“Mugumane ingeso nziza mu mahanga”
1. Ni kubera iki bihambaye ko tugumana ingeso nziza mu gihe c’amahwaniro yimirije?
1 Buri mwaka turakwegera amaso y’abantu mu gihe c’amahwaniro yacu, ku bw’ivyo birahambaye ko biciye ku kuntu twigenza twerekana mu buryo bubereye ko duserukira Imana dusenga. (Lew. 20:26) Imico myiza tugaragaza be n’ukuntu twambara tukongera tukitunganya bikwiye kuturanga vy’ukuri ko turi abayoboke b’ukuri ba Kristu. Igihe tuzoba twitavye amahwaniro y’intara na mpuzamakungu yimirije, twoshobora gute “[kugumana] ingeso nziza mu mahanga” gutyo tukaninahaza Data wa twese wo mw’ijuru?—1 Pet. 2:12.
2. Ni uturyo utuhe two kugaragaza kamere ziranga abakirisu tuzoronka mu gihe c’ihwaniro?
2 Nugaragaze kamere ziranga abakirisu: Urukundo tugaragarizanya be n’ingene dufata “abo hanze” nta ho bisa bisana n’agatima kiganje muri iyi si. (Kol. 3:10; 4:5; 2 Tim. 3:1-5) Turakwiye kugaragaza ubuntu n’ukwihangana igihe tuvugana n’abakorera kw’ihoteli no kw’iresitora, naho hoba hadutse ingorane.
3. Ni igiki abavyeyi bibukijwe, kandi kubera iki?
3 Abavyeyi barakwiye gucungera cane abana babo mu kibanza kiberamwo ihwaniro, mu maresitora be no kw’ihoteli. (Imig. 29:15) Uwuhagarikiye ihoteli imwe irimwo iresitora yabwiye umugabo n’umugore bubakanye ati: “Mwebwe turabakunda. Imiryango yanyu n’abana banyu bafise imico myiza kandi bari n’indero. Abantu bose bakorera ng’aha barabavuga, kandi ese iyaba buri mpera y’umushamvu mwogiye muraza.”
4. Igihe tuzoba turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro, dukwiye kuzokwitwararika gute ukuntu tuboneka?
4 Kwambara rupfasoni: Inyambaro yacu mu gihe c’ihwaniro ikwiye kuba ibereye kandi iranga urupfasoni, ntibe iyigaragaza imideri irenze urugero ikundwa mw’isi. (1 Tim. 2:9) N’igihe tuja canke tuva mw’ihoteli be no mu bihe vyo kwiruhura imbere canke inyuma ya porogarama, turakwiye kwirinda kuboneka nk’abantu bapfa ivyo bavunduruye canke batitaho ibintu. Gutyo tuzohimbarwa no kwambara agakarata karanzi kandi ntituzogira isoni zo gushinga intahe igihe akaryo kabonetse. Ukuntu tuzoba tuboneka be n’ingeso nziza tuzogaragaza igihe tuzoba twitavye amahwaniro yimirije ntibizotuma gusa abantu b’imitima nziraburyarya bakwegerwa ku butumwa burokora ubuzima bwo muri Bibiliya ariko kandi bizotuma Yehova anezerwa.—Zef. 3:17.