‘Koranya abantu’
1. Ni amasano ayahe ari hagati y’amahwaniro y’intara na mpuzamakungu be n’ihwaniro ry’intibagirwa Abisirayeli bagize inyuma gatoyi y’aho baviriye mu Misiri?
1 Inyuma gatoyi y’aho baviriye mu Misiri, Yehova yategetse Musa ‘gukoraniriza abantu’ ku Musozi Sinayi ngo bumvirize ijambo ryiwe kugira ngo bamutinye bongere bigishe abana babo inzira ziwe. (Gus. 4:10-13) Ese ukuntu ico gitegerezwa kuba cari igihe c’intibagirwa kandi gikomeza ukwizera! Mu mezi makeyi ari imbere, abasavyi ba Yehova bazokoranira hamwe ku mahwaniro y’intara na mpuzamakungu kugira ngo bigishwe na Yehova. Twokora iki kugira ngo tuzoyungukireko bimwe bishitse?
2. Ni igiki dutegerezwa gukora kugira ngo ‘twitegurire’ ihwaniro ryacu?
2 ‘Niwitegure’: Yehova yategetse Abisirayeli ‘kwitegurira’ iryo hwaniro ry’intibagirwa ryo ku Musozi Sinayi. (Kuv. 19:10, 11) Muri ubwo buryo nyene, abazokwitaba amahwaniro bose barakeneye kwitegura neza, ntihitegura gusa abazoba bafise ibiganiro vyo gushikiriza mu kiringo ca porogarama. Nk’akarorero, benshi bazokenera gutunganya ivyo gusaba ikonji ku kazi. Kumbure ivyawe vyifashe nk’uko ivya Nehemiya vyari vyifashe. Yashaka kuva ku gikorwa ciwe co guhereza ibinyobwa Umwami Aritazeruzi kugira ngo aje i Yeruzalemu gufasha mu gusubira kwubaka impome zaho, ariko yari azi ko hari igihe umwami atomwemerera. Nehemiya yarasenze maze abigiranye umutima rugabo arasaba uruhusha akoresheje amajambo y’igikundiro. Umwami yaramwemereye kugenda yongera mbere aratanga ibintu vyo gushigikira ico gikorwa co kwubaka! (Neh. 2:1-9) Turetse gusaba ikonji umukoresha wawe, woba umaze gutegekanya ibijanye n’uburyo bwo kwiyunguruza be n’uburaro? Abakurambere bazohimbarwa no gufasha uwo wese yoba akeneye imfashanyo. Nutegekanye gushika kare ku musi umwumwe wose, kandi ube witeguriye ‘kwitwararika kuruta uko bisanzwe’ ivyo uzokwumva.—Heb. 2:1.
3. Ni igiki kizodufasha gutegura umutima wacu ku bwa porogarama?
3 Uwundi umuce uhambaye wo kwitegura kwacu ugizwe no gutegura umutima wacu kugira ngo dushobore kwumviriza twongere twige. (Ezr. 7:10) Agapapuro ka porogarama y’ihwaniro kazoshirwa imbere y’igihe ku muhora wa jw.org kandi kazoba kariko imitwe-shimikiro y’insiguro zose, buri mutwe uri kumwe n’icanditswe nyamukuru kimwe canke bibiri. Ayo ni amayagwa ashimishije yorimburwa mu kiringo c’umugoroba wacu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango mu mayinga y’imbere y’ihwaniro tuzokwitaba. Hari abamamaji bacapura agapapuro ka porogarama bakagakoresha mu kugira utwo biyandikiye mu gihe c’ihwaniro.
4. Abavyeyi bokoresha gute ihwaniro mu kwigisha abana babo?
4 ‘Niwigishe abana bawe’: Imwe mu ntumbero y’ihwaniro ryabereye ku Musozi Sinayi kwari ukugira ngo abavyeyi b’Abisirayeli “bigishe abana babo.” (Gus. 4:10) Ihwaniro riraha abavyeyi akaryo keza cane ko kubigenza gutyo nyene. Abavyeyi bakwiye kwicarana n’abana babo mu kiringo ca porogarama kandi bakabafasha gutega yompi. Ku mpera y’umusi umwumwe wose no mu nyuma mu kiringo co gusenga kwo mu muryango, abagize imiryango boshobora kuganirira hamwe ivyari bigize porogarama.
5. Tuzokwungukira gute ku kwitaba ihwaniro ryimirije?
5 Ihwaniro ry’intibagirwa ryabereye ku Musozi Sinayi ryarafashije Abisirayeli guha agaciro agateka kadasanzwe bari baratewe ko kuba abasavyi b’Imana. (Gus. 4:7, 8) Ihwaniro ryimirije ryagenewe kutugirira akamaro muri ubwo buryo nyene. Mu kiringo c’imisi itatu, tuzoshobora kuva mu bugaragwa bubabaza bw’iyi si ya Shetani maze turuhurirwe mu vy’impwemu twongere twifatanye mu buryo buremesha n’abagenzi bacu mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 35:7-9) Uko umusi wa Yehova wegereza, ese tutogisha aka karyo ko gukoranira hamwe kugira ngo turemeshanye!—Heb. 10:24, 25.