‘Twaremwe mu buryo butangaje’
“Naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje”.—ZABURI 139:14.
1. Ni kubera iki abantu benshi biyumvira, bitirira Imana ibitangaza biri kw’isi?
IBIDUKIKIJE biruzuyemwo ibiremwa bitangaje. Ariko none, vyabayeho gute? Hari abiyumvira yuko dushobora kumenya ingene vyabayeho tutiriwe turiyumvira ibijanye n’Umuremyi w’umunyabwenge. Abandi na bo babona yuko gupfa guhakana yuko ata Muremyi ariho bituma tudashobora gutahura neza ibijanye n’ibiriho. Babona ko ibiremwa biri kw’isi bigizwe n’ibintu vyinshi kandi bigoye itahura, ko biri ubwoko bwinshi cane, kandi ko bitangaje rwose, ku buryo bidashobora kuba vyarapfuye kwiyadukiza. Abantu benshi, ushizemwo n’abanyasiyansi bamwebamwe, babona yuko ibimenyamenya bihari bigaragaza ko ata woharira yuko ibiriho vyose vyaremwe n’Umuremyi w’inkerebutsi, w’umunyabubasha, kandi w’umutima mwizaa.
2. Ni igiki cavyuriye Dawidi umutima wo gushemeza Yehova?
2 Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yari umwe mu bantu bajijutse yuko hari Umuremyi abereye gushemezwa kubera ivyo yaremye bitangaje. Naho Dawidi yabayeho imbere y’uko siyansi itera imbere nk’uko biri muri kino gihe, yarabona yuko yari akikujwe n’ibintu bitangaje Imana yaremye. Yihweje gusa ukuntu ubwiwe yari aremwe vyaca bituma atangazwa bimwe bigera kure n’ubushobozi bwo kurema Imana ifise. Yanditse ati: “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza”.—Zaburi 139:14.
3, 4. Ni kubera iki bihambaye ko umwumwe wese muri twebwe azirikana yitonze ku bikorwa vya Yehova?
3 Dawidi yajijutse mu buryo bukomeye gutyo biciye ku kuzirikana yitonze. Muri iki gihe, ivyigwa vyigishwa mu mashure be n’ibimenyeshamakuru usanga vyuzuyemwo ivyiyumviro bijanye n’inkomoko y’umuntu bisenyura ukwizera. Kugira ngo natwe tugire ukwizera nk’ukwo kwa Dawidi, dutegerezwa kuzirikana twitonze. Ntidukwiye kureka ngo abandi babe ari bo biyumvira mu kibanza cacu, na canecane ku bibazo nkoramutima, nk’ikijanye n’uko hoba hariho Umuremyi be n’ikijanye n’uruhara afise.
4 Vyongeye, kuzirikana ku bikorwa vya Yehova biratuma turushiriza kumukengurukira bikongera bigatuma twizigira ivyo adusezeranira ku bijanye na kazoza. Maze ivyo vyoheza bikatuvyurira umutima wo kurondera kumenya Yehova neza kuruta no kumusukurira. Nimuze rero twihweze ukuntu siyansi yo muri kino gihe yemeje ico ciyumviro Dawidi yashitseko c’uko ‘twaremwe mu buryo butangaje’.
Ikura ritangaje ry’umubiri wacu
5, 6. (a) Twese twatanguye kubaho gute? (b) Amafyigo yacu afise uruhara uruhe?
5 “[Ni] wewe waremye amafyigo yanje; wanteranirije mu nda ya mama” (Zaburi 139:13). Ubuzima bwacu twese bwatanguriye mu nda y’abavyeyi bacu, butangura ari akagingo ngengabuzima kamwe rudende gatoya kuruta akaburungu gahereza iri ryungane. Ako kagingo ngengabuzima inzatsa kari kagizwe n’utuntu twinshi cane, kagoye itahura, kameze nk’agahinguriro kanzwinya kibereye aho. Kagiye karakura ningoga na ningoga. Mu mpera z’ukwezi kugira kabiri uri mu nda, ibihimba nyamukuru vy’umubiri wawe vyari bimaze kuremaremwa. Muri ivyo bihimba harimwo amafyigo. Igihe wavuka, amafyigo yari ashoboye kuyungurura amaraso yawe, akayakuramwo imyanda be n’amazi arenze ku yo umubiri ukeneye, mugabo akazigama ibintu biwugirira akamaro. Igihe amafyigo yawe uko ari abiri aba akomeye, arayungurura amazi ari mu maraso yawe uko haciye iminuta 45, ku muntu akuze akaba aza arayungurura nk’amalitiro atanu.
6 Amafyigo yawe arafasha kandi mu bijanye no gucungera urugero rw’ivyunyunyu be n’urw’uduhimba twa wa mwuka bita idurojene (hydrogène) biri mu maraso yawe, agafasha no gucungera ingene amaraso atembera. Amafyigo arakora n’ibindi bintu vyinshi bihambaye cane, nk’uguhindura vitamine D ikagira imero ikenewe kugira ngo amagufa ashobore gukura neza no kugira ngo hahingurwe inkabuzo yitwa érythropoïétine, iyikabura ihingurwa ry’utugingo ngengabuzima dutukura. Ntibitangaje rero kubona hari abise amafyigo ‘abahinga mu vya chimie karuhariwe b’umubiri’b.
7, 8. (a) Dondora ingene umwana akiri mu nda atangura gukura. (b) Ni mu buryo ki umwana akiri mu nda ‘aremerwa ibwina mw’isi’?
7 “Urukanka rw’umubiri wanje ntiwaruhishwa hamwe naremerwa mu mpisho, hamwe naremesherezwa ubgenge i bgina mw isi” (Zaburi 139:15). Ka kagingo ngengabuzima ka mbere na mbere karigabuye kavamwo utundi tugingo ngengabuzima, tuno na two tugenda turigabagura tuvamwo utundi. Bidatevye, utwo tugingo ngengabuzima twaciye dutangura kugira kamere zitandukanye zijanye n’uruhara kamwekamwe kose kazorangura, tumwe tukazoba utugize udutsi nsozabwenge, utundi tukavamwo imirya, utundi tukaba utugize uruhu, n’ibindi n’ibindi. Utugingo ngengabuzima tw’ubwoko bumwe twaragiye hamwe twiremaremamwo ibintu maze mu nyuma nya bintu bivamwo ibihimba vy’umubiri. Nk’akarorero, mu ndwi igira gatatu umuvyeyi wawe asamye inda, igikankara cawe caciye gitangura kuremaremwa no kugenda kirakura. Igihe wari umaze amayinga ndwi, ico gihe ukaba wareha n’isantimetero zibiri n’igice gusa, amagufa 206 yose wogize umaze gukura yari amaze kubaho, naho atari bwakomere ngo abe amagufa nya magufa.
8 Iryo kura ritangaje ryabereye mu nda y’umuvyeyi wawe ata n’umwe abibona, akaba ari nk’aho vyabereye ibwina mw’isi. Tuvugishije ukuri, vyinshi mu bijanye n’ukuntu tugenda turakura biracari amayobera ku bantu. Nk’akarorero, ni igiki cakabuye utugingo ngengakamere tunaka two mu tugingo ngengabuzima twawe ku buryo utwo tugingo ngengabuzima twaciye dutangura kugira kamere zitandukanye? Abanyasiyansi barashobora kuzobimenya mu nyuma. Ariko nk’uko amajambo Dawidi yongeyeko avyerekana, Umuremyi wacu, ari we Yehova, yamye abizi neza.
9, 10. Ni mu buryo ki ukuntu umusoro ugenda uraremaremwa biba ‘vyaranditswe mu gitabu’ c’Imana?
9 “Nkir’urusoro, inyonga zawe zarambona, mu gitabo cawe handitswemw’[“ibihimba vyarwo vyose, ku bijanye n’imisi vyaremwa kandi akaba ata na kimwe muri vyo cari bwabeho”, “NW”]” (Zaburi 139:16). Ka kagingo ngengabuzima kawe ka mbere na mbere karimwo umugero wuzuye w’ukuntu umubiri wawe wose uzomera. Ukuntu wagiye urakura mu mezi icenda wamaze mu nda be n’ukuntu wahavuye ugenda urakura mu myaka irenga 20 vyatwaye ngo ushike ku kuba umuntu akuze, vyagiye vyisunga uwo mugero. Muri ico gihe, umubiri wawe wagiye urahinduka cane, vyose bikaba vyagenda biraba vyisunze amakuru yari asanzwe ari muri ako kagingo ngengabuzima ka mbere.
10 Dawidi ntiyari azi ivyerekeye utugingo ngengabuzima be n’ivyerekeye utugingo ngengakamere, narirya atari afise mwene ca cuma rugagamisha. Naho ari ukwo, yaratahura ata kwihenda yuko ikura ry’umubiri wiwe ryagaragaza ko hari umugero munaka wari usanzweho ryagiye ririsunga. Dawidi ashobora kuba yari afise ubumenyi bunaka ku bijanye n’ukuntu umusoro ugenda urakura, akaba ari co gituma yashoboye kwiyumvira yuko intambwe imwimwe yose y’ikura ry’umusoro, itegerezwa kuba iba mu buryo bunaka busanzwe bwarashinzwe kandi ko imwimwe yose muri izo ntambwe ibera ku gihe kinaka cayigenewe. Mu buryo ndyoshamvugo, Dawidi yavuze yuko ubwo buryo umuntu agenda arakura ‘bwanditswe mu gitabu’ c’Imana.
11. Vyagenze gute ngo umubiri wacu umere nk’uko uri?
11 Muri kino gihe, birazwi yuko ibintu bikuranga wakuye ku bavyeyi bawe no kuri ba sokuruza, nk’akarorero ukuntu ureha, ukuntu usa mu maso, ukuntu amaso yawe n’umushatsi wawe bisa, be n’ibindi bintu vyinshi cane bikuranga, vyaturutse ku tugingo ngengakamere twawe. Kamwekamwe kose mu tugingo ngengabuzima twawe karimwo utugingo ngengakamere ibihumbi mirongo, kandi akagingo ngengakamere kamwekamwe kose kakaba ari agace k’urufatangane rurerure rugizwe n’icitwa ADN (acide désoxyribonucléique). Ni nk’aho ubuyobozi umubiri wawe wisunga mu guhingura ibintu bitandukanye, bwanditswe mu bigize ADN yawe. Igihe cose utugingo ngengabuzima twawe tuba tugomba kwigabagura kugira ngo tuvyare utundi tugingo ngengabuzima dushasha canke kugira ngo dusubirize udushaje, ADN yawe iratanga ubwo buyobozi, ivyo bigatuma uguma ubaho bikongera bigatuma ishusho y’umubiri wawe muri rusangi iguma ari ya yindi. Ese ukuntu ivyo bigaragaza mu buryo budasanzwe ububasha n’ubukerebutsi vy’Umuremyi wacu ari mw’ijuru!
Umuzirikanyi wacu ni ntangere
12. Ni igiki canecane abantu batandukaniyeko n’ibikoko?
12 “Erega Mana, ivyiyumviro vyawe n’ivy’igiciro kuri jewe! Ereg’igitigiri cavyo ni kinini! Nobiharūra, vyoruta umusenyi mu bginshi” (Zaburi 139:17, 18a). Ibikoko na vyo nyene vyaremwe mu buryo butangaje, kandi bimwebimwe muri vyo usanga bifise ubushobozi bunaka burengeye ubw’abantu. Ariko Imana yahaye abantu ubwenge buruta kure n’iyo ubw’igikoko ico ari co cose. Igitabu kimwe kivuga ivya siyansi kigira giti: “Naho twebwe abantu dufise ibintu vyinshi duhuriyeko n’ibindi biremwa, nta ho duhuriye n’ibindi biremwa biri kw’isi ku bijanye n’ubushobozi bwo kuvuga n’ubwo kwiyumvira”. Congerako giti: “N’ikindi kandi, nta ho duhuriye na vyo ku bijanye n’ukuntu twibaza ku bitwerekeye ibibazo bigera kure nk’ibi: Umubiri wacu uteranirizwa hamwe gute? Twaremwe gute?”. Ivyo ni ibibazo Dawidi na we nyene yazirikanako.
13. (a) Dawidi yashobora gute kuzirikana ku vyiyumviro vy’Imana? (b) Dushobora gute kwigana Dawidi?
13 Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose dutandukaniyeko n’ibikoko ni uko ari twebwe twenyene dufise ubushobozi bwo kuzirikana ku vyiyumviro vy’Imanac. Iyo ngabirano idasanzwe ni kimwe mu bigaragaza ko twaremwe “mw ishusho y’Imana” (Itanguriro 1:27). Dawidi yarakoresha neza iyo ngabirano. Yarazirikana ku bimenyamenya vy’uko Imana iriho no kuri kamere nziza zayo vyibonekeza mu vyari bimukikije. Dawidi yari afise kandi ibitabu vya mbere vyo mu Vyanditswe Vyeranda, ibirimwo ivyo Imana yahishuye ku biyerekeye no ku vyerekeye ibikorwa vyayo. Ivyo bitabu vyahumetswe vyarafasha Dawidi gutahura ivyiyumviro vy’Imana, kamere zayo be n’umugambi wayo. Kuzirikana ku Vyanditswe, ku vyaremwe no ku vyo Imana yamugiriye, vyaravyuriye Dawidi umutima wo gushemeza Umuremyi wiwe.
Ico ukwizera gusobanura
14. Ni kubera iki atari ngomba ko tumenya akantu kose ku vyerekeye Imana kugira ngo dushobore kuyizera?
14 Uko Dawidi yarushiriza kuzirikana ku vyaremwe no ku Vyanditswe, ni ko yarushiriza gutahura yuko atashobora gutegera urugero rwose rw’ubumenyi be n’ubushobozi Imana ifise (Zaburi 139:6). Ukwo ni ko bimeze no kuri twebwe. Ntituzokwigera dutahura akantu kose kerekeye ivyo Imana yaremye vyose (Umusiguzi 3:11; 8:17). Naho ari ukwo, biciye ku Vyanditswe no ku vyaremwe, Imana ‘yarerekanye’, ni ukuvuga yarahishuye, ubumenyi buhagije abantu barondera ukuri bo mu gihe ico ari co cose, kugira ngo bashobore kugira ukwizera gushingiye ku bimenyamenya.—Abaroma 1:19, 20; Abaheburayo 11:1, 3.
15. Tanga akarorero kerekana isano riri hagati y’ukwizera n’ubucuti dufitaniye n’Imana.
15 Kwizera ntibisigura gusa kwemera yuko ubuzima be n’ibiriho vyose bitegerezwa kuba vyashizweho n’Umuremyi w’umunyabwenge. Kwizera birimwo kandi kwizigira Yehova Imana, tukabona ko abaho koko be n’uko yipfuza ko tumumenya n’uko tuguma dufitaniye na we ubucuti bwiza (Yakobo 4:8). Ivyo twobigereranya n’ukuntu umuntu yizera umuvyeyi wiwe w’umunyarukundo akongera akamwizigira. Nka hamwe umuntu akekeranya yovyura amakenga ku bijanye n’uko umuvyeyi wawe yoba vy’ukuri yogufasha mu gihe hari ikikugoye, hari aho utoshobora kumujijura yuko uwo muvyeyi wawe ari umwizigirwa. Ariko rero, nimba waragiye wibonera ibimenyamenya bitari bike vyerekana yuko uwo muvyeyi wawe ari umuntu ameze neza, urashobora kwizigira yuko atazoguta. Igihe natwe dushitse ku kumenya Yehova biciye ku kwiga Ivyanditswe, ku kuzirikana ku vyo yaremye, no ku kwibonera ukuntu adufasha mu kwishura amasengesho tumutura, biratuma tumwizigira. Biratuma kandi twipfuza kumenya vyinshi kuruta ku bimwerekeye no kumushemeza ibihe bidahera tubitumwe n’urukundo ruzira ubwikunzi be n’ukumuyobokera. Ico ni co kintu ciza kuruta ibindi vyose umuntu uwo ari we wese ashobora kurondera gushikako.—Abanyefeso 5:1, 2.
Nurondere kuyoborwa n’Umuremyi wacu
16. Ni igiki dushobora kwigira ku bucuti somambike Dawidi yari afitaniye na Yehova?
16 “Mana, nsuzuma, umenye umutima wanje, n’uncace, umenye ivyiyumviro vyanje, urābe yuko harih’inzira [“ibabaza”, “NW”] yoba iri muri jewe, undōngōrere mu nzira y’ibihe bidashira” (Zaburi 139:23, 24). Dawidi yari azi ko Yehova yari asanzwe amuzi ido n’ido. Ikintu cose yiyumvira, yavuga canke yakora, Umuremyi wiwe yarakibona (Zaburi 139:1-12; Abaheburayo 4:13). Kuba Imana yari izi Dawidi neza cane ukuraho vyatuma yumva atekaniwe, nka kurya akana kumva gatekaniwe igihe kari mu maboko y’abavyeyi bako bagakunda. Dawidi yaraha agaciro cane ubucuti somambike yari afitaniye na Yehova akongera akagira uko ashoboye kugira ngo abuzigame, biciye ku masengesho yatura no ku kuzirikana cane ku vyo Yehova yakoze. Kukaba nkako, menshi mu mazaburi ya Dawidi, ushizemwo na Zaburi ya 139, usanga ahanini ari amasengesho yatunganijwe mu buryo bw’indirimbo. Kuzirikana no gutura amasengesho birashobora kudufasha na twebwe kwiyegereza Yehova.
17. (a) Ni kubera iki Dawidi yipfuza ko Yehova asuzuma umutima wiwe? (b) Uburyo dukoresha umwidegemvyo dufise wo kwihitiramwo bugira ico bukoze gute ku buzima bwacu?
17 Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, turafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Turashobora kwihitiramwo gukora iciza canke gukora ikibi. Kuba dufise uwo mwidegemvyo bituma tugira ico tubazwa ku bijanye n’ivyo dukora. Dawidi ntiyipfuza guharurwa mu banyakibi (Zaburi 139:19-22). Yipfuza kwirinda gukora amakosa ababaza. Dawidi amaze rero kuzirikana ku bumenyi Yehova afise bw’ibintu vyose, yaciye asaba Imana yicishije bugufi ngo isuzume umuntu wiwe w’imbere yongere imurongore mu nzira ijana mu buzima budahera. Ingingo mfatirwako z’Imana zigororotse zigenga ikibereye n’ikitabereye, ziraturaba twese. Uca wumva rero ko natwe dukeneye kugira amahitamwo meza. Yehova aduhimiriza twese kumugamburukira. Igihe tubigize, turemerwa na we tukongera tukahakura ivyiza vyinshi (Yohana 12:50; 1 Timoteyo 4:8). Kugendana na Yehova ku musi ku musi biradufasha kugira amahoro mu mutima, n’igihe mbere tuba turi mu ngorane zikomeye.—Ab’i Filipi 4:6, 7.
Nukurikire Umuremyi wacu w’igitangaza
18. Ni igiki Dawidi yatahuye amaze kuzirikana ku vyaremwe?
18 Dawidi akiri muto, yarakunda kuba ari mu gahinga kuragira intama. Igihe zaba zunamitse imitwe kugira ngo zirishe, we yaca yunamura amaso akitegereza ijuru. Mw’ijoro, Dawidi yarazirikana ku kuntu ikirere cari amahanga no ku bwiza bwaco butangaje, akongera akazirikana ku co vyasigura. Yanditse ati: “Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana, itāzānure ryaryo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo. Umurango uvugana n’uwundi murango urudaca, ijoro rimenyesha irindi joro ubgenge” (Zaburi 19:1, 2). Dawidi yaratahuye yuko yari akeneye kurondera Uwaremye ibintu vyose mu buryo butangaje gutyo, akongera akamukurikira. Ukwo ni ko natwe dukwiye kubigenza.
19. Ni ivyigwa ibihe abato n’abakuze bashobora kwigira ku kuba ‘bararemwe mu buryo butangaje’?
19 Dawidi yarabaye akarorero ku bijanye n’ivyo umuhungu wiwe Salomo yahavuye ahanura abakiri bato igihe yagira ati: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe. . . . Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese” (Umusiguzi 12:1, 13). Dawidi akiri muto, yari amaze gutahura yuko ‘yaremwe mu buryo butangaje’. Kubaho yisunga ico kintu yatahura, vyatumye mu buzima bwiwe bwose yironkera ivyiza bihambaye cane. Na twebwe, abato n’abakuze, dushemeje Umuremyi wacu ahambaye tukongera tukamusukurira, ubuzima bwacu bw’ubu n’ubwo muri kazoza buzoba ubuhimbaye cane. Ku bijanye n’abaguma biyegereje Yehova bakongera bakabaho bisunga inzira ziwe zigororotse, Bibiliya isezerana iti: “No mu busāza bazoba bacāma; bazogira ubukame bginshi n’itōto: kugira ngo vyerekane yuk’Uhoraho atunganye” (Zaburi 92:14, 15). Bisubiye, tuzogira icizigiro co guhimbarirwa ibikorwa bitangaje vy’Umuremyi wacu ibihe bidahera.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ruheshi 2004, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Raba n’ikiganiro kivuga ngo “Les reins: des filtres essentiels à la vie”, kiri muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Myandagaro 1997.
c Amajambo Dawidi yavuze muri Zaburi 139:18b asa n’ayasobanura yuko naho yari kumara umusi wose aharura ivyiyumviro vya Yehova gushika asinziriye mw’ijoro, avyutse mu gitondo yobaye agifise n’ibindi vyiyumviro vyo guharura.
Woshobora kubisigura?
• Uburyo umusoro ugenda urakura vyerekana gute yuko ‘twaremwe mu buryo butangaje’?
• Ni kubera iki dukwiye kuzirikana ku vyiyumviro vya Yehova?
• Ni isano irihe riri hagati y’ukwizera kwacu n’ubucuti dufitaniye na Yehova?
[Ifoto ku rup. 23]
Umwana akiri mu nda akura mu buryo buba busanzwe bushinzwe
ADN
[Abo dukesha ifoto]
Umwana akiri mu nda: Lennart Nilsson
[Ifoto ku rup. 24]
Turizigira Yehova nka kurya utwana twizigira umuvyeyi watwo adukunda
[Ifoto ku rup. 25]
Kuzirikana ku bikorwa vya Yehova vyaravyurira Dawidi umutima wo kumushemeza