ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jr ikig. 2 rup. 14-31
  • Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”
  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UKUNTU IBINTU VYARI VYIFASHE MU GIHE CA YEREMIYA
  • HABA AMAHINDUKA MU VY’UGUSENGA
  • ‘NIWANDIKE AMAJAMBO YOSE’
  • BABILONI IGIRA UBUBASHA
  • IMISI YA NYUMA Y’UBWAMI BW’ABAKOMOKA MU MURYANGO UMWE
  • UMUHANUZI MU MASIGARIRA YA YUDA
  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Buri musi woba ubaza uti: “Yehova ari hehe?”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Yehova yakoze ivyo yari yiyumviriye”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
jr ikig. 2 rup. 14-31

IKIGABANE CA KABIRI

Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”

1, 2. (a) Ni ibiki Yeremiya yeretswe vyabaye co kintu ubuhanuzi yoshikirije bwoshimikiyeko? (b) Ni kubera iki ukwiye kwitwararika ubutumwa Yeremiya yashikirije?

“UBONA iki?” Ukwo ni ko Imana yabajije umusore Yeremiya, uwo yari iherutse gushinga igikorwa co kuba umuhanuzi. Na we yishuye ati: “Mbona inkono y’umunwa munini bahūshe, kandi umunwa wayo uhengamye uva mu buraruko.” Ivyo bintu Yeremiya yeretswe vyarerekanye imbere y’igihe ubutumwa yotangaje ubwo ari bwo. (Soma Yeremiya 1:13-16.) Iyo nkono y’ikigereranyo yariko ihūhwa, atari ukugira ngo ihore, yamara kugira ngo umuriro iteretseko urushirize kuba mwinshi. Emwe, Yehova yariko avuga imbere y’igihe yuko ivyago, ivyari bimeze nk’ibintu vy’ibisururu biturira vyari muri iyo nkono, vyosutswe ku gihugu ca Yuda kubera ko carangwamwo ubuhemu. Wibaza ko ari kubera iki umunwa w’iyo nkono wari uhengamiye amaja mu bumanuko? Ivyo vyasobanura yuko ivyo vyago vyoje bivuye mu buraruko, ni ukuvuga ko Babiloni yoteye ico gihugu izananye muri urwo ruhande. Kandi ukwo ni ko vyagenze. Mu myaka Yeremiya yamaze ari umuhanuzi, yariboneye ingene ivyari muri iyo nkono vyagiye birasukwa gushika kw’isangangurwa rya Yeruzalemu.

2 Naho Babiloni itakiriho, turi n’imvo zumvikana zo kwitwararika ibijanye n’ubutumwa bw’ubuhanuzi Yeremiya yashikiriza. Uti kubera iki? Kubera ko tubayeho mu “kiringo ca nyuma c’imisi” aho abatari bake usanga bivugisha yuko ari abakirisu, ariko Imana ikaba itabashima canke ngo ishime amadini barimwo. (Yer. 23:20) Igihushanye n’ivyo, nka kumwe kwa Yeremiya, ubutumwa twebwe Ivyabona twamamaza, si ubwerekeye urubanza gusa, ariko kandi buratanga icizigiro.

Ifoto ku rup. 14

3. (a) Ibiri mu gitabu co muri Bibiliya ca Yeremiya bitunganijwe gute? (b) Intumbero y’Ikigabane ca 2 c’iki gitabu ni iyihe?

3 Bishoboka ko amaja mu mpera z’ikiringo Yeremiya yamaze ari umuhanuzi, ari ho yabwiye ku munwa umunyamabanga ivyo yandika ku bijanye n’ivyabaye muri ico kiringo cose, aho kuba ari we ubwiwe yagiye arandika ivyaza biraba. (Yer. 25:1-3; 36:1, 4, 32) Ibiri mu gitabu ca Yeremiya ntibitondetse hisunzwe igihe vyagiye biraberako kubera ko Yeremiya yagitunganije ahanini yisunze ivyiyumviro yaba ariko arashikiriza. Ni co gituma wosanga ari ngirakamaro kumenya muri make ivyabaye mu kiringo cose kivugwa mu gitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba, ukongera ukamenya ingene ivyabaye vyagiye birakurikirana. Raba igicapo kiri ku rupapuro rwa 19. Kumenya umwami yaganza Yuda mu kiringo kinaka be no kumenya ivyariko biraba muri ico gihugu no mu micungararo yaco, birashobora kugufasha gutahura neza ivyo Yeremiya yavuze canke yakoze. Vyongeye, birashobora gutuma wungukira cane ku butumwa Imana ishikiriza abasavyi bayo biciye kuri Yeremiya.

UKUNTU IBINTU VYARI VYIFASHE MU GIHE CA YEREMIYA

4-6. Abasavyi b’Imana bo mu gihe ca kera, ivyabo vyari vyifashe gute mu myaka mirongo yari ihaciye imbere y’uko Yeremiya aba umuhanuzi?

4 Yeremiya yavuze ubuhanuzi mu kiringo cagiye kirabamwo imidurumbanyo. Ico gihe Ashuri, Babiloni be na Misiri, ntivyacana uwaka. Hagisigaye imyaka nka 93 ngo Yeremiya atangure kuvuga ubuhanuzi, Ashuri yarigaruriye bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, hanyuma itwara benshi mu banyagihugu baho ari inyagano. Ico gihe, Yehova yararwaniye Yeruzalemu be n’umwami waho w’umwizigirwa Hezekiya, abakiza Abashuri. Ushobora kuba uciye wibuka ukuntu Imana yasasitse ku gitangaro ingabo z’abansi 185.000. (2 Abm. 19:32-36) Umwe mu bahungu ba Hezekiya yitwa Manase. Bisa n’uko Yeremiya yavutse mu kiringo c’ingoma ya Manase yamaze imyaka 55, ico gihe igihugu ca Yuda kikaba caganzwa na Ashuri.​—2 Ngo. 33:10, 11.

5 Yeremiya yaranditse igitabu c’Abami ba mbere be n’ic’Abami ba kabiri, ivyo dusomamwo yuko Manase yasubiye kwubaka ibibanza bikirurutse se yari yarakuyeho. Manase yaranubakiye Bayali be n’ingabo zo mu majuru ibicaniro mu rusengero rwa Yehova. Vyongeye, Manase yarasheshe amaraso y’abantu ata co bazira, arashikanira imana y’ikinyoma umuhungu wiwe yivyariye. Muri make, “[yakoze] ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova.” Kubera ubwo bubisha bwose Manase yakoze, Imana yavumereye ko Yeruzalemu na Yuda hoshikiwe n’ivyago, nk’uko vyari vyagenze kuri Samariya na Isirayeli. (2 Abm. 21:1-6, 12-16) Manase amaze gupfa, umuhungu wiwe Amoni yabandanije gusenga ibigirwamana nka se, yamara ibintu ntivyatevye guhinduka. Haciye imyaka ibiri, Amoni yaragandaguwe, hanyuma mu 659 B.G.C. umuhungu wiwe Yosiya arimikwa afise imyaka umunani.

6 Mu mwaka ugira 31 Yosiya ari ku ngoma, Babiloni yaratanguye kugira ububasha gusumba Ashuri. Yosiya yaciye abona ko ako ari akaryo k’uko ubwami bwa Yuda bwiganzura abanyamahanga. Yosiya ntiyabaye nka se canke sekuru wiwe, kubera ko we yasukuriye Yehova adahemuka yongera aragira ibintu bihambaye ahinduye mu bijanye n’ugusenga. (2 Abm. 21:19–22:2) Mu mwaka ugira 12 Yosiya ari ku ngoma, yarakuyeho mu bwami bwiwe bwose ibibanza bikirurutse, inkingi nyeranda be n’ibishushanyo vy’imana z’ikinyoma, mu nyuma na ho ategeka ko urusengero rwa Yehova rusanurwa. (Soma 2 Ngoma 34:1-8.) Birashimishije kubona mu mwaka ugira 13 Yosiya ari ku ngoma (647 B.G.C.) ari ho Yeremiya yashingwa n’Imana igikorwa co kuba umuhanuzi.

Wari kuvyakira gute iyo ushingwa kuba umuhanuzi mu gihe ca Yeremiya?

7, 8. (a) Ni mu buryo ki ingoma y’Umwami Yosiya yari itandukanye n’iy’abamwitangiye imbere ari bo Manase na Amoni? (b) Yosiya yari ameze gute? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 20.)

7 Igihe urusengero rwariko rurasanurwa, aho hakaba hari mu mwaka ugira 18 Umwami mwiza Yosiya ari ku ngoma, umuherezi mukuru yarubuye “ca gitabu c’itegeko.” Uwo mwami yarasavye umunyamabanga wiwe ngo akimusomere. Yosiya yaremanze amakosa y’abanyagihugu biwe, ararondera ubuyobozi buva kuri Yehova biciye ku muhanuzikazi Hulida, maze aca abahimiriza gukurikiza amabwirizwa y’Imana. Hulida yaramenyesheje Yosiya yuko Yehova yoteje “ivyago” ubwami bwa Yuda kubera ko bwahemutse. Ariko rero, kubera ko Yosiya yashigikira ugusenga gutyoroye, ivyo vyago vyoteye atakiriho.​—2 Abm. 22:8, 14-20.

Igicapo ku rup. 19

8 Umwami Yosiya yaciye yongereza umwete yari afise wo kurandurana n’imizi akantu kose gafitaniye isano n’ugusenga ibigirwamana. Ivyo vyatumye ashika mbere no mu karere kahora gakukira bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko kugira ngo akureho ibibanza bikirurutse be n’igicaniro i Beteli. Yaranatunganije ihimbazwa ridasanzwe rya Pasika. (2 Abm. 23:4-25) Iyumvire ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarahimbaye Yeremiya! Yamara, ntivyari vyoroshe ko nya bantu bahinduka. Manase na Amoni bari batumye abanyagihugu bijukira ugusenga ibigirwamana kwononekaye ku buryo bari basigaye bafata minenegwe ugusenga gutyoroye. Naho Yosiya yagize ibintu vyinshi ahinduye, Imana yaratumye Yeremiya ashimika ku vy’uko ibimana abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda basenga vyari bisigaye bingana n’ibisagara vyabo. Abantu bo mu gihugu uwo muhanuzi yavukamwo bari bameze nk’umugore w’igihemu, ni ukuvuga ko bari barataye Yehova maze basambana n’imana z’abanyamahanga. Yeremiya yavuze ati: “Mwashiriyeho ca kintu c’akamaramaza ibicaniro bingana n’amabarabara ya Yeruzalemu, ibicaniro vyo gufumbishiriza Bayali umwotsi w’ibimazi.”​—Soma Yeremiya 11:1-3, 13.

9. Imyaka ya nyuma y’ingoma ya Yosiya yaranzwe n’ibintu ibihe vyabaye mu mahanga yari akikuje igihugu ca Yuda?

9 Nka kurya nyene ubutumwa Yeremiya yashikiriza butatumye Abayuda bagira ico bahinduye, ni na ko butatumye amahanga yari abakikuje areka kurwana arondera kwiganzira ako karere. Mu 632 B.G.C., ingabo z’Abanyababiloni zari zagiye hamwe n’iz’Abamedi zarigaruriye Ninewe, umurwa mukuru wa Ashuri. Haciye imyaka itatu, Farawo Neko wa Misiri yarayoboye ingabo ziwe mu buraruko agiye gutabara Abashuri bari basugerejwe. Yosiya abitumwe n’imvo zitavugwa muri Bibiliya, yaragerageje gusubiza inyuma izo ngabo za Misiri i Megido, yamara yarakomerekejwe cane rwose. (2 Ngo. 35:20-24) Ni ibiki none ico kintu kibabaje cabaye cohinduye mu vya politike no mu vy’ugusenga aho mu gihugu ca Yuda? Kandi ni izindi ngorane izihe zoshikiye Yeremiya?

HABA AMAHINDUKA MU VY’UGUSENGA

10. (a) Ni mu buryo ki ibihe vyakurikiye urupfu rwa Yosiya bisa n’ibihe tubayemwo? (b) Ushobora gute kwungukira ku kurimbura ukuntu Yeremiya yavyifashemwo?

10 Iyumvire ukuntu Yeremiya ategerezwa kuba yumvise amerewe igihe yumva ko Yosiya yatanze! Kubera ukwicwa n’intuntu, yaciye acura intimba ku bw’uwo mwami. (2 Ngo. 35:25) Ico gihe abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda bari bahagaritse umutima, kandi barara ntibuca kubera akajagari karangwa mu mahanga yari abakikuje. Ibihugu vya rutura bitacana uwaka ari vyo Misiri, Ashuri na Babiloni, vyariko birwana birondera kwiganzira ako karere. Vyongeye, uko ivy’ugusenga vyari vyifashe mu gihugu ca Yuda, vyarahindutse Yosiya amaze gupfa. Ico gihe, intwaro yorohereza cane Yeremiya mu gikorwa ciwe yari irangiye, hakaba haciye hatangura iyamurwanya. Muri bihe vya none, abavukanyi bacu batari bake barashikiwe n’ibintu nk’ivyo, aho wasanga bakwa umwidegemvyo wo mu vyo gusenga bari bafise ku rugero runaka, maze bagatangura guhamwa no kubuzwa kurangura igikorwa cabo. Abenshi muri twebwe boshobora na bo nyene gushikirwa n’ibintu nk’ivyo. None twovyifatamwo gute biramutse bidushikiye? Ni igiki twokora kugira ngo tugumane ugutungana kwacu? Dufise ivyo bibazo mu muzirikanyi, turaza kuremeshwa no kurimbura ukuntu Yeremiya yavyifashemwo neza mu ngorane zamushikiye.

YOSIYA​—UMWAMI WA NYUMA MWIZA WA YUDA

Ifoto ku rup. 20

Yosiya yabaye umwami wa Yuda afise imyaka umunani inyuma y’aho se wiwe Amoni apfiriye. Igihe yari afise imyaka 15, yaratanguye kurondera Imana no “kugendera mu nzira yose ya Dawidi sekuruza.” Ku myaka 19, yaratanguye guhumanura Yuda na Isirayeli abikuramwo ibibanza vyagirirwamwo ugusenga kw’ikinyoma yongera aramenagura ibigirwamana vyaho. Ku myaka 25 na ho, yaratanguye gusanuza urusengero rwa Yehova.​—2 Abm. 21:19–22:2; 2 Ngo. 34:2-8.

Igihe c’iryo sanurwa ry’urusengero, haratowe igitabu c’Itegeko, bikaba bishoboka ko ari kimwe nyene Musa yiyandikira n’iminwe. Caciye gisomerwa Yosiya. Yosiya yaciye yicisha bugufi, atantamura impuzu ziwe yongera ararira. Yaratunganije ivy’uko ico gitabu gisomerwa abaherezi, Abalewi be n’abatwarwa biwe bose, uwuhambaye n’umuto. Iyo nkuru ivuga yuko uwo mwami yaciye asezerana yuko “azokurikira Yehova be n’uko azogumya n’umutima wiwe wose be n’ubuzima bwiwe bwose amabwirizwa yiwe.” Mu nyuma, Yosiya yaciye atangura kugira isekeza ridasanzwe ryo kurandurana n’imizi ugusenga kw’ikinyoma. Uwo mwami yaranahimbarije Yehova Pasika ihambaye itari bwigere ihimbazwa kuva mu gihe ca Samweli.​—2 Ngo. 34:14–35:19.

