Tureke indero Yehova adutoza itubumbabumbe
“Uzonyobora ukoresheje impanuro yawe, mu nyuma uzonjana ku buninahazwa.”—ZAB. 73:24.
1, 2. (a) Ni ibiki umuntu ategerezwa gukora kugira ngo agiranire na Yehova ubucuti somambike? (b) Ni gute tuza kwungukira ku kwihweza inkuru zo mu Vyanditswe zivuga ibijanye n’ukuntu abantu bakiriye indero batojwe n’Imana?
“NAYO jewe, kwegera Imana bimbera vyiza. Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.” (Zab. 73:28) Ng’aho, uwo mwanditsi w’amazaburi yaraseruye ko yizigira Imana. Ni ibiki vyatumye ashika kuri ico ciyumviro gikomeye? Uwo mwanditsi w’amazaburi amaze kwihweza amahoro ababisha bafise, yabanje kwumva ababaye cane. Yidoze ati: “Natyororeye ubusa umutima wanje kandi nkarabira ubusa ibiganza vyanje mu gutungana.” (Zab. 73:2, 3, 13, 21) Ariko rero igihe yaja “aheranda hahambaye h’Imana,” yari ahantu hamufashije guhindura ivyiyumviro, ivyo bikaba vyatumye aguma afitaniye n’Imana ubucuti somambike. (Zab. 73:16-18) Ico kintu cabaye carigishije uwo mugabo yatinya Imana iki cigwa gihambaye: Kugira ngo umuntu agiranire na Yehova ubucuti somambike, ategerezwa kwifatanya n’abasavyi b’Imana, akemera impanuro kandi akazikurikiza.—Zab. 73:24.
2 Na twebwe nyene turipfuza kugiranira ubucuti somambike n’Imana y’ukuri kandi nzima. Kugira ngo tubishikeko, birahambaye ko tureka impanuro zayo canke indero dutozwa na yo bikatubumbabumba kugira ngo tube abantu bayihimbara. Mu bihe vya kera, Imana ibigiranye imbabazi yaraha abantu n’amahanga uturyo two gutozwa indero na yo. Inkuru zivuga ukuntu bavyakiriye zaranditswe muri Bibiliya “kugira [z]itwigishe” no kugira “[z]itubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe.” (Rom. 15:4; 1 Kor. 10:11) Kwihweza neza izo nkuru biraza kudufasha gutahura kamere za Yehova vyongere bitwereke ukuntu twokwungukira ku kubumbabumbwa na we.
INGENE UMUBUMVYI AKORESHA UBUBASHA BWIWE
3. Muri Yesaya 64:8 no muri Yeremiya 18:1-6, hadondora gute mu buryo bw’ikigereranyo ububasha Yehova afise ku bantu? (Raba ishusho itangura.)
3 Mu kudondora mu buryo bw’ikigereranyo ubukuru Yehova afise ku bantu no ku mahanga, muri Yesaya 64:8 hagira hati: “Ewe Yehova, uri Data. Twebwe turi ibumba, nawe uri Umubumvyi wacu; kandi twese turi igikorwa c’ukuboko kwawe.” Umubumvyi arafise ububasha bwose bwo kubumbabumba ibumba akarikoramwo icombo yipfuza. Iryo bumba ntirishobora kumubwira ico akwiye gukora. Ukwo ni ko biri ku bijanye n’umuntu be n’Imana. Umuntu nta burenganzira afise bwo guharira n’Imana nka kurya nyene ibumba ridashobora guharira n’umubumvyi aba ariko arariha imero.—Soma Yeremiya 18:1-6.
4. Imana yoba ipfa kubumbabumba abantu canke amahanga? Sigura.
4 Biciye kuri Isirayeli ya kera, Yehova yarerekanye ubushobozi afise bwo gukora ico umubumvyi akora kw’ibumba. Mugabo hariho itandukaniro riboneka. Umubumvyi arashobora kubumba mu kimanyu c’ibumba ubwoko ubwo ari bwose bw’icombo ashoboye guhingura. Yehova yoba apfa kubumbabumba abantu canke amahanga, bamwe akabagira beza abandi akabagira babi? Bibiliya yishura ko atari ko biri. Yehova yarahaye abantu ingabirano y’agaciro kanini, iyo na yo ikaba ari ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ntakoresha ububasha bwiwe ruheta bwo kuganza mu buryo butuma abantu badakoresha iyo ngabirano yabahaye. Bategerezwa guhitamwo kubumbabumbwa n’uwo Muremyi Yehova.—Soma Yeremiya 18:7-10.
5. Igihe abantu banse kubumbabumbwa na Yehova, akoresha gute ububasha abafiseko?
5 Bite ho mu gihe abantu banse n’akagagazo kubumbabumbwa na wa Mubumvyi Ahambaye? None aca akoresha gute ububasha bwiwe? Iyumvire ibishikira ibumba igihe ridashoboye gukorwamwo ico ryateguriwe. Umubumvyi arashobora kurihinguramwo ubundi bwoko bw’icombo canke akarita. Ariko rero, igihe iryo bumva ridashoboye gukoreshwa, ahanini uwo mubumvyi ni we aba ari mw’ikosa. Ivyo ntivyigera bimera gutyo ku bijanye na wa Mubumvyi wacu. (Gus. 32:4) Igihe umuntu atemeye ko Yehova amubumbabumba, ikosa ryama ari iry’uwo muntu. Yehova akoresha ububasha afise ku bantu, nk’ubwo umubumvyi afise kw’ibumba, mu guhindura ingene abafata bivanye n’ukuntu bavyakiriye igihe ababumbabumba. Abavyakira neza barabumbabumbwa mu buryo ngirakamaro. Nk’akarorero, abakirisu barobanuwe ni “ivyombo vy’imbabazi” vyabumbabumbwemwo ‘ivyombo bikoreshwa ibiteye iteka.’ Ariko rero, abarwanya Imana n’akagagazo bahingurwamwo “ivyombo vy’uburake vyagizwe ibibereye gutikizwa.”—Rom. 9:19-23.
6, 7. Umwami Dawidi be n’Umwami Sauli bakiriye impanuro bahawe na Yehova mu buryo butandukanye ubuhe?
6 Uburyo bumwe Yehova abumbabumba abantu, abicisha ku mpanuro canke ku gutozwa indero. Turashobora kubona ukuntu akoresha ububasha afise ku bo abumbabumba mu kurimbura ivyerekeye abami babiri ba mbere ba Isirayeli ari bo Sauli na Dawidi. Igihe Umwami Dawidi yarenga ibigo na Bati-sheba, ivyo yakoze vyaragize ingaruka kuri we no ku bandi. Naho Dawidi yari umwami, Yehova ntiyaretse kumutoza indero mu buryo bukomeye. Imana yararungitse umuhanuzi wayo Natani kuri Dawidi ngo amushikirize ubutumwa bukomeye. (2 Sam. 12:1-12) None Dawidi yavyakiriye gute? Yarakozwe ku mutima maze arigaya. Imana yaragiriye imbabazi Dawidi.—Soma 2 Samweli 12:13.
7 Uwo Dawidi yakurikiye wewe, akaba ari Umwami Sauli, ntiyakiriye neza impanuro. Yehova abicishije ku muhanuzi Samweli yari yahaye Sauli itegeko ritomoye ryo gutikiza Abamaleki bose n’ibitungwa vyabo. Sauli ntiyagamburutse iryo tegeko ry’Imana. Yarazigurije umwami Agagi n’ibitungwa vyizavyiza. Kubera iki? N’imiburiburi kubera ko yashaka kwihesha iteka. (1 Sam. 15:1-3, 7-9, 12) Igihe Sauli yahanurwa, yari akwiye kureka umutima wiwe ukoroshwa, akemera kubumbabumbwa na wa Mubumvyi Ahambaye. Aho kubigenza gutyo, Sauli yaranse kubumbabumbwa. Yarisiguye. Yavuze yuko ivyo yari yakoze vyari vyemewe kubera ko ivyo bitungwa vyari gukoreshwa nk’ikimazi, gutyo aba afatiye mu rwara impanuro ahawe na Samweli. Yehova yaratse Sauli ubwami, kandi Sauli ntiyigeze asubira kugiranira ubucuti bwiza n’Imana y’ukuri.—Soma 1 Samweli 15:13-15, 20-23.
Sauli yarafatiye mu rwara impanuro yongera arayitera akagere. Yaranse kubumbabumbwa! (Raba ingingo ya 7)
Dawidi yarakozwe ku mutima maze aremera impanuro. Yararetse Imana iramubumbabumba. Weho bite? (Raba ingingo ya 6)
IMANA NTIGIRA NKUNZI
8. Ni icigwa ikihe twokwigira ku kuntu Isirayeli yakiriye ukubumbabumbwa na Yehova?
8 Yehova ntaha gusa abantu umwumwe ukwiwe akaryo ko kubumbabumbwa na we, mugabo aragaha n’amahanga. Mu 1513 B.G.C., bene Isirayeli bari bakuwe mu buja mu Misiri, baragiraniye isezerano n’Imana. Isirayeli ryari ihanga yari yaritoranirije kandi yari yaratewe agateka ko kubumbabumbwa na we, nk’aho yoba yari mu minwe ya wa Mubumvyi Ahambaye. Ariko rero, abantu baguma bakora ibibi imbere ya Yehova, mbere bakaja mu vyo gusenga imana z’amahanga yari abakikuje. Yehova yaguma arungika abahanuzi kugira ngo babafashe kwigarura, mugabo Isirayeli ntiyumvirije. (Yer. 35:12-15) Kubera iyo ngendo yabo y’ukugagaza, Isirayeli yabwirijwe gutozwa indero bimwe bikomeye. Cokimwe n’icombo kibereye gutikizwa, bwa bwami bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi bwarigaruriwe n’Abashuri, bumwe bwo mu bumanuko bwari bugizwe n’imiryango ibiri na bwo bwigarurirwa n’Abanyababiloni. Ese ukuntu ivyo bikwiye kutwigisha icigwa gihambaye! Kubumbabumbwa na Yehova bizotugirira akamaro gusa nitwavyakira neza.
9, 10. Abanyaninewe bakiriye gute ingabisho bahawe n’Imana?
9 Yehova yarahaye kandi abantu baba ku mugwa mukuru wa Ashuri ari wo Ninewe akaryo ko kugira ico bakoze ku bijanye n’ingabisho yiwe. Ijambo ryiwe ryaje kuri Yona, riti: “Haguruka, uje i Ninewe ca gisagara gikomeye, ugitangarize yuko ububi bwabo bwaduze bugashika imbere yanje.” Ninewe yari ikwiriye gutikizwa.—Yona 1:1, 2; 3:1-4.
10 Ariko rero, igihe Yona yatangaza ubwo butumwa bw’agatikizo, “abantu b’i Ninewe [baciye] batangura kwizera Imana; nuko batangaza ukwisonzesha bongera bambara amagunira, kuva ku wuhambaye kuruta abandi muri bo gushika ku mutoyi muri bo.” Umwami wabo “[yaciye] ahaguruka ku ntebe yiwe y’ubwami, yambura impuzu yiwe y’ibango maze yambara igunira, araheza yicara mu minyota.” Abanyaninewe barakiriye neza utwigoro Yehova yagize two kubabumbabumba maze barigaya. Ivyo vyatumye Yehova atabateza ivyago.—Yona 3:5-10.
11. Ni kamere ya Yehova iyihe yibonekeza mu kuntu yafashe Isirayeli na Ninewe?
11 Kuba Isirayeli yari ihanga ryatoranijwe, ntivyatumye idatozwa indero. Abanyaninewe bobo ntibari baragiraniye isezerano n’Imana. Naho vyari ukwo, yaratumye bashikirizwa ubutumwa bw’urubanza yari yabaciriye yongera ibagirira imbabazi igihe bagaragaza ko bameze nk’ibumba ryoroshe mu minwe yiwe. Ese ukuntu ubwo burorero bubiri bwerekana neza ko Imana yacu Yehova “itagira nkunzi ku muntu n’umwe”!—Gus. 10:17.
YEHOVA AGIRA IBITEGEREKA KANDI ARAHUZA N’UKO IBINTU VYIFASHE
12, 13. (a) Ni kubera iki Imana ihindura ingingo iba yafashe igihe abantu bemeye kubumbabumbwa na yo? (b) Kuba Yehova ‘yicuza’ vyatumye akora iki ku bijanye na Sauli, no ku bijanye na Ninewe?
12 Uburyo Imana yiteguriye kutubumbabumba burerekana ko igira ibitegereka be n’uko ihuza n’uko ibintu vyifashe. Ivyo birigaragaza igihe Yehova afashe ingingo yo kugira ico akoze yisunze urubanza rugororotse aba yaciriye abantu mugabo agaca yigarura kubera ukuntu bavyakiriye. Ivyanditswe bivuga ku bijanye na wa mwami wa mbere wa Isirayeli yuko Yehova ‘yicujije kubona yarimitse Sauli ngo abe umwami.’ (1 Sam. 15:11) Igihe abantu b’i Ninewe bigaya maze bakava mu nzira yabo mbi, Bibiliya ivuga iti: “Imana y’ukuri iricuza ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza.”—Yona 3:10.
13 Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “iricuza” mu vy’ukuri risobanura guhindura ukuntu ubona ikintu canke guhindura intumbero. Ukuntu Yehova yabona Sauli kwarahindutse: ubwa mbere yaramucaguye ngo abe umwami, mu nyuma na ho aramuheba. Iryo hinduka ntiryatumwe n’uko Yehova yari yihenze mu guhitamwo Sauli, ahubwo ryatumwe n’uko Sauli yakoze mu buryo butaranga ukwizera, akagambarara. Imana y’ukuri yaricujije mu bijanye n’Abanyaninewe; ni ukuvuga ko yahinduye intumbero yari ifise ku biberekeye. Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova we Mubumvyi wacu agira ibitegereka kandi ahuza n’uko ibintu vyifashe, ari umunyempuhwe n’umunyembabazi, yiteguriye guhindura ingingo yafashe yisunze amahinduka meza agirwa n’ababa bakosheje!
NTIDUTERE AKAGERE INDERO YEHOVA ADUTOZA
14. (a) Yehova atubumbabumba gute muri iki gihe? (b) Dukwiye kuvyakira gute igihe Imana itubumbabumvye?
14 Yehova aratubumbabumba muri iki gihe biciye ahanini kw’Ijambo ryiwe Bibiliya no kw’ishirahamwe ryiwe. (2 Tim. 3:16, 17) Ntidukwiye none kwemera impanuro iyo ari yo yose n’indero iyo ari yo yose duhabwa biciye kuri ubwo buryo? Naho twoba tumaze igihe kingana gute tubatijwe canke tukaba twaratewe uduteka tw’umurimo tungana gute, turakwiye kubandanya kwakira neza impanuro Yehova aduha, tukareka zikatubumbabumbamwo ivyombo bikoreshwa ibiteye iteka.
15, 16. (a) Ni inyiyumvo zica intege izihe umuntu yoshobora kugira igihe indero yatojwe yatumye atakaza amabanga? Tanga akarorero. (b) Ni igiki codufasha gutsinda inyiyumvo zica intege zijanye no gutozwa indero?
15 Twoshobora gutozwa indero biciye ku kwigishwa canke ku gukosorwa. Ariko rero mu bindi bihe, vyoshobora kuba ngombwa ko dutozwa indero kubera ko tutakoze ibigororotse. Mwene ukwo gutozwa indero kwoshobora gutuma dutakaza amabanga. Rimbura akarorero ka Dennisa uwari umukurambere. Yarakoze igicumuro kubera ko yari yafashe ingingo zitabereye mu bijanye n’urudandaza, maze arakangirwa mu mwiherero. None Dennis yumvise amerewe gute igihe ishengero ryamenyeshwa yuko atakiri umukurambere? Avuga ati: “Niyumvisemwo ko ata co maze na gato. Mu myaka 30 yari ihaciye, nari naratewe uduteka twinshi. Nari narabaye umutsimvyi asanzwe, ndakorera kuri Beteli, ndaba umukozi w’ishengero hanyuma mba umukurambere. Nari mperutse kandi gushikiriza insiguro ya mbere kw’ihwaniro ry’intara. Mu kanya isase ivyo vyose vyari biheze. Uretse ko numva isoni n’ibimaramare, nabona ko ata kibanza ngifise mw’ishirahamwe.”
16 Dennis yabwirijwe guhindura ingendo yiwe, araheba ikibi cari catumye akosorwa. Ariko none ni igiki camufashije gutsinda inyiyumvo zica intege? Asigura ati: “Nari niyemeje kuguma mfise urutonde rwiza rw’ivy’impwemu. Vyongeye, narafashijwe cane no kuba umuryango w’abavukanyi waramfashe mu mugongo be n’indemesho nakura mu bisohokayandikiro vyacu. Ikiganiro kivuga ngo ‘Woba warigeze gusukura? Woba ushobora kwongera gusukura?’ kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2009, cari kimeze nk’ikete nandikiwe mu kwishurwa amasengesho natuye. Impanuro nakunze cane yagira iti: ‘[Kubera ko ubu] ata mabanga yiyongereye ufise mw’ishengero, niwitunire cane ku gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova.’” None Dennis yungukiye gute kuri ukwo gutozwa indero? Ubu haciye imyaka nk’ingahe ivyo bibaye, avuga ati: “Yehova yarasubiye kuntera agateka ko kuba umukozi w’ishengero.”
17. Gucibwa bishobora gute gufasha umucumuzi kwigarura? Tanga akarorero.
17 Gucibwa ni ubundi buryo Yehova adutoza indero. Birakingira ishengero akosho kabi kandi birashobora gufasha umucumuzi kwigarura. (1 Kor. 5:6, 7, 11) Robert yamaze imyaka ishika 16 yaraciwe, muri ico kiringo abavyeyi biwe n’abo bavukana bakaba barashize mu ngiro bashikamye kandi badahemuka ubuyobozi buri mw’Ijambo ry’Imana budusaba kutivanga n’abacumuzi, eka no kubaramutsa ntitubaramutse. Ubu haraciye imyaka mikeyi Robert agarukanywe akaba ariko aratera imbere neza mu vy’impwemu. Igihe yabazwa icamuvyuriye umutima wo kugaruka kuri Yehova no ku basavyi biwe haciye igihe kirekire nk’ico, yishuye ko impagararo umuryango wabo wafashe yagize ico imukozeko. Avuga ati: “Iyo umuryango wacu wifatanya nanje na gatoyi, nk’akarorero ukaza urambaza mu mpisho uko merewe, ako kantu gatoyi ko kwifatanya nanje kari kuba gahagije kuri jewe kandi birashoboka rwose ko katari gutuma icipfuzo nari mfise co kwifatanya n’abandi kimvyurira umutima wo kugaruka ku Mana.”
18. Dukwiye kuba ibumba bwoko ki mu minwe ya wa Mubumvyi Ahambaye?
18 Vyoshobora kutaba ngombwa ko dutozwa indero nk’iyo. Ariko none tuzoba ibumba bwoko ki mu minwe ya wa Mubumvyi Ahambaye? Tuzovyakira gute nitwatozwa indero? Twoba tuzomera nka Dawidi canke nka Sauli? Wa Mubumvyi Ahambaye ni Dawe wa twese. Ntiwigere wibagira yuko “uwo Yehova akunda amukangira, nk’uko se akangira umwana amuhimbara.” Ku bw’ivyo, ‘ntute indero ya Yehova, kandi ntuzinukwe igikangiro ciwe.’—Imig. 3:11, 12.
a Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.