ICIGWA CA 13
Kurabana n’Abumviriza
AMASO yacu arerekana agatima n’akanyengetera dufise. Ashobora kwerekana ugutangara canke ubwoba. Ashobora kwerekana imbabazi canke urukundo. Rimwe na rimwe, ashobora guhishura ko ukekeranya, canke akerekana yuko ufise intuntu. Ku vyerekeye abanyagihugu b’iwabo bari bacumukuye cane, umutama umwe yavuze ati: “Tuvugisha amaso yacu.”
Abandi bashobora kwiha iciyumviro kuri twebwe no ku vyo tuvuga bishimikije aho dutumbereza amaso. Mu mico kama myinshi, abantu barakunda kwizigira umuntu aguma arabana na bo nk’umugenzi. Ku rundi ruhande, umuntu araba ku birenge vyiwe canke akaraba ikintu kanaka aho kuraba uwo bariko baraganira, boshobora gukekeranya ko uwo muntu yoba avuga ibiri ku mutima, canke ko abishoboye. Mu yindi mico kama, ukurabana n’umuntu cane ukwo ari kwo kwose bakubona nk’ukubakarira, ukubasomborotsa, canke ukubahigisha. Ivyo ni ko canecane bimera igihe umuntu aba ariko araganira n’uwo badasangiye igitsina canke umukuru, canke uwundi muntu w’umunyacubahiro. Kandi mu turere tumwetumwe, mu gihe umuntu akiri muto aravye mu maso umuntu akuze igihe ariko aramubwira ikintu, ivyo ngo vyoshobora kubonwa nk’ugushira isoni.
Ariko rero, aho ata we bikomeretsa, kuraba umuntu mu maso igihe uriko uravuga ikintu gihambaye bishobora kwongereza ugushimika ku bivugwa. Bishobora kubonwa nk’ikimenyamenya c’uko umushikirizansiguro yajijutse. Raba ingene Yezu yishuye igihe abigishwa biwe berekana ko batangaye bakavuga bati: “None rero, ni nde ashobora gukizwa?” Bibiliya imenyesha iti: “Yesu arabītegereza [“mu maso,” “NW”], arababgira, ati Kubg’abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.” (Mat. 19:25, 26, ni twe tubihiritse.) Ivyanditswe birerekana kandi yuko intumwa Paulo yitegereza cane uko abamwumviriza bavyakira. Igihe kimwe umugabo yavutse ari ikimuga ni ho yari ari igihe Paulo yashikiriza insiguro. Mu Vyakozwe 14:9, 10 havuga hati: “Uwo yumva Paulo avuga, na we amuhanze amaso abona kw afise ukwizera kwo gukizwa. Avuga n’ijwi rirenga, ati Hagarara n’ibirenge vyawe, weme.”—Ni twe tubihiritse.
Inama Tugirwa ku bw’Ubusuku bwo mu Ndimiro. Igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro, nuvuge nk’umugenzi kandi uvugane igishika igihe wegera abantu ngo ubavugishe. Aho bibereye, nukoreshe ibibazo bituma baserura iryo bagona mu gutanguza ikiyago, ku kintu mushobora kuba muhuriyeko mwempi. Uko ugira ivyo, niwihatire kurabana na we mu maso, canke n’imiburiburi kuraba nya muntu mu maso mu buryo buranga icubahiro n’agatima keza. Iyo umuntu amwenyuranye igishika mu maso hiwe hakaba herekana umunezero afise imbere muri we, birakwegera cane. Ivyo birashobora kwereka nya muntu ibitari bike ku vyerekeye uwo uri we, bikanamufasha akumva arushirije kworoherwa igihe muyaga.
Kwitegereza mu maso h’umuntu aho bibereye, bishobora kukwereka ukuntu wobikika igihe ibintu vyifashe ukunaka. Nimba nya muntu ashavuye canke atashimishijwe vy’ukuri, urashobora kubibona. Nimba atagutahura, urashobora kubimenya. Nimba umutebeje, urashobora kubibona. Nimba yashimishijwe cane, ivyo na vyo nyene biribonekeza. Ico mu maso hiwe herekana gishobora kukwereka yuko ukwiye guhindura uburyo uvuga, kwongereza akigoro kugira ngo na we ajemwo mu kiganiro, guhagarika nya kiganiro, canke nimba bishoboka, gushishikara ukamwereka ukuntu twiga Bibiliya.
Waba uriko uragira uruhara mu gushinga intahe icese canke mu kurongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, niwihatire kuguma urabana n’umuntu muriko muravugana, ubigiranye icubahiro. Ariko ntumukanurire amaso, kuko ivyo vyoshobora kumumaramaza. (2 Abam. 8:11) Mugabo mu buryo busanzwe kandi bwa kigenzi, nuze uraraba nya muntu kenshi mu maso. Mu bihugu vyinshi, ivyo bituma umuntu yiyumvamwo yuko umwitwararitse bimwe bivuye ku mutima. Mugabo ntiwumve, igihe uriko urasoma muri Bibiliya canke mu kindi gitabu, amaso yawe azoba atumbereye ku rupapuro. Mugabo kugira ushimike ku ciyumviro, hari aho woshima kurabana na nya muntu, mugabo ukabigira mu kanya kagufi. Mu gihe uza urunamuka uko akanya kahaciye, ivyo bizogushoboza kandi kwitegereza uko yakira ibiriko birasomwa.
Nimba isoni zituma kurabana n’umuntu bikugora mu ntango, nturambirwe. Wimenyereje, kurabana n’umuntu mu buryo bubereye bizokubera ibisanzwe, kandi bishobora kwongereza ukuba kirumara kwawe mu vyo kuganira n’abandi.
Igihe Ushikiriza Insiguro. Bibiliya itubwira ko imbere y’uko Yezu atangura ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, “yunamuri[ye] abigishwa biwe amaso.” (Luka 6:20) Niwigire ku karorero kiwe. Nimba ugiye kuvugira imbere y’umugwi, barabe hanyuma uruhuke udusegunda dukeyi imbere y’uko utangura kuvuga. Mu bibanza vyinshi, ivyo bizoba birimwo no kurabana mu maso na bamwebamwe mu bakwumviriza. Ukwo guteba gatoyi gushobora kugufasha gutsinda uguta umutwe kwogushikira mu ntango. Bizofasha kandi abakwumviriza kumenyera inyifato yose canke akanyengetera kose mu maso hawe herekana. Vyongeye, ivyo ubigize bizotuma abumviriza baturura hanyuma bitegurire kugutega yompi.
Mu gihe c’insiguro yawe, nurabe abakwumviriza. Ntupfe kuraba nya mugwi muri rusangi. Niwihatire kuraba umuntu umwumwe mu bari muri uwo mugwi. Mu mico kama nka yose, bama biteze ko umushikirizansiguro w’icese araba abantu.
Kurabana n’abakwumviriza ntibisigura gusa kuza urakubitiza ijisho ku ruhande rumwe, usubira ku rundi, nk’umuntu ariko akurikira ingero. Nurabane urupfasoni uzirikana umuntu wo mu bumviriza, hanyuma nimba bibereye uvuge iryungane ryose uribwira uyo muntu. Maze, raba uwundi hanyuma uvuge iryungane rimwe canke abiri uyamubwira. Ntihagire n’umwe uraba igihe kirekire gushika n’aho amaramara, kandi ntugume uraba abantu bakeyi gusa mu mugwi wose w’abakwumviriza. Nubandanye kuza uracisha amaso mu bakwumviriza bose muri ubwo buryo. Mugabo igihe usa n’uwubwira umuntu kanaka, numuganirize koko hanyuma urabe ingene avyakira imbere y’uko uja ku wundi.
Utwandiko twawe dukwiye kuba turi ku mutaramuro umushikirizansiguro avugirako, mu minwe yawe canke muri Bibiliya yawe, ku buryo ushobora kuduterezako akajisho mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Nimba bibaye ngombwa ko uhindukiza umutwe wose kugira ngo ubone utwandiko twawe, ukurabana n’abumviriza guca kumera nabi. Urakwiye kurimbura incuro uraba ku twandiko twawe n’igihe ubigirirako. Nimba uraba ku twandiko twawe igihe uriko ushikira ahakomeye h’insiguro yawe, uzogira kunanirwa kubona uko abakwumviriza bavyakira, n’inshikirizo yawe itakaze inguvu zayo. Muri ubwo buryo nyene, nimba ugumiza ijisho ku twandiko twawe, ntuzoshobora kurabana n’abumviriza.
Igihe utereye umuntu umupira, urarondera kubona ko yoba yawusamye. Iciyumviro cose kiri mu nsiguro yawe ni nk’ico uba “utereye” abumviriza. “Ugusama” gushobora kwerekanwa n’ukuntu bavyakira, mu gukomanga umutwe, mu kumwenyura, mu kwitegereza babishashaye. Ugumye urabana n’abantu neza, ivyo birashobora kugufasha kumenya neza ko ivyiyumviro vyawe “babisamye.”
Nimba washinzwe gusomera ishengero, woba ukwiye kugerageza kuraba abumviriza mu gihe uriko urasoma? Nimba abumviriza bariko bakurikira ugusoma kwawe muri Bibiliya, benshi muri bo ntibazoba bazi nimba wunamutse canke utunamutse. Mugabo kuraba abakwumviriza birashobora kugufasha kwongera ingoga mu gusoma kwawe, kubera ko kugufasha kuguma uzi ingene bavyakira. Kandi ku bo ari bo bose mu bumviriza batariko bakurikira muri Bibiliya yabo kandi ubwenge bwabo bukaba buri ahandi, kurabana n’umushikirizansiguro bishobora kubafasha kugarukana ubwenge bwabo ku biriko birasomwa. Birumvikana yuko uzoshobora gusa kubaraba gatogato, kandi ivyo ntibikwiye kugirwa mu buryo butuma utsitara mu gusoma. Kugira ivyo ubishikeko, birushiriza kuba vyiza ugumije Bibiliya yawe mu minwe hanyuma ukaguma uraramuye umutwe, urusakanwa rwawe rutamatanye n’igikiriza.
Rimwe na rimwe, abakurambere barasabwa gushikiriza insiguro kw’ihwaniro, mwene zimwe zisomwa. Kugira ivyo mu buryo kirumara bisaba uguca uruma, ugutegura neza, hamwe n’ukwimenyereza cane. Birumvikana ko ugukoresha urukaratasi rw’insiguro isomwa bigabanya ukurabana n’abumviriza. Mugabo mu gihe umushikirizansiguro yateguye neza, akwiye kuba ashobora kuza aracishamwo akaraba abamwumviriza, ata gutakaza aho yari ageze. Abigize gutyo bizomufasha kugumya ubwenge bw’abumviriza, binabashoboze kwungukira bimwe bishitse ku nyigisho ihambaye y’ivy’impwemu iriko iratangwa.