ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 10 rup. 28-rup. 29 ing. 7
  • Umuryango wa Yezu uja i Yeruzalemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuryango wa Yezu uja i Yeruzalemu
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ingendo z’Ukuja i Yeruzalemu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu akiri muto
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Umwamana Yezu mu Rusengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu yarize kugamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 10 rup. 28-rup. 29 ing. 7
Yezu afise imyaka cumi n’ibiri ari ku rusengero ariko abaza ibibazo abigisha b’Abayuda

IKIGABANE CA 10

Umuryango wa Yezu uja i Yeruzalemu

LUKA 2:40-52

  • YEZU ABAZA IBIBAZO ABIGISHA AFISE IMYAKA CUMI N’IBIRI

  • YEZU YITA YEHOVA NGO “DAWE”

Ni ku mpeshi. Harageze ko umuryango wa Yozefu hamwe n’incuti n’abagenzi baja i Yeruzalemu nk’uko bama babigira buri mwaka. Bagiye guhimbaza Pasika nk’uko itegeko ry’Imana ribisaba. (Gusubira mu vyagezwe 16:​16) Kuva i Nazareti uja i Yeruzalemu ni nk’urugendo rw’ibilometero 120. Ni igihe c’akazi kenshi mugabo giteye umunezero kuri bose. Ubu Yezu afise imyaka 12 kandi arashashaye kubona uwo musi mukuru ushitse no gusubira kuja ku rusengero.

Kuri Yezu n’umuryango wiwe, Pasika si urubanza rw’umusi umwe gusa. Bukeye Pasika yaraye ibaye, haca hatangura umusi mukuru w’“imikate itarimwo umwambiro,” uwo musi mukuru ukaba umara imisi indwi. (Mariko 14:​12) Uwo musi mukuru uri mu bigize ikiringo ca Pasika. Urugendo rwose rumara nk’amayinga abiri, ushizemwo umwanya wo kugenda no kugaruka iwabo i Nazareti hamwe n’ikiringo bamara i Yeruzalemu. Ariko uyu mwaka ho rumara igihe kirekire gusumba, bitumwe n’ikintu cabaye cerekeye Yezu. Iyo ngorane imenyekana igihe bariko barasubira inyuma bavuye i Yeruzalemu.

INGENDO ZIHIMBAYE

Yezu n’umuryango wiwe bariko baja i Yeruzalemu

Ingendo zo kuja i Yeruzalemu ku misi mikuru itatu yaba mu mwaka wasanga ari ikiringo gihimbaye kuri bose. (Gusubira mu vyagezwe 16:​15) Kuri izo ngendo, Yezu yarabona intara z’igihugu zitandukanye, akamenya ingene zimeze kandi akabonana n’abandi basavyi b’Imana baje bava mu yindi mihingo. Izo ngendo zari ikintu c’intibagirwa!

Yozefu na Mariya bibaza ko Yezu ari kumwe n’incuti n’abagenzi bafatanije urugendo bagana mu buraruko. Ariko rero, igihe bahagaze kubera bwije, Yezu ntibamubona. Nuko batangura kumurondera mu bo bafatanije urugendo, ariko ntibamubona. Bararondera hose bakabura! Yozefu na Mariya rero baca basubira i Yeruzalemu kumurondera.

Bamara umusi wose bamurondera bakamubura. Ku musi ugira kabiri na ho nyene ntibamubona. Amaherezo, ku musi ugira gatatu, bamusanga mu rusengero. Basanga Yezu yicaye hagati y’abigisha b’Abayuda ariko arabumviriza, ababaza ibibazo yongera abatangaza kubera ubwenge bwiwe.

Yozefu na Mariya babona aho Yezu ari

Mariya amubaza ati: “Mwananje, kubera iki watugiriye gutyo? Raba ingene twe na so twahagaritse umutima tukurondera.”​—Luka 2:48.

Yezu aratangazwa no kwumva batari bazi aho ari. Ababaza ati: “Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe?”​—Luka 2:49.

Bamaze kumutora, Yezu aca asubira i Nazareti ari kumwe na Yozefu na Mariya, akaguma abagamburukira. Abandanya gukura ku mubiri no gutera imbere mu bwenge. Naho akiri muto, arashimwa n’Imana n’abantu. Emwe, kuva Yezu akiri umwana, yamye atanga akarorero keza mu gushira imbere ivy’Imana no mu kwubaha abavyeyi.

  • Ni urugendo uruhe Yezu yama agira ku mpeshi ari kumwe n’umuryango wiwe, kandi kubera iki?

  • Yezu afise imyaka 12, ni ibiki bishika Yozefu na Mariya bari mu nzira bavuye i Yeruzalemu, kandi bamusanga he?

  • Ni akarorero akahe Yezu yasigiye urwaruka muri iki gihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika