ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ibitabu vyacu vyandikwa gute bigahindurwa gute?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    • ICIGWA CA 23

      Ibitabu vyacu vyandikwa gute bigahindurwa gute?

      Umuntu akorera mu Rwego nshingwayandika, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

      Urwego nshingwayandika, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

      Umugwi w’abahinduzi muri Koreya y’Epfo

      Muri Koreya y’Epfo

      Umugabo wo muri Armeniya afise igitabu cahinduwe n’Ivyabona vya Yehova

      Muri Armeniya

      Umwigeme wo mu Burundi afose igitabu cahinduwe n’Ivyabona vya Yehova

      Mu Burundi

      Umugore wo muri Sri Lanka afise ibinyamakuru vyahinduwe n’Ivyabona vya Yehova

      Muri Sri Lanka

      Kugira ngo dushobore gutangaza “inkuru nziza” uko dushoboye kwose “kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose,” turasohora ibitabu mu ndimi zirenga 750. (Ivyahishuwe 14:6) None ico gikorwa kitoroshe tukirangura gute? Tubifashwa n’abanditsi bari hirya no hino kw’isi hamwe n’imigwi y’abahinduzi bakora batiziganya, abo bose bakaba ari Ivyabona vya Yehova.

      Igisomwa ca mbere gitegurwa mu congereza. Inama Nyobozi ni yo ihagarikira ibikorwa vy’Urwego nshingwayandika rukorera ku cicaro gikuru cacu. Urwo rwego rurahagarikira ibikorwa vy’abanditsi bakorera ku cicaro gikuru no ku bindi biro vy’amashami. Kubera ko dufise abanditsi bari mu turere dutandukanye, biratuma dusohora ibiganiro bivuga ibijanye n’imico kama itandukanye, ivyo bigatuma ibitabu vyacu bishimisha abantu bo kw’isi yose.

      Ico gisomwa gica kirungikirwa abahinduzi. Igisomwa kimaze gutegurwa kandi kikemezwa, gica kirungikirwa imigwi y’abahinduzi hirya no hino kw’isi biciye ku buhinga bwa elegitoronike, bano bakaba bahindura ico gisomwa, bakagikosora bakongera bakagisuzuma. Barihatira gucagura “amajambo y’ukuri atagira amakosa” aserura neza mu rurimi rwabo ivyiyumviro biba biri mu gisomwa c’icongereza.—Umusiguzi 12:10.

      Gukoresha orodinateri biratuma ico gikorwa kinyaruka. Ego ni ko, orodinateri ntishobora gusubirira abo banditsi n’abo bahinduzi. Ariko, orodinateri iratuma ibikorwa vyabo binyaruka. Ivyabona vya Yehova barafise ubuhinga bwa elegitoronike bwo gutunganya ivyandikano mu ndimi nyinshi (ubwitwa MEPS), butuma igisomwa cahinduwe mu ndimi amajana n’amajana gishobora gupangwa kumwe, kigashirwamwo amashusho hanyuma kigacapurwa.

      Kubera iki hagirwa utwo twigoro twose two guhindura ibitabu, mbere no mu ndimi zivugwa n’abantu bake? Ni kubera ko Yehova agomba yuko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”—1 Timoteyo 2:3, 4.

      • Ibitabu vyacu vyandikwa gute?

      • Kubera iki duhindura ibitabu vyacu mu ndimi nyinshi cane?

  • Amahera akoreshwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose ava he?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    • ICIGWA CA 24

      Amahera akoreshwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose ava he?

      Umuntu ariko aratanga intererano avyishakiye
      Ivyabona vya Yehova bari mu gikorwa co kwamamaza

      Muri Népal

      Abakora bavyishakiye mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami muri Togo

      Muri Togo

      Abariko barakora bavyishakiye ku biro vy’ishami vyo mu Bwongereza

      Mu Bwongereza

      Buri mwaka, ishirahamwe ryacu rirasohora amabibiliya n’ibindi bitabu amamiliyoni amajana rikongera rikabishikiriza abantu ata mahera ririnze kubasaba. Turubaka tukongera tukabungabunga Ingoro z’Ubwami n’ibiro vy’amashami. Turabungabunga abanyabeteli n’abamisiyonari ibihumbi, tukongera tugatanga imfashanyo zo gutabara abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Ku bw’ivyo woshobora kwibaza uti: ‘None ayo mahera yose mukoresha muyakura he?’

      Ntidutoza ibigiracumi canke imperezwa. Naho dukoresha amahera menshi cane mu gushigikira igikorwa co kwamamaza, ntidusegerereza. Haraciye imyaka irenga ijana inomero igira kabiri y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi ivuze yuko twemera tudakeka ko Yehova ari we adufashe mu mugongo, be n’uko ‘tutazokwigera dusegerereza canke ngo twambambire abantu ngo badufashe,’ kandi ntiturigera tubigira.—Matayo 10:8.

      Amahera dukoresha ava mu ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Abantu benshi barashima igikorwa turangura co kwigisha Bibiliya, akaba ari co gituma batanga intererano zo kugishigikira. Ivyabona ubwabo barahimbarwa no gutanga umwanya wabo, inguvu zabo, amahera yabo be n’ibindi bintu batunze kugira ngo ivyo Imana igomba bikorwe kw’isi hose. (1 Ngoma 29:9) Ku Ngoro z’Ubwami no mu bibanza tugiriramwo amateraniro n’amahwaniro hariho udusandugu tw’intererano abipfuza guterera bashiramwo intererano zabo. Intererano kandi zirashobora gutangwa biciye ku muhora wacu jw.org. Ahanini amahera turonka atangwa n’abantu bafise uburyo bubayabaye, benshi muri bo bakaba bameze nka wa mupfakazi w’umworo Yezu yavuga ko yatiburiye uduceri tubiri mu gasandugu ko mw’ishikaniro ry’urusengero. (Luka 21:1-4) Ku bw’ivyo, uwo ari we wese arashobora kwama ‘ashira ikintu ku ruhande’ kugira ngo atange “nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe.”—1 Abakorinto 16:2; 2 Abakorinto 9:7.

      Turemera tudakeka ko Yehova azobandanya gutuma abipfuza ‘kumutera iteka bakoresheje ibintu vyabo vy’agaciro’ bagira umutima wo gutanga kugira ngo bashigikire igikorwa c’Ubwami ku buryo ivyo agomba biranguka.—Imigani 3:9.

      • Ni mu buryo ki ishirahamwe ryacu ritandukanye n’ayandi madini?

      • Intererano zitangwa n’abavyishakiye zikoreshwa ibiki?

  • Kubera iki twubaka Ingoro z’Ubwami kandi tuzubaka gute?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    • ICIGWA CA 25

      Kubera iki twubaka Ingoro z’Ubwami kandi tuzubaka gute?

      Abakora bavyishakiye mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami muri Boliviya

      Muri Boliviya

      Ingoro y’Ubwami muri Nijeriya imbere y’uko isubirwamwo
      Ingoro y’Ubwami muri Nijeriya aho imariye gusubirwamwo

      Muri Nijeriya, imbere y’ubwubatsi n’inyuma yabwo

      Ingoro y’Ubwami iriko irubakwa muri Tahiti

      Muri Tahiti

      Nk’uko izina “Ingoro y’Ubwami” rivyerekana, inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zigishirizwa muri ico kibanza zibanda ku Bwami bw’Imana, akaba ari co kintu nyamukuru ubusuku bwa Yezu bwari bushingiyeko.—Luka 8:1.

      Ni zo ntimatima z’ugusenga kw’ukuri mu karere zirimwo. Ku Ngoro z’Ubwami ni ho hatunganirizwa igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Matayo 24:14) Ingoro z’Ubwami ntizingana kandi ntizubatswe kumwe, yamara usanga ari inyubakwa zidahanitse cane, nyinshi muri zo zikaba zikoreshwa n’amashengero abiri canke arenga. Kubera ko amashengero yacu yongerekanye, muri iyi myaka ya vuba twubatse Ingoro z’Ubwami nshasha ibihumbi mirongo (twubaka nka zitanu ku musi). None ivyo bishoboka gute?—Matayo 19:26.

      Hakoreshwa amahera ava mu ntererano zigenewe iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami. Amahera avuye muri izo ntererano ararungikwa ku biro vy’ishami kugira ngo na vyo biyaronse amashengero akeneye kwubaka Ingoro z’Ubwami canke kuzisubiramwo.

      Zubakwa n’abitanga bavyishakiye bo mu mice yose y’ubuzima kandi ntibahembwa. Mu bihugu vyinshi haratunganijwe Imigwi y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Imigwi igizwe n’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami be n’abitanze bavyishakiye irava mw’ishengero rimwe ija mu rindi mu gihugu, eka mbere no mu duce turi kure cane, kugira ngo ifashe amashengero yo muri ico gihugu kwubaka Ingoro z’Ubwami zayo. Mu bindi bihugu, haragenywe Ivyabona babishoboye kugira ngo bahagarikire ibikorwa vyo kwubaka no gusubiramwo Ingoro z’Ubwami zo mu karere kanaka. Naho abavukanyi benshi bazi imyuga bo muri ako karere bitanga gukorera kw’ishantiye iyo ari yo yose, abagize ishengero ryaho ni bo usanga ari benshi. Impwemu ya Yehova be n’utwigoro tuvuye ku mutima abasavyi biwe bagira ni vyo bituma ivyo vyose bishoboka.—Zaburi 127:1; Abakolosayi 3:23.

      • Kubera iki ibibanza dusengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami?

      • Bishoboka gute ngo twubake Ingoro z’Ubwami hirya no hino kw’isi?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika