Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwerekana ukuntu inyigisho ya Bibiliya igirwa hakoreshejwe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
Igituma bihambaye: Abantu benshi boshobora kudatahura ico tuba dushaka kuvuga igihe tuvuze ko twigisha abantu Bibiliya ku buntu tubasanze iwabo. Boshobora kwiyumvira yuko babwirizwa kwifatanya n’umugwi kanaka canke gukurikirana ivyigwa bazoza bararungikirwa biciye kuri posita. Aho gupfa gusa kubabwira ko twigisha abantu Bibiliya, ubona gute uberetse ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa? Mu minuta mikeyi gusa, naho woba uhagaze imbere y’umuryango, woshobora kwereka umuntu ukuntu kwiga Bibiliya vyoroshe kandi bifasha umuntu kurushiriza kuyitahura.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Nusabe Yehova aguhezagire utanguze inyigisho ya Bibiliya.—Flp. 2:13.
Nugerageze kwereka umuntu ukuntu inyigisho ya Bibiliya igirwa hakoreshejwe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, canke umwereke ya videwo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, ubigire n’imiburiburi rimwe igihe cose uri mu ndimiro.