Nugume wubaka ishengero
“Mugume . . . muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu.”—1 TES. 5:11.
1. Ni imihezagiro iyihe iva ku kuba uri mw’ishengero rya gikirisu, mugabo naho ari ukwo ni ingorane izihe zoshobora kuba ziriho?
KUBA umwe mu bagize ishengero rya gikirisu ni umuhezagiro uhambaye vy’ukuri. Biratuma ugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Ukuba wiheka kw’Ijambo ryiwe kugira ngo rikuyobore biragukingira ingaruka mbi z’ukubaho mu buryo buteye kubiri n’ubukirisu. Uba ukikujwe n’abagenzi nyakuri bakwipfuriza kumererwa neza. Egome, imihezagiro ni myinshi. Ariko rero, abakirisu benshi bariko baranyinyana n’ingorane zitandukanye. Bamwebamwe muri bo boshobora kuba bakeneye gufashwa gutahura ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana. Abandi usanga barwaye canke badendebukiwe, canke na ho bagashobora kuba bariko barashikirwa n’ingaruka z’ingingo zitaranga ubukerebutsi bafashe. Vyongeye, twese tubwirizwa kuba mw’isi itibanga Imana.
2. Dukwiye kuvyifatamwo gute mu gihe abavukanyi bari mu ngorane, kandi kubera iki?
2 Nta n’umwe muri twebwe ashima kubona abakirisu bagenzi bacu bariko barashikirwa n’ingorane. Intumwa Paulo yagereranije ishengero n’umubiri, aca avuga yuko “iyo igihimba kimwe kibabaye, ibindi bihimba vyose bibabarana na co.” (1 Kor. 12:12, 26) Mu bihe nk’ivyo, turakwiye kwihatira gushigikira abavukanyi n’abavukanyikazi bacu. Hariho inkuru zo mu Vyanditswe zitari nke zivuga abagize ishengero bafashije abandi kwihanganira ingorane no kuzitorera umuti. Uko twihweza izo nkuru, nuzirikane ku kuntu woshobora kugira ico ufashije mu buryo busa n’ubuzoba bwavuzwe. Ushobora gute gufasha abavukanyi bawe mu buryo bw’impwemu gutyo ukubaka ishengero rya Yehova?
“Baramujana”
3, 4. Ni mu buryo ubuhe Akwila na Pirisila bafashije Apolo?
3 Igihe Apolo yaja kuba i Efeso, yari amaze kuba umwamamazanjili w’umunyamwete. Inkuru yo mu Bikorwa ivuga iti: “Kubera yuko yarurumba impwemu, yaravuga akongera akigisha ivyerekeye Yezu mu buryo bugororotse, mugabo . . . yari azi gusa ibatisimu ya Yohani.” Ukuba Apolo atari azi ibijanye n’ukubatizwa “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda” bishobora kuba vyasobanura yuko yari yabwiwe inkuru nziza n’abigishwa ba Yohani Umubatizi canke abayoboke ba Yezu b’imbere ya Pentekoti yo mu 33 G.C. Naho Apolo yari umunyamwete, hariho ibintu bihambaye bimwebimwe atatahura. None kwifatanya n’abo basangiye ukwemera vyamufashije gute?—Ibik. 1:4, 5; 18:25; Mat. 28:19.
4 Umugabo n’umugore bakirisu ari bo Akwila na Pirisila barumvise Apolo ariko aravugana ubutinyutsi mw’isinagogi, baca baramujana, maze bamwigisha n’ibindi. (Soma Ibikorwa 18:24-26.) Ico cari co kintu kiranga urukundo umuntu yokora. Birumvikana ko Akwila na Pirisila bashobora kuba baravugishije Apolo babigiranye ubugenge kandi mu buryo ngirakamaro, ntibatume yumva yuko bariko baramunebagura. Yari afise gusa ingorane yo kutamenya kahise k’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango. Kandi nta gukeka ko Apolo yakengurukiye abo bagenzi biwe bashasha kuba baramubwiye ayo makuru ahambaye. Apolo amaze kuronswa ayo makuru, ‘yarafashije cane’ abavukanyi biwe bo muri Akaya yongera arashinga intahe ikomeye.—Ibik. 18:27, 28.
5. Ni imfashanyo iranga urukundo iyihe abamamaji b’Ubwami ibihumbi n’ibihumbi batanga, kandi ivyo bivamwo iki?
5 Abantu benshi mw’ishengero rya gikirisu muri kino gihe barashimira cane ababafashije gutahura Bibiliya. Abatohoji benshi baragiraniye ubugenzi buramba n’ababigishije Bibiliya. Mu bihe vyinshi, gufasha abantu gutahura ukuri bisaba gutegekanya umwanya wo kwama uganira na bo mu kiringo c’amezi atari make. Ariko rero, abamamaji b’Ubwami barafise umutima ukunze wo kugira ako kigoro kubera yuko batahura ko bishobora gutuma umuntu aronka ubuzima canke ntaburonke. (Yoh. 17:3) Vyongeye, urazi ukuntu bitera umunezero kubona abantu batahura ukuri, bakabaho bakwisunga kandi bagakora ivyo Yehova agomba!
“Yavugwa neza”
6, 7. (a) Kubera iki Paulo yahisemwo Timoteyo ngo amuherekeze mu ngendo yagira? (b) Ni iterambere irihe Timoteyo yafashijwe kugira?
6 Igihe intumwa Paulo na Silasi baja i Lisitira mu rugendo rugira kabiri rw’ubumisiyonari, barahasanze umusore yitwa Timoteyo, uno akaba kumbure yariko arasozera imyaka y’ubuyabaga canke yari arengeje gato imyaka 20. “Yavugwa neza n’abavukanyi b’i Lisitira no muri Ikoniyo.” Nyina wa Timoteyo ari we Ewunise be na inakuru Loyisi bari abakirisu biyeguye, mugabo se wiwe yari uwutemera. (2 Tim. 1:5) Paulo ashobora kuba yamenyanye n’uwo muryango igihe yaza muri ako karere ari bwo bwa mbere hakaba hari haciye imyaka nk’ibiri. Mugabo iyo ntumwa ico gihe yaritwararitse bimwe bidasanzwe Timoteyo kubera ko uno yaboneka ko ari umusore adasanzwe. Ku bw’ivyo, inama y’abakurambere bo mw’ishengero ryo muri ako karere ivyemeye, Timoteyo yarabaye umufasha wa Paulo mu gikorwa c’ubumisiyonari.—Soma Ibikorwa 16:1-3.
7 Timoteyo yari afise ibintu vyinshi vyo kwigira kuri uwo mugenzi wiwe yari akuze kumuruta. Naho ari ukwo, ari ukwiga yarize, gushika n’aho mbere mu nyuma Paulo yashobora kurungika Timoteyo amwizeye ngo aje kugendera amashengero maze amuserukire. Mu myaka nka 15 Timoteyo yamaze yifatanya na Paulo, uwo musore yahoze atazi utuntu n’utundi kandi akaba kumbure yahora ari umunyamasoni yarateye imbere gushika n’aho aba umucungezi mwiza igitangaza.—Flp. 2:19-22; 1 Tim. 1:3.
8, 9. Abagize ishengero bokora iki kugira ngo baremeshe abakiri bato? Tanga akarorero.
8 Abasore n’abigeme benshi bo mw’ishengero rya gikirisu muri kino gihe barashobora gushika ku bintu bikomeye. Igihe baremeshejwe bakongera bakitwararikwa n’abagenzi bakomeye mu vy’impwemu, abo bakiri bato barashobora gukwiza ibisabwa maze bakemera gushingwa amabanga ahambaye kuruta mu basavyi ba Yehova. Niwitegereze mw’ishengero urimwo! Woba ubona hari abakiri bato boshobora kwitanga nk’uko Timoteyo yabigize? Ubafashije ukongera ukabaremesha, boshobora kuba abatsimvyi, Abanyabeteli, abamisiyonari, canke abacungezi b’ingenzi. Wokora iki none ngo ubafashe gukwiza ibisabwa kugira ngo bashike kuri iyo migambi?
9 Uwitwa Martin, uno akaba amaze imyaka 20 ari mu bagize umuryango wa Beteli, aribuka abigiranye ugukenguruka ukuntu umucungezi w’umuzunguruko yamwitwararitse mu myaka 30 iheze igihe bari kumwe mu busuku bwo mu ndimiro. Uwo mucungezi yaravuganye igishika ibijanye n’umurimo we ubwiwe yaranguriye kuri Beteli igihe yari akiri umusore. Yararemesheje Martin kuraba nimba yoshobora kwitanga kugira ngo ishirahamwe rya Yehova rimukoreshe muri ubwo buryo nyene. Martin abona yuko ico kiganiro c’intibagirwa cagize ikintu gihambaye gikoze ku mahitamwo yagize mu nyuma. Na wewe urashobora kugira ikintu ciza ukoreye abagenzi bawe bakiri bato mu kubayagira ibijanye n’imigambi ya gitewokarasi.
“Muhoze abadendebukiwe”
10. Epafura yumvise amerewe gute, kandi kubera iki?
10 Epafura yaragize urugendo rurerure kandi ruruhisha ava i Filipi aja i Roma agiye kugendera intumwa Paulo, uno akaba yari apfunzwe ahorwa ukwizera kwiwe. Iyo ngenzi yari irungitswe n’Abafilipi. Uretse ko yagiye atwaye ingabirano bari barungikiye iyo ntumwa, yarategekanije kandi ivyo kugumana na yo kugira ngo akore ikintu cose ashoboye ngo afashe Paulo mu bihe bigoye yarimwo. Ariko rero, igihe Epafura yari i Roma yararwaye “ahakwa gupfa.” Kubera yuko Epafura yiyumvamwo ko atari yashikije igikorwa yari yashinzwe, yaradendebukiwe.—Flp. 2:25-27.
11. (a) Ni kubera iki tudakwiye gutangara igihe bamwebamwe mu bagize ishengero badendebukiwe? (b) Ni igiki Paulo yasavye ku bijanye na Epafura?
11 Imikazo itandukanye iratuma abantu badendebukirwa muri iki gihe. Ibiharuro bitangwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu vyerekana yuko mu bantu bari kw’isi, umuntu 1 kuri 5 bishobora gushika akadendebukirwa mu kiringo kinaka mu buzima bwiwe. Abasavyi ba Yehova na bo nyene ivyo birabashikira. Ingorane zijanye no kuronsa umuryango ivyo ukeneye, indwara, ugucika intege kubera ivyo umuntu atashitseko, canke ibindi bintu, vyoshobora gutuma umuntu yumva adendebukiwe. None Abafilipi bari gukora iki kugira ngo bafashe Epafura? Paulo yanditse ati: “Muramuhe ikaze . . . nk’uko bisanzwe bigirwa mu Mukama n’akanyamuneza kose; kandi abantu nk’abo mugume mubafatana iteka, kubera ko yahatswe gupfa ku bw’igikorwa c’Umukama, ashira ubuzima bwiwe mu kaga, kugira ngo ahababere bimwe bishitse kuko mutari muhari ngo munkorere.”—Flp. 2:29, 30.
12. Ni igiki gishobora guhumuriza abadendebukiwe?
12 Na twebwe nyene turakwiye kuremesha abavukanyi bacitse intege canke badendebukiwe. Nta gukeka ko hariho ibintu biremesha dushobora kuvuga ku bijanye n’umurimo barangurira Yehova. Bashobora kuba baragize amahinduka akomeye mu buzima bwabo kugira ngo babe abakirisu canke basukure mu murimo w’igihe cose. Turakenguruka utwo twigoro bagize, kandi turashobora kubakura amazinda yuko na Yehova adukenguruka. Naho ukwiterera mu myaka canke indwara vyoba bituma abizigirwa bamwebamwe badashobora gukora ivyo bahoze bakora vyose, birabereye ko tububaha cane kubera imyaka bamaze basukura. Uko vyoba biri kwose, Yehova asaba abasavyi biwe bose b’abizigirwa ati: “Muhoze abadendebukiwe, mufate mu mugongo abagoyagoya, mube abiyumanganya kuri bose.”—1 Tes. 5:14.
‘Mumubabarire n’umutima mwiza kandi mumuhoze’
13, 14. (a) Ni ingingo ruhasha iyihe ishengero ry’i Korinto ryafashe, kandi kubera iki? (b) Iyo ngingo yo guca uwo muntu yavuyemwo iki?
13 Ishengero ry’i Korinto ryo mu kinjana ca mbere ryarimwo umuntu yaguma akora ubusambanyi atigaya. Ingeso yiwe yarabangamiye ukudahumana kw’iryo shengero kandi yari agatukisha no mu batemera. Ku bw’ivyo, Paulo yasavye bibereye yuko uwo muntu akurwa mw’ishengero.—1 Kor. 5:1, 7, 11-13.
14 Ukwo gutozwa indero kwaravuyemwo ivyiza. Ishengero ryarakingiwe akosho konona, kandi vyaratumye uwo mucumuzi yikubita agashi maze arigaya bimwe bivuye ku mutima. Paulo afatiye ku bikorwa uwo mugabo yakoze biranga ukwigaya, yaravuze mw’ikete rigira kabiri yandikiye iryo shengero yuko uwo mugabo akwiye kugarukanwa. Ariko rero, ivyo si vyo vyonyene vyasabwa. Paulo yaranasavye iryo shengero ‘kubabarira n’umutima mwiza no guhoza uwo mucumuzi yihanye, ngo mwene uwo muntu ntahave amirwa n’ukugira umubabaro urenze.’—Soma 2 Abakorinto 2:5-8.
15. Dukwiye kubona gute abacumuzi bigaye baba bagarukanywe mw’ishengero?
15 None iyo nkuru itwigisha iki? Biratubabaza igihe abantu babwirizwa gucibwa. Bashobora kuba baratumye izina ry’Imana risigwa iceyi bakongera bagatukisha ishengero. Boshobora mbere kuba baraducumuyeko twebwe ubwacu. Naho ari ukwo, igihe abakurambere bagenywe ngo bihweze ico kibazo bashinze mu buryo buhuye n’ubuyobozi buva kuri Yehova yuko uwo mucumuzi yigaye abwirizwa kugarukanwa mw’ishengero, biba vyerekana yuko Yehova yamubabariye. (Mat. 18:17-20) Ntidukwiye none kugerageza kwigana Yehova? Nkako, gukarira abandi be no kutabababarira nta ho vyoba bitandukaniye no kurwanya Yehova. Kugira ngo tugire ico duterereye ku mahoro n’ubumwe vy’ishengero ry’Imana no kugira ngo twemerwe na Yehova, none ntidukwiye riho ‘kwereka’ abacumuzi bigaye vy’ukuri maze bakagarukanwa mw’ishengero ‘ko tubakunda’?—Mat. 6:14, 15; Luka 15:7.
“Ambera kirumara”
16. Ni kubera iki Paulo yababajwe na Mariko?
16 Hari iyindi nkuru yo mu Vyanditswe yerekana yuko tudakwiye kubikira inzika abantu batubabaje. Nk’akarorero, Yohani Mariko yarababaje cane intumwa Paulo. Uti gute? Igihe Paulo na Barunaba batangura urugendo rwabo rw’ubumisiyonari rwa mbere, Mariko yarajanye na bo kugira ngo abafashe. Mugabo bageze ahantu hanaka muri urwo rugendo rwabo kandi bivuye ku mvo itavugwa, Yohani Mariko yarataye abo bagenzi biwe maze yisubirira i muhira. Paulo yarababajwe cane n’iyo ngingo ku buryo igihe yariko arategekanya kugira urugendo rugira kabiri, atumvikanye na Barunaba ku bijanye n’uko Mariko yoba yari akwiye gusubira kubaherekeza. Paulo afatiye ku vyari vyarashitse mu rugendo rwa mbere, ntiyashaka ko Mariko ajana na bo.—Soma Ibikorwa 13:1-5, 13; 15:37, 38.
17, 18. Tumenya gute ko ukutumvikana kwabaye hagati ya Paulo na Mariko kwatorewe umuti, kandi dushobora kuvyigirako iki?
17 Biboneka ko Mariko ataretse ngo acibwe intege birenze urugero n’ukuba Paulo atemeye ko bajana, kuko yabandanirije igikorwa ciwe c’ubumisiyonari mu kindi cibare ari kumwe na Barunaba. (Ibik. 15:39) Ukuba yaragaragaje ko ari umwizigirwa birerekanwa n’ivyo Paulo yanditse ku bimwerekeye haciye imyaka mikeyi. Paulo, ico gihe akaba yari imbohe i Roma, yaratumyeko Timoteyo biciye kw’ikete. Muri iryo kete nyene, Paulo yavuze ati: “Hitana Mariko muzanane, kuko ambera kirumara ku bw’ubusuku.” (2 Tim. 4:11) Ego cane, Paulo yari asigaye abona neza Mariko.
18 Hariho icigwa tuhakura. Mariko yaratsimbataje kamere ziranga umumisiyonari mwiza. Ntiyatsitajwe n’ukuba Paulo yari yabanje kwanka ko bajana. We hamwe na Paulo bari abagabo bakomeye mu vy’impwemu, kandi nta vyo kubika inzika vyabaye hagati yabo. Ahubwo riho, mu nyuma Paulo yaremeye ko Mariko yari umufasha kirumara. Igihe rero abavukanyi batoreye umuti ingorane maze zigahera, ikintu kibereye bokora ni ukuzirengera maze bakabandanya gufasha abandi gutera imbere mu vy’impwemu. Kubona ko ibintu bizogenda neza birubaka ishengero.
Ishengero hamwe na wewe
19. Ni imfashanyo iyihe abagize ishengero rya gikirisu bose bashobora guha bagenzi babo?
19 Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” urakeneye imfashanyo y’abavukanyi n’abavukanyikazi bawe bo mw’ishengero kandi na bo nyene barakeneye iyawe. (2 Tim. 3:1) Vyoshobora gushika umukirisu umwumwe ukwiwe ntiyame azi ico yokora kugira ngo atorere umuti ibintu ahangana na vyo, mugabo Yehova aba akizi. Kandi arashobora gukoresha abagize ishengero batandukanye, na wewe urimwo, kugira ngo afashe abandi gukurikira ingendo ibereye. (Yes. 30:20, 21; 32:1, 2) Uko biri kwose rero, nimufate nka nkama impanuro intumwa Paulo atanga! Nimugume “muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu, nk’uko mbere muriko murabigira.”—1 Tes. 5:11.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki kwubaka abandi bikenewe mw’ishengero rya gikirisu?
• Ni ingorane izihe woshobora gufasha abandi gutorera umuti?
• Ni kubera iki dukeneye imfashanyo y’abandi mw’ishengero turimwo?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 11]
Igihe umukirisu mugenzi wacu ariko aranyinyana n’ibintu bigoye, turashobora kumufasha
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 12]
Abasore n’abigeme benshi bo mw’ishengero rya gikirisu muri kino gihe barashobora gushika ku bintu bikomeye