11. Ni ibiki vyabaye mu gihugu ca Yuda inyuma y’aho Yosiya apfiriye?

11 Abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda baciye bimika i Yeruzalemu Yehowahazi, umuhungu wa Yosiya. Yehowahazi, uwitwa kandi Shalumu, yatwaye amezi atatu. Igihe Farawo Neko yagaruka mu bumanuko avuye kurwanya Abanyababiloni, yaciye akura Yehowahazi ku ngoma maze amutwara mu Misiri, kandi Yeremiya yaratangaje ko Yehowahazi ‘atogarutse.’ (Yer. 22:10-12; 2 Ngo. 36:1-4) Neko yaciye yimika Yehoyakimu, uwundi muhungu wa Yosiya. Yehoyakimu ntiyakurikije akarorero keza ka se. Aho kubandaniriza aho se yari agejeje ikivi mu vy’ugusenga gutyoroye, yaciye nyabuna asenga ibigirwamana.​—Soma 2 Abami 23:36, 37.

12, 13. (a) Ivy’ugusenga vyari vyifashe gute igihe Yehoyakimu yatangura kuganza? (b) Indongozi z’idini ry’Abayuda zafashe gute Yeremiya?

12 Mu ntango y’ingoma ya Yehoyakimu, Yehova yasavye Yeremiya kugenda ku rusengero kugira ngo akubite intahe mu gahanga abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda kubera ububisha bwabo. Babona ko urusengero rwa Yehova ari nk’igiheko cobakingiye. Yamara, mu gihe batoretse ‘kwiba, kwica, kurenga ibigo, kurahira ibinyoma, gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi Bayali no gukurikira izindi mana,’ Yehova yohevye urwo rusengero rwiwe. Vyongeye, ukwo ni ko yogiriye abiyorobetsi barusengeramwo, nka kumwe nyene yigera guheba itaberenakulo i Shilo mu gihe c’Umuherezi mukuru Eli. Igihugu ca Yuda “[cocitse] ikibanza catikijwe gusa.” (Yer. 7:1-15, 34; 26:1-6)a Zirikana ku butinyutsi Yeremiya yari akeneye kugira ngo atangaze ubwo butumwa! Ashobora kuba yabutangaje izuba riva imbere y’abantu bakomakomeye kandi bubahwa. Muri iki gihe, abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe basanze na bo nyene bakeneye ku rugero runaka ubutinyutsi kugira ngo bamamaze mu mabarabara canke babwire inkuru nziza abantu bifise canke bahambaye. Turashobora rero kwizigira tudakeka ko Imana izodushigikira nk’uko yashigikiye Yeremiya.​—Heb. 10:39; 13:6.

Ifoto ku rup. 22

13 Uravye ukuntu ivy’ugusenga be n’ivya politike vyari vyifashe mu gihugu ca Yuda, indongozi z’idini zokwakiriye gute amajambo ya Yeremiya? Uwo muhanuzi ubwiwe avuga ati: “Abaherezi n’abahanuzi n’abantu bose baca bara[mfa]ta, bavuga bati: ‘Ntugenda udapfuye.’” Bavuze n’ishavu n’akantu bati: “Uyu mugabo akwiriye urubanza rwo gupfa.” (Soma Yeremiya 26:8-11.) Ariko rero, abansi ba Yeremiya ntibashitse ku co barondera. Yehova yari kumwe n’uwo muhanuzi kugira ngo amurokore. Naho Yeremiya yabona ko abansi biwe ari benshi kandi ko boshoboye kumunesha, ntiyatinye. Na wewe ntukwiye gutinya.

Ni itandukaniro irihe ryari hagati y’ingoma ya Manase, iya Amoni be n’iya Yosiya? Ni igiki wokwigira ku kuntu Yeremiya yaranguye igikorwa kitoroshe yari yashinzwe?

‘NIWANDIKE AMAJAMBO YOSE’

14, 15. (a) Ni igikorwa ikihe Yeremiya n’umunyamabanga wiwe Baruki batanguye gukora mu mwaka ugira kane Yehoyakimu ari ku ngoma? (b) Yehoyakimu yari ameze gute? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 25.)

14 Mu mwaka ugira kane Yehoyakimu ari ku ngoma, Yehova yabwiye Yeremiya kwandika amajambo yose yari yaramubwiye kuva mu gihe ca Yosiya. Yeremiya yaciye abwira ku munwa umunyabanga wiwe Baruki ivyo Imana yari yaramubwiye mu myaka 23 yari ihaciye. Ubutumwa butandukanye yashikirije bujanye n’urubanza bwari bwerekeye abami bababa 20 be n’ubwami bwabo. Yeremiya yarategetse Baruki ngo asome n’ijwi ryumvikana uwo muzingo mu nzu ya Yehova. None intumbero y’ako kigoro yari iyihe? Bibiliya ivuga iti: “Hari aho [ivyo vyotumye] ab’inzu ya Yuda [bu]mviriza ivyago vyose niyumvira kubateza, bagahindukira, umwe wese akava mu nzira yiwe mbi, nanje nkabababarira koko ikosa ryabo n’igicumuro cabo.”​—Yer. 25:1-3; 36:1-3.

15 Igihe umusuku wo ku kirimba yasomera Yehoyakimu nya muzingo, uwo mwami yaciye awutabuza imbugita hanyuma arawuturira. Uwo mwami yarategetse ko Yeremiya na Baruki bazanwa imbere yiwe. “Mugabo Yehova [yagumye] abahishije.” (Soma Yeremiya 36:21-26.) Kubera ko Yehoyakimu yari yarimonogoje mu bubi, Yehova, abicishije ku muhanuzi wiwe, yaratangaje ko uwo mwami “[yohambwe] nk’uko bahamba indogobwa y’ingabo.” ‘Yoburuswe akongera agatabwa inyuma y’amarembo ya Yeruzalemu.’ (Yer. 22:13-19) Woba wibaza none ko ubwo buhanuzi ari ko bwogenze canke Yeremiya yariko ararenza urugero?

16. Ni ubutumwa ubuhe buremesha Yeremiya yatangaje?

16 Naho Yeremiya yabwirizwa gushikiriza ubwo butumwa bwerekeye urubanza, ntiyari umuhanuzi atangaza ivyago gusa. Yaranatangaza ubutumwa butanga icizigiro. Yaravuze ko Yehova yorokoye amasigarira ya Isirayeli akayakurako abansi babo, maze akayagarukana mu gihugu cayo aho yobayeho atekaniwe. Imana yogiraniye n’abasavyi bayo isezerano “rishasha” kandi “ryamaho gushika igihe kitagira urugero,” ikongera ikandika amategeko yayo mu mitima yabo. Yohariye amakosa yabo kandi ntiyokwongeye kwibuka ibicumuro vyabo. N’ikindi kandi, hari uwukomoka kuri Dawidi ‘yoshikije ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu.’ (Yer. 31:7-9; 32:37-41; 33:15) Iranguka ry’ubwo buhanuzi ryobaye mu myaka mirongo canke mu binjana vyokurikiye, rikaba ryonagize ico rikoze kuri twebwe muri iki gihe no gushika ibihe bidahera. Ariko ku bijanye n’igihe ca Yeremiya, abansi ba Yuda bagumye barwana barondera kwiganzira ako karere.​—Soma Yeremiya 31:31, 33, 34; Abaheburayo 8:7-9; 10:14-18.

BABILONI IGIRA UBUBASHA

17, 18. Mu myaka ya nyuma y’ingoma ya Yehoyakimu be n’iya Zedekiya, ni ibintu ibihe vyabaye mu mahanga yari akikuje igihugu ca Yuda?

17 Mu 625 B.G.C., Abanyababiloni n’Abanyamisiri baratanye mu mitwe mu ntambara simusiga yabereye i Karikemishi, hafi y’Uruzi Efurate nko ku bilometero 600 mu buraruko bwa Yeruzalemu. Umwami Nebukadinezari yaranesheje ingabo za Farawo Neko, ivyo bica bituma Misiri itakaza ububasha yari ifise muri ako karere. (Yer. 46:2) Nebukadinezari yaciye aganza Yuda, Yehoyakimu na we ahatirwa kuba umukinagizwa wiwe. Ariko Yehoyakimu yaragararije amaze imyaka itatu atwarira Nebukadinezari ubwami bwa Yuda. (2 Abm. 24:1, 2) Ivyo vyatumye Nebukadinezari n’ingabo ziwe batera Yuda mu 618 B.G.C. hanyuma bakikuza Yeruzalemu. Nugerageze kwiha ishusho ukuntu ico gihe cari kigoye cane, mbere no kuri uwo muhanuzi w’Imana Yeremiya. Bigaragara ko Yehoyakimu yapfuye ico gihe Yeruzalemu yari isugerejwe.b Umuhungu wiwe Yehoyakini yarishikanye ku Banyababiloni haciye amezi atatu gusa abaye umwami wa Yuda. Nebukadinezari yaciye anyaga urukombamazi ubutunzi bwa Yeruzalemu, yongera ajana mu bunyagano Yehoyakini, abagize imiryango y’umwami be n’abanyacubahiro ba Yuda, abanyenkomezi bo muri iryo hanga, hamwe n’abahinguzi b’utugenegene. Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya bari muri abo bajanywe ari inyagano i Babiloni.​—2 Abm. 24:10-16; Dan. 1:1-7.

18 Nebukadinezari yaciye yimika Zedekiya, uwundi muhungu wa Yosiya, kugira ngo aganze Yuda. Ni we yobaye umwami wa nyuma wo kw’isi akomoka mu ruvyaro rwa Dawidi. Ingoma yiwe yarangiye igihe Yeruzalemu be n’urusengero rwaho vyasangangurwa mu 607 B.G.C. (2 Abm. 24:17) Ariko imyaka 11 Zedekiya yamaze aganza yaranzwemwo imidurumbanyo ikomeye mu vy’imibano no mu vya politike. Biragaragara rero ko Yeremiya yabwirijwe kwizigira agaherezako Umwe yari yamushinze igikorwa co kuba umuhanuzi.

YEHOYAKIMU​—UMWAMI YAGANDAGUYE UMUHANUZI WA YEHOVA

Ifoto ku rup. 25

Yehoyakimu yari afise imyaka 25 igihe yaba umwami wa Yuda, hanyuma amara imyaka hafi 11 ari ku ngoma. Incamake ivuga ivyo yakoze dusanga mu 2 Ngoma 36:5-8 yerekana ko atakoze gusa ibintu bibi, ahubwo ko yakoze ‘ibintu biteye ishishi.’ Kubera ko Yehoyakimu yirengagije imburi Yeremiya yatanga, ingoma yiwe yaranzwemwo akarenganyo, ubunyonyezi be n’ubwicanyi. Igihe umuhanuzi Uriya yavuga ubutumwa busa n’ubwo Yeremiya yari yashikirije, Yehoyakimu yaciye amwicisha. Bisa n’uko uwo mwami yapfuye igihe Abanyababiloni bari basugereje Yeruzalemu.​—Yer. 22:17-19; 26:20-23.

19. Abantu bo mu gihe ca Yeremiya bakiriye gute ubutumwa yashikiriza, kandi ni kubera iki ivyo ukwiye kuvyitwararika?

19 Niwishire mu kibanza ca Yeremiya. Kuva mu gihe ca Yosiya, Yeremiya yari amaze kwibonera akajagari kagiye karaba mu vya politike be n’ukuntu abasavyi b’Imana bagiye barononekara mu vy’impwemu. Yamara rero, yari azi yuko ibintu vyorushirije kwunyuka. Abantu bo mu gisagara yavukamwo bamubwiye bati: “Ntukavuge ubuhanuzi mw’izina rya Yehova, kugira ngo ntitukwice.” (Yer. 11:21) N’igihe mbere ubuhanuzi Yeremiya yashikirije bwaranguka, Abayuda bamubwiye bati: “Ku bijanye n’ijambo utubwiye mw’izina rya Yehova, ntitukwumviriza.” (Yer. 44:16) Yamara rero, ubuzima bw’abantu bwari bugeramiwe nk’uko biri no muri iki gihe. Nka kumwe kwa Yeremiya, ubutumwa ushikiriza ni ubwa Yehova. Ni co gituma ushobora kurushiriza kuba umunyamwete mu busuku biciye ku kwihweza ukuntu Yehova yakingiye uwo muhanuzi mu kiringo Yeruzalemu yari yimirije gusangangurwa.

Ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Yeremiya yavyifashemwo ku ngoma ya Yehoyakimu? Ni ubuhanuzi budasanzwe ubuhe Yeremiya yavuze buriko buranguka muri iki gihe cacu?

IMISI YA NYUMA Y’UBWAMI BW’ABAKOMOKA MU MURYANGO UMWE

20. Ni kubera iki ku ngoma ya Zedekiya ari ho canecane Yeremiya atari yorohewe? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 29.)

20 Bishoboka ko ku ngoma ya Zedekiya ari ho canecane Yeremiya atorohewe no kurangura igikorwa ciwe co kuba umuhanuzi. Cokimwe n’abami batari bake bamwitangiye imbere, Zedekiya “[yabandanije] gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova.” (Yer. 52:1, 2) Yatwarira Abanyababiloni, kandi Nebukadinezari yari yaramurahije mw’izina rya Yehova, amutegeka kutigera agambararira umwami wa Babiloni. Naho vyari ukwo, Zedekiya yahavuye agarariza. Muri ico gihe, abansi ba Yeremiya baramuhatiye gushigikira ubwo bugarariji.​—2 Ngo. 36:13; Ezk. 17:12, 13.

21-23. (a) Ni imigwi iyihe itacana uwaka yari mu gihugu ca Yuda ku ngoma ya Zedekiya? (b) Yeremiya yafashwe gute kubera ubutumwa yashikirije, kandi ni kubera iki ivyo ukwiye kuvyitwararika?

21 Biboneka ko mu ntango y’ingoma ya Zedekiya ari ho i Yeruzalemu hashika intumwa zari zirungitswe n’umwami wa Edomu, uwa Mowabu, uwa Amoni, uwa Tiro be n’uwa Sidoni. Izo ntumwa zishobora kuba zari zije gusaba ko Zedekiya yokwifatanya n’abo bami kugira barwanye Nebukadinezari. Ariko, Yeremiya yahimirije Zedekiya kuguma agamburukira Babiloni. Vyongeye, Yeremiya yarahaye izo ntumwa imitambikwa y’ingǒgo kugira ngo abereke ko amahanga yabo na yo nyene yari akwiye gukorera Abanyababiloni. (Yer. 27:1-3, 14)c Abenshi ntibahimbawe n’ubwo butumwa Yeremiya yashikirije, kandi ivyo vyagiye kwunyurwa n’ivyo Hananiya yavuga. Hananiya yari umuhanuzi w’ikinyoma yatangaza ku mugaragaro kandi mw’izina ry’Imana yuko ngo ingǒgo ya Babiloni yovunitse. Yamara, Yehova yaratangaje abicishije kuri Yeremiya yuko muri uwo mwaka nyene uwo muhumvyi Hananiya yopfuye. Kandi ukwo ni ko vyagenze.​—Yer. 28:1-3, 16, 17.

22 Igihugu ca Yuda caciye kirangwamwo imigwi ibiri itacana uwaka, ni ukuvuga umugwi w’abashima kuganzwa n’Abanyababiloni be n’uw’abahimiriza abandi kugarariza. Mu 609 B.G.C., Zedekiya yaragararije Babiloni mu kurondera gushigikirwa n’ingabo za Misiri. Vyabaye ngombwa ko Yeremiya ahangana n’abanyagihugu bashangashiwe bari bashigikiye ivyo kugarariza Babiloni. (Yer. 52:3; Ezk. 17:15) Nebukadinezari be n’ingabo ziwe baragarutse gutera Yuda kugira ngo ahagarike ubwo bugarariji, arigarurira ibisagara vyose vya Yuda yongera arasubira gusugereza Yeruzalemu. Muri ico kiringo kitoroshe, Yeremiya yabwiye Zedekiya be n’abatwarwa biwe yuko Abanyababiloni bokwigaruriye Yeruzalemu. Abogumye muri ico gisagara bokwishwe. Abokwishikanye ku Bakaludaya ni bo borokotse.​—Soma Yeremiya 21:8-10; 52:4.

23 Abaganwa ba Yuda bavuze yuko ngo Yeremiya ari icitso gishigikiye Abanyababiloni. Igihe yabwiza ukuri abo baganwa, baciye bamukubita hanyuma bamushira mu nzu y’ibohero. (Yer. 37:13-15) Yeremiya yagumye avuga ubutumwa bwa Yehova uko bwari buri ata kugerageza kubworosha. Ku bw’ivyo, nya baganwa barajijuye Zedekiya ngo amwice. Baciye baterera uwo muhanuzi mw’itangi ritagira amazi ririmwo urwondo, urwo yopfiriyemwo. Ariko Umunyetiyopiya umwe yitwa Ebedi-meleki yasukurira mu ngoro y’umwami yarakijije Yeremiya. (Yer. 38:4-13) Urazi ukuntu abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe akenshi usanga bahakwa kuhasiga ubuzima bwabo bahowe ko banka kugira uruhara mu matati y’ivya politike kubera ijwi ryabo ryo mu mutima! Mu vy’ukuri, ivyashikiye Yeremiya birashobora kukuronsa inkomezi zo kwihanganira ibigeragezo no kubitsinda.

ZEDEKIYA​—UMWAMI WA NYUMA WO KW’ISI YAGANJE YUDA

Ifoto ku rup. 29

Umwami Zedekiya yari mugabo n’iryo, umunyabwoba, mahindagu, akaba kandi yari yarifatiwe mu minwe n’abaganwa biwe. Igihe Abanyababiloni basugereza Yeruzalemu ari bwo bwa nyuma, Zedekiya yararondeye ubuyobozi buva kuva Mana biciye kuri Yeremiya. Yamara, uwo mwami yaranse guhuza n’ubwo buyobozi igihe yasabwa kwishikana. Kubera ko Zedekiya atashimye ubutumwa Yeremiya yashikirije, yaciye amuta mw’ibohero. (Yer. 21:1-9; 32:1-5) Naho vyari ukwo, uwo mwami yagumye ahanuza Yeremiya, ivyo akaba yabigira mu mpisho kugira ngo ntahave ashavuza abaganwa ba Yuda. Igihe nya baganwa bashaka kwica Yeremiya, Zedekiya yavyemeranye ubwoba ati: “Ari mu maboko yanyu! Kuko ata kintu na kimwe umwami ashobora kubabuza.” Yeremiya amaze kurusimba, uwo mwami yarasubiye kumuhanuza yongera ariyemerera icese yuko yatinya ko aramutse agamburukiye Imana abantu biwe bomugiriye nabi.​—Yer. 37:15-17; 38:4, 5, 14-19, 24-26.

Ariko rero, Zedekiya “ntiyicish[ije] bugufi imbere ya Yeremiya . . . , [yagumye] adadaza izosi yongera akomantaza umutima wiwe kugira ngo ntagaruke kuri Yehova.”​—2 Ngo. 36:12, 13; Ezk. 21:25.

24. Dondora ibintu vyabaye mu 607 B.G.C.

24 Mu 607 B.G.C., Abanyababiloni bahavuye baca igihengeri mu mpome za Yeruzalemu, maze bigarurira ico gisagara. Ingabo za Nebukadinezari zaraturiye urusengero rwa Yehova, zirasenyura impome z’ico gisagara, zongera zirica abanyacubahiro b’ubwami bwa Yuda. Zedekiya yaragerageje guhunga, yamara aruhira gufatwa hanyuma ajanwa imbere ya Nebukadinezari. Abahungu ba Zedekiya baciye bicirwa mu maso yiwe, Nebukadinezari na we aca ahumisha amaso Zedekiya, aramuboha, hanyuma amujana i Babiloni. (Yer. 39:1-7) Emwe amajambo Yeremiya yari yaravuze ku vyerekeye Yuda na Yeruzalemu yari arangutse! Aho gutamba ngo atarike, uwo muhanuzi w’Imana yaciye acura intimba kubera ivyo vyago vyari vyashikiye ihanga ryiwe. Turashobora gusoma amajambo agaragaza intuntu yagize mu gitabu ca Bibiliya co Gucura intimba. Nta gukeka ko tuzokorwa ku mutima bimwe bigera kure, nitwasoma ico gitabu.

UMUHANUZI MU MASIGARIRA YA YUDA

25, 26. (a) Ni ibiki vyabaye inyuma y’aho Yeruzalemu itembeye? (b) Abantu bo mu gihe ca Yeremiya bakiriye gute ubutumwa yabashikirije inyuma y’aho Yeruzalemu itembeye?

25 Yeremiya ivyiwe vyari vyifashe gute igihe ivyo bintu bikomeye vyariko biraba? Abaganwa ba Yeruzalemu bari bamupfunze. Ariko rero Abanyababiloni, abari bigaruriye ico gisagara, baramufatanye ubuntu, baramubohora. Mu nyuma, Yeremiya yari mu mugwi w’Abayuda bariko bajanwa ari inyagano, yamara yahavuye arekurwa. Mugabo hari hakiri ibindi bikorwa yoranguye mu murimo w’Imana; yari agifise vyinshi yokoreye mu Bayuda bari bacitse kw’icumu. Nebukadinezari umwami wa Babiloni yaragenye Gedaliya ngo abe buramatari w’ico gihugu yari yigaruriye, yemerera Abayuda bari basigaye muri ico gihugu ko mu gihe bogumye bamukorera, bokwibereyeho mu mahoro. Ariko rero, Abayuda bamwebamwe batabishimye baragandaguye Gedaliya. (Yer. 39:13, 14; 40:1-7; 41:2) Yeremiya yarahimirije abo Bayuda kuguma baba muri ico gihugu no kudatinya umwami wa Babiloni. Mugabo abakuru babo bavuze ko Yeremiya ari umubeshi maze baca bahungira mu Misiri, bagenda batwaye ku nguvu Yeremiya na Baruki. Ariko, Yeremiya yaravuze ko Nebukadinezari yoteye ico gihugu akongera mbere akacigarurira, maze agateza ivyago Abayuda bahungiyeyo.​—Yer. 42:9-11; 43:1-11; 44:11-13.

26 N’ico gihe nyene, abantu bo mu gihugu uwo muhanuzi w’ukuri w’Imana yavukamwo, ntibamwumvirije. Kubera iki none? Bavuze bati: “Kuva igihe twareka gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi ‘umwamikazi w’amajuru’ no kumusukira amashikanwa y’ikinyobwa, twarabuze ibintu vyose, kandi twaraherengetejwe n’inkota be n’ikigoyi.” (Yer. 44:16, 18) Ese ukuntu ayo majambo yerekanye ingene abantu bo mu gihe ca Yeremiya bari barasinzikaye mu vy’impwemu! Igihushanye n’ivyo, ese ukuntu dukwiye kuremeshwa no kumenya yuko umuntu w’umunyagasembwa ashobora kuguma ari umwizigirwa kuri Yehova naho yoba akikujwe n’abantu batagira ukwizera!

27. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imyaka ya nyuma y’igikorwa Yeremiya yaranguye ari umuhanuzi?

27 Ikintu ca nyuma Yeremiya avuga mu vyo yanditse ni icabaye mu 580 B.G.C. aho Yehoyakini yarekurwa n’uwasubiriye Nebukadinezari ku ngoma, ari we Evili-merodaki. (Yer. 52:31-34) Ico gihe, Yeremiya ategerezwa kuba yari afise nk’imyaka 90. Nta makuru yo kwizigirwa ahari avuga ibijanye n’urupfu rwa Yeremiya. Bishoboka ko imyaka ya nyuma y’ubuzima bwiwe yayimaze mu Misiri, maze apfirayo akiri umwizigirwa amaze imyaka hafi 67 arangurira Yehova umurimo udasanzwe. Yarasukuriye Imana mu myaka igihugu ca Yuda camaze kirangwamwo ugusenga kw’ukuri, yongera arayisukurira mu myaka myinshi yahaciye hari ugusenga kw’ubuhuni. Abanyagihugu bamwebamwe batinya Imana baramwumvirije. Ariko abenshi bariyamirije ubutumwa yashikiriza, mbere baranamurwanya imbonankubone. None ivyo vyoba vyaratumye Yeremiya atana n’akabando igikorwa ciwe? Uwokubesha! Agitangura ico gikorwa ciwe, Yehova yari yamubwiye ati: “Bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha, kuko ‘ndi kumwe nawe.’” (Yer. 1:19) Igikorwa twebwe Ivyabona vya Yehova twashinzwe gukora muri iki gihe ni nka kirya nyene Yeremiya yari yarashinzwe. Ku bw’ivyo, dukwiye kwitega ko abantu bakira ubutumwa dushikiriza nk’uko nyene abo mu gihe ca Yeremiya babwakira. (Soma Matayo 10:16-22.) Ariko none ni ibiki dushobora kwigira kuri Yeremiya, kandi dukwiye kubona gute ubusuku turangura? Tugiye kurimbura ivyo bibazo.

Ni ibiki vyashikiye Zedekiya be n’abatwarwa biwe biyamirije ubutumwa Yeremiya yashikirije? Wewe Yeremiya umubona gute?

a Hari abiyumviriye yuko amajambo yo muri Yeremiya 7:1-15 be n’ayo muri Yeremiya 26:1-6 yerekeza ku kintu kimwe kubera ko avuga bimwe.

b Muri Daniyeli 1:1, 2 havuga yuko Yehoyakimu yoba yatanzwe mu maboko ya Nebukadinezari mu mwaka ugira gatatu yari amaze amutwarira i Yeruzalemu. Ivyo bica bitanga iciyumviro c’uko uwo mwami yapfuye mu gihe c’ugusugerezwa kwa Yeruzalemu, ukwahavuye gutuma hasangangurwa. Nta na hamwe Bibiliya yemeza amakuru uwitwa Josèphe yatanze avuga yuko Nebukadinezari ari we yishe Yehoyakimu be n’uko yategetse ko ikiziga ciwe gitabwa inyuma y’impome za Yeruzalemu, ntigihambwe.​—Yer. 22:18, 19; 36:30.

c Kuba muri Yeremiya 27:1 havuga Yehoyakimu bishobora kuba vyavuye ku kwihenda kw’umwimuzi kubera ko mu murongo wa 3 be n’uwa 12 havuga Zedekiya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika