Woba witeguriye umusi uhambaye kuruta iyindi yose mu mwaka?
AMASAHA makeyi imbere y’uko Yezu apfa, yaratanguje uburyo budasanzwe bwo kwibuka urupfu rwiwe. Ico kintu cahavuye citwa “imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.” (1 Abakorinto 11:20) Kugira Yezu yerekane yuko ico kintu gihambaye, yategetse ati: “Ivyo murabigire munyibuka.” (Luka 22:19, UB) Woba wipfuza kugamburukira Yezu? Nimba uvyipfuza, umusi w’urupfu rwiwe uzoba wo musi ubona ko uhambaye kuruta iyindi yose mu mwaka.
None ni ryari neza na neza ukwiye kwibuka urwo rupfu rwiwe? Vyongeye, wokora iki kugira ngo witegurire neza gutahura insobanuro y’ico kintu gihambaye? Ivyo ni ibibazo umukirisu wese akwiye kurimbura yitonze.
Tworwibuka kangahe?
Ibintu bihambaye vyabaye, dukunze kuvyibuka uko umwaka utashe. Nk’akarorero, naho Abarundi batibagira umusi Uburundi bwaronka intahe yo kwikukira kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962, iyo iryo genekerezo rigeze buri mwaka, ivyabaye kuri uwo musi bica bigira insobanuro idasanzwe kuri bo.
No mu bihe vya Bibiliya, ibintu bihambaye vyabaye wasanga vyibukwa rimwe mu mwaka. (Esiteri 9:21, 27) Yehova yategetse Abisirayeli guhimbaza uko umwaka utashe umusi bakurwa mu buja mu Misiri ku gitangaro. Iryo himbaza Bibiliya iryita Pasika, kandi Abisirayeli bayihimbaza rimwe mu mwaka kuri ya tariki nyene barokorwa.—Kuvayo 12:24-27; 13:10.
Yezu yari ahejeje guhimbaza Pasika n’intumwa ziwe igihe yatanguza izo mfungurwa zidasanzwe zahavuye ziba icitegererezo cisungwa mu kwibuka urupfu rwiwe. (Luka 22:7-20) Pasika yahimbazwa uko umwaka utashe. Ku bw’ivyo rero, turashobora kuvuga yuko iryo himbaza rishasha ryasubiriye Pasika na ryo nyene rikwiye kugirwa rimwe mu mwaka. None rikwiye kugirwa ryari?
Tworwibuka ryari?
Kugira ngo twishure ico kibazo, turakeneye gutahura ibintu bibiri. Ica mbere, mu bihe vya Bibiliya umusi watangura ku mugoroba izuba rirenze, ukarangira bukeye izuba rirenze. Umusi rero watangurana n’umugoroba ugaherana n’uwundi mugoroba.—Abalewi 23:32.
Ica kabiri, Bibiliya ntikoresha ikirangamisi dukoresha muri kino gihe. Aho gukoresha amazina y’amezi nka Ntwarante na Ndamukiza, Bibiliya ikoresha amezi nka Adari na Nisani. (Esiteri 3:7) Abayuda wasanga baharura amezi bahereye ku mboneko y’ukwezi gushika ku yindi mboneko y’ukwezi. Bahimbaza Pasika ku wa 14 Nisani, ukwo kukaba kwari kwo kwezi kwa mbere ku kirangamisi cabo. (Abalewi 23:5; Guharūra 28:16) Kw’itariki ya 14 Nisani ni wo musi nyene Abaroma bamanika Umukama wacu Yezu Kristu. Yapfuye haheze imyaka 1.545 Abayuda bariye Pasika ya mbere. Emwe, iryo genekerezo rya 14 Nisani ntirisanzwe!
None itariki ihuye n’uwa 14 Nisani ku kirangamisi cacu ni iyihe? Duharuye mu buryo bworoshe twoshobora gushika kw’itariki bihuye. Itariki 1 Nisani itangura igihe habaye imboneko y’ukwezi i Yeruzalemu izuba rirenze, iyo mboneko ikaba ari yo ya nyuma iba imbere y’uko ikiringo c’impeshi gitangura mu gice c’isi co mu Buraruko. Duharuye imisi 14 guhera kuri iyo mboneko, duca dushika ku wa 14 Nisani. Kuri iyo tariki akenshi usanga ukwezi ari igisyo. Dukoresheje ubwo buryo bwo guharura bushingiye kuri Bibiliya, uwa 14 Nisani w’uyu mwaka uzotangura ku w’iyinga 17 Ndamukiza 2011 izuba rirenze.a
Muri uno mwaka, Ivyabona vya Yehova bariko baritegurira rero guhurira hamwe n’abo bose bipfuza kwibuka urupfu rwa Yezu. Baragutumiye n’igishika cinshi ngo wifatanye na bo. Tukuremesheje kurondera Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu kugira ngo umenye umwanya bizoberako n’ikibanza bazohuriramwo. Ntibazokwibuka urupfu rwa Yezu mu gitondo canke ku muhingamo, ahubwo bazorwibuka ku mugoroba izuba rirenze. Uti kubera iki? Kubera Bibiliya ivuga yuko zikwiye kuba “imfungurwa zo ku mugoroba.” (1 Abakorinto 11:25) Ku w’iyinga itariki 17 Ndamukiza 2011 ku mugoroba, ni umusi wo kwibuka umugoroba Yezu yatanguriyeko guhimbaza ico kintu kidasanzwe, ubu hakaba haciye imyaka 1.978. Uwo mugoroba kandi ni wo utangura umusi wo ku wa 14 Nisani, uwo Yezu yapfiriyeko. None wumva hari uwundi musi wo kwibukirako urupfu rwiwe woba ubereye kuruta uwo?
Twokwitegura gute?
Wokora iki ubu kugira ngo witegurire ico kintu kiba rimwe mu mwaka? Uburyo bumwe ni ukuzirikana ku vyo Yezu yadukoreye. Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?b carafashije abantu amamiliyoni kurushiriza gutahura insobanuro y’urupfu rwa Yezu.—Matayo 20:28.
Ubundi buryo bwo kwitegura mu mitima yacu ku bw’ico kintu kidasanzwe ni ugusoma inkuru z’ivyabaye bidushikana ku musi wa nyuma w’ubuzima bwa Yezu ng’aha kw’isi. Ku mpapuro zikurikira, urahasanga igicapo. Inkingi y’iburyo irerekana urukurikirane rw’inkuru zo muri Bibiliya zivuga bimwe zidondora ibintu vyabaye imbere y’uko Yezu apfa. Muri urwo rukurikirane harimwo kandi ibigabane vyo mu gitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bosec bisigura ivyo bintu vyabaye.
Inkingi y’ibubamfu irahuza amatariki ivyo bintu vyabereyeko n’amatariki bihurirana muri uyu mwaka. Ubona gute ufashe akanya ugasoma n’imiburiburi imirongo imwimwe yo mu Vyanditswe kuri umwumwe wose mu misi idushikana kuri izo Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba? Bizogufasha kwitegurira umusi uhambaye kuruta iyindi yose mu mwaka.
[Utujambo tw’epfo]
a Iyo tariki ntiyoshobora guhura na Pasika igirwa n’Abayahudi bo muri iki gihe. Kubera iki? Abayahudi benshi muri iki gihe bagira Pasika ku wa 15 Nisani, biyumvira yuko itegeko ryo muri Kuvayo 12:6 ryerekeza kuri iyo tariki. [Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1990, urupapuro rwa 14.] Ariko Yezu yayihimbaje ku wa 14 Nisani ahuje n’ibivugwa mw’Itegeko rya Musa. Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ukuntu baharura bagashika kuri iyo tariki, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1977, urupapuro rwa 575-576.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Raba urupapuro rwa 47-56, 206-208. Urashobora kwisomera ico gitabu ku muhora wa Internet www.watchtower.org.
c Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]
Niwibuke urupfu rwa Yezu ku w’iyinga, 17 Ndamukiza 2011
[Igicapo/Amafoto ku rup. 23, 24]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
INDWI YA NYUMA
2011 Ku wa 2, 12 Ndamukiza
▪ Isabato
9 NISANI (izuba rirenze)
Mu bihe vya Bibiliyaumusi watanguraku mugoroba izubarirenze, ukarangirabukeye izuba rirenze
▪ Inzimano kwa Simoni umunyamibembe
▪ Mariya amusukakoamavuta ya narada
▪ Abayuda baza kuraba Yezuna Lazaro
2011 Ku wa 3, 13 Ndamukiza
▪ Yinjirana intsinzi i Yeruzalemu
▪ Yigisha mu rusengero
□ gt 102
10 NISANI (izuba rirenze)
▪ Arara i Betaniya
2011 Ku wa 4, 14 Ndamukiza
▪ Azindukira i Yeruzalemu
▪ Ahumanura urusengero
▪ Yehova avugira mw’ijuru
11 NISANI (izuba rirenze)
2011 Ku wa 5, 15 Ndamukiza
▪ Yigishamu rusengero akoresheje ibigereranyo
▪ Ashira Abafarizayo ku kabarore
▪ Ashima ishikanwa ry’umupfakazi
▪ Avuga koYeruzalemu izotemba
▪ Atanga ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe
12 NISANI (izuba rirenze)
2011 Ku wa 6, 16 Ndamukiza
▪ Umusi utekanye we n’abigishwa biwe bari i Betaniya
▪ Yuda agura Yezu
13 NISANI (izuba rirenze)
2011 Ku wa 7, 17 Ndamukiza
▪ Petero na Yohani bategura Pasika
▪ Yezu n’izindintumwa cumi babakurikira bugira bugorobe
□ gt 112, ing. 5 gushika 113 ing.1
14 NISANI (izuba rirenze)
▪ Ahimbaza Pasika
▪ Yoza ibirenge y’intumwa ziwe
▪ Ataramura Yuda
▪ Atanguza Icibutso c’urupfu rwiwe
□ gt113, ing. 2 gushika ku mpera ya 116
mu gicugu
2011 Ku wa 1, 18 Ndamukiza
▪ Agurwa agafatwa mw’itongo ry’i Getsemani
▪ Intumwa zihunga
▪ Asambishwa n’Inama Nkuru
▪ Petero yihakana Yezu
□ gt 117 gushika ku mpera ya 120
▪ Asubira kurengutswa imbere y’Inama Nkuru
▪ Ajanwa kwa Pilato, hama kwa Herodi, akagaruka kwa Pilato
▪ Acirwa urwo gupfa akamanikwa
▪ Acikana nko kw’isaha icenda zuzuye z’umuhingamo
▪ Ikiziga gikurwa ku giti kigafubwa
15 NISANI (izuba rirenze)
▪ Isabato
2011 Ku wa 2, 19 Ndamukiza
▪ Pilato yemerako hashirwa abarinzi ku mva ya Yezu
16 NISANI (izuba rirenze)
2011 Ku wa 3, 20 Ndamukiza
▪ Azuka
▪ Abonekera abigishwa
□ gt 127, ing. 10 gushika 129,ing. 10
[Akajambo k’epfo]
d Ibiharuro bikurikirana na gt bitondetswe hano vyerekana ibigabane vyo mu gitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose (gt). Ushaka igicapo gitanga amarabiro y’ivyanditswe bivuga ido n’ido ry’ubusuku bwa Yezu bwa nyuma, raba Bibiliya y’isi nshasha urupapuro rwa 1963-1965, canke igitabu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile,” urupapuro rwa 290, bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.