizayo ‘bisonzesha’, ko korubani ari “ingabirano yeguriwe Imana”, ko Abasadukayo “[bavuga] ko ata zuka ririho” be n’uko umuntu ‘yabona’ urusengero ari ku “Musozi w’Imyelayo”. Kubera ko urukurikirane rw’imiryango Mesiya akomokamwo rwogiriye akamaro ahanini Abayuda, nta rwo ashiramwo. Mariko rero aradusigira akarorero. Turakwiye kwitwararika ivyo abatwumviriza bakuriyemwo igihe turi mu busuku bwa gikirisu, canke turiko turashikiriza insiguro ku makoraniro y’ishengero.

3:21. Incuti za Yezu ntizizera. Ku bw’ivyo, arumvira impuhwe abantu barwanywa canke batyekezwa n’abo mu muryango wabo babahora ukwizera kwabo.

3:31-35. Igihe Yezu yabatizwa yaciye aba Umwana w’Imana wo mu buryo bw’impwemu, kandi “Yeruzalemu yo hejuru” ni yo yabaye nyina wiwe (Gal. 4:26). Kuva ico gihe, abigishwa ba Yezu bararushirije kuba hafi yiwe no kumukunda kuruta incuti ziwe zo mu buryo bw’umubiri. Ivyo bitwigisha ko dukwiye gushira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.​—Mat. 12:46-50; Luka 8:19-21.

8:32-34. Turakwiye kuba abantu bihutira kubona no kwiyamiriza ikintu ico ari co cose kirimwo amakosa abandi batugiriye bibaza ngo bariko baratugaragariza ubuntu. Umuyoboke wa Kristu ategerezwa kuba yiteguriye ‘kwiyanka’, akavuga oya ku vyipfuzo n’imigambi biranga ubwikunzi. Arakwiye ‘gutora igiti co gusinzikarizwako ciwe’ abikunze, ni ukuvuga gucumukura, canke iyo bibaye ngombwa agateterezwa kibure agahamwa mbere n’ukwicwa akicwa azira kuba umukirisu. N’ikindi kandi, ategerezwa ‘gukurikira ubudahengeshanya’ Yezu, mu kubaho nk’uko Yezu yabayeho. Kuba umwigishwa bisaba ko dutsimbataza agatima ko kwitanga nk’ako Kristu Yezu yari afise kandi tukakagumana.​—Mat. 16:21-25; Luka 9:22, 23.

9:24. Ntidukwiye guterwa isoni no kwatura ukwizera kwacu canke ngo duterwe isoni no gutakamba dusaba kwongererezwa ukwizera.​—Luka 17:5.

UKWEZI KWA NYUMA

(Mrk. 10:1–16:8)

Amaja mu mpera z’umwaka wa 32 G.C., Yezu araza “ku mipaka ya Yudaya no hakurya ya Yorodani”, buno amasinzi yongera gukoranira kuri we (Mrk. 10:1). Amaze kwamamaza ngaho, aca afata inzira ija i Yeruzalemu.

Ku wa 8 Nisani, Yezu ari i Betaniya. Ari ku meza ariko arafungura igihe haza umugore umwe maze akamusuka ku mutwe amavuta atamirana. Ibintu vyabaye kuva Yezu yinjiye i Yeruzalemu nk’umunyentsinzi gushika azutse biradondorwa hisunzwe ukuntu vyagiye birakurikirana.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku vyanditswe:

10:17, 18​—Ni kubera iki Yezu yakosoye umugabo umwe kubera ko amwise “Umwigisha mwiza”? Mu kwanka iryo zina ry’icubahiro ahawe mu buryo bwo kumuryosharyosha, Yezu yarerekeje ubuninahazwa kuri Yehova, maze yerekana ko Imana y’ukuri ari yo sôko ry’ibintu vyiza vyose. Vyongeye, Yezu yarerekanye ukuri kw’ishimikiro mu kuvuga ko Umuremyi w’ibintu vyose, Yehova Imana, ari we wenyene akwiye gushiraho ingingo mfatirwako zigenga iciza n’ikibi.​—Mat. 19:16, 17; Luka 18:18, 19.

14:25​—Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Sinzogenda nsubiye kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu gushika kuri wa musi aho nzokinywa ari gishasha mu bwami bw’Imana”? Yezu ntiyariko avuga yuko mw’ijuru hariyo umuvinyu buvinyu. Ariko rero, kubera ko umunezero rimwe na rimwe ugereranywa n’umuvinyu, Yezu yariko yerekeza ku munezero azogira ari kumwe mu Bwami n’abayoboke biwe barobanuwe bobaye bazutse.​—Zab. 104:15; Mat. 26:29.

14:51, 52​—Uwo musore ‘yahunze ari gusa’ yari nde? Mariko ni we wenyene avuga ivy’ico kintu cabaye, ku bw’ivyo turashobora ata kwihenda gushika ku ciyumviro c’uko yariko arivuga.

15:34​—Amajambo Yezu yavuze ngo “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye?” yoba yerekana ko yari abuze ukwizera? Oya. Naho tudashobora kumenya neza icatumye avuga ivyo, ayo majambo yavuze yoshobora kwerekana ko Yezu yari azi yuko Yehova yari yaretse kumukingira kugira ngo ukutadohoka kw’Umwana wiwe gushobore kugeragezwa bimwe vyuzuye. Birashoboka kandi ko ivyo Yezu yabivuze kubera ko yashaka gushitsa ivyo Zaburi 22:1 hari haravuze ku bimwerekeye.​—Mat. 27:46.

Ivyigwa tuhigira:

10:6-9. Imana igomba ko abubakanye babana akaramata. Ku bw’ivyo, abagabo n’abagore bakwiye kwihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira batorera umuti ingorane izo ari zo zose zoshika mu mubano, aho kurondera guca bahukana.​—Mat. 19:4-6.

12:41-44. Akarorero ka wa mupfakazi w’umworo katwigisha yuko dukwiye kutaba abikunzi mu bijanye n’ugushigikira ugusenga kw’ukuri.

[Ifoto ku rup. 29]

Ni kubera iki Yezu yabwiye uyu mugabo kubwira incuti ziwe ibintu vyose vyari vyamushikiye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika