Niwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere
Kuva muri Rusama 2011, abamamaji bararemeshejwe kugerageza gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa buri kwezi. Kugira dufashwe kubigira, harateguwe ikiganiro cama gisohoka mu nteguro ya bose y’Umunara w’Inderetsi, gifise umutwe uvuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.” Ku bw’ivyo, ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro ryo ku wa gatandatu wa mbere rikwiye gushimika ku kuntu ico kiganiro cokoreshwa mu gutanguza inyigisho za Bibiliya kandi hakwiye kuba harimwo n’umwerekano.
Abakurambere bohitamwo nimba umugwi umwumwe wose wo gusohoka mu ndimiro wogira ikiganiro ukwawo ku wa gatandatu wa mbere, canke nimba imigwi yose yohurira hamwe, kumbure igahurira ku Ngoro y’Ubwami. Yamara, nimba hari amashengero menshi akoresha Ingoro y’Ubwami, nta shengero na rimwe rikwiye kwimurira uwo musi udasanzwe wo gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wundi musi ngo ni ukugira ngo imigwi yose ihurire hamwe ku bw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro.