Ijambo ry’Imana ni ngirakamaro ku kwigisha
1. Iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2014 rizoba rifise umutwe-shimikiro uvuga ngw’iki, kandi ni ikibazo ikihe kizokwishurwa muri iyo porogarama?
1 “Umwigisha wa[cu] Ahambaye,” Yehova, ni we mwigisha mwiza kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru. (Yes. 30:20, 21) None Yehova atwigisha gute? Yaraturonkeje igitabu kiruta ibindi vyose, na co kikaba ari Ijambo ryiwe ryahumetswe, Bibiliya. Ni gute inyigisho iva ku Mana yotugirira akamaro ku mubiri, mu bwenge, mu nyiyumvo no mu vy’impwemu? Inyishu y’ico kibazo izorimburwa mu gihe ca porogarama y’iteraniro ryacu ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2014. Umutwe-shimikiro w’iyo porogarama, uwuvuga ngo “Ijambo ry’Imana ni ngirakamaro ku kwigisha,” ushingiye kuri 2 Timoteyo 3:16.
2. Ivyiyumviro nyamukuru bizovugwa bizoshimikwako mu kwishura ibibazo ibihe?
2 Uzorondere ibi vyiyumviro nyamukuru: Ivyiyumviro nyamukuru bizovugwa muri iyo porogarama bizoshimikwako mu kwishura ibi ibibazo bikurikira:
• Inyigisho iva ku Mana igira ico ikoze gute ku buzima bwacu? (Yes. 48:17, 18)
• Turondeye kugira ivyo duhinduye mu kuntu ivyacu vyifashe kugira ngo dusukurire Yehova igihe cose, ni igiki twokwizigira tudakeka? (Mal. 3:10)
• Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe duhuye n’ “inyigisho . . . z’ivyaduka”? (Heb. 13:9)
• Dushobora gute kwigana “uburyo [Yezu] yigisha”? (Mat. 7:28, 29)
• Kubera iki abigisha mw’ishengero bakwiye kwiyigisha? (Rom. 2:21)
• Ijambo ry’Imana ni ngirakamaro ku biki? (2 Tim. 3:16)
• ‘Gutigita’ kw’amahanga bigira ico bikoze gute ku bantu? (Hag. 2:6, 7)
• Ni igiki Yehova atwizigiyeko? (Ef. 5:1)
• Kubera iki dutegerezwa kwihata kugira ngo tugume mu nyigisho iva kuri Yehova? (Luka 13:24)
3. Kubera iki bihambaye ko twitaba kandi tugakurikirana twitonze iyo porogarama ije hageze?
3 Mu mirongo itangura muri 2 Timoteyo ikigabane ca 3, imbere y’uko Paulo yandika amajambo yakuwemwo umutwe-shimikiro w’iyo porogarama, yaradondoye ibihe bigoye vyoranze imisi y’iherezo. Yanditse ati: “Abantu b’ababisha be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa.” (2 Tim. 3:13) Kugira ngo ntituzozimizwe, ese ukuntu bihambaye ko twumviriza tukongera tugashira mu ngiro inyigisho iva ku Mana! Ku bw’ivyo, ese twokwiyemeza kuzokwitaba no gukurikirana twitonze iyo porogarama ije hageze!