Ururirimbo 5
Kristu, karorero kacu
Integuro icapuwe
1. Yehova yakunze
Abant’abaguze
Umwana wiwe yakunda cane.
Kristu n’umukate;
Muze tuwufate,
Ubuzima tuze tubwamane.
2. Krist’ati: Dusenge
Kugira ngo hezwe
Rya zina Yehova rikomeye.
N’Ubwami ngo buze
Hakorw’ivy’avuze.
Dusab’imfungurwa tubereye.
3. Yigishij’ivyiza
Arahumuriza
Intama ziwe zimuyoboka.
Bwa Bwami nitwaza
Turabwamamaza
Umunezero uzoshoboka.
(Raba kandi Mat. 6:9-11; Yoh. 3:16; 6:31-51; Ef. 5:2.)