ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 11 rup. 118-rup. 120 ing. 4
  • Igishika n’Inyiyumvo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igishika n’Inyiyumvo
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Impuhwe n’ikibabarwe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Nugaragarize impuhwe abandi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Noshobora gute gucungera inyiyumvo zanje?
    Urwaruka ruribaza
  • Kumera Uko Usanzwe Umeze
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 11 rup. 118-rup. 120 ing. 4

ICIGWA CA 11

Igishika n’Inyiyumvo

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nuvuge mu buryo buserura akanyengetera wiyumvamwo kandi kajane n’ivyo uriko uravuga.

Ni Kuki Bihambaye?

Ni ntahara nimba ugomba gushikira imitima y’abumviriza.

AKANYENGETERA ni igihimba ngenderwako c’ubuzima bw’umuntu. Igihe umuntu aserura akanyengetera afise, aba ahishuye ikiri mu mutima wiwe, umuntu ari imbere uwo ari we, ukuntu yiyumva ku vyerekeye uko ibintu n’abantu vyifashe. Biturutse ku bintu vy’agacavutu bibashikira mu buzima, ahandi na ho bigaturuka ku kosho k’imico kama, abantu benshi barahisha akanyengetera kabo. Mugabo Yehova aturemesha gutsimbataza kamere nzizanziza mu muntu w’imbere, hanyuma rero tugaserura ibiriyo mu buryo bubereye.—Rom. 12:10; 1 Tes. 2:7, 8.

Iyo tuvuga, amajambo dukoresha ashobora kwerekana neza akanyengetera dufise ako ari ko. Mugabo mu gihe amajambo yacu atavuganywe inyiyumvo bijanye, abatwumva bashobora gukekeranya yuko tuvuga ibivuye ku mutima. Ku rundi ruhande, mu gihe amajambo avuganywe inyiyumvo ibereye, insiguro yacu ishobora kugira ubwiza n’ubutunzi bishobora gukora ku mitima y’abariko barumviriza.

Guserura Igishika. Inyiyumvo ziranga igishika kenshi zijana n’ivyiyumviro vyerekeye abantu. Gutyo rero igihe tuvuga ivya kamere za Yehova zituma tumukunda, eka n’igihe duserura ugukenguruka kwacu ku bw’ukumera neza kwa Yehova, ijwi ryacu rikwiye kubamwo igishika. (Yes. 63:7-9) Kandi igihe tuganiriza abantu nkatwe, uburyo tuvuga bukwiye na bwo nyene guserura igishika gikwegera.

Umunyamibembe yaje kuri Yezu hanyuma amusaba ko yomukiza. Ibaze ijwi Yezu yakoresheje igihe yavuga ati: “Ndakunze, humanuka.” (Mrk. 1:40, 41) Ihe kandi ishusho y’ivyabaye igihe umugore amaze imyaka 12 arwaye ubutinyanka yanyombanyomba akegera Yezu amuturutse inyuma, hanyuma agakora ku dusunwa tw’umutamana wiwe. Nya mugore amaze gutahura yuko bamubonye, yaregeye imbere ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yezu, hanyuma arahishura imbere y’abantu bose icatumye akora ku mpuzu yiwe be n’ukuntu yakize. Iyumvire uburyo Yezu yabwiye uwo mugore, ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.” (Luka 8:42b-48) Igishika Yezu yagaragaje kuri ivyo bihe kiracadukora ku mutima gushika n’uyu musi.

Igihe twumvira abantu imbabazi nka kumwe kwa Yezu, be n’igihe dushaka vy’ukuri kubafasha, biribonekeza mu buryo tubavugisha. Mwene ukwo guserura igishika kuba kuvuye ku mutima. Si ukurenze urugero. Igishika cacu kirashobora kwerekana ubudasa mu kuntu abantu bavyakira. Vyinshi mu bintu tuvuga mu busuku bwo mu ndimiro bisaba ko tuvuga mwene gutyo, canecane igihe turiko turazirikana, turemesha, twinginga canke duhoza uwubabaye.

Nimba ufitiye abandi igishika, nuvyerekane mu maso hawe. Igihe ugaragaza igishika, abakwumviriza barakwegerwa kuri wewe nka kurya umuntu yumva ashaka kwegera agakomezwa mw’ijoro igihe hakanye. Mu gihe igishika kitibonekeza mu maso hawe, hari aho abakwumviriza batemera yuko ubababaye vy’ukuri. Igishika ntigishobora kumera nk’ikintu co kwiyoberanisha umuntu yipfuka, ahubwo gitegerezwa kuba ari ic’ukuri.

Igishika gikwiye kandi kwumvikanira mw’ijwi ryawe. Nimba ufise ijwi rigumye canke rijwangaraye, vyoshobora kukugora guserura igishika mu nsiguro ushikiriza. Mugabo uko igihe kirengana ukanagira akigoro ubishizeko umutima, uzobishobora. Ikintu kimwe coshobora gufasha ku bijanye n’ubuhinga, ni ukwibuka yuko ijwi rigufi, ricagaguritse, rituma insiguro iguma. Ijwi ryoroshe niwige kurigira rirerire mu majambo. Ivyo bizogufasha gushira igishika mu nsiguro ushikiriza.

Ariko rero ikintu mbere gihambaye kuruta, ni ico ubabaye. Nimba vy’ukuri ivyiyumviro vyawe biri kuri barya bantu uriko urabwira, kandi ukaba ushashaye kubabwira ikintu gishobora kubungura, iyo nyiyumvo izobonekera mu buryo uvuga.

Gushikiriza ikiganiro ucangamutse birakwegera, mugabo ikibabarwe na co nyene kirakenerwa. Ntivyama bihagije gushwirura umuzirikanyi; dutegerezwa kandi kuvyurira umutima ingiro.

Guserura Izindi Nyiyumvo. Akanyengetera nk’ak’amaganya, ubwoba n’intuntu koshobora guserurwa n’umuntu ari mu marushwa. Umunezero ni akanyengetera gakwiye kwibonekeza mu buzima bwacu kandi tukagaserura tutakazibira igihe tuvugisha abandi. Ku rundi ruhande, hari akanyengetera usanga gakeneye guhwamikwa. Ntikaba kajanye na kamere y’Umukirisu. (Ef. 4:31, 32; Flp. 4:4) Akanyengetera k’uburyo bwose karashobora guserurwa n’amajambo dutora, urugero rw’ijwi dukoresha, ubukomezi tuvugana, ukuntu mu maso hacu hameze, hamwe n’ibimenyetso vy’umubiri.

Bibiliya iragira ico ivuze ku kanyengetera abantu bagiye baragaragaza. Rimwe na rimwe iradonda uko vyagenze. Ibindi bihe usanga yigana ivyabaye canke igasubiramwo ivyavuzwe bihishura akanyengetera. Igihe usoma mwene ayo mayagwa n’ijwi ryumvikana, bizogira ico bikoze gihambaye kuri wewe no ku bariko barakwumviriza, mu gihe ijwi ryawe riserura ako kanyengetera. Kugira ubishikeko, ukeneye kwishira mu kibanza c’abavugwa mu vyo uriko urasoma. Ariko rero insiguro si nk’igikino, ni co gituma woba maso ntukavye. Niwinjize nya bisomwa mu mizirikanyi y’abariko barumviriza.

Igishika Kibereye Amayagwa. Nka kurya bigenda ku bushwashwanutsi, igishika ushiramwo mu kuvuga hamwe n’akandi kanyengetera userura, ahanini biva ku vyo uriko uravuga.

Zingurura muri Matayo 11:28-30, hanyuma ufate nka nkama ivyo havuga. Nuce usoma urubanza Yezu yaciriye abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo, nk’uko rwanditswe muri Matayo ikigabane ca 23. Ntidushobora kumwiyumvira avuga ayo majambo acumita y’urubanza mu buryo bukanyaraye, bukonje.

Wibaza ko hakenewe inyiyumvo iyihe mu gusoma inkuru nk’imwe yo mw’​Itanguriro ikigabane ca 44 ku bijanye na ca gihe Yuda yatakamba ku bwa murumunawe Benyamini? Raba akanyengetera gaseruwe mu murongo wa 13, urabe ingene mu murongo wa 16 herekana ukuntu Yuda yiyumvise ku vyerekeye imvo yatumye haza kirya cago. Ca uraba kandi ukuntu Yozefu ubwiwe yavyifashemwo, nk’uko bivugwa mw’​Itanguriro 45:1.

Gutyo, twaba turiko turasoma canke turiko turavuga, kugira ngo ivyo tubigire mu buryo bwiza ntidutegerezwa kuzirikana gusa amajambo be n’ivyiyumviro, mugabo kandi turazirikana inyiyumvo ikwiye kuba yarajanye na yo.

UBURYO BWO KUBISERURA

  • Aho kwitwararika birenze urugero amajambo uriko urakoresha, nushire umutima ku cipfuzo cawe co gufasha abakwumviriza.

  • Ijwi ukoresha hamwe no mu maso hawe bikwiye kugaragaza akanyengetera ako ari ko kose kabereye amayagwa ushikiriza.

  • Niwige mu kwitegereza witonze abandi bavuga bashiramwo inyiyumvo.

UMWIMENYEREZO: Nusome n’ijwi ryumvikana ibihimba bikurikira vy’Ivyanditswe, ubigirane inyiyumvo ibereye ayo mayagwa: Matayo 20:29-34; Luka 15:11-32.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika