ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/4 rup. 25-30
  • Guma Ukorera Yehova Ufise Umutima Uhamye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Guma Ukorera Yehova Ufise Umutima Uhamye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nubandanye Kurondera Ubumenyi Ntagakosa
  • Niwibuke Ukwigaya n’Uguhindukira Wagize
  • Ntiwigere Wibagira Ukwiyegura n’Ukubatizwa Wagize
  • Ugushaka Kwawe Kuragira Uruhara
  • Urashobora Kuzigama Umutima Uhamye
  • Tugume Dukora Dufise Umutima Uhamye
  • Woba Ubaho Wisunga Ukwiyegura Kwawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Guma ushikamye kandi utahukane intsinzi muri kwa gusiganirwa ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ni kubera iki wokwiyegurira Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/4 rup. 25-30

Guma Ukorera Yehova Ufise Umutima Uhamye

“Mana, umutima wanje urahamye, umutima wanje urahamye.”​—ZABURI 57:7.

1. Ni kuki dushobora kugira ukujijuka nka kumwe kwa Dawidi?

YEHOVA arashobora gutuma dushikama mu kwizera kwa gikirisu kugira ngo dushobore kwumira ku Bukirisu nyakuri turi abasavyi biwe bamwiyeguriye. (Abaroma 14:4) Ni co gituma, dushobora kugira ukujijuka nka kumwe k’umwanditsi wa Zaburi Dawidi, we yavyuriwe umutima wo kuririmba ati: “Mana, umutima wanje urahamye.” (Zaburi 108:1) Nimba umutima wacu uhamye, tuzovyurirwa ingiro yo gushitsa ukwiyegurira Imana kwacu. Kandi tuyihanze amaso kugira ngo iduhe ubuyobozi n’inkomezi, turashobora kugaragaza yuko tutanyiganyiga, ko dushikamye mu mwiyemezo no mu kwemera uko tuguma turi intadohoka, tukama ‘turushiriza kugira vyinshi dukora mu gikorwa c’Umwami.’​—1 Ab’i Korinto 15:58.

2, 3. Impanuro za Paulo zanditse mu 1 Ab’i Korinto 16:13 zifise insobanuro nyabaki?

2 Mu mpanuro yarungikiye abayoboke ba Yezu i Korinto ha kera mugabo ata gukeka zikaba zikora no ku Bakirisu bo muri iki gihe, intumwa Paulo yavuze ati: “Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.” (1 Ab’i Korinto 16:13) Mu Kigiriki rimwe ryose muri ayo mavuga ari muri rubwiriza rihadikirijwe mu mwanya wa kubu, gutyo akaba ahimiriza igikorwa kibandanya. Iyo nkeburo ifise insobanuro nyabaki?

3 Turashobora ‘kuguma tugavye’ mu buryo bw’impwemu mu kurwanya wa Murwanizi maze tukaguma twiyegereje Imana. (Yakobo 4:7, 8) Kwiheka kuri Yehova biradushoboza kuguma tugize urunani rw’intamenwa kandi ‘tugashikama mu kwizera kwa gikirisu.’ Twebwe, ushizemwo abagore benshi turi kumwe, ‘turaba abagabo’ mu gukorera Imana tubigiranye umutima rugabo turi abamamaji b’Ubwami. (Zaburi 68:11) ‘Turagira inkomezi’ mu kubandanya guhanga amaso Data wa twese wo mw’ijuru kugira ngo aduhe inkomezi zo gukora ukugomba kwiwe.​—Ab’i Filipi 4:13.

4. Ni ibiki vyadushikanye ku kubatizwa ngo tube Abakirisu?

4 Twagiye ku ruhande rw’ukwizera nyakuri igihe twiyegurira Yehova ataco twisigarije kandi tukabigereranya mu kwibizwa mu mazi. Mugabo ni ibiki vyadushikanye ku kubatizwa? Ubwa mbere twararonse ubumenyi nyakuri bw’Ijambo ry’Imana. (Yohana 17:3) Ivyo vyatumye tugira ukwizera maze biradusunikira ku kwigaya, turagaragaza ko tubabajwe vy’ukuri n’ibibi twakoze kera. (Ivyakozwe 3:19; Abaheburayo 11:6) Igikurikira kwabaye uguhindukira, kubera twateye akagere imigenzo mibi kugira ngo dukurikire ubuzima buhuje n’ukugomba kw’Imana. (Abaroma 12:2; Abanyefeso 4:23, 24) Ivyo vyakurikiwe n’ukwiyegurira Yehova mw’isengesho n’umutima wose. (Matayo 16:24; 1 Petero 2:21) Twarasavye Imana kugira ngo iduhe ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi hanyuma turabatizwa tuba tugereranije ko twayiyeguriye. (1 Petero 3:21) Kugumiza izo ntambwe mu muzirikanyi bizodufasha kuguma duhanze amaso ku vy’uko dukeneye kugira akigoro kadahengeshanya ko kubaho twisunga ukwiyegura kwacu no kuguma dukorera Yehova dufise umutima uhamye.

Nubandanye Kurondera Ubumenyi Ntagakosa

5. Ni kuki dukwiye kubandanya kurondera ubumenyi bushingiye ku Vyanditswe?

5 Kugira ngo tubeho twisunga ukwiyegurira Imana kwacu, dutegerezwa kubandanya kuronka ubumenyi bushingiye ku Vyanditswe bwubaka ukwizera. Ese ukuntu vyari bihimbaye kwihereza imfungurwa z’ivy’impwemu igihe twamenya ari bwo bwa mbere ukuri kwerekeye Imana! (Matayo 24:45-47) Izo “mfungurwa” zari ziryoshe, kandi zaratubungabunze neza mu buryo bw’impwemu. Ubu naho birahambaye yuko tuguma twihereza imfungurwa zinuze z’ivy’impwemu kugira ngo tuzigame umutima uhamye turi Abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye.

6. Ushobora kuba wafashijwe gute gutsimbataza ugukenguruka ukuri kwa Bibiliya bivuye ku mutima?

6 Akigoro karakenewe kugira ngo twongerereze ubumenyi bw’Ivyanditswe. Bimeze nko kurondera ubutunzi buhishijwe, kikaba ari ikintu gisaba ko twihata. Mugabo ese ukuntu bivamwo impera kuronka “ukumenya Imana”! (Imigani 2:1-6) Igihe umwamamaji w’Ubwami yatangura kwigana Bibiliya na we, ashobora kuba yakoresheje igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Mushobora kuba mwarakoresha umwanya utari muto kugira ngo muganire ikigabane kimwe cose, kumbure mukabigira mu biringo bitari bike. Warahungukiye igihe mwasoma ivyanditswe vyatanzwe mukongera mukabiganirako. Nimba hari iciyumviro kigoye gutahura, carasigurwa. Uwakurongoreye inyigisho ya Bibiliya yarategura neza, agasenga asaba impwemu y’Imana, kandi akagufasha gutsimbataza ugukenguruka ukuri bivuye ku mutima.

7. Ni ibiki bituma umuntu akwiza ibisabwa vyo kwigisha abandi ukuri kwerekeye Imana?

7 Ako kigoro kari kabereye, kubera Paulo yanditse ati: “Uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.” (Ab’i Galatiya 6:6) Hano ico gisomwa c’Ikigiriki cerekana yuko inyigisho z’Ijambo ry’Imana zinjizwa mu muzirikanyi no mu mutima w’umuntu ‘yigishwa.’ Ukuba wigishwa muri ubwo buryo bituma uba uwukwije ibisabwa vyo kuba mbere umwigisha yigisha abandi. (Ivyakozwe 18:25) Kugira ngo ube umwizerwa ku kwiyegura kwawe, utegerezwa kubungabunga amagara yawe yo mu vy’impwemu hamwe n’ugushikama mu kubandanya kwiga Ijambo ry’Imana.​—1 Timoteyo 4:13; Tito 1:13; 2:2.

Niwibuke Ukwigaya n’Uguhindukira Wagize

8. Bishoboka gute yuko umuntu aguma yigenza mu buryo buhimbara Imana?

8 Woba wibuka ukuntu wumvise ubohowe igihe wamenya ukuri, ukigaya maze ukiyumvamwo uguharirwa n’Imana gushingiye ku kwizera inkuka y’incungu ya Yezu? (Zaburi 32:1-5; Abaroma 5:8; 1 Petero 3:18) Nta gukeka, ntushaka gusubira kugira ubuzima burangwa no gukora ivyaha. (2 Petero 2:20-22) Nk’akarorero, isengesho utura Yehova ubudahengeshanya rizogufasha kuguma wigenza mu buryo buhimbara Imana, kubaho wisunga ukwiyegura kwawe, kandi rigufashe kuguma ukorera Yehova udahemuka.​—2 Petero 3:11, 12.

9. Kubera twaretse imigenzo y’ivyaha, ni ingendo iyihe dukwiye gukurikira?

9 Kubera wahindukiye ukareka imigenzo y’ivyaha, nubandanye kurondera imfashanyo y’Imana mu kuguma ufise umutima uhamye. Nkako, wariko ugendera mu nzira itari yo mugabo warabajije abantu kugira ngo bakurangire inzira y’ukuri hanyuma utangura kugendera muri yo. Ubu rero ntuzimire. Guma wiheka ku buyobozi bw’Imana, kandi wiyemeze kuguma muri iyo nzira ijana mu buzima.​—Yesaya 30:20, 21; Matayo 7:13, 14.

Ntiwigere Wibagira Ukwiyegura n’Ukubatizwa Wagize

10. Ni ivyiyumviro ibihe dukwiye kugumana mu muzirikanyi ku vyerekeye ukwiyegurira Imana kwacu?

10 Gumiza mu muzirikanyi yuko wiyeguriye Yehova mw’isengesho, wizigiye kumukorera udahemuka mu bihe bihoraho. (Yuda 20, 21) Kwiyegura bisobanura gushirwa ku ruhande, canke gutandukanya ikintu n’ibindi, ku bw’umugambi mweranda. (Abalewi 15:31; 22:2) Ukwiyegura kwawe ntikwari isezerano ugize mu gihe gito eka kandi ntiyari indagano ugiranye n’umuntu. Kwari ukwiyegurira Segaba w’ijuru n’isi bwegu, kandi kubaho ukwisunga bisaba kuba intahemuka ku Mana gushika ku gupfa. Emwe, ‘tubaho canke dupfa, tur’ab’Umwami.’ (Abaroma 14:7, 8) Ubuhirwe bwacu buhagaze ku kugamburuka ukugomba kwiwe no ku kubandanya tumukorera dufise umutima uhamye.

11. Ni kuki ukwiye kwibuka ibatisimu yawe be n’ico isobanura?

11 Wame nantaryo wibuka ibatisimu yawe mu kugereranya ukwiyegurira Imana kwawe n’umutima wawe wose. Ntiyari ibatisimu yo kugahato, kubera ari wewe nyene ubwawe wifatiye iyo ngingo. Ubu na ho woba wiyemeje gushitsa ugushaka kwawe mu guhuza n’ivyo Imana igomba mu buzima bwawe bwose? Warasavye Imana ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi hanyuma urabatizwa mu kugereranya ko wayiyeguriye. Nukingire ijwi ryawe ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi mu gushitsa ukwiyegura kwawe, maze imihezagiro ihambaye ya Yehova izokuzako.​—Imigani 10:22.

Ugushaka Kwawe Kuragira Uruhara

12, 13. Ugushaka ubwacu dufise gufitaniye isano gute no kwiyegura be no kubatizwa?

12 Ukwiyegura n’ukubatizwa mu vy’ukuri vyarazaniye imihezagiro ihambaye abantu amamiliyoni kw’isi yose. Igihe tugereranya ukwiyegurira Imana kwacu mu kubatizwa mu mazi, turapfa ku bijanye n’ukuntu twabaho kera mugabo ntituba dupfuye ku bijanye n’ugushaka ubwacu dufise. Bwa bizera bigishijwe mu buryo bubereye, twaragaragaje koko ugushaka dufise igihe twiyegurira Imana mw’isengesho maze tukabatizwa. Ingendo yo kwiyegura no kubatizwa isaba yuko tumenya ivyo Imana igomba ivyo ari vyo maze tugahitamwo kubikora ata gahato. (Abanyefeso 5:17) Gutyo tuba twiganye Yezu, we yagaragaje ugushaka yari afise igihe yashira ku ruhande ibikoresho vyiwe vyo kubaza, akabatizwa, maze akihebera bimwe bishitse ugukora ivyo Se wo mw’ijuru agomba.​—Zaburi 40:7, 8; Yohana 6:38-40.

13 Yehova Imana yari afise umugambi w’uko Umwana wiwe ‘yotunganishijwe . . . no kubabazwa.’ Yezu rero yategerezwa kugaragaza ugushaka afise kugira ngo yihanganire imibabaro nk’iyo ari umwizerwa. Ku bw’ivyo, ‘yaringinze . . . arasenga cane . . . atakamba cane arira, kandi aramaze kwumvirwa kubwo kuyubaha kwiwe.’ (Abaheburayo 2:10, 18; 5:7, 8) Igihe tugaragaza ugutinya kuranga ukwubaha Imana nk’ukwo, na twebwe turashobora kudakeka ko ‘tuzokwumvirwa,’ kandi turashobora kwizigira yuko Yehova azotuma dushikama turi Ivyabona vyiwe vyamwiyeguriye.​—Yesaya 43:10.

Urashobora Kuzigama Umutima Uhamye

14. Ni kuki dukwiye gusoma Bibiliya ku musi ku musi?

14 Ni igiki kizogufasha kuzigama umutima uhamye kandi gutyo ukabaho wisunga ukwiyegurira Imana kwawe? Kugira ngo urushirize kwongereza ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana, soma Bibiliya ku musi ku musi. Ico ni ikintu “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yama nantaryo aduhimiriza kugira. Impanuro nk’iyo itangwa kubera kubaho twisunga ukwiyegura kwacu bisaba yuko tuguma tugendera mu kuri kwerekeye Imana. Iyaba ishirahamwe rya Yehova ryemera inyigisho z’ikinyoma kandi ribizi, impanuro yo gusoma Bibiliya ntiyokwigeze ihabwa Ivyabona vya Yehova hamwe n’abo babwira inkuru nziza.

15. (a) Ni ibiki ukwiye kurimbura igihe ufata ingingo? (b) Ni kuki bishobora kuvugwa yuko akazi k’umubiri gafise ikibanza kigira kabiri ku Mukirisu?

15 Igihe ufata ingingo, niwame nantaryo urimbura ukuntu zishobora kugira ico zikoze ku buryo ushitsa ukwiyegurira Yehova kwawe. Ivyo bishobora kuba bifitaniye isano n’akazi k’umubiri ukora. Woba wihatira gutuma kagufasha guteza imbere ugusenga kw’ukuri? Naho abakoresha muri rusangi babona yuko Abakirisu biyeguye ari abizigirwa kandi bakora neza, barabona kandi yuko Ivyabona vya Yehova badatwarwa no guhahamira ivyo gutera imbere mw’isi kandi barabona ko badaharana n’abandi ngo baronke ibiti bikomakomeye. Ivyo ni kubera yuko intumbero Ivyabona bafise atari iyo gushikira ubutunzi, ukuvugangwa, ukwubahwa canke kugira ububasha. Ku vyerekeye abariko babaho bisunga ukwiyegurira Imana kwabo, ikintu gihambaye kuruta ibindi ni ugukora ivyo Imana igomba. Akazi k’umubiri gatuma bashobora kuronka ibintu vy’umubiri bikenewe mu buzima, kaja mu kibanza ca kabiri. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, igikorwa cabo nyamukuru, ni ubusuku bwa gikirisu. (Ivyakozwe 18:3, 4; 2 Ab’i Tesalonike 3:7, 8; 1 Timoteyo 5:8) Woba uguma ushira mu kibanza ca mbere ivy’Ubwami mu buzima bwawe?​—Matayo 6:25-33.

16. Ni igiki dushobora gukora igihe umwitwarariko urenze urugero uriko uratuma bitugora kubaho twisunga ukwiyegurira Imana kwacu?

16 Bamwebamwe bashobora kuba bari baremerewe n’imyitwarariko itandukanye imbere yuko biga ukuri. Mugabo ese ukuntu imitima yabo yabogaboga umunezero, ugukenguruka be n’urukundo bakunda Imana igihe bakira icizigiro c’Ubwami! Kuzirikana ku mihezagiro binovoye guhera ico gihe birashobora kubafasha kubaho bisunga ukwiyegurira Yehova kwabo. Ku rundi ruhande, twovuga iki igihe umwitwarariko urenze urugero w’ingorane zisanzwe zo mu buzima bwo muri uru runkwekwe ubu usa n’uwugomba kunyoha “ijambo ry’Imana,” nka kurya amahwa ashobora kubuza imivyaro y’igiterwa gushika ku gukomera akama ivyamwa? (Luka 8:7, 11, 14; Matayo 13:22; Mariko 4:18, 19) Nimba wiyumvira yuko ivyo bitanguye kugushikira canke gushikira umuryango wawe, nusuke umwitwarariko wawe kuri Yehova wongere usenge kugira azogufashe kwongereza urukundo no gukenguruka. Igihe womukorera umutwaro wawe, azogushigikira kandi aguhe inkomezi zo kuguma umukorera unezerewe ufise umutima uhamye.​—Zaburi 55:22; Ab’i Filipi 4:6, 7; Ivyahishuriwe 2:4.

17. Bishoboka gute ko twihanganira ibigeragezo bikaze?

17 Nugume usenga Yehova Imana ubudahorereza, nka kumwe wasenga igihe wamwiyegurira. (Zaburi 65:2) Igihe ugeragejwe gukora ibibi canke igihe uhanganye n’ikigeragezo gikomeye, nurondere ubuyobozi be n’imfashanyo vy’Imana kugira ubikurikize. Nugumize mu muzirikanyi yuko ukeneye ukwizera, kubera umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Asangwa har’uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga. Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa. Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’azohabga n’Umwami Imana, kukw ar’umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.” (Yakobo 1:5-8) Nimba ikigeragezo gisa n’ikiturengeye, turashobora guhera amakenga kuri iki: “Nta cabagerageje kitar’ic’umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.”​—1 Ab’i Korinto 10:13.

18. Dushobora gukora iki igihe icaha gikomeye twanse kuvuga kiriko kiratuma umwiyemezo wacu wo kubaho twisunga ukwiyegurira Yehova kwacu ugoyagoya?

18 Bite ho mu gihe icaha gikomeye twanse kuvuga kiriko kiradurumbanya ijwi ryacu ryo mu mutima kandi kiriko kiratuma umwiyemezo wacu wo kubaho twisunga ukwiyegurira Imana kwacu ugoyagoya? Nimba uri umuntu yigaya, urashobora kuronka impumurizo n’ukumenya yuko Yehova ‘atazokengera umutima umenetse, ujanjaguwe.’ (Zaburi 51:17) Rondera imfashanyo ku bakurambere b’Abakirisu b’abanyarukundo, uzi yuko, kubera ko bigana Yehova batazofatira mu rwara icipfuzo ufise co gusubira kugiranira ubucuti bwiza na So wo mw’ijuru. (Zaburi 103:10-14; Yakobo 5:13-15) Maze usubiye kugira utuguvu mu vy’impwemu be n’umutima uhamye, uzoshobora kugorora inzira ibirenge vyawe bicamwo kandi uzosanga bishoboka yuko ubaho wisunga ukwiyegurira Imana kwawe.​—Abaheburayo 12:12, 13.

Tugume Dukora Dufise Umutima Uhamye

19, 20. Ni kuki bihambaye ko tuguma tubaho twisunga ukwiyegura kwacu?

19 Muri ibi bihe bigoye, dutegerezwa gukora tugatama kugira ngo tubeho twisunga ukwiyegura kwacu kandi tugume dukorera Imana dufise umutima uhamye. Yezu yavuze ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.” (Matayo 24:13) Kubera yuko tubayeho mu “misi y’iherezo,” iherezo rishobora gushika igihe ico ari co cose. (2 Timoteyo 3:1) Vyongeye, nta n’umwe muri twebwe ashobora kumenya adakeka yuko ejo tuzoba turi bazima. (Yakobo 4:13, 14) Ni co gituma bihambaye yuko tuguma tubaho twisunga ukwiyegura kwacu muri iki gihe!

20 Intumwa Petero ivyo yarabishimitseko mw’ikete ryiwe rigira kabiri. Yarerekanye yuko nka kumwe bamwe batubaha Imana batikizwa n’Umwuzure, ko ari ko isi y’ikigereranyo, ari co kibano c’abantu b’ababisha bazorandurwa ku “musi wa Yehova.” Petero rero yatangaye avuga ati: “Mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana”! Yabahimirije kandi ati: “Abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe [n’abigisha b’ibinyoma hamwe n’abantu batubaha Imana], mugata ugushikama kwanyu.” (2 Petero 3:5-17) Ese ukuntu vyoba bibabaje mu gihe umuntu yabatijwe yozimizwa maze akarinda ahwera nk’umwe yananiwe kugumana umutima uhamye!

21, 22. Amajambo yo muri Zaburi 57:7 agaragaza gute ko ari ay’ukuri ku vyerekeye Dawidi n’Abakirisu b’ukuri?

21 Umwiyemezo wawe wo kubaho wisunga ukwiyegurira Imana kwawe uzokomezwa, niwagumiza mu muzirikanyi wa musi uhimbaye w’ukubatizwa kwawe kandi ukarondera gufashwa n’Imana kugira ngo amajambo uvuga be n’ivyo ukora bizotume umutima wayo unezerwa. (Imigani 27:11) Yehova ntiyigera ahemukira abasavyi biwe, kandi nta nkeka dukwiye kuba abizerwa kuri we. (Zaburi 94:14) Yaragaragaje ikigongwe n’impuhwe mu gutuma imigambi y’abansi inanirwa no mu kurokora Dawidi. Mu gukenguruka ico kintu, Dawidi yaratangaje ugushikama, ukutanyiganyiga kw’urukundo akunda Umurokozi wiwe. Yararirimvye n’inyiyumvo zigera ibwina ati: “Mana, umutima wanje urahamye, umutima wanje urahamye. Ndaririmba, mbere ndaririmba ishimwe.”​—Zaburi 57:7.

22 Nka kumwe kwa Dawidi, Abakirisu b’ukuri ntibahungabanye ku kwihebera Imana kwabo. Bitirira ukubohorwa kwabo no kuzigamwa kwabo Yehova babigiranye imitima ihamye, we baririmbira amashemezo banezerewe. Nimba umutima wawe uhamye, uzokwiheka ku Mana, kandi ufashijwe na yo uzoshobora gushitsa ukwiyegura kwawe. Emwe, urashobora kumera nka wa “mugororotsi,” umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ibimwerekeye ati: “Ntazotinya inkuru mbi; umutima wiwe urahamye, wizigiye Uhoraho.” (Zaburi 112:6, 7) Ufise ukwizera Imana kandi ukayihekako bimwe bishitse, urashobora kubaho wisunga ukwiyegura kwawe kandi ukaguma ukorera Yehova ufise umutima uhamye.

Woba Wibuka?

• Ni kuki dukwiye kubandanya kwironsa ubumenyi ntagakosa bwa Bibiliya?

• Ni kuki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi ukwigaya n’uguhindukira twagize?

• Twungukira gute ku kwibuka ukwiyegura kwacu hamwe n’ibatisimu yacu?

• Ni ibiki bizodufasha kuguma dukorera Yehova dufise umutima uhamye?

[Amafoto ku rup. 28]

Kugira ubusuku bwa gikirisu co gikorwa cacu nyamukuru biradufasha kuguma dukorera Yehova dufise umutima uhamye

[Ifoto ku rup. 28]

Woba uriko urazigama amagara yawe yo mu vy’impwemu mu gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